ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 3 rup. 3
  • Wohitamwo gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wohitamwo gute?
  • Be maso!—2021
  • Ivyo bijanye
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Nurushirize kwizera Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ibiriho vyabayeho gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwige Uko Umuremyi Wawe Ameze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 3 rup. 3
Umugore azazaniwe ariko arihweza indongozi y’idini ifise Bibiliya hamwe n’umuhinga afise ikintu kimeze nka ADN.

Wohitamwo gute?

“Ijuru n’isi birashobora kwiyadukiza, bikabaho ata wabiremye.”​—Abahinga Stephen Hawking na Leonard Mlodinow, 2010.

“Imana yaremye amajuru n’isi.”​—Bibiliya, Itanguriro 1:1.

Ijuru n’isi be n’ibiri muri vyo vyoba vyaremwe n’Imana canke vyariyadukije? Ivyavuzwe n’abo bahinga babiri be n’amajambo ya mbere dusanga muri Bibiliya bitanga inyishu zibiri zitandukanye cane. Ivyo vyiyumviro vyompi birafise ababishigikiye. Ariko rero, abantu benshi ntibazi ukuri aho kuri. Abantu baraharira kuri ivyo bibazo haba mu bitabu bikundwa cane canke mu biganiro vyo kuri televiziyo.

Abigisha bashobora kuba barakwemeje ko ijuru n’isi n’ibirimwo vyose vyabayeho ata wubishizeho, ko ata Mana yabiremye. Ariko none boba baraguhaye ibimenyamenya vyerekana ko ata Muremyi ariho? Ku rundi ruhande, ushobora kuba warumvise indongozi z’amadini zigisha ko hariho Umuremyi. Ariko boba baraguhaye ibimenyamenya vyerekana ko ivyo ari ukuri? Canke bagusavye gusa gupfa kuvyemera?

Ushobora kuba umaze kuzirikana kuri ico kibazo, ukaba ubona ko ata n’umwe yoshobora kwemeza neza ko hariho Umuremyi. Woshobora kwibaza kandi uti: ‘Kumenya inyishu y’ico kibazo hoba hari ico vyomarira?’

Iki kinyamakuru Be maso! kiza kubanza kwerekana ibimenyamenya vyatumye abantu benshi bemera ko hariho Umuremyi. Mu nyuma, kiraza kwerekana igituma bihambaye kumenya ingene ibiriho vyabayeho ng’aha kw’isi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika