Narabonye ingene bwongerekana muri Koreya
Nk’uko vyavuzwe na Milton Hamilton
“Twashaka kubamenyesha tubabaye yuko leta ya Repubulika ya Koreya yabatse mwebwe abamisiyonari uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu, kandi ko yamenyesheje yuko itabashaka. . . . Kubera ko ibintu bibaye gutyo, mubaye murarungikwa gukorera mu Buyapani.”
MU MPERA z’umwaka wa 1954, jewe n’umukenyezi wanje twararonse ubwo butumwa buri aho haruguru buvuye i Brooklyn, i New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Uwo mwaka ugitangura, twari twararonse urupapuro rw’umutsindo turanginje ivyigwa vy’umugwi ugira 23 wa rya Shure ry’i Gileyadi riri kure cane mu Buraruko bwa Leta ya New York. Igihe twaronka iryo kete, twariko turakorera ku bw’igihe gito i Indianapolis muri Indiana.
Jewe n’umukenyezi wanje Liz (uwahoze yitwa Liz Semock), twari twariganye mw’ishure ryisumbuye. Mu nyuma, twarubakanye mu 1948. Yarakunda umurimo w’igihe cose ariko ntiyashaka kuva muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ngo aje gukorera mu kindi gihugu. Ni igiki none cahinduye ivyiyumviro vyiwe?
Liz yaremeye ko tujana mu nama y’abagomba kwitaba ishure ry’i Gileyadi. Iyo nama yabaye mu gihe c’ihwaniro mpuzamakungu ryari ryabereye i Yankee Stadium, i New York, hakaba hari mu ci mu 1953. Iyo nama iremesha irangiye, twaciye twuzuza impapuro zo gusabirako kuja kuri iryo shure ry’i Gileyadi. Twaratangaye igihe twaza tubona badutumako ngo twitabe iryo shure mu mugwi wakurikira, rikaba ryari gutangura muri Ruhuhuma 1954.
Twarungitswe gukorera muri Koreya naho intambara yahabaye yamaze imyaka itatu ari ho yari ikirangara mu ci ryo mu 1953, ikaba yari yarasinzikaje ico gihugu. Nk’uko vyavuzwe mu majambo yasubiwemwo aho haruguru yari mw’ikete baturungikiye, twaciye tubanza kuja mu Buyapani. Inyuma y’urugendo rw’imisi 20 twagize mw’ibahari, twarashitseyo muri Nzero 1955, turi kumwe n’abamisiyonari bagenzi bacu batandatu, na bo nyene bakaba bari barungitswe gukorera muri Koreya. Lloyd Barry, uwari umuhagarikizi ico gihe w’ishami ryo mu Buyapani, yaraje kudutegerera ku kivuko isaha 12 zo mu gitondo. Twaciye tuja ku nzu y’abamisiyonari yari i Yokohama. Ku mugoroba w’uwo musi twaragiye mu busuku.
Tuza twashika muri Koreya
Twahavuye turonka impapuro ziduha uburenganzira bwo kwinjira muri Repubulika ya Koreya. Ku wa 7 Ntwarante 1955, indege twarimwo yarahagurutse iva ku kibuga mpuzamakurungu c’indege c’i Haneda i Tokyo, ifata urugendo rw’amasaha atatu mu kirere igana ku kibuga c’indege c’i Yoido i Séoul. Twahawe ikaze n’Ivyabona bo muri Koreya barenga 200, kandi twarakoroye amosozi y’umunezero. Ico gihe muri Koreya yose hari Ivyabona batarenga 1.000. Cokimwe n’abandi Banyamerika n’Abanyaburaya, twibaza ko abantu bose bo muri Aziya yo mu Buseruko bameze kumwe bagakora ibintu kumwe, baba baturuka mu gihugu ikihe. Ntitwatevye kubona ko atari ukwo biri. Abanyakoreya ntibisangije ururimi n’inyandiko vyonyene, ariko kandi barafise uburyo bwo gukinjika bisangije, barisa ku mubiri, bafise imyambaro yabo kavukire be n’ibindi bintu bisangije, nk’ukuntu inzu zabo zubatse.
Ingorane nyamukuru twabanje kugira kwari ukwiga ururimi rwaho. Nta bitabu vyaboneka vyari kutwereka ukuntu twokwiga igikoreya. Ntitwatevye gutahura yuko bitashoboka ko dusubiramwo neza na neza ukuntu amajambo y’igikoreya avugwa dufatiye gusa ku kuntu icongereza kivugwa. Umuntu ashobora kwiga kuvuga neza igikoreya ari ukwo gusa abanje kwiga indome z’igikoreya.
Twaragira amakosa. Nk’akarorero, Liz yarabajije uwo yasanze ku muhana ko afise Bibiliya. Uno yaciye ahinduka mu maso, aca aragenda azana ikibiriti. Liz yari yasavye sungnyang (imyampi y’ikibiriti) aho gusaba sungkyung, ijambo rikoreshwa mu kuvuga “Bibiliya.”
Haciye amezi makeyi, twarashinzwe igikorwa co kwugurura inzu y’abamisiyonari i Pusan, ico kikaba ari igisagara kiri amaja mu Bumanuko kirimwo ikivuko. Twarashoboye gupanga ivyumba bitatu bitobito tubamwo twebwe babiri be n’abavukanyikazi babiri bari barungikanywe natwe gukorera ng’aho. Ivyo vyumba ntivyagiramwo amazi na twa tuzu twa surwumwe tw’ikizungu. Mw’ijoro gusa ni ho amazi yaza ari menshi bihagije ku buryo umuntu yashobora kuyavomesha umupira uyadugana mw’igorofa ya mbere. Ku bw’ivyo, twaza turakurakuranwa kuvyuka hakiri kare mu gitondo kugira ngo tuvomere amazi mu vyo twayashiramwo. Twategerezwa guteka ayo mazi canke tukayashiramwo umuti witwa chlore wica imigera kugira ngo dushobore kuyanywa.
Hariho n’izindi ngorane. Twaronka umuyagankuba muke cane ku buryo tutashobora gukoresha imashini imesura canke ipasi y’umuyagankuba. Igikoni cacu cari mu rwinjiriro, kandi nta kindi gikoresho cari muri co atari ishiga rikoreshwa n’ipetelori. Umwumwe wese muri twebwe ntiyatevye kwiga guteka inteko y’aho igihe yaba ari we aramukiwe. Haheze imyaka itatu dushitse ng’aho, jewe na Liz twempi twarafashwe n’indwara y’igitigu. Muri iyo myaka abamisiyonari nka bose barafashwe n’iyo ndwara. Harahaciye amezi n’ayandi tutarakira, kandi twaragize n’izindi ngorane z’amagara.
Twarabafashije gutsinda intambamyi
Mu myaka 55 iheze, igihugu ca Koreya, ico kikaba ari igice c’isi cinjira mw’ibahari, carabaye kimwe mu turere two muri Aziya twabayemwo uruhagarara rukomeye mu vya polotike. Ico gice c’isi cinjira mw’ibahari kigaburwamwo kubiri n’akarere vyapfunditswe ko ata kintu na kimwe kijanye na gisirikare kikageramwo kitwa DMZ. Kari ku bilometero 55 mu Buraruko bwa Séoul, umugwa mukuru wa Repubulika ya Koreya. Mu 1971, Frederick Franz yaratugendeye avuye i Brooklyn ku cicaro gikuru. Naciye ndamuherekeza muri ako karere, rukaba rwari rwo rubibe rucungerewe cane kw’isi. Mu myaka itari mike, abategetsi bo mw’Ishirahamwe mpuzamakungu barakunda guhurira ng’aho n’abaserukira izo leta uko ari zibiri.
Ariko ntiwumve, tuguma tutagira aho duhengamiye mu vya politike vy’iyi si, ushizemwo n’ibibera muri ico gice c’isi ca Koreya cinjira mw’ibahari. (Yoh. 17:14) Kubera ko Ivyabona bo muri Koreya banse kubangurira ibirwanisho abantu nka bo, abarenga 13.000 baramaze bose hamwe imyaka 26.000 mw’ibohero. (2 Kor. 10:3, 4) Abavukanyi b’imisore bose bo muri ico gihugu barazi ko bategerezwa guhangana n’ico kibazo, ariko ntibasha coba. Birababaje kubona leta yita abo basuku bakirisu ngo ni inkozi z’ikibi, ico kibi ngo bakora kikaba gusa ari ukwanka kudohoka ku kutagira aho bahengamiye kwabo kwa gikirisu.
Na jewe mu 1944, mu gihe c’Intamba ya kabiri y’isi yose, naranse kuja mu gisirikare, nca mbwirizwa kumara imyaka ibiri n’igice mw’ibohero ry’i Lewisburg, i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naho rero abavukanyi bacu bo muri Koreya baciye mu ngorane zikomeye kuruta bari mw’ibohero, ndatahura neza ivyo ivyo Vyabona bakiri bato baciyemwo. Abatari bake bararemeshejwe no kumenya ko muri twebwe abamisiyonari turi muri Koreya hari abari baraciye mu bintu nk’ivyo.—Yes. 2:4.
Duhangana n’ingorane
Ukuba na twebwe ubwacu tutagira aho duhengamiye vyaragiyemwo mu kibazo cavyutse mu 1977. Abategetsi bibaza ko twari twoheje abakiri bato b’Abanyakoreya ngo banke kuja mu gisoda no gufata ibirwanisho. Leta yaciye ifata ingingo y’uko abamisiyonari bavuye muri ico gihugu, imvo yaba iyihe, batasubiye kukigarukamwo. Iyo ngingo yatanguye mu 1977 ikurwaho mu 1987. Iyo tuza kuba twaravuye muri Koreya muri iyo myaka, ntitwari kwemererwa gusubirayo. Ku bw’ivyo, muri iyo myaka ntitwigeze tuja i muhira, eka mbere naho kwaba ari ukuja kuramukanya.
Twarabonana akatari gake n’abategetsi tukabasigurira impagararo yacu yo kutagira aho duhengamiye kubera ko turi abigishwa ba Kristu. Amaherezo, barabonye ko tutazogira ubwoba ku buryo ya ngingo yahavuye ikurwaho haciye imyaka cumi. Muri iyo myaka abamisiyonari bakeyi ni bo babwirijwe kuva muri ico gihugu, bivuye nko ku magara make, ariko twese abasigaye, twaragumyeyo, kandi turahimbawe n’ukuba tutavuyeyo.
Hagati mu myaka ya 1980, abarwanya ubusuku bwacu baragirije ibinyoma abayobozi b’urwego rwacu rwemewe n’amategeko ngo bigisha imisore kutaja mu gisirikare. Ku bw’ivyo, Leta yararengukije umwumwe wese muri twebwe kugira imusambishe. Ku wa 22 Nzero 1987, ibiro vy’umushikirizamanza vyasanze ivyo birego bitagira ishingiro. Ivyo vyatumye turonka ibintu twokwikozeko bishitse tugatahurwa ukutarikwo.
Imana ihezagira igikorwa cacu
Muri Koreya, ivyo kurwanya igikorwa cacu vyagiye birakomera uko imyaka yahaciye kubera ko tutagira aho duhengamiye mu vya politike. Ku bw’ivyo, vyararushirije kuba ibigoye kuronka muri ako karere ikibanza kibereye co kugiriramwo amateraniro yacu maninimanini. Ivyabona baciye rero bafata ingingo yo kwubaka Ingoro y’amateraniro i Pusan, ikaba ari yo yabaye iya mbere muri Aziya. Naratewe agateka ko gushikiriza insiguro yo kuyegurira Yehova ku wa 5 Ndamukiza 1976, imbere y’abantu 1.300 bari aho.
Kuva mu 1950, abasoda ibihumbi n’ibihumbi bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bararungitswe gukorera muri Koreya ku bw’ikiringo kinaka. Bamaze gusubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, benshi barabaye Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza. Turakunda kuronka amakete baturungikira, kandi kuba twarabafashije mu buryo bw’impwemu tubibona nk’umuhezagiro.
Ikibabaje, ni uko ku wa 26 Nyakanga 2006 nabuze umukenyezi wanje Liz nakunda cane. Narabuze koko! Mu myaka 51 twamaranye na we ng’aha, yaremera abigiranye umunezero igikorwa cose badushinze kandi ntiyigera yidoga. Ntiyigeze atanga iciyumviro c’uko twosubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu yigeze kuvuga ko atipfuza namba kukivamwo, canke mbere ngo abisabe akikiriza!
Ndabandanya gusukura ndi mu bagize umuryango wa Beteli wo muri Koreya. Uwo muryango waragutse uva ku bantu bari ku rushi bari bawugize mu myaka yo mu ntango, ushika ku bantu 250 bawugize ubu. Ni agateka kuri jewe gukorana n’abagabo indwi bagize Komite y’ishami icungera igikorwa muri ico gihugu.
Naho Koreya cari igihugu gikenye cane igihe twashikayo, ubu ni kimwe mu bihugu biteye imbere cane vyo kw’isi. Muri Koreya hari Ivyabona barenga 95.000, abashika ibice 40 kw’ijana bakaba bakora ari abatsimvyi basanzwe canke bo gufasha. Ivyo vyose ni ibiza vyiyongera ku mvo zituma nkenguruka kuba nshobora gusukurira Imana ndi muri iki gihugu, maze nkibonera ingene ubusho bw’Imana bwongerekana.
[Ifoto ku rup. 24]
Igihe twashika muri Koreya turi kumwe n’abamisiyonari bagenzi bacu
[Ifoto ku rup. 24]
Aha twariko dukorera i Pusan
[Ifoto ku rup. 25]
Mu 1971 ndi kumwe n’umuvukanyi Franz muri ka karere kitwa DMZ
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kumwe na Liz gatoyi imbere y’uko apfa
[Ifoto ku rup. 26]
Ishami ryo muri Koreya, aho mbandanya gusukurira ndi umwe mu bagize umuryango wa Beteli