ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ll igice 1 rup. 4-5
  • Ni gute twumviriza Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni gute twumviriza Imana?
  • Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ivyo bijanye
  • Igice ca 1
    Niwumvirize Imana
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
ll igice 1 rup. 4-5

IGICE CA 1

Ni gute twumviriza Imana?

Imana ivugana natwe biciye kuri Bibiliya. 2 Timoteyo 3:16

Yehova ari ku ntebe yiwe mw’ijuru, arahumekera abantu ngo bandike Bibiliya

Imana y’ukuri yarayoboye abantu barandika ivyiyumviro vyayo mu gitabu ceranda kimwe. Ico gitabu ni Bibiliya. Kirimwo amakuru ahambaye Imana yipfuza ko umenya.

Imana irazi icotubera ciza kuruta, kandi ni yo Sôko ry’ubukerebutsi bwose. Niwayumviriza uzoba inkerebutsi vy’ukuri.—Imigani 1:5.

Bibiliya mu ndimi nyinshi; umugabo ariko arasoma Bibiliya mu rurimi rwiwe

Imana yipfuza ko umuntu wese wo kw’isi asoma Bibiliya. Ubu ico gitabu kiraboneka mu ndimi nyinshi.

Niwaba wipfuza kwumviriza Imana, utegerezwa gusoma Bibiliya ukongera ugatahura ibiri muri yo.

Abantu bo mu mihingo yose bariko barumviriza. Matayo 28:19

Icabona ca Yehova ariko arasomera Bibiliya umuntu, mu nyuma akamwigisha Bibiliya

Ivyabona vya Yehova barashobora kugufasha gutahura Bibiliya.

Kw’isi yose, barigisha ukuri kwerekeye Imana.

Ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova

Kugira ngo uronke iyo nyigisho si ngombwa ngo ugire ico urishe. Urashobora kandi kwiga ivyerekeye Imana ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova iri mu karere iwanyu.

  • Ijambo ry’Imana ni ukuri.—Yohani 17:17.

  • Ni kubera iki twokwizigira Imana?—Guharūra 23:19.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika