ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/13 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi yose
  • Mu Bwongereza no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Muri Arjantine
  • Muri Koreya y’Epfo
  • Mu Bushinwa
  • Ubuhanuzi bwa 2. Ikigoyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udukuru tw’irya n’ino—Uko vyifashe muri Aziya
    Be maso!—2015
  • Narabonye ingene bwongerekana muri Koreya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2014
Ibindi
Be maso!—2013
g 3/13 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Kw’isi yose

[Ifoto ku rup. 3]

Gutuza ikigoyi ntibisaba gusa kugwiza umwimbu. Muri iki gihe bivugwa ko abarimyi bimbura ibishobora gukwira abantu nk’imiliyaridi 12, ni ukuvuga igitigiri c’abantu baba kw’isi yose ucongeyeko imiliyaridi 5. Ingorane zihagaze ahanini ku kuntu ivy’ubutunzi bitunganijwe, ku kuntu ivyimburwa bigabanganywa no ku gusesagura.

Mu Bwongereza no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Mw’itohoza rimwe ryagizwe, hafi ica kane c’abantu bakora mu gisata kiraba ivy’amahera (ni ukuvuga ibice 24 kw’ijana) bavuze yuko “vyoshobora kuba ngombwa ko bakora ikintu kitabereye canke kitemewe n’amategeko kugira ngo ivyabo bigende neza.” Ibice 16 kw’ijana muri bo bariyemereye yuko boshobora gukora ikintu gihanwa n’amategeko “iyaba batokurikiranwa.”

Muri Arjantine

Muri Arjantine, abigisha 3 kuri 5 usanga basaba amakonje bivuye ku maganya bagira kubera akazi canke ubukozi bw’ikibi bubera aho bakorera.

Muri Koreya y’Epfo

Mu misi iri imbere, imihana myinshi yo muri Koreya y’Epfo izosigara igizwe n’umuntu yibana ari wenyene.

Mu Bushinwa

Vyiyumvirwa yuko ibisagara bibiri kuri bitatu vyo mu Bushinwa bitazoshobora gushitsa ibisabwa n’amategeko mashasha Leta yashinze ajanye no kudatosekaza ikirere, ano akaba azoshirwa mu ngiro mu 2016. Vyongeye, amazi yo mu masôko menshi yo mu kuzimu, bivugwa ko ari “mabi canke mabi birenze urugero.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika