ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 54
  • Umugabo Akomeye Cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo Akomeye Cane
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yehova aha inguvu Samusoni
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Niwiheke kuri Yehova nka Samusoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Samusoni atahukana intsinzi ku bw’inkomezi za Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 54

INKURU YA 54

Umugabo Akomeye Cane

UMUNTU yari akomeye kurusha abandi bose urazi uko yitwa? Yari umucamanza Samusoni. Yehova ni we yamuha inkomezi. Ataravuka Yehova yabwiye nyina wiwe ati: ‘Uri hafi kuvyara umwana azokiza Abisirayeli, abakure mu maboko y’Abafilisiti.’

Abafilisiti bari abantu babi bāba i Kanani. Bari bafise abasoda benshi kandi bāragirira nabi Abisirayeli. Umusi umwe Samusoni yariko araja iyo Abafilisiti baba, intare nini iroha iza iyo ari, arayifata ayīcisha amaboko masa. Yica kandi n’abafilisiti amajana n’amajana.

Munyuma Samusoni akunda umugore yitwa Delila. Abafilisiti bemerera Delila amahera 1 100, kugira ngo ababwire igituma Samusoni akomeye. Delila yumva arayashatse. Ntiyakunda Samusoni hamwe n’abantu b’Imana. Atangura rero kuza aramubaza igituma akomeye cane.

Samusoni arateba aramubwira akabanga k’inkomezi ziwe ati: ‘Sindigera mobwa umushatsi. Kuva nkivuka, Imana yarantoye ngo mbe umukozi wayo bita umunaziri. Bāmoye inguvu zoca zigenda.’

Delila avyumvise amubīkīra ku bibero vyiwe, ahamagara uwumumwa. Samusoni yikanguye asanga inguvu zamuvuyeko. Abafilisiti baca baraza baramufata bamutobora amaso, bamugira umuja wabo.

Umusi umwe, Abafilisiti bagira umusi mukuru wo gusenga imana yabo Dagoni, bakūra Samusoni mw ibohero ngo bamutwenge. Umushatsi wiwe wari wasubiye gukura. Abwira umuhungu yari amufashe ukuboko ati: ‘Reka nkore ku nkingi zifashe inzu yose.’ Asaba Yehova inkomezi, hanyuma afata nya nkingi arasemerera ati: ‘Reka mpfane n’Abafilisiti.’ Hāriho Abafilisiti 3 000. Samusoni yitunira kuri nya nkingi, ca kizu gica kirasenyuka, ba bantu babi bose bagwayo.

Abacamanza ikigabane ca 13-16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika