ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/14 rup. 4
  • Igihe ushikiwe n’ivyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe ushikiwe n’ivyago
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara
    Be maso!—2020
  • Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Be maso!—2014
g 7/14 rup. 4
1. Ivyasambuwe n’icago c’icaduka; 2. Igitanda co kwa muganga; 3. Isanganya ry’umuduga

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Igihe ushikiwe n’ivyago

ABANTU nka bose barateba bagashikirwa n’ivyago kanaka. Ivyo birashikira n’abantu ubona umengo nta co babuze.

BIBILIYA IVUGA ITI:

‘Abanyarutsi si bo bene gutsinda isiganwa, n’abanyenkomezi si bo bene gutsinda urugamba, eka n’inkerebutsi si zo zene kugira ibifungurwa, eka n’abazi ubwenge si bo bene kugira ubutunzi, mbere n’abafise ubumenyi si bo bene kugira ubutoni; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.’​—Umusiguzi 9:11.

Ikibazo rero kihari si ico kumenya nimba uzoshikirwa n’ivyago ahubwo ni ukumenya ingene uzovyifatamwo nivyagushikira. Nk’akarorero:

  • Wovyifatamwo gute hamwe wobura ivyawe vyose biturutse ku cago c’icaduka?

  • Wovyifatamwo gute hamwe bogutora indwara ishobora kuguhitana?

  • Wovyifatamwo gute hamwe wobura uwawe?

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, bemera ko Bibiliya ishobora kugufasha kuvyifatamwo neza igihe ushikiwe n’ivyago no kugira icizigiro gifise ishingiro koko. (Abaroma 15:4) Kugira ubitahure, raba uburorero bw’abantu batatu bashikiwe n’ivyago.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika