ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/15 rup. 12-13
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuntu apfuye yoba aca yimukira mu kandi karere?
  • Abapfuye bamerewe gute?
  • Hoba hari icizigiro ku bacu bapfuye?
  • Woba ufise impwemu idapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ico Bibiliya Ivuga ku Bugingo
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Bibiliya Ibuvugako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Ibindi
Be maso!—2015
g 12/15 rup. 12-13

TWISUNZE BIBILIYA

Bitugendera gute iyo dupfuye?

Amadini yigisha ibintu bitandukanye ku bijanye n’uko bigenda iyo umuntu apfuye. Ariko rero, Bibiliya iratanga inyishu itomoye.

Umuntu apfuye yoba aca yimukira mu kandi karere?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bemera ko umuntu apfuye aca aja kuba mu kandi karere. Hari abemera ko iyo dupfuye duca tuza turavukira mu bindi biremwa. Abandi na bo bemera ko umuntu apfuye aca aja mw’ijuru canke mu muriro.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ntivuga ko iyo umuntu apfuye aca aja kuba mu kandi karere. Mu vy’ukuri, ivuga ko umuntu apfa agahera, kuko iyo apfuye asubira mw’ivu. Igihe Imana yacira urubanza Adamu, yamubwiye ko azosubira mu mukungugu. Ivyo bisobanura ko atobaye afise ubuzima nk’uko umukungugu yakuwemwo uri.

“Uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”​—Itanguriro 3:19.

Abapfuye bamerewe gute?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Kubera ko dusubira mw’ivu iyo dupfuye, Bibiliya ivuga ko “ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu.” (Umusiguzi 9:10) Iyo umuntu apfuye, asubira “mu butaka bwiwe; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.” (Zaburi 146:4) Kubera ko ataco umuntu aba ashoboye gukora, Bibiliya ivuga mu buryo bw’ikigereranyo ko aba ‘asinziriye.’​—Matayo 9:24.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Iyo tubuze uwacu, turakenera kuronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: Ari he? Amerewe gute? Yoba ariko arababazwa? Kubera ko Bibiliya idukura amazinda ko ataco bazi, turashobora guhumurizwa no kumenya ko abacu bapfuye batariko barababazwa.

“Abapfuye, nta co bazi namba.”​—Umusiguzi 9:5.

Hoba hari icizigiro ku bacu bapfuye?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana yarasezeranye ko izozura abapfuye mw’isi nshasha izoba irangwamwo ubugororotsi. Abo bazozuka bategerezwa kuba bakiri mu mva gushika Imana ibazuye. Imana Mushoboravyose irashashaye gukoresha ubushobozi bwayo mu kuzura abapfuye. Rero turahumurizwa no kumenya ko muri kazoza, Yehova azozura abasinziriye mu rupfu bagasubira kuba bazima.​—Ivyakozwe 24:15.

Umugabo n’umugore bari ku maziko
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika