Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
“Imana ni [im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.”—YOHANA 4:24.
1. Ni ugusenga bwoko ki guhimbara Imana?
UMWANA w’ikinege wa Yehova ari we Yezu Kirisitu, yarerekanye mu buryo butomoye ugusenga guhimbara Se wo mw’ijuru. Mu gihe yariko ashinga intahe ikora ku mutima ku mugore w’Umusamariyakazi kw’iriba hafi y’igisagara c’i Sukara, Yezu yavuze ati: “Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda. Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo. Imana ni [im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:22-24) Ayo majambo dukwiye kuyatahura gute?
2. Abasamariya bashingiye ugusenga kwabo ku ki?
2 Abasamariya babona ibintu vy’idini ukutari kwo. Bemera ko ibitabu bitanu vya mbere vyo mu Vyanditswe Vyeranda ari vyo gusa vyahumetswe, kandi bino vyari ivyo bisubiriyemwo ubwabo, bikaba vyitwa Pentateki y’Abasamariya. Naho Abasamariya batari bazi Imana vy’ukuri, Abayuda bari barabikijwe ubumenyi bwo mu Vyanditswe. (Abaroma 3:1, 2) Vyari gushoboka ko Abayuda b’abizerwa hamwe n’abandi binovora ugutoneshwa na Yehova. Ariko ivyo vyobasavye iki?
3. Hasabwa iki kugira ngo umuntu asenge Imana “mu mpwemu no mu kuri”?
3 Kugira bahimbare Yehova, Abayuda, Abasamariya be n’abandi bo mu bihe vyashize bategerezwa gukora iki? Bategerezwa kumusenga “mu mpwemu no mu kuri.” Niko na twe dutegerezwa kubigira. Naho umurimo turangurira Imana dutegerezwa kuwukorana ubwira canke umwete, kandi tukabitumwa n’umutima wuzuye urukundo n’ukwizera, gusenga Imana mu mpwemu canecane bisaba ko impwemu yayo yera iba iri kumwe natwe, kandi tukareka ikatuyobora. Biciye ku kwiga no ku gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana, umutima wacu utegerezwa guhuza n’impwemu y’Imana. (1 Ab’i Korinto 2:8-12) Kugira ngo ugusenga kwacu kwemerwe na Yehova, gutegerezwa kandi kugirwa mu kuri. Gutegerezwa guhuza n’ivyo Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya rihishura ku bimwerekeye no ku vyerekeye imigambi yiwe.
Umuntu Arashobora Kumenya Ukuri
4. Abantu bamwebamwe babona gute ukuri?
4 Abanyeshure bamwebamwe biga filozofiya baratsimbataje agatima ko kubona yuko abantu badashobora gushikira ukuri nyakwo. Kukaba nkako, umwanditsi w’Umusuwedi Alf Ahlberg yanditse ati: “Ibibazo vyinshi bishingiye kuri filozofiya ukwo niko bimeze, ku buryo bitoroshe kubitangira inyishu irashe.” Naho abantu bamwebamwe bavuga ko hariho ukuri kuvana gusa n’uko ibintu vyifashe, ivyo vyoba ari uko biri koko? Ntibihuye n’uko Yezu Kirisitu yabivuze.
5. Ni kuki Yezu yaje mw’isi?
5 Reka twihe ishusho ubwacu turiko twitegereza ibi bintu: Ni mu ntango zo mu mwaka wa 33 G.C., maze Yezu ahagaze imbere ya Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. Yezu abwiye Pilato ati: “Iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” Pilato aciye abaza ati: “Mbeg’ukuri n’iki?” Ariko ntarindira ko Yezu agira ikindi avuze.—Yohana 18:36-38.
6. (a) “Ukuri” kwasiguwe ko ari iki? (b) Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abayoboke biwe?
6 “Ukuri” kwamye gusigurwa ko ari “icegeranyo c’ibintu nyakuri, vyashitse, kandi biriho koko.” (Webster’s Ninth New Collegiate Dictionary) Ariko rero, Yezu yoba yashingiye intahe ukuri kwo muri rusangi? Eka da. Yari afise mu muzirikanyi ukuri kanaka. Yashinze abayoboke biwe kwamamaza ukwo kuri, kuko yababwiye ati: “Muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Imbere y’uko hashika iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu, abayoboke nyakuri ba Yezu bokwamamaje “ukuri kw’ubutumwa bgiza” kw’isi yose. (Ab’i Galatiya 2:14) Ivyo vyokozwe mu kurangura amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Birahambaye rero yuko tumenya neza abariko barigisha ukuri amahanga yose mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.
Ingene Dushobora Kwiga Ukuri
7. Wokwerekana gute ko Yehova ari we Soko ry’ukuri?
7 Yehova ni we Soko ry’ukuri kwo mu vy’impwemu. Kukaba nkako, umwanditsi wa Zaburi Dawidi yise Yehova “[Im]ana y’ukuri.” (Zaburi 31:5; 43:3) Yezu yaremeye icese ko ijambo rya Se ari ukuri, kandi yaranavuze ati: “Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.” (Yohana 6:45; 17:17; Yesaya 54:13) Ku bw’ivyo, biragaragara ko abarondera ukuri bategerezwa kwigishwa na Yehova, we Mwigisha Ahambaye. (Yesaya 30:20, 21) Abarondera ukuri barakeneye kwironsa “ukumenya Imana.” (Imigani 2:5) Kandi Yehova yamye yigisha canke ashikiriza ukuri mu buryo butandukanye abigiranye urukundo.
8. Ni mu buhe buryo Imana yigishije canke yashikirije ukuri?
8 Nk’akarorero, Imana yashikirije Ivyagezwe Abisirayeli ibicishije ku bamarayika. (Ab’i Galatiya 3:19) Biciye mu nzozi, yarasezeraniye imihezagiro ba sokuruza Aburahamu na Yakobo. (Itanguriro 15:12-16; 28:10-19) Imana mbere yaravuze iri mw’ijuru, nk’igihe Yezu yabatizwa kandi aya majambo y’akezamutima yarumvikanye kw’isi: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.” (Matayo 3:17) Turashobora kandi gukura ubwatsi kubona Imana yarashikirije ukuri mu guhumekera abanditse Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16, 17) Biciye rero ku kwiga ibiri mw’Ijambo ry’Imana, turashobora “kwizera ukuri.”—2 Ab’i Tesalonike 2:13.
Ukuri n’Umwana w’Imana
9. Imana yakoresheje Umwana wayo gute mu guhishura ukuri?
9 Imana yakoresheje canecane Umwana wayo, Yezu Kirisitu kugira ahishurire ukuri abantu. (Abaheburayo 1:1-3) Nkako, Yezu yaravuze ukuri ku rugero ata muntu n’umwe yari bwigere ashikako. (Yohana 7:46) Mbere n’inyuma y’aho adugiye mw’ijuru, yarahishuye ukuri kuvuye kuri Se. Nk’akarorero, intumwa Yohani yararonse “uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba.”—Ivyahishuriwe 1:1-3.
10, 11. (a) Ukuri Yezu yashingiye intahe gufitaniye isano n’iki? (b) Yezu yatumye gute ukuri kutaba umugani?
10 Yezu yabwiye Ponsiyo Pilato yuko yari yaje kw’isi kugira ashingire intahe ukuri. Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yarahishuye yuko ukwo kuri gufitaniye isano n’iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova biciye ku Bwami bw’Imana, Umwami wabwo akaba ari Kirisitu. Mugabo, kugira Yezu ashingire intahe ukuri ntivyamusavye kwamamaza no kwigisha gusa. Mu kukurangura, Yezu yatumye ukwo kuri kutaba umugani. Ku bw’ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “Ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’imisi mikuru canke mu vy’ukwezi kubonetse canke mu vy’isabato: ivyo vyar’igitūtu c’ivyari birāriye kuzoza, arik’umutumba ubgawo n’uwa Kristo.”—Ab’i Kolosayi 2:16, 17.
11 Uburyo bumwe ukuri kutabaye umugani bwabaye ivuka rya Yezu, iryari ryarabuwe ko ryobereye i Betelehemu. (Mika 5:2; Luka 2:4-11) Ukuri kandi ntikwabaye umugani igihe amajambo menyeshakazoza ya Daniyeli yerekeye ukuza kwa Mesiya yaranguka ku mpera y’‘amayinga-myaka’ 69. Ivyo vyashitse igihe Yezu yishikana ku Mana akabatizwa, agasigwa impwemu yera mu 29 G.C., ku gihe nyene cari carabuwe. (Daniyeli 9:25; Luka 3:1, 21, 22) Ukuri kwararushirije kutaba umugani biciye ku busuku butanga umuco Yezu yaranguye bwa mwamamaji w’Ubwami. (Yesaya 9:1, 2, 6, 7; 61:1, 2; Matayo 4:13-17; Luka 4:18-21) Ukuri kandi ntikwabaye umugani, biciye ku rupfu rwiwe no kw’izuka ryiwe.—Zaburi 16:8-11; Yesaya 53:5, 8, 11, 12; Matayo 20:28; Yohana 1:29; Ivyakozwe 2:25-31.
12. Ni kuki Yezu yashoboye kuvuga ati: ‘Ni jewe kuri’?
12 Kubera ko ukuri kwari gushingiye kuri Yezu Kirisitu, yarashoboye kuvuga ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima]: nta wushika kuri Data ntamujanye.” (Yohana 14:6) Abantu baragira umwidegemvyo mu buryo bw’impwemu igihe bagiye ku “[ruhande rw’]ukuri” mu kwemera uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana. (Yohana 8:32-36; 18:37) Kubera yuko abameze nk’intama bemera ukuri kandi bagakurikira Kirisitu bafise ukwizera, bazoronka ubuzima budahera.—Yohana 10:24-28.
13. Tugiye kwihweza ukuri kwo mu Vyanditswe mu mice itatu iyihe?
13 Ibintu vyose bigize ukuri vyashikirijwe na Yezu be n’abigishwa biwe bahumekewe, ni vyo bigize ukwizera kw’Abakirisu b’ukuri. Abantu “bumvira ukwizera” rero baca “bagendera mu kuri.” (Ivyakozwe 6:7; 3 Yohana 3, 4) Ku bw’ivyo none, ni bande bagendera mu kuri muri kino gihe? Ni bande mu vy’ukuri bariko barigisha ukuri amahanga yose? Mu gusuzuma ivyo bibazo, turaja gushimikira ku Bakirisu bo mu ntango, maze dusuzume ukuri kwo mu Vyanditswe kujanye (1) n’ivyo bemera, (2) n’uburyo basenga be (3) n’uburyo umuntu ubwiwe yigenza.
Ukuri n’Ukwemera
14, 15. Wovuga iki ku vyerekeye inyifato y’Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyabona vya Yehova ku biraba Ivyanditswe?
14 Abakirisu bo mu ntango baraha agaciro cane Ijambo rya Yehova ryanditswe. (Yohana 17:17) Ni ryo bafatirako mu bijanye n’ivyo bemera be n’ivyo bakora. Uwitwa Kelementi w’i Alegizandiriya yabayeho hagati y’ikinjana ca kabiri n’ica gatatu yavuze ati: “Abariko barakora bagatama kugira ngo bagire kamere irushirije kuba nziza ntibazoreka kurondera ukuri, gushika aho bazoronkera ikimenyamenya c’ivyo bemera kivuye mu Vyanditswe.”
15 Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova baraha agaciro cane Bibiliya. Baremera ko “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu.” (2 Timoteyo 3:16) Nimuze rero turimbure bikeya mu vyo Abakirisu bo mu ntango bemera dufatiye ku vyo abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none bize kubera ko bakoresha Bibiliya bwa gitabu cabo nyamukuru c’inyigisho.
Ukuri ku Vyerekeye Ubugingo
16. Ukuri ku vyerekeye ubugingo ni ukuhe?
16 Kubera ko bemera ico Ivyanditswe bivuga, Abakirisu bo mu ntango baramenye ukuri ku vyerekeye ubugingo. Baramenye ko “umuntu [“yabaye ubugingo buzima,” NW]” aho Imana imuremeye. (Itanguriro 2:7) Bisubiye, baremera icese ko ubugingo bupfa. (Ezekiyeli 18:4; Yakobo 5:20) Baramenye kandi ko ‘abapfuye ata co baba bakizi.’—Umusiguzi 9:5, 10.
17. Wosigura gute icizigiro kihari ku bapfuye?
17 Yamara, abigishwa ba Yezu bo mu ntango bari bafise icizigiro ntakekeranywa c’uko abapfuye Imana yibuka bozuwe, canke bosubiye kuba bazima. Ivyo bemera Paulo yarabiseruye neza, yavuze ati: “Mfise ivyizigiro ku Mana . . . yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Mbere hashize igihe, Minucius Felix, uwavuga yuko ari Umukirisu, yanditse ati: “Ni nde ari igipfu canke imburabwenge yokwiyamvya avuga yuko umuntu yabumbwe n’Imana mu ntango, idashobora gusubira kumurema bundi busha?” Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova barumira ku kuri kwo mu Vyanditswe kwerekeye ubugingo, urupfu be n’izuka. Reka ubu naho turimbure akaranga k’Imana na Kirisitu.
Ukuri n’Ubutatu
18, 19. Ni kubera iki bishobora kuvugwa ko Ubutatu atari inyigisho ishingiye ku Vyanditswe?
18 Abakirisu bo mu ntango ntibabona Imana, Kirisitu be n’impwemu yera ko ari Ubutatu. Inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopædia Britannica) ivuga iti: “Ryaba ijambo Ubutatu canke inyigisho yabwo itomoye, nta na kimwe kiboneka mw’Isezerano Rishasha, eka mbere na Yezu be n’abayoboke biwe ntibigeze biyumvira ivyo guhakana agace k’Ivyanditswe kitwa Shema [igisabisho c’Igiheburayo] ko mw’Isezerano rya Kera: ‘Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene’ (Gus. 6:4).” Abakirisu ntibasenga bwa butatu bw’Abaroma canke ngo basenge ibindi bimana. Baremeye amajambo ya Yezu avuga yuko Yehova wenyene ari we akwiye gusengwa. (Matayo 4:10) Vyongeye, barizera amajambo ya Kirisitu agira ati: “Data [n]i we anduta.” (Yohana 14:28) Uko ni ko n’Ivyabona vya Yehova babibona muri kino gihe.
19 Abayoboke ba Yezu bo mu ntango baratandukanya bimwe bigaragara Imana, Kirisitu be n’impwemu yera. Nkako, babatije abigishwa (1) mw’izina rya Data, (2) mw’izina ry’Umwana, hamwe no (3) mw’izina ry’impwemu yera, si mw’izina ry’Ubutatu. N’Ivyabona vya Yehova nyene bigisha ukuri kwo mu Vyanditswe, maze gutyo bagatandukanya Imana, Umwana wayo be n’impwemu yera.—Matayo 28:19.
Ukuri n’Ibatisimu
20. Ni ubumenyi ubuhe bukenewe ku bashaka kubatizwa?
20 Yezu yashinze abayoboke biwe guhindura abantu abigishwa mu kubigisha ukuri. Kugira bakwize ibisabwa vyotuma babatizwa, barakeneye ubumenyi bw’ishimikiro bwo mu Vyanditswe. Nk’akarorero, bategerezwa kwemera icese ikibanza n’ubukuru Data be n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu bafise. (Yohana 3:16) Abashaka kubatizwa barakeneye kandi gutahura yuko impwemu yera atari umuperesona, ariko ko ari inguvu ikora y’Imana.—Itanguriro 1:2, NW, akajambo k’epfo.
21, 22. Ni kuki wovuga ko ibatisimu igenewe abizera?
21 Abakirisu bo mu ntango babatiza abantu bigishijwe kandi bigaye, biyeguriye Imana batiziganya kugira bakore ivyo igomba. Abayuda be n’abakebanukiye idini y’Abayuda bari bakoraniye i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. bari bamaze kugira ubumenyi bw’Ivyanditswe vy’Igiheburayo. Bamaze kwumva intumwa Petero avuga ivyerekeye Yezu ko ari we Mesiya, nk’abantu 3.000 ‘baremeye amajambo yiwe’ maze “barabatizwa.”—Ivyakozwe 2:41; 3:19–4:4; 10:34-38.
22 Ibatisimu ya gikirisu igenewe abizera. Abantu b’i Samariya baremeye ukuri, maze “bize[ra] ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.” (Ivyakozwe 8:12) Kubera ko ya nkone y’Umunyetiyopiya yari uwakebanukiye idini y’Abayuda yibanga Imana yari afise ubumenyi bwerekeye Yehova, yabanje kwemera amajambo ya Filipo yerekeye iranguka ry’ubuhanuzi bwa Mesiya, hanyuma arabatizwa. (Ivyakozwe 8:34-36) Mu nyuma, Petero yabwiye Koruneliyo be n’abandi Banyamahanga yuko “[umuntu ayobokera Imana], agakora ivy’ukugororoka, [imwemera]” kandi ko umuntu wese yizera Yezu Kirisitu aharirwa ivyaha. (Ivyakozwe 10:35, 43; 11:18) Ivyo vyose birahuye n’ibwirizwa Yezu yatanze ryo ‘guhindura abantu abigishwa, bakabigisha kwitondera ivyo yageze vyose.’ (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe 1:8) Ivyabona vya Yehova bumira kuri iyo ngingo nyene, bakemera kubatiza gusa abantu bafise ubumenyi bw’ishimikiro bwo mu Vyanditswe kandi biyeguriye Imana.
23, 24. Ibatisimu ya gikirisu ibereye imeze gute?
23 Ukwibizwa mu mazi wese ni bwo buryo bwo kubatiza bubereye ku bizera. Yezu amaze kubatizwa mu Ruzi Yorodani, yavuye “mu mazi.” (Mariko 1:10) Ya nkone y’Umunyetiyopiya yabatijwe mu “mazi.” We hamwe na Filipo “baramanukana baja mu mazi” hanyuma ‘bayavamwo.’ (Ivyakozwe 8:36-40) Kubona Ivyanditswe bisanisha ibatisimu n’uguhambwa kw’ikigereranyo na vyo nyene birerekana ko ari ukwibiza umuntu wese mu mazi.—Abaroma 6:4-6; Ab’i Kolosayi 2:12.
24 Igitabu kimwe (The Oxford Companion to the Bible) kivuga ibi: “Ukuntu amabatisimu yo mw’Isezerano Rishasha adondorwa vyerekana ko umuntu yaba ariko arabatizwa yibizwa mu mazi.” Nk’uko igitabu kimwe co mu gifaransa (Larousse du XXe Siècle, Paris, 1928) kibivuga, “Abakirisu bo mu ntango babatijwe mu kwibizwa aho ari ho hose amazi yaba ari.” Igitabu kimwe (After Jesus—The Triumph of Christianity) na co kivuga ibi: “Ahanini uko yari imeze, [ibatisimu] yasaba ko uwushaka kubatizwa yatura ukwizera, hanyuma akibizwa wese mu mazi mw’izina rya Yezu.”
25. Tuza kuganira ku biki mu kiganiro gikurikira?
25 Ivyo vyiyumviro vyerekeye ukwizera be n’imico bishingiye kuri Bibiliya vy’Abakirisu bo mu ntango ni uburorero gusa. Vyoshoboka ko havugwa n’ibindi bemera bifitaniye isano n’ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Mu cigwa gikurikira, turaza kuganira ku bundi buryo bwo kumenya abariko barigisha abantu ukuri.
Wokwishura Gute?
• Ni ugusenga bwoko ki Imana isaba?
• Ni mu buhe buryo ukuri kutabaye umugani biciye kuri Yezu Kirisitu?
• Ukuri ku vyerekeye ubugingo be n’urupfu ni ukuhe?
• Ibatisimu ya gikirisu igirwa gute, kandi ni ibiki bisabwa ku bipfuza kubatizwa?
[Ifoto ku rup. 16]
Yezu yabwiye Pilato ati: ‘Naje gushingira intahe ukuri’
[Ifoto ku rup. 17]
Woba ushobora gusigura igituma Yezu yavuze ati: ‘Ni jewe kuri’?
[Ifoto ku rup. 18]
Ukuri ku vyerekeye ibatisimu ya gikirisu ni ukuhe?