ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 2 rup. 12-13
  • Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma bihambaye ko turonka inyishu
  • Iyumvire iki kintu:
  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imibabaro?
    Be maso!—2015
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 2 rup. 12-13
Umuryango washinze amahema ku musozi. Umuryango uriko urifotora, inyuma yabo hari imisozi.

4. Twoba Twaremwe Kugira Dushikirwe N’imibabaro?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Inyishu y’ico kibazo iragira ico ikoze ku kuntu tubona buzima.

Iyumvire iki kintu:

Wumva vyoba vyumvikana ko Imana yaremye ibintu vyiza ukuraho kw’isi, yodushira mu buzima burimwo ingorane?

Abantu batitaho ivy’idini, bafatira ku mibabaro ishikira abantu kugira bavyure inkeka ku gituma Imana ikora uku canke kuriya, canke kugira berekane ko itabaho. Bavuga ko imibabaro yerekana yuko (1) Imana idashoboye kuyihagarika, canke ko (2) Imana itabinezwe, canke ko (3) Imana itabaho.

Ubwo vy’ukuri, izo zoba ari zo mvo zituma abantu bashikirwa n’ingorane?

MENYA N’IBINDI

Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana ntiyaturemye kugira dushikirwe n’imibabaro.

Ishaka ko tunezererwa ubuzima.

“[Nta] kintu kiriho [kirutira abantu] kunezerwa no gukora iciza mu buzima; kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.”​—UMUSIGUZI 3:12, 13.

Abantu babiri ba mbere Imana yabahaye intango nziza.

Ntiyashaka ko abo bantu n’uruvyaro rwabo bashikirwa n’imibabaro.

“Imana . . . ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.’”​—ITANGURIRO 1:28.

Abantu babiri ba mbere bahisemwo kugambararira Imana.

Ivyo vyatumye bikwegera imibabaro myinshi, bayikwegera n’ababakomotseko bose.

“Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”​—ABAROMA 5:12.a

Imana ntiyaturemye kugira twigenge.

Kurya nyene bidashoboka ko abantu baba mu mazi, ni na ko bidashoboka ko bitegeka.

“Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—YEREMIYA 10:23.

Imana ntishaka ko dushikirwa n’imibabaro.

Ishaka ko twirinda ingorane uko bishoboka kwose.

“Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi.”​—YESAYA 48:18.

a Muri Bibiliya, ijambo “igicumuro” ntiryama ryerekeza ku bikorwa bibi gusa. Bibiliya irarikoresha no mu kudondora ikintu twese abantu twarazwe.

Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?

Oya. Imibabaro ntiyari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu. Yatanguye igihe abantu babiri ba mbere bagambararira Imana. Ariko rero ivyo ntibisigura ko umuryango w’abantu uzoguma wugarijwe n’ingorane.

None twoba tuzokwigera turuhurirwa?

Raba ikibazo ca 5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika