ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 1 rup. 15
  • Urashobora kumenya Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kumenya Imana
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana iragutera akamo ngo wige ibiyerekeye
  • Urashobora kumenya ivyerekeye Imana
  • Ni gute twumviriza Imana?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?
    Be maso!—2015
  • Ni wewe wihitiramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 1 rup. 15

Urashobora kumenya Imana

Bibiliya igira iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Muri uwo murongo, ijambo ngo “cahumetswe” risobanura ko Imana Mushoboravyose yashize ivyiyumviro vyayo mu bwenge bw’abanditse Bibiliya.

IVYEREKEYE BIBILIYA

  • 66

    Igitigiri c’ibitabu bigize Bibiliya.

  • 40

    Igitigiri c’abo Imana yakoresheje mu kwandika Bibiliya.

  • 1513 imbere ya Kristu

    Umwaka Bibiliya yatanguye kwandikwa, ubu hakaba haheze imyaka irenga 3.500.

  • 3.000 zirenga

    Igitigiri c’indimi Bibiliya ibonekamwo, yaba yose canke igice cayo.

Imana iragutera akamo ngo wige ibiyerekeye

“Jewe Yehova ndi . . . Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.”​—YESAYA 48:17, 18.

Nubone ko ayo majambo ari akamo Imana igutera ku giti cawe. Ikwipfuriza kugira amahoro yo mu mutima n’agahimbare karamba, kandi irashobora kugufasha kubishikako.

Urashobora kumenya ivyerekeye Imana

“Mu mahanga yose inkuru nziza itegerezwa . . . kwamamazwa.”​—MARIKO 13:10.

Iyo “nkuru nziza” irimwo ivyo Yehova yasezeranye bijanye no gukuraho ingorane, gutuma isi icika Iparadizo no kuzura abacu bapfuye. Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza kw’isi yose ubwo butumwa bushingiye kuri Bibiliya.

Igihe nasoma Bibiliya, sinasubiye kuzazanirwa

“Kuva nkiri muto cane, naguma nibaza Umuremyi uwo ari we. Naribaza nti: ‘Bishoboka gute ngo buri gisata c’abantu kibe gifise imana yaco canke umuremyi waco?’ Narakunze rero ivyo Bibiliya ivuga mu Baroma 3:29 y’uko Imana y’ukuri ari Imana y’abantu bo mu mahanga yose. Irafise n’izina ry’uruharo, ari ryo Yehova, kandi yipfuza ko tuba abagenzi bayo.”​—Rakesh.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika