INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Twoba dushobora kumenya ukuri kwerekeye Imana?
Kubera iki Imana yipfuza ko tumenya ukuri? soma Yohani 17:3
Imana iramenyesha abantu amakuru. Yarakoresheje impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, kugira ngo ishire ivyiyumviro vyayo mu mitima y’abanditse Bibiliya. (2 Petero 1:20, 21) Turashobora kumenya ukuri kwerekeye Imana dusomye Bibiliya.—Soma Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:16.
Muri Bibiliya Imana irahishura ibintu vyinshi biyerekeye. Iratubwira igituma yaremye abantu, ico izobakorera be n’ingene yipfuza ko tubaho. (Ivyakozwe 17:24-27) Yehova Imana yipfuza ko tumenya ukuri ku bimwerekeye.—Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.
Kubera iki Imana ikunda abakunda ukuri?
Yehova ni Imana y’ukuri, kandi yararungitse Umwana wiwe Yezu kugira ngo yigishe abantu ukuri. Ni co gituma abakunda ukuri baza kuri Yezu. (Yohani 18:37) Imana yipfuza ko abantu nk’abo baba abasavyi bayo.— Soma Yohani 4:23, 24.
Shetani yarakwiragije inyigisho z’ikinyoma ku vyerekeye Imana kugira abantu ntibamenye ukuri kuyerekeye. (2 Abakorinto 4:3, 4) Abantu badakunda ukuri baremera izo nyigisho z’ikinyoma. (Abaroma 1:25) Mugabo abantu amamiliyoni bafise umutima nziraburyarya bariko baramenya ukuri kwerekeye Imana mu kwiga Bibiliya.—Soma Ivyakozwe 17:11.