ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/3 rup. 7-10
  • Bavyeyi—Nimurinde Abana Banyu!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi—Nimurinde Abana Banyu!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uko Abanyafirika Babona Inyigisho Yerekeye Ivy’Igitsina
  • Ni Kuki Mwobigisha
  • Ukuganira Neza
  • Iyo Bakingiwe Baragira Agahimbare
  • Nuyage n’abana bawe ivyerekeye igitsina
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nimukingire Urugo Rwanyu Ivyorwonona
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/3 rup. 7-10

Bavyeyi—Nimurinde Abana Banyu!

MW ISHURE ryisumbuye ryo muri Nijeriya, hari umukobwa yari yarashinyakaye mu vy’ugushurashura yakunda kugira ivyo yigisha abanyeshure bagenziwe b’abakobwa mu bijanye n’igitsina. Kimwe mu vyo yabwira umuntu gukora kugirango akorore inda, kwari ngo ukunywa inzoga ikaze cane yongerejwe ubukari n’ibintu bivuye mw itabi. Inkuru yaza aravuga, izo yacagura mu bitabu vy’ubushirasoni, zarakwegēra benshi mu banyeshure bagenziwe. Bamwe batanguye kugerageza ivy’uguhuza ibitsina, hanyuma umwe muri bo atwara inda. Kugirango ayikorore, yanyoye umuvugutano uvuye muri iyo nzoga n’itabi. Mu masaha makeyi, yatanguye kuyorwa amaraso. Inyuma y’imisi mikeyi, yaguye mu bitaro.

Mw isi ya kino gihe, abakiri bato benshi bararushirizaho kuvuga ivy’uguhuza ibitsina, ugasanga baronona abavyumviriza bakabishirako umutima. None urwaruka rukwiye kuja kwa nde kugirango ruronke ubumenyi nyakuri buzorurinda? Ese ukuntu biba vyiza iyo bashoboye kwitura abavyeyi babo bubaha Imana, bo bajejwe kubarera ‘babahana babahanura, uko Yehova ashaka.’—Abanyefeso 6:4.

Uko Abanyafirika Babona Inyigisho Yerekeye Ivy’Igitsina

Mw isi iyo iva ikagera, abavyeyi batari bake basanga kuganira n’abana babo ivyerekeye igitsina atari icoroshe. Ivyo ni ko bimeze canecane muri Afirika. Donald, se w’ibibondo umwe wo muri Sierra Leone, yavuze ati: “Bisa n’ibitigera bigirwa. Ivyo kubigira ntibiri mu mico y’Abanyafirika.” Hari umugore w’Umunyanijeriya yitwa Confident yemera ibi: “Abavyeyi banje babona ivy’igitsina nk’ikintu kidakwiye kwigera kivugwa icese; mu mico kama ico ni igiterasoni.”

Mu mico kama imwimwe y’Abanyafirika, gucisha mu kanwa amajambo ajanye n’igitsina, nk’imboro, imbuto, canke ubutinyanka, bibonwa nk’ibiteye isoni. Mbere hari nyina w’ibibondo umwe w’Umukirisu yabujije umukobwa wiwe gukoresha ijambo “igitsina,” mugabo avuga ko ashobora gukoresha ijambo “ubusambanyi.” Aho bihushaniye na Bibiliya yo Jambo ry’Imana, iravuga itarya umunwa ivyerekeye igitsina hamwe n’ibihimba vy’irondoka. (Itanguriro 17:11; 18:11; 30:16, 17; Abalewi 15:2) Intumbero y’ivyo si ugukoza isoni canke kuvyura inambu, ariko ni ugukingira n’ukwigisha abantu b’Imana.—2 Timoteyo 3:16.

Turetse ibiteye isoni mu mico kama, iyindi mpamvu ituma abavyeyi bamwebamwe birinda kubivuga yaratanzwe na se w’ibibondo umwe w’Umunyanijeriya, agira ati: “Nganiriye n’abana banje ivy’igitsina, vyohava bibavyurira gusambana.” Ariko none ibimenyeshwa vy’urupfasoni bishingiye kuri Bibiliya vyerekeye igitsina vyoba biremesha abana kwiyahukiza ngo babigerageze? Oya, ntavyo bigira. Nkako nyene, birashoboka neza ko iyo urwaruka rufise ubumenyi buke, niko rusa n’urwogwa mu kaga. Bibiliya ivuga iti: “Ubgenge [bushimikiye ku bumenyi nyakuri ni] ubgugamo.”—Umusiguzi 7:12.

Mu kigereranirizo Yezu yatanze, umugabo w’ubwenge mu guteganiriza ivy’uko hoshobora kuzobaho imvura y’igihuhusi, yubakiye inzu yiwe ku rutare, igipfu na co kiyubakira ku musenyi hanyuma kiribonerako. (Matayo 7:24-27) N’abavyeyi b’ubwenge b’Abakirisu ni ukwo, kubera ko bazi yuko abana babo bazohangana n’imikazo imeze nk’igihuhusi ibahatira gukurikiza ingingo ngenderwako z’isi zirangwa n’isoni nke, barakomeza abana babo bakoresheje ubumenyi nyakuri hamwe n’ugutahura bizobafasha kuguma bashikamye.

Iyindi mpamvu ituma abavyeyi benshi bataganira ivy’igitsina n’abana babo yaravuzwe n’Umunyafirikakazi yagize ati: “Nkiri muto, abavyeyi banje b’Ivyabona ntibayaga nanje ivyerekeye igitsina, ni co gituma bitigeze binzamwo ngo nganire ivyo bintu n’abana banje.” Ariko rero, abakiri bato bo muri iki gihe usanga baremērwa cane kuruta uko vyaba ku bakiri bato b’imbere y’imyaka 10 canke 20 iheze. Ivyo ntibitangaje. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko “mu misi y’iherezo . . . abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.”—2 Timoteyo 3:1, 13.

Icongera ikibi mu kindi, ni uko abana benshi bigumanya canke ntibubahuke kwitura abavyeyi babo. Kenshi ukunda gusanga ukuganira kw’uguhana ijambo kudashemeye no ku tuntu dutoduto. Hari umuhungu umwe w’imyaka 19 yidōze avuga ati: “Singanira ibintu n’abavyeyi banje. Nta kuganira kwiza kuhaba hagati yanje na dawe. Ntatega yompi.”

Urwaruka barashobora kandi gutinya ko ukubariritsa ivyerekeye igitsina kwohava kubakwegera. Hari umukobwa w’imyaka 16 yavuze ati: “Singanira ingorane z’ivy’igitsina n’abavyeyi banje kubera ukuntu bakira ibintu nk’ivyo. Igihe kimwe mukurwanje yarabajije Mawe utubazo tumwetumwe tujanye n’ivy’igitsina. Mawe aho kumufasha ingorane afise, aca yicura imigambi yoba afise. Kenshi Mawe yarampamagara hanyuma akambaza ivya mukurwanje, rimwe na rimwe akabaza ku rwenge ivyerekeye imico yiwe. Sinshaka gutakaza urukundo Mawe amfitiye, ni co gituma ntamwegereza ingorane mfise.”

Ni Kuki Mwobigisha

Kwigisha abana bacu ku rugero rubereye mu vyerekeye igitsina si uko gusa ari co kintu ciza umuntu yoba agize, ahubwo ni na co kintu umuntu yoba agize kiranga ubuntu. Mu gihe abavyeyi batigishije abana babo ivyerekeye igitsina, abandi bazobibigisha—kandi ubusanzwe bakabibigisha imbere y’uko abavyeyi babibabwira, ibintu ngirango bitigera bihuza n’ingingo zigenga ukwigenza runtu. Hari umukobwa w’imyaka 13 yakoze ubusambanyi kubera ko yabwiwe n’uwo bigana ngo adataye ubusugi bwiwe yoshikiwe n’umubabaro w’agaterabwoba muri kazoza. Yamubwiye ngo “Ubusugi bwawe bazobukebesha umukasi.” Inyuma yaho, igihe bamubaza igituma atabwiye nyina wiwe w’Umukirisu ivyo yari yumvise, uwo mukobwa yishuye yuko ibintu nk’ivyo ata wigera abiyaga n’abakuze.

Umukobwa umwe w’Umunyanijeriya yavuze ati: “Abagenzi twigana kw ishure baragerageje kunyumvisha ko ivy’uguhuza ibitsina ari ibintu umuntu wese akomeye ategerezwa kujamwo. Bambwiye ko ntakoresheje igitsina ubu, ngo nshikiriye imyaka 21 notanguye kurwara indwara yogize ingaruka mbi ku bugore bwanje. Ku bw’ico, bavuze ko kugirango umuntu yirinde ako kaga gateye ubwoba, ngo ni vyiza guhuza ibitsina imbere y’ukwubaka.”

Kubera ko yari yaraganiriye neza n’abavyeyi biwe, yaciye yumva ko bidahuye n’ivyo yari yarumvise i muhira. “Nk’uko bisanzwe, narasubiye i muhira hanyuma mbwira mawe ivyo bari bambwiye kw ishure.” Nyina wiwe yarashoboye kubeshuza ayo makuru y’ikinyoma.—Gereranya n’Imigani 14:15.

Iyo abavyeyi bahaye abana ubumenyi bukenewe kugirango babafashe gushikira ubwenge buva ku Mana bwerekeye igitsina, baba babahaye ivya ngombwa bituma batahura ibintu vyohava bibata mu kaga, vyongeye bakanamenya abantu bipfuza kubarīrako mbege. Birafasha mu kubakingira intuntu iterwa n’indwara zandukirira mu bihimba vy’irondoka hamwe n’ugusama inda badashaka. Birongereza ubupfasoni bwabo bikanatuma bubahwa n’abandi. Birabakingira gufata ibintu uko bitari hamwe n’amaganya. Biratsimbataza inyifato imeze neza kandi itihebuza, ku vyerekeye ukwimara inambu y’umubiri kubereye, bikongerereza agahimbare iyo mu nyuma bubatse. Birashobora kubafasha kugumya igihagararo cemewe ku Mana. Kandi uko abana babona ukuntu bitwararikanywe urukundo, birashobora kubatuma bubaha kandi bagakunda abavyeyi babo cane kurushaho.

Ukuganira Neza

Kugirango abavyeyi bahuze impanuro n’ivyo abana babo bakeneye, hategerezwa kubaho ukuganira neza kw’uguhana ijambo. N’impanuro irashe nyene ishobora kutagira ico imara kinini mu gihe abavyeyi batazi akari mu mizirikanyi n’imitima y’abana babo, nk’uko nyene bigenda iyo muganga agerageje kwandikira umurwayi umuti atazi ubwoko bw’indwara arwaye. Kugirango abavyeyi babe abatangampanuro kirumara, bategerezwa kumenya ico abana babo biyumvira n’ico biyumvamwo vy’ukuri. Bakeneye gutahura ibiremereye abana babo n’ibibagoye, hamwe n’ibibazo bibahagaritse umutima. Birahambaye cane kwumviriza abana, ‘tukihutira kwumva, tugateba kuvuga.’—Yakobo 1:19; Imigani 12:18; Umusiguzi 7:8.

Bifata igihe, ukwihangana hamwe n’akigoro kugirango abavyeyi batsimbataze bongere bazigame ubucuti bukomeye n’abana babo, bumwe butuma umwana yumva afise umwidegemvyo wo gushira ahabona uko yiyumva kumuri imbere kure. Ariko ese ukuntu usanga ari vyiza iyo ivyo bishitsweko! Hariho se wa batanu wo muri Afirika y’Uburengero yavuze ati: “Jewe ngize kuba umuvyeyi n’umubanga. Abana baraganira nanje ibintu vyose ataco binona, dushizemwo n’ivy’igitsina. N’abakobwa nyene baranyitura. Turafata umwanya tukayaga ingorane zabo. Vyongeye barasangira nanje iminezero bagira.”

Bola, umwe mu bakobwa biwe, avuga ati: “Nta banga na rimwe mpisha dawe. Dawe ni umuntu yitanaho kandi agira impuhwe. Ntaho aturyagagura canke ngo adutere umutima uhagaze, naho hoba igihe twagize nabi. Aho gufuha, arihweza nya ngorane hanyuma akatwereka ico dukwiye gukora, canke ico tutari gukora. Kenshi akoresha ca gitabu Ujana na kimwe Furaha ya Familia.”a

Iyo bishoboka, ni vyiza ko abavyeyi batangura kuganirira abana babo ivy’igitsina igihe bakiri bato cane. Ivyo birashiraho ishingiro rizotuma ibiyago bibandanya muri ya myaka y’ubuyabaga ikunda kuba iyitoroshe. Iyo ibiyago bidatanguwe hakiri kare, rimwe na rimwe usanga bigamye kubitangura mu nyuma, ariko birashobora kugirwa. Hari nyina w’ibibondo bitanu yavuze ati: “Narihatiye kuganira ivyo bintu gushika aho amaherezo ntari ngishoboye kugira isoni, n’abana ntibazigire.” Kubera ko ivyokwononekara vyohava biba vyinshi, utwo twigoro vy’ukuri si utw’ubusa.

Iyo Bakingiwe Baragira Agahimbare

Abana barashima abavyeyi bakoresha urukundo bakabaronsa ivya ngombwa hamwe n’ubumenyi bizobarinda. Rimbura ibi vyavuzwe na bamwebamwe mu Vyabona vya Yehova b’Abanyafirika:

Mojisola ku myaka 24 y’amavuka, yavuze ati: “Nzokwama nkurira ubwatsi mawe. Yarampaye indero nkeneye ku vyerekeye igitsina ku gihe kibereye. Naho numva ngize isoni igihe twaganira ivyo bintu ubu hakaba haciye igihe kinini, ubu ivyiza mawe yangiriye ndabibona.”

Iniobong yongeyeko ati: “Nama nantaryo mpimbawe igihe nsubije amaso inyuma nkiyumvira ivyo Mawe yangiriye mu kumpa inyigisho ibereye ku vy’igitsina. Vyaramfashije cane rwose mu kunyobora gushika mu bugore. Niyemeje kuzogirira ukwo nyene abo nzokwibaruka.”

Kunle, umusore amaze imyaka cumi n’icenda, yavuze ati: “Abavyeyi banje baramfashije kunanira imikazo nterwa n’abagore bo mw isi banyengayenga ngo twiryamanire. Iyo itaba inyigisho bampaye, mba maze kugwa mu caha. Nzokwama nantaryo nshima ivyo bangiriye.”

Christiana yavuze ati: “Ndakura ivyiza vyinshi cane mu gutera abiri na mawe ku vy’igitsina. Narakingiwe indwara zica hamwe n’ugutwara inda ntashaka, kandi narashoboye guha batoyi banje akarorero keza bokurikira. Vyongeye ndubahwa n’abantu, kandi n’uwuzontwara nyene azonyubaha. Mbere ikintu c’ingirakamaro cane, ndafitaniye na Yehova Imana ubucuti bwiza kubera ko ngumya amabwirizwa yiwe.”

Bola, uwavuzwe aho haruguru, yavuze ati: “Hari uwo twigana yavuga ko umuntu abwirizwa kwimara inambu y’umubiri atubatse. Kuri we, vyari nk’ibikino. Ariko rero, yagiye gusanga bitari ibikino igihe yatwara inda akaba atagishoboye gukorana natwe ikibazo c’umutsindo. Iyo ntagira dawe mwiza anyobora, kumbure mba narabaye nk’uwo mukobwa, ngaca ubwenge mbanje kuhabonera.”

Ese umugisha abavyeyi b’Abakirisu baronka igihe bafashije abana babo kuronka “ubwenge bu[ba]shikiriza ubukiriro” muri iyi si yasaze mu vy’igitsina! (2 Timoteyo 3:15, UB) Inyigisho batanga ishimikiye kuri Bibiliya imeze nk’uruyeye rwo mw izosi rushariza abana, eka rukabaribōra mu nyonga z’Imana. (Imigani 1:8, 9) Abana barumva batekaniwe, kandi abavyeyi barashira akanyota bimwe vyimbitse. Se w’abana umwe w’Umunyafirika yama nantaryo yihatira kuguma yorohereje inzira yo kugiranira ibiyago n’abana biwe b’urwaruka, yavuze ati: “Turafise amahoro yo mu muzirikanyi. Turizigiye neza ko abana bacu bazi igihimbara Yehova; ntibashobora kuzimizwa n’abo hanze. Turizigiye neza ko batazogira ibintu bizanira umuryango umubabaro. Ndashimira Yehova kubona baragaragaje ko dushobora kubizera.”

[Akajambo k’epfo]

a Vyasohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika