ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Mukakaro rup. 3
  • Kugaragaza impuhwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugaragaza impuhwe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba ifise impuhwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Nugaragaze impuhwe
    Be maso!—2020
  • Nubaze ibibazo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Gukora umutohoji ku mutima
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Mukakaro rup. 3

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Kugaragaza impuhwe

Impuhwe ni ubushobozi bwo gutahura ingene abandi biyumvira, ingene biyumva, imico yabo n’ivyo bakeneye. Abandi barabibona igihe tubafitiye impuhwe, kandi izo mpuhwe ziva ku cipfuzo kivuye ku mutima dufise co kubafasha. Iyo tugaragaje impuhwe mu busuku, tuba twerekanye ko dukundana be n’uko twitwararikana nka Yehova. Ivyo biratuma abantu bipfuza kumumenya.​—Fp 2:4.

Ntitugaragaza impuhwe gusa mu kuntu twigisha. Turazigaragaza kandi mu kuntu dutega yompi, mu kuntu tuvuga, mu nyifato yacu no mu bimenyetso vy’umubiri n’ivyo mu maso. Turagaragaza impuhwe mu kwitaho umuntu tubikuye ku mutima. Turitwararika ibimushimisha, ivyo yemera n’ukuntu ivyiwe vyifashe. Turamuronsa amakuru be n’imfashanyo ngirakamaro, ariko ntitumuhatira kugira ivyo ahinduye. Igihe abo tubwira inkuru nziza bemeye ko tubafasha, biratuma turushiriza kugira umunezero mu busuku.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE​—KUGARAGAZA IMPUHWE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa: Nuryohore ubuhanga bwawe​—Kugaragaza impuhwe.’ Jade ariko aravuga igituma ataza kwiga Bibiliya kuri uwo musi, bakaba bari aho bafatira akawa.

    Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yashika atevye?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa: Nuryohore ubuhanga bwawe​—Kugaragaza impuhwe.’ Neeta ariko arumviriza Jade abigiranye impuhwe.

    Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yamubwira ko arengewe n’umwitwarariko ku buryo atokwiga?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa: Nuryohore ubuhanga bwawe​—Kugaragaza impuhwe.’ Neeta ariko arafasha Jade gupanga ibintu mu cumba ciwe.

    Igihe tugaragaje impuhwe, biratuma abantu bipfuza kwiga ivyerekeye Yehova

    Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yamubwira ko atari azi gupanga ibintu neza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika