ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/14 rup. 7
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi yose
  • Mu Bwongereza
  • Mu Burusiya
  • Muri Afrika
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Umuyaga
    Be maso!—2023
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2013
Be maso!—2014
g 8/14 rup. 7

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Kw’isi yose

Uruyoya

“Buri mwaka, abana hafi imiliyoni 3 barapfa batararenza n’ukwezi, benshi muri bo bagapfa bahitanywe n’ibintu bari gushobora gukingirwa. Abarenga ica gatatu bapfa umusi baba bavukiyeko.”​—Vyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu rikingira agateka k’abana (Save the Children International).

Mu Bwongereza

Umugabo ariko arashira amazutu mu modoka

Urwego ruraba ivy’amagara y’abantu mu Bwongereza rwavuze ko mu 2011 habaye iyongerekana ry’igitigiri c’abapfa biturutse ku gutosekara kw’ikirere mu turere 15 tw’i Londres. Amazutu yaravuzwe neza kubera ko adatosekaza ikirere cokimwe n’ibindi bitoro kuko adahera ningoga kandi akarekura umwuka muke wonona ikirere witwa gaze karubonike. Ariko igitangaje ni uko ibice 91 kw’ijana vy’imicafu itosekaza ikirere muri utwo turere, iva ku miduga inywa amazutu.

Mu Burusiya

Mu 2013, urwego rwo mu Burusiya rutohoza ivyiyumviro vy’abanyagihugu rwaragize itohoza. Iryo tohoza ryerekanye ko ibice nka 52 kw’ijana vy’abavuga ko ari abakirisu bo mw’idini ry’aborotodogisi biyemereye yuko batarigera basoma n’igice na gitoyi ca Bibiliya. Ibice 28 kw’ijana na bo bavuga ko basenga gake kabaho.

Muri Afrika

Umurimyi wo muri Afrika

Raporo yagizwe n’Ibanki y’isi yose ivuga ko ingorane yo kutamenya neza uwo itongo ryegukira ituma hataboneka umwimbu, ubukene na bwo bukabandanya. Muri Afrika ni ho hari ica kabiri c’ubutaka butarimwa bwo kw’isi yose, ni ukuvuga nk’amahegitari imiliyoni 202. Bivugwa ko umwimbu wo muri Afrika ungana n’ica kane c’umwimbu isi yaho yari ishoboye gutanga.

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Akuma bita tablette be n’ibitabu

Mu mashure atari make no mu makaminuza amwamwe, ibitabu biriko birasubirizwa n’utwuma two mu buhinga bwa none twitwa tablettes. Utwo twuma tuba turimwo ibisomwa bikoreshwa kw’ishure, uduporogarama be n’ibindi. Ariko rero hari abamaze guserura amakenga y’uko ivyo vyoba bitwara uburyo bwinshi gusumba ibitabu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika