ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/15 rup. 16
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi yose
  • Mu Bwongereza
  • Muri Ostraliya
  • Nomenya gute idini ry’ukuri?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki abantu baheba amadini?
    Be maso!—2015
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
    Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
Ibindi
Be maso!—2015
g 1/15 rup. 16
Isonga ry’urusengero

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’amadini vyifashe

Idini ryabwirizwa gutuma abantu bunga ubumwe. Ariko kenshi usanga rituma bacanamwo, bakinubana.

Kw’isi yose

Ishusho y’umubumbe w’isi, ibice bitatu vya bine vyayo bikaba bikikujwe n’akarongo gatukura

Ibice birenga 75 kw’ijana vy’abantu bo kw’isi yose, usanga baba mu bihugu aho amadini atorohewe na gato kubera ingingo Leta yafashe canke kubera indyane ziri mu banyagihugu. Kuva mu 2007 gushika mu 2012, igitigiri c’ibihugu vyaranzwemwo uguhohotera amadini matomato carigwije incuro hafi zibiri.

UVYIBAZAKO IKI? Ni imvo zitandukanye izihe zituma bamwebamwe banka amadini?​—Matayo 23:27, 28; Yohani 15:19.

Mu Bwongereza

Tony Blair, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, yanditse mu kinyamakuru kimwe caho (Observer) yuko abantu benshi baheruka gukora ibikorwa vy’iterabwoba babikoze “bitwaje idini.” Yongeyeko ati: “Intambara zo muri iki kinjana, biboneka ko zitazoba zishingiye ku vyiyumviro vya politike vy’intagondwa, nk’izabaye mu kinjana ca 20. Dufatiye ku ngorane zijanye n’ukudahuza imico kama canke idini, vyokworoha ko izo ntambara tuzitorera umuti.”

UVYIBAZAKO IKI? Kubera iki idini rikunze gucanishamwo abantu?​—Mariko 7:6-8.

Muri Ostraliya

Umuntu umwe yaciweko akarongo, bandi bane badugije amaboko

Raporo yasohowe n’Ibiro vyo muri Ostraliya bijejwe gutohoza no kwegeranya ibiharuro, ivuga ko Umunya-Ostraliya 1 kuri 5 avuga ko ata dini arimwo. Iyo raporo ivuga ko n’“abitwa ko bari mw’idini usanga batagira uruhara cane mu bikorwa vy’idini barimwo.” Ibice 15 kw’ijana vy’abagabo be n’ibice 22 kw’ijana vy’abagore bafise idini barimwo ni bo gusa bavuga ko bagira uruhara cane mw’idini ryabo.

UVYIBAZAKO IKI? Ni amabi ayahe aboneka mu madini menshi muri iki gihe?​—Matayo 7:15-20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika