Ibibazo vy’abasomyi
Vyoshobotse gute ko Samusoni akora ku mivyimba y’abo yari yagandaguye ariko akaguma ari Umunaziri?
Muri Isirayeli ya kera, umuntu yarashobora kugira indagano avyishakiye maze akamara ikiringo kinaka ari Umunaziria. Kimwe mu bintu vyari umuziro ku wugize iyo ndagano cavuga giti: “Imisi yose yo kunyiyegurira kwiwe ntaze yēgēre umuvyimba. Ivyo ntaz’avyiyandurishe, naho yoba ari se canke nyina, canke mukuru we canke murumuna we canke mushiki we bapfuye”. Vyogenze gute nk’igihe umuntu yoramutse “ag[uye] bukumbi i ruhande yiwe”? Mwene ukwo gukora ku muvyimba gushitse giturumbuka, kwotumye Ubunaziri bwiwe bwandura. Ku bw’ivyo, vyavuzwe ngo: “Imisi yiwe ya mbere izoba yapfuye ubusa”. Yabwirizwa kugira umuhango wo kwihumanura wagirwa, hanyuma agasubira gutangura bushasha ico kiringo c’Ubunaziri.—Guharūra 6:6-12.
Mugabo Samusoni yari Umunaziri mu bundi buryo. Imbere y’uko Samusoni avuka, umumarayika wa Yehova yabwiye nyina wiwe ati: “Ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya” (Abacamanza 13:5). Samusoni we nta ndagano y’Ubunaziri yagize. Ahubwo, Imana ni yo yamugenye kuba Umunaziri, kandi Ubunaziri bwiwe bwomaze ubuzima bwiwe bwose. Ivyo kubuzwa gukora ku muvyimba we ntivyamuraba. Iyo biba vyaramuraba hanyuma bigashika agakora ku muvyimba, yoshoboye gute gusubira gutangura ikiringo ciwe c’Ubunaziri bwomaze ubuzima bwiwe bwose kandi ubwo Bunaziri bwiwe bwatanguye kuva akivuka? Biboneka rero yuko ivyasabwa ku baba Abanaziri ubuzima bwabo bwose hari ukuntu vyari bitandukanye n’ivyasabwa ku baba Abanaziri bavyishakiye.
Rimbura amabwirizwa Yehova yari yarahaye ba bantu batatu bavugwa muri Bibiliya baba Abanaziri ubuzima bwabo bwose, ari bo Samusoni, Samweli na Yohani Umubatizi. Nk’uko vyavuzwe kare, Samusoni yasabwe kutamwa umushatsi wo ku mutwe wiwe. Ku vyerekeye umwana Hana yosamye, uwo na we akaba ari Samweli, Hana yagize iyi ndagano: “Nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe” (1 Samweli 1:11). Ku vyerekeye Yohani Umubatizi na ho, umumarayika wa Yehova yavuze ati: “Ntazonywa vino cank’ikiboreza na kimwe” (Luka 1:15). Vyongeye, “Imyambaro yiwe yar’iy’ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’inzige n’ubūki bgo mw ishamba” (Matayo 3:4). Nta n’umwe muri abo bantu batatu yasabwe kutegera umuvyimba.
Naho Samusoni yari Umunaziri, yari umwe mu bacamanza Yehova yahagurukije kugira ngo akize Abisirayeli, abakure mu maboko y’ababanyaga (Abacamanza 2:16). Vyongeye, mu gushitsa iryo banga yari yashinzwe, yarakoze ku mivyimba. Igihe kimwe, Samusoni yarishe Abafilisitiya 30, abatabagurirako imitamana yabo. Mu nyuma yarahindikiranije abansi, “arabatikiza bikomeye”. Yaranatoye urwasaya rw’indogoba rutaruma, arwicisha abagabo igihumbi (Abacamanza 14:19; 15:8, 15). Ivyo vyose Samusoni yabigize kubera yari atonye kuri Yehova, akaba kandi yari ashigikiwe na we. Ivyanditswe bivuga yuko yari umugabo w’akarorero mu vy’ukwizera.—Abaheburayo 11:32; 12:1.
Amajambo avuga yuko Samusoni yatabaguye intambwe “nk’uwotabagura umwagazi w’impene” yoba yumvikanisha yuko ugutabagura umwagazi w’impene cari ikintu abantu bari bamenyereye kugira muri ico gihe?
Nta kimenyamenya kihari c’uko mu gihe c’Abacamanza ba Isirayeli abantu bari bamenyereye ivyo gutabagura imyagazi y’impene. Mu Bacamanza 14:6 havuga hati: “Maze [i]mpwemu [y’]Uhoraho [iza kuri Samusoni] akābushungwe, arayitabagura [umugunza w’intambwe ukuze] nk’uwotabagura umwagazi w’impene, kandi yar’imbokoboko”. Biboneka yuko ivyo ayo majambo avuga ari ikigereranyo.
Imvugo ngo “arayitabagura” ishobora kugira insobanuro zibiri. Samusoni ashobora kuba yatabaguye imibangabanga y’iyo ntambwe canke na ho iyo ntambwe akaba yayitabaguye igihimba ku kindi. Nimba bisobanura ko yayitabaguye imibangabanga, rero gutabagura umwagazi w’impene muri ubwo buryo ni ikintu cumvikana umuntu yari ashoboye gukora. Muri ico gihe, ukwo kugereranya kwerekana yuko, kuri Samusoni, gutsinda intambwe ari imbokoboko vyari vyoroshe nk’aho iyo ntambwe yoba yari umwagazi w’impene. Ariko rero, bite hoho nimba Samusoni yishe iyo ntambwe mu kuyitabagura igihimba ku kindi? Rero, ayo majambo nta woyafata nk’ikindi kintu; ni ukugereranya gusa. Iciyumviro coba kiri muri ukwo kugereranya coba ic’uko impwemu ya Yehova yaronkeje Samusoni inkomezi zo kurangura igikorwa casaba inguvu zirengeye izisanzwe. Haba muri irya nsobanuro ya mbere canke muri iyo ya kabiri, ukwo kugereranya kwo mu Bacamanza 14:6, kwerekana yuko kuri Samusoni, afashijwe na Yehova, intambwe ikomeye itabaye igikaze, nka kurya kw’umwagazi w’impene ku muntu asanzwe.
[Akajambo k’epfo]
a Ukuntu ikiringo c’Ubunaziri cangana, nyene kugira iyo ndagano ubwiwe ni we yacishingira. Ariko rero, nk’uko umugenzo w’Abayuda wari uri, ikiringo gitoyi cemewe iyo ndagano yamara nticashobora kuja musi y’imisi 30. Vyiyumvirwa yuko umuntu agize indagano y’ikiringo kiri musi y’iyo misi, iyo ndagano yobaye ari ikintu gisanzwe.