ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 3 rup. 3
  • Igitabu ca kera ariko gifasha ab’ubu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu ca kera ariko gifasha ab’ubu
  • Be maso!—2019
  • Ivyo bijanye
  • Muri iyi nomero: Bibiliya yoba yogufasha kubaho neza?
    Be maso!—2019
  • Ibirimwo
    Be maso!—2019
  • 4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Urashobora kubaho uhimbawe no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 3 rup. 3
Umugabo ariko araraba muri Bibiliya za kera zibitswe mw’iratiro ry’ivya kera

Igitabu ca kera ariko gifasha ab’ubu

Abantu benshi barubaha Bibiliya kubera babona ko ari igitabu ceranda. Ariko rero, Bibiliya iratubwira n’ibindi uretse ibijanye n’Imana. Irimwo impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose.

Raba nk’akarorero ivyo bamwebamwe bavuze ku kuntu ubwabo bungukiye ku gusoma Bibiliya no ku gushira mu ngiro impanuro itanga.

“Ubuzima bwanje bumeze neza kuruta. Nararushirije gutekana mu bwenge no mu mutima. Ubu ndahimbawe cane.”​—Fiona.

“Kwiga Bibiliya vyatumye ntahura neza intumbero y’ubuzima.”​—Gnitko.

“Ubuzima bwanje bwarahindutse cane. Singitwarwa n’akazi ku buryo mburira umwanya umuryango wanje.”​—Andrew.

Abo ni bakeyi gusa mu bungukiye kuri Bibiliya. Abantu benshi hirya no hino kw’isi basanze Bibiliya irimwo impanuro nyinshi cane zibafasha mu buzima bwa misi yose.

Reka twihweze ingene Bibiliya ishobora gutuma abantu barushiriza kugira . . .

  • Amagara meza

  • Ugutekana

  • Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi

  • Ingorane nke mu vy’ubutunzi

  • Ubucuti bwiza n’Imana

Bibiliya ni igitabu ceranda gishobora kugufasha mu buryo ngirakamaro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika