ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 13
  • 10 Kuba umwizigirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 10 Kuba umwizigirwa
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?
    Urwaruka ruribaza
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 13
Umwigeme ariko arariha amahera kuri banki

Kugamburukira abavyeyi bawe ni nko kuriha ideni wafashe muri banki. Iyo babona ko uri umwizigirwa, na bo baca barushiriza kukwizigira

URWARUKA

10 Kuba Umwizigirwa

ICO BISOBANURA

Abantu b’abizigirwa usanga bakundwa cane n’abavyeyi babo, abagenzi babo hamwe n’abakoresha babo. Barakurikiza amategeko, bagashitsa amasezerano kandi bakama bavugisha ukuri.

IGITUMA BIHAMBAYE

Akenshi umwidegemvyo umuntu ahabwa uvana n’ingene yagiye arerekana ko ari umwizigirwa.

“Abavyeyi bawe bararushiriza kukwizigira igihe babona ko uriko urakura mu vyiyumviro kandi ko witaho ibintu, n’igihe muba mutari kumwe.”​—Sarahi.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.”​—2 Abakorinto 13:5.

ICO WOKORA

Nimba wipfuza ko abantu barushiriza kukwizigira canke ko basubira kukwizigira, ibi bintu birashobora kugufasha.

Nuvugishe ukuri. Kubesha bituma abandi batakwizigira na gato. Ariko iyo uvugisha ukuri, ntuhishe amakosa yawe, barakwizigira.

“Biroroshe ko umuntu avugisha ukuri igihe ibintu vyifashe neza. Ariko kuvugisha ukuri no ku bintu vyotuma uboneka nabi biratuma abandi barushiriza kukwizigira.”​—Caiman.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

Nube umwizigirwa. Mw’itohoza rimwe ryagizwe muri Amerika, ibice 78 kw’ijana vy’abajejwe abakozi mu mashirahamwe, bavuze ko kuba umwizigirwa ari “kimwe mu bintu bitatu bihambaye cane baraba mu gutanga akazi.” Wimenyereje kuba umwizigirwa bizokugirira akamaro umaze gukura.

“Abavyeyi banje barabibona igihe nitaho ibintu kandi ngakora udukorwa batarinze kuza baranyibutsa. Uko nibwiriza ni ko barushiriza kunyizigira.”​—Sarah.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ndakwandikiye nizigiye ko ugamburuka, nzi yuko uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.”​—Filemoni 21.

Niwihangane. Igikuriro c’umwana kiribonekeza. Ariko gukura mu vyiyumviro ntibishoka vyibonekeza.

“Nta kintu uzokora rimwe gusa ngo gice gituma abavyeyi bawe canke abandi bantu bakwizigira. Ariko uko uzogenda uritaho ibintu ni ko na bo bazogenda barakwizigira.”​—Brandon.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwambare . . . ukwihangana.”​—Ab’i Kolosayi 3:12, Bibiliya Yera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika