UDUKURU TW’IRYA N’INO
Kw’isi yose
Gutuza ikigoyi ntibisaba gusa kugwiza umwimbu. Muri iki gihe bivugwa ko abarimyi bimbura ibishobora gukwira abantu nk’imiliyaridi 12, ni ukuvuga igitigiri c’abantu baba kw’isi yose ucongeyeko imiliyaridi 5. Ingorane zihagaze ahanini ku kuntu ivy’ubutunzi bitunganijwe, ku kuntu ivyimburwa bigabanganywa no ku gusesagura.
Mu Bwongereza no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Mw’itohoza rimwe ryagizwe, hafi ica kane c’abantu bakora mu gisata kiraba ivy’amahera (ni ukuvuga ibice 24 kw’ijana) bavuze yuko “vyoshobora kuba ngombwa ko bakora ikintu kitabereye canke kitemewe n’amategeko kugira ngo ivyabo bigende neza.” Ibice 16 kw’ijana muri bo bariyemereye yuko boshobora gukora ikintu gihanwa n’amategeko “iyaba batokurikiranwa.”
Muri Arjantine
Muri Arjantine, abigisha 3 kuri 5 usanga basaba amakonje bivuye ku maganya bagira kubera akazi canke ubukozi bw’ikibi bubera aho bakorera.
Muri Koreya y’Epfo
Mu misi iri imbere, imihana myinshi yo muri Koreya y’Epfo izosigara igizwe n’umuntu yibana ari wenyene.
Mu Bushinwa
Vyiyumvirwa yuko ibisagara bibiri kuri bitatu vyo mu Bushinwa bitazoshobora gushitsa ibisabwa n’amategeko mashasha Leta yashinze ajanye no kudatosekaza ikirere, ano akaba azoshirwa mu ngiro mu 2016. Vyongeye, amazi yo mu masôko menshi yo mu kuzimu, bivugwa ko ari “mabi canke mabi birenze urugero.”