ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 5 rup. 8-9
  • Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Nuyage n’abana bawe ivyerekeye igitsina
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Niwigishe abana bawe ingingo zigenga inyifato runtu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bavyeyi—Nimurinde Abana Banyu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 5 rup. 8-9
Umuvyeyi ariko yanikira impuzu yongera ayaga n’umukobwa wiwe

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina

INGORANE

Umwana w’umuhungu ariko yitegereza ibintu bitandukanye yokuramwo amakuru: Bibiliya, igitabu n’ivyuma vyo mu buhinga bwa none

Aho ha mbere vyaroroha ko abavyeyi ari bo batangura kuyaga n’abana babo ibijanye n’igitsina. Baca babibasigurira bukebuke baravye urugero rw’umwana n’ivyo akeneye kumenya.

Ariko aho hari kera. Igitabu kimwe kivuga giti: “Abana batangura kwumva canke kubona ivy’igitsina bakiri bato cane, kandi ibintu vyo kwisamaza bigenewe abana biguma birushiriza gushirwamwo ivy’igitsina.” Ivyo vyoba bifasha abana canke bibagirira nabi?

ICO UKWIYE KUMENYA

Ivy’igitsina bisigaye ari ikiza. Umwanditsi yitwa Deborah Roffman yanditse ati: “Ibiyago, amahayanishwa, amasinema, ibitabu, indirimbo, ibiganiro vyo kuri televiziyo, ibisomwa, udukino, ivyapa, telefone na orodinateri bisigaye bishirwamwo cane ivy’igitsina haba mu mashusho, mu majambo canke mu bundi buryo bwihishije. Ivyo bitegerezwa kuba bituma abana benshi ata n’ukubica n’ikanda basigara babona ko ivy’igitsina bibwirizwa kuba . . . ari vyo bihambaye kuruta ibindi vyose.”

Abadandaza barabifisemwo uruhara. Abahayanisha ibidandazwa hamwe n’abadandaza baragurisha uduhuzu tw’abana tutaranga urupfasoni, bigatuma abana batangura kwiyumvira cane ivy’ubwiza bakiri bato rwose. Igitabu kimwe cavuze giti: “Abadandaza barazi aho abana barwaye, baca rero babikorerako. Ivyo bidandazwa n’amahayanishwa afatira ku vy’igitsina, ahanini ntibiba bifise intumbero yo kujana abana mu vy’igitsina [ahubwo] ni iyo gutuma bipfuza ibintu bishasha.”

Kumenya ikintu ntibihagije. Kumenya ingene imodoka ikora si ko kumenya kuyitwara neza. No kumenya ibijanye n’igitsina si ko kumenya gufata ingingo zibereye mu vy’inyifato runtu.

Muri make: Muri iki gihe, birakenewe cane ko wigisha abana bawe gukoresha “ububasha bwabo bwo gutegera” kugira ngo bashobore “gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Abaheburayo 5:14.

ICO WOKORA

Nimubiyage. Naho kuyaga ivy’igitsina n’abana bawe womengo birateye isoni, ni ibanga ujejwe. Nuryemere.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 22:6.

Genda bukebuke. Ntubwire umwana wawe ibintu vyinshi icarimwe, ahubwo za urayaga na we bukebuke mu biringo bisanzwe, nk’iyo muri ku rugendo canke mu dukorwa two muhira. Mubaze utubazo tumufasha guserura iryo agona. Nk’akarorero aho kumubaza ngo “Amashusho nk’ayo arakuryohera?” womubaza uti: “Wibaza ko ari kubera iki abahayanisha ibidandazwa bakoresha amashusho mwene ayo?” Amaze kwishura urashobora kumubaza uti: “Wewe ubibona gute?”​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

Raba imyaka umwana afise. Abana bataragera kuja kw’ishure urashobora kubigisha amazina yisoneye y’ibihimba vy’irondoka n’ingene bokwikingira uworondera kubahumbisha. Uko bakura, urashobora kubasigurira muri make ibijanye n’irondoka. Bakwiye kugera mu buyabaga bamaze kumenya ibitari bike ku bijanye n’igitsina be n’inyifato runtu.

Bereke iciza n’ikibi. Banza wigishe umwana wawe kuva akiri muto akamaro ko kugendera ubuntu, kwiyubahiriza no kuba imvugakuri. Hageze rero ko muyaga ivy’igitsina, uzoba warashizeho umushinge mwiza. Vyongeye mutomorere ivyo ubona ko ari vyiza canke bibi. Nk’akarorero nimba ubona ko guhuza ibitsina umuntu atarubaka ari bibi, bimubwire. Musigurire igituma ari bibi n’ingaruka vyozana. Igitabu kimwe kivuga ngo: “Abana b’imiyabaga bavuga ko bazi neza yuko abavyeyi babo banka ko imiyabaga ihuza ibitsina, usanga vyoroshe ko bavyirinda.”

Tanga akarorero keza. Nukurikize ivyo wigisha abana bawe. Nk’akarorero, ibijajuro biteye isoni vyoba bigutwenza? Woba wambara mu buryo butaranga urupfasoni? Woba uhora umenyerana cane n’abo mudasangiye igitsina? Ivyo vyoshobora gutuma abana bawe badaha agaciro ivyo ubigisha.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Abaroma 2:21.

Ntugume werekana ibibi gusa. Amabanga mpuzabitsina ni ingabire iva ku Mana ishobora gutuma umuntu ahimbarwa cane igihe ayaranguye mu buryo bubereye, ni ukuvuga mu mubano w’ababiranye. (Imigani 5:18, 19) Sigurira umwana wawe yuko hazogera igihe akanezererwa iyo ngabire atiriwe arikwegera intuntu n’umubabaro bishikira abahuza ibitsina batarubaka.​—1 Timoteyo 1:18, 19.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—Imigani 22:6.

  • ‘Uze ushimangire [amategeko y’Imana] mu mwana wawe.’​—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

  • “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha?”​—Abaroma 2:21.

URUHARA RW’UMUVYEYI

Naho benshi atari ko bavyiyumvira, abana ushizemwo n’imiyabaga, usanga bisunga cane abavyeyi babo aho kwisunga urunganwe rwabo. Igitabu kimwe kivuga ngo: “Mu ntango abana bama biteze ko abantu bakuze bo mu muryango wabo ari bo babereka iciza n’ikibi, bakanabafasha gutahura ingene ivy’ubuzima bimeze. Ariko igihe babonye canke bibajije ko ata mwanya dufise canke ko tutipfuza kubafasha ni ho baca baronderera ahandi. . . . Ivyo abashakashatsi babonye mu myaka mirongo ihaciye ntibidutangaza: abana bakuriye mu miryango ifata umwanya wo kuganira ku vy’igitsina no ku bindi, usanga bazi gufata ingingo nziza kandi bafatana uburemere ivyo bakora. Vyongeye baririnda gukora ibintu vyoshobora kubakwegera, ico kikaba kumbure ari co gihambaye kuruta ibindi.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika