ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 5/13 rup. 12-13
  • Kuro Mukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuro Mukuru
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE KURO YIGARURIYE BABILONI
  • UBUHANUZI BUTANGAJE
  • BAREKURWA KU GITANGARO
  • IVYO BITWEREKA IKI?
  • Abisirayeli Bava i Babiloni
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 4
    Be maso!—2011
  • Indome ku ruhome
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 2
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2013
g 5/13 rup. 12-13
[Ifoto ku rup. 12]

Imva ya Kuro

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Kuro Mukuru

Twisunze ikirangamisi co mu gihe cacu, mw’ijoro ryo ku wa 5 ushira uwa 6 Gitugutu 539 B.G.C.(B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), igisagara ca Babiloni, ari na co cari umurwa mukuru w’Inganji ya Babiloni, carashikiwe n’ikintu casa n’ikidashoboka. Muri iryo joro ridasanzwe, ico gisagara carigaruriwe n’ingabo z’Abamedi n’Abaperesi zari ziyobowe n’Umwami Kuro w’Ubuperesi, uwitwa kandi Kuro Mukuru. Umukenyuro yakoresheje ni agatangaza.

INGENE KURO YIGARURIYE BABILONI

Igitabu kimwe kivuga ivyerekeye Kuro (Ancient World Leaders—Cyrus the Great) kigira giti: “Igihe Kuro yiyumvira ivyo kwigarurira igisagara ca Babiloni, cari kimaze kuba igisagara gikomeye cane kuruta ibindi bisagara vyo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu, kumbure kuruta n’ibisagara vyose vyo kw’isi.” Uruzi Efurate rwaraca mu gisagara ca Babiloni, rugaca no mu migende minini y’amazi yari ikikuje ibihome amahero vy’ico gisagara. Iyo migende n’ivyo bihome vyarakingira ico gisagara ku buryo wamengo nta wocigarurira.

Abasoda ba Kuro, bari haruguru y’ico gisagara ca Babiloni, barakebeje Uruzi Efurate bica bituma urugero rw’amazi y’urwo ruzi rugabanuka muri ico gisagara. Abo basoda baciye bajabuka nya ruzi n’amaguru bashika ku marembo y’ico gisagara, ano akaba yari yuguruye, maze baracigarurira ata rugamba rukomeye rurinze kuba. Twisunze ibivugwa n’abahinga mu vya kahise b’Abagiriki, ari bo Hérodote na Xénophon, Abanyababiloni babona ko bakingiwe bikwiye ku buryo muri iryo joro baterwa benshi bari bibereye mu musi mukuru, ushizemwo n’umwami wabo! (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Amajambo aranditswe ku ruhome.”) Vyongeye, iyo ntsinzi ya Kuro yarashikije ubuhanuzi bumwebumwe butangaje bwo muri Bibiliya.

Bibiliya yari yaravuze yuko Kuro yokwigaruriye Babiloni

UBUHANUZI BUTANGAJE

Ubuhanuzi bwa Yesaya buratangaje cane kubera ko bwanditswe imyaka nka 200 imbere y’uko buranguka, kumbure imyaka 150 mbere y’uko Kuro avuka! Rimbura ibikurikira:

  • Umugabo yitwa Kuro yokwigaruriye Babiloni maze akarekura Abayuda.—Yesaya 44:28; 45:1.

  • Uruzi Efurate rwokamijwe, bigacira inzira ingabo za Kuro.—Yesaya 44:27.

  • Kuro yosanze amarembo y’ico gisagara yuguruye.—Yesaya 45:1.

  • Ingabo za Babiloni ‘zoretse kurwana.’—Yeremiya 51:30; Yesaya 13:1, 7.

BAREKURWA KU GITANGARO

Imbere y’aho, mu 607 B.G.C., ingabo z’Abanyababiloni zaratikije Yeruzalemu, benshi mu bacitse kw’icumu zibajana mu bunyagano. None Abayuda bogumye mu bunyagano igihe kingana iki? Imana yavuze iti: “Imyaka mirongo irindwi niyakwira, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga . . . kandi [ico gihugu] nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero.”—Yeremiya 25:12.

Nk’uko vyavuzwe mu ntango, Kuro yigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C. Haciye igihe gito, yararekuye Abayuda, maze batangura gushika mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C., ico gihe hakaba hari haheze neza na neza imyaka 70 kuva bajanywe mu bunyagano. (Ezira 1:1-4) Nayo Babiloni yahavuye icika “ibiharabuga,” biba bisubiye kwerekana ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya butihenda.

IVYO BITWEREKA IKI?

Zirikana iki kintu: Bibiliya yari yaravuze (1) yuko Abayuda bomaze imyaka 70 mu bunyagano, (2) yuko Kuro yokwigaruriye Babiloni yongera iravuga n’umukenyuro yokoresheje, be (3) n’uko Babiloni amaherezo yosigaye ari umusaka. Nta muntu buntu yari gushobora kumenya ivyo bintu imbere y’igihe! Iciyumviro cumvikana umuntu yoshikako ni iki: “Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana.” (2 Petero 1:21) Birabereye vy’ukuri ko twihweza ivyo Bibiliya ivuga.

IVYIWE MURI MAKE

  • Vyiyumvirwa yuko Kuro yavutse mu 600 B.G.C. Yaguye ku rugamba nko mu 530 B.G.C.

  • Imva ya Kuro n’ubu umuntu arashobora kuyibona mu gisagara c’Ubuperesi bwa kera citwa Pasargades cubatswe na Kuro, ubu kikaba gisigaye ari ikibanza co muri Irani gikorerwamwo ubucukuzi bw’ivya kera.

  • [Ifoto ku rup. 12]

    Ca Candikano c’ibumba citiriwe Kuro

    Icandikano c’ibumba citiriwe Kuro ni icandikano c’uburebure bwa santimetero 23 cigana ukuntu Kuro yigaruriye Babiloni akongera akarekura abari barajanyweyo ari inyagano, ushizemwo n’Abayuda. Ico candikano ciswe “kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi vyubuwe n’abacukuzi b’ibintu vya kera bifitaniye isano na Bibiliya.”

  • Abantu bo muri Irani baracemera cane Kuro.

“AMAJAMBO ARANDITSWE KU RUHOME”

[Ifoto]

Muri rya joro Kuro yatera Abanyababiloni batiteguye, Umwami Belushazari wa Babiloni yariko asangira inzimano n’“abantu igihumbi mu bakomakomeye biwe” maze aja abona ukuboko guserutse ku gitangaro. Abari ng’aho bose, baciye babona ukwo kuboko kwandika kw’iripu y’uruhome rw’ikirimba c’umwami ngo “MENE, MENE, TEKELI na PARSINI.”a—Daniyeli 5:1, 5, 25.

Belushazari yaratekewe n’ubwoba, mugabo umuhanuzi Daniyeli yaramubwiye insobanuro y’ayo majambo. Muri make, Daniyeli yabwiye uwo mwami yuko ubwami bwiwe bwari ‘burangiye’, yuko yari “[y]agezwe ku munzane” maze aboneka ko ahajije, be n’uko ubwami bwa Babiloni bwari “[bwahawe] Abamedi n’Abaperesi.” (Daniyeli 5:26-28) Ivyo vyose vyararangutse. Vyongeye, no muri iki gihe, mu ndimi zimwezimwe abantu barakoresha imvugo ngo “Amajambo aranditswe ku ruhome” bashaka kuvuga ko himirije icago canke ikintu kibabaje.

a Ayo majambo ni amazina y’ingero bisunga kera mu gupima uburemere bw’ibintu vyakoreshwa nk’amahera. Nimba wipfuza ayandi makuru ajanye n’ivyo, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel ! casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika