UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo nyakuri ni iki?
Yehova yashaka ko umugabo n’umugore babana imyaka yose. (It 2:22-24) Bokwahukanye bivuye gusa ku kurenga ibigo. (Ml 2:16; Mt 19:9) Kubera ko Yehova yipfuza ko abubakanye bahimbarwa, yaraduhaye ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza uwo twokwubakana, zikanadufasha guhimbarwa mu rugo.—Ums 5:4-6.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO URUKUNDO NYAKURI NI IKI?, MUCE WISHURA IBI BIBAZO:
Kubera iki impanuro François na Béatrice bahaye umukobwa wabo Lyse yari nziza kandi iranga urukundo?
Kubera iki kwiyumvira ko uzohindura uwo muriko murareshanya ari ukwihenda?
Ni impanuro nziza iyihe Paul na Prisila bahaye Lyse?
Ni kubera iki mu mubano wa Jacques na Mireille hadutse ingorane?
Ni imigambi iyihe John na Lyse bari bahuriyeko?
Kubera iki ukwiye kurondera kumenya “umuntu yihishije wo mu mutima” w’uwo mureshanije imbere yuko mwubakana? (1Pt 3:4)
Urukundo nyakuri ni iki? (1Kr 13:4-8)