4. Twoba Twaremwe Kugira Dushikirwe N’imibabaro?
Igituma bihambaye ko turonka inyishu
Inyishu y’ico kibazo iragira ico ikoze ku kuntu tubona buzima.
Iyumvire iki kintu:
Wumva vyoba vyumvikana ko Imana yaremye ibintu vyiza ukuraho kw’isi, yodushira mu buzima burimwo ingorane?
Abantu batitaho ivy’idini, bafatira ku mibabaro ishikira abantu kugira bavyure inkeka ku gituma Imana ikora uku canke kuriya, canke kugira berekane ko itabaho. Bavuga ko imibabaro yerekana yuko (1) Imana idashoboye kuyihagarika, canke ko (2) Imana itabinezwe, canke ko (3) Imana itabaho.
Ubwo vy’ukuri, izo zoba ari zo mvo zituma abantu bashikirwa n’ingorane?
MENYA N’IBINDI
Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?
Bibiliya ibivugako iki?
Imana ntiyaturemye kugira dushikirwe n’imibabaro.
Ishaka ko tunezererwa ubuzima.
“[Nta] kintu kiriho [kirutira abantu] kunezerwa no gukora iciza mu buzima; kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.”—UMUSIGUZI 3:12, 13.
Abantu babiri ba mbere Imana yabahaye intango nziza.
Ntiyashaka ko abo bantu n’uruvyaro rwabo bashikirwa n’imibabaro.
“Imana . . . ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.’”—ITANGURIRO 1:28.
Abantu babiri ba mbere bahisemwo kugambararira Imana.
Ivyo vyatumye bikwegera imibabaro myinshi, bayikwegera n’ababakomotseko bose.
“Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”—ABAROMA 5:12.a
Imana ntiyaturemye kugira twigenge.
Kurya nyene bidashoboka ko abantu baba mu mazi, ni na ko bidashoboka ko bitegeka.
“Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”—YEREMIYA 10:23.
Imana ntishaka ko dushikirwa n’imibabaro.
Ishaka ko twirinda ingorane uko bishoboka kwose.
“Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi.”—YESAYA 48:18.
a Muri Bibiliya, ijambo “igicumuro” ntiryama ryerekeza ku bikorwa bibi gusa. Bibiliya irarikoresha no mu kudondora ikintu twese abantu twarazwe.