ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 6 rup. 3
  • Ingene twokwirinda indwara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twokwirinda indwara
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ivyashobotse n’ivyananiranye mu vy’ukurwanya indwara
    Be maso!—2004
  • Isi itarimwo indwara
    Be maso!—2004
  • Urugamba umuntu yarwanye kuva kera arondera amagara meza
    Be maso!—2004
  • Wokwikingira gute?
    Be maso!—2016
Be maso!—2016
g16 no. 6 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene twokwirinda indwara

Umubiri wacu wama imisi yose uri mu rugamba rwo kurwanya abansi bihoreye kandi bataboneka mugabo bashobora kwica. Bamwe muri abo bansi ni utunyabuzima twitwa bagiteri, mikorobe canke imigera, bakaba bageramira amagara yacu.a Urwo rugamba kenshi ntituruca n’ikanda kubera ko abasoda b’umubiri wacu baca barwanya canke bakica abo bansi, ibimenyetso vy’indwara bitarigaragaza. Ariko rero, hari igihe abo bansi batsinda tugaca turwara. Aho rero duca dukenera gukomeza abasoda bacu dukoresheje imiti canke ubundi buryo bwo kwivuza.

Ibintu bishobora gutera indwara, harimwo ingendo, utunyabuzima tunzwinya, ubukene n’imfungurwa zidateguwe neza

Kera abantu baramaze imyaka ibihumbi batazi na kimwe ku ngorane utunyabuzima tunzwinya dushobora guteza. Ariko mu kinjana ca 19 abahinga baremeje ko imigera iteza indwara, abantu baca baramenya ingene bokwikingira. Kuva ico gihe, abahinga mu vy’ubuvuzi barashoboye gutuza canke guhwamika indwara zimwezimwe zandukira ushizemwo ibihara n’ubukangwe. Ariko rero hari izasubiye kwaduka, nk’inyonko bita fièvre jaune canke iyo bita dengue. Kubera iki? Raba izi mpamvu:

  • Buri mwaka, abantu amamiliyoni baragira ingendo hirya no hino kw’isi, kenshi bakagenda bafise imigera iteza indwara. Ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe, kivuga yuko “indwara zandukira kandi zikomeye, usanga nka zose” zishobora gukwiragizwa n’abagira ingendo mu mahanga.

  • Hariho imigera itacumva imiti. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko “turiko tuja mu kiringo aho imigera itazoba icumva imiti, indwara zari zisanzwe na zo . . . zisubire kwiha inkumbi.”

  • Imigumuko y’abanyagihugu n’ubukene kenshi biratuma amaleta adashobora guhagarika ikwiragira ry’indwara.

  • Abantu benshi ntibazi ingene bokwirinda indwara.

Naho hari izo ngorane zose, hari vyinshi wokora kugira wikingire ukingire n’umuryango wawe. Ikiganiro gikurikira kiraza kutwereka ko naho woba uba mu gihugu kikiri mu nzira y’amajambere ushobora kuronka uburyo bworoshe kandi ngirakamaro wokwikorako.

a Mwene utwo tunyabuzima si twose dutera indwara. Ibi biganiro bishimika ku tunyabuzima be n’ibindi bintu bishobora kubangamira amagara yacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika