ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 3 rup. 6-7
  • Nugaragaze impuhwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze impuhwe
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane
  • Ico Bibiliya ivuga
  • Ingene impuhwe zidufasha
  • Ico wokora
  • Kugaragaza impuhwe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Imana yoba ifise impuhwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi
    Be maso!—2019
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutangaza Ubwami bw’Imana n’umutima rugabo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 3 rup. 6-7
Umugabo ava muri Caucase n’Umuhindi wo mw’idini ry’Abasiki baricaranye mu ndege. Bariko barayaga bahimbawe.

Nugaragaze impuhwe

Ingorane

Iyo twitwararitse cane kuraba ivyo abandi batandukaniyeko natwe, turashobora gusigara tubona ko ari utunenge bafise. Ivyo rero birashobora gutuma dutangura kubona ko turuta abatameze kumwe natwe. Iyo dutsimbataje agatima ko kubona abandi nabi, bica bitugora kubagaragariza impuhwe. Kutagira impuhwe vyoshobora kwerekana ko dufise ingorane ikomeye, na yo akaba ari ukwinubana.

Ico Bibiliya ivuga

“Munezeranwe n’abanezerewe; murirane n’abarira.”​—ABAROMA 12:15.

Bisobanura iki? Muri make, ico canditswe kitwigisha yuko dukwiye kugaragaza impuhwe. Impuhwe ni ubushobozi bwo kwishira mu kibanza c’uwundi, ukagerageza kwiyumva nk’uko yiyumva.

Ingene impuhwe zidufasha

Igihe tugaragarije impuhwe umuntu, bica bidufasha gutahura ingene twe na we tumeze kumwe. Turashobora gusanga yiyumva cokimwe natwe be n’uko twifata kumwe mu bintu kanaka. Impuhwe ziradufasha kubona ko abantu twese turi bamwe, naho twoba turi bande canke tuva he. Uko turushiriza kwibanda ku kuntu bameze nka twe, ni ko turushiriza kwirinda kubabona nabi.

Impuhwe ziradufasha no kwubaha abandi. Uwitwa Anne-Marie wo muri Senegale yarigeze kuba asuzugura abantu bo mu bwoko bwabonwa ko ari ubwo hasi. Avuga ko impuhwe ari zo zamufashije. Yigana ati: “Igihe naba mbonye ingorane abo bantu bariko baracamwo, naribaza ukuntu nomererwa ndi mu ngorane nk’izo. Ivyo vyatuma nibaza icari gutuma nibwira ko ndabaruta, kandi ata na kimwe nakoze canke ngo ntange kugira mere uko ndi.” Nitwihatira gutahura ingorane abandi bariko baracamwo, bizotuma turushiriza kubumvira impuhwe aho kubanegura.

Ico wokora

Nugerageze kurengera ivyo utandukaniyeko n’abantu bo mu mugwi ushobora kuba ubona nabi, maze urondere ivyo muhuriyeko. Nk’akarorero, nuzirikane ingene biyumva igihe

Impuhwe ziradufasha kubona ko abantu twese turi bamwe

  • bariko barafungurira hamwe mu muryango

  • bagodotse inyuma y’ibikorwa biruhisha

  • bateramanye n’abagenzi

  • bariko bumviriza umuziki bikundira

Nuce ugerageza kwishira mu kibanza cabo. Niwibaze uti:

  • ‘Novyifatamwo gute hagize uwutuma mbona ko ata co maze?’

  • ‘Nokwiyumva gute abandi banyishizemwo nabi kandi batanzi?’

  • ‘Hamwe noba ndi uwo muri uwo mugwi, noshima ko abandi bamfata gute?’

Ba bagabo babiri nyene, umwe ariko yereka uwundi amafoto y’ivyo bahuriyeko, nk’umuryango, inkino bakunda be n’akazi.

Akarorero k’ivyabaye koko: Robert (muri Singapour)

“Kera niyumvira ko abaragi ari abantu batabaho, batagira ubwenge kandi b’inkomwahato. Rero, narabirinda. Yamara sinabona ko nari mfise ukwinubana, kuko nasa n’aho ata we ngirira nabi.

“Kwumvira impuhwe abaragi vyaramfashije gutsinda ukwinubana nari mfise. Nk’akarorero, nahoze nibwira ko abaragi badakwije kuko igihe ndabavugishije baca baguma bandaba mu maso. Naragerageje rero kwiyumvira ukuntu nomerewe hagize uwumvugisha sindamwumve. Birumvikana ko na je nogumye ndamuraba mu maso! Mbere n’igihe nobaye mfise ikimfasha kwumva, mu maso hanje hokwerekanye yuko ndiko nihatira gutahura, kubera nobaye ntumvise neza ivyavuzwe.

“Uko narushiriza kwishira mu kibanza c’abaragi, ukwinubana nari mfise kwagiye kurakamangana.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika