ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g22 no. 1 rup. 3
  • Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?
  • Be maso!—2022
  • Ivyo bijanye
  • Ibiri muri iki kinyamakuru
    Be maso!—2022
  • Igihe ushikiwe n’ivyago
    Be maso!—2014
  • Ibirimwo
    Be maso!—2022
  • Menya n’ibindi
    Be maso!—2025
Ibindi
Be maso!—2022
g22 no. 1 rup. 3
Umugore ariko araba muri telefone yiwe yataye umutwe. Ariko araraba amafoto y’abagira imyiyerekano, ibiza n’isibe, inabibondo yihebuye ateruye akana kiwe, umugera wa Korona, n’ibitaro vyarengewe.

Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?

Woba ubona umenga ingorane ziri kw’isi ziriko zirakugirako ingaruka kuruta ikindi gihe cose? Hoba hari na kimwe muri ibi bikurikira kiriko kiragushikira aho ubaye?

  • intambara

  • indwara z’ibiza

  • ibiza n’isibe

  • ubukene

  • ukwinubana

  • ubugizi bwa nabi

Iyo ingorane zadutse, benshi mu bo zashikiye baravunika umutima bakihebura. Abantu benshi iyo bashikiwe n’ivyago baratimba. Ariko rero iyo umuntu ashikiwe n’icago, kumara igihe avunitse umutima kandi atimvye bituma ibintu vyunyuka.

Mu bihe vy’ingorane, utegerezwa kugira ico ukoze ata gufyina kugira ukingire abawe, amagara yawe, akazi n’agahimbare.

None wokora iki kugira ugabanye ingaruka ingorane ziri kw’isi zikugirako?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika