ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/12 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Twigane ya Mana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ni gute twumviriza Imana?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/12 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Twoba dushobora kumenya ukuri kwerekeye Imana?

Icabona ca Yehova ariko arayaga n’umuntu

Kubera iki Imana yipfuza ko tumenya ukuri? soma Yohani 17:3

Imana iramenyesha abantu amakuru. Yarakoresheje impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, kugira ngo ishire ivyiyumviro vyayo mu mitima y’abanditse Bibiliya. (2 Petero 1:20, 21) Turashobora kumenya ukuri kwerekeye Imana dusomye Bibiliya.​—Soma Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:16.

Muri Bibiliya Imana irahishura ibintu vyinshi biyerekeye. Iratubwira igituma yaremye abantu, ico izobakorera be n’ingene yipfuza ko tubaho. (Ivyakozwe 17:24-27) Yehova Imana yipfuza ko tumenya ukuri ku bimwerekeye.​—Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.

Kubera iki Imana ikunda abakunda ukuri?

Yehova ni Imana y’ukuri, kandi yararungitse Umwana wiwe Yezu kugira ngo yigishe abantu ukuri. Ni co gituma abakunda ukuri baza kuri Yezu. (Yohani 18:37) Imana yipfuza ko abantu nk’abo baba abasavyi bayo.​— Soma Yohani 4:23, 24.

Shetani yarakwiragije inyigisho z’ikinyoma ku vyerekeye Imana kugira abantu ntibamenye ukuri kuyerekeye. (2 Abakorinto 4:3, 4) Abantu badakunda ukuri baremera izo nyigisho z’ikinyoma. (Abaroma 1:25) Mugabo abantu amamiliyoni bafise umutima nziraburyarya bariko baramenya ukuri kwerekeye Imana mu kwiga Bibiliya.​—Soma Ivyakozwe 17:11.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 1 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika