Nugaragaze impuhwe
Ingorane
Iyo twitwararitse cane kuraba ivyo abandi batandukaniyeko natwe, turashobora gusigara tubona ko ari utunenge bafise. Ivyo rero birashobora gutuma dutangura kubona ko turuta abatameze kumwe natwe. Iyo dutsimbataje agatima ko kubona abandi nabi, bica bitugora kubagaragariza impuhwe. Kutagira impuhwe vyoshobora kwerekana ko dufise ingorane ikomeye, na yo akaba ari ukwinubana.
Ico Bibiliya ivuga
“Munezeranwe n’abanezerewe; murirane n’abarira.”—ABAROMA 12:15.
Bisobanura iki? Muri make, ico canditswe kitwigisha yuko dukwiye kugaragaza impuhwe. Impuhwe ni ubushobozi bwo kwishira mu kibanza c’uwundi, ukagerageza kwiyumva nk’uko yiyumva.
Ingene impuhwe zidufasha
Igihe tugaragarije impuhwe umuntu, bica bidufasha gutahura ingene twe na we tumeze kumwe. Turashobora gusanga yiyumva cokimwe natwe be n’uko twifata kumwe mu bintu kanaka. Impuhwe ziradufasha kubona ko abantu twese turi bamwe, naho twoba turi bande canke tuva he. Uko turushiriza kwibanda ku kuntu bameze nka twe, ni ko turushiriza kwirinda kubabona nabi.
Impuhwe ziradufasha no kwubaha abandi. Uwitwa Anne-Marie wo muri Senegale yarigeze kuba asuzugura abantu bo mu bwoko bwabonwa ko ari ubwo hasi. Avuga ko impuhwe ari zo zamufashije. Yigana ati: “Igihe naba mbonye ingorane abo bantu bariko baracamwo, naribaza ukuntu nomererwa ndi mu ngorane nk’izo. Ivyo vyatuma nibaza icari gutuma nibwira ko ndabaruta, kandi ata na kimwe nakoze canke ngo ntange kugira mere uko ndi.” Nitwihatira gutahura ingorane abandi bariko baracamwo, bizotuma turushiriza kubumvira impuhwe aho kubanegura.
Ico wokora
Nugerageze kurengera ivyo utandukaniyeko n’abantu bo mu mugwi ushobora kuba ubona nabi, maze urondere ivyo muhuriyeko. Nk’akarorero, nuzirikane ingene biyumva igihe
Impuhwe ziradufasha kubona ko abantu twese turi bamwe
bariko barafungurira hamwe mu muryango
bagodotse inyuma y’ibikorwa biruhisha
bateramanye n’abagenzi
bariko bumviriza umuziki bikundira
Nuce ugerageza kwishira mu kibanza cabo. Niwibaze uti:
‘Novyifatamwo gute hagize uwutuma mbona ko ata co maze?’
‘Nokwiyumva gute abandi banyishizemwo nabi kandi batanzi?’
‘Hamwe noba ndi uwo muri uwo mugwi, noshima ko abandi bamfata gute?’