ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g22 no. 1 rup. 4-6
  • 1 | Nukingire amagara yawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 | Nukingire amagara yawe
  • Be maso!—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • Ico womenya
  • Ivyo wokora
  • Ivyo wokora ngo ugire amagara meza
    Be maso!—2015
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
  • Amagara meza
    Be maso!—2019
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2022
g22 no. 1 rup. 4-6
Ibifungurwa ntungamagara bitandukanye biri ku meza.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

1 | Nukingire amagara yawe

IGITUMA BIHAMBAYE

Ingorane canke icago birashobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu, haba mu buryo buboneka canke butaboneka.

  • Ingorane zirashobora gutuma abantu bagira amaganya, kandi kumara igihe kirekire mu maganya birashobora gutuma umuntu yama arwaragurika.

  • Ivyago birashobora gutuma aba- ganga baronka abarwayi barenze, bigatuma n’imiti ibura.

  • Ivyago biratuma ivy’ubutunzi bihungabana, bigatuma abantu badashobora kuronka ivya nkenerwa nk’ibifungurwa n’imiti.

Ico womenya

  • Indwara ikomeye be n’uguta umutwe birashobora gutuma utabona ibintu mu buryo bwiza, ivyo bigatuma utitaho amagara yawe. Ico bivamwo ni uko ushobora guca uremba.

  • Iyo urwaye ntiwivuze, urashobora kuremba canke mbere ugasinzikara.

  • Iyo ufise amagara meza birakworohera gufata ingingo nziza uri mu ngorane.

  • Waba utunze canke ukenye, hari ibintu wokora kugira ukingire amagara yawe.

Ivyo wokora

Igihe cose bishoboka, umuntu w’ubwenge arabona ingorane zishobora kumushikira agaca agira ico akoze kugira azirinde. Ivyo urashobora no kubikora ku bijanye n’amagara yawe. Akenshi kugira isuku birashobora kugabanya ivyotuma urwara canke ivyotuma uremba. Ni vyiza kuzitira utaronerwa.

“Tugumye dusukuye tugasukura n’aho tuba, dusanga twaziganije amafaranga twokwivujeko canke twoguze imiti.”​—Andreas.a

a Muri iki kinyamakuru bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

UKO WOVYIFATAMWO​—Impanuro nziza

Mu bihe vy’ingorane, nukingire amagara yawe mu gukora ivyo bintu

NUGIRE ISUKU

Umugabo ariko arakaraba n’isabuni kw’ibombo.

Nugire isuku

Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Nugerageze kubona imbere y’igihe ivyoshobora kubangamira amagara yawe maze uvyirinde.

  • Niwame ukaraba iminwe n’amazi n’isabuni imbere yo gukora ku bifungurwa canke uvuye kwa surwumwe.

  • Niwame ugirira isuku aho uba ukoresheje imiti yica imikorobe na canecane ahantu canke ibintu bikorwako kenshi.

  • Igihe cose bishoboka, niwirinde kwegera abantu barwaye indwara yandukira.

NUFUNGURE IBIFUNGURWA BIRIMWO IVYA NGOMBWA

Ibifungurwa ntungamagara bitandukanye biri ku meza.

Nufungure ibifungurwa birimwo ivya ngombwa

Bibiliya ivuga iti: “[Nta] muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.” (Abanyefeso 5:29) Turerekana ko dukunda umubiri wacu mu kuba maso ku bintu twihereza.

  • Nunywe amazi menshi.

  • Nufungure ivyamwa n’imboga bitandukanye.

  • Nugabanye ibifungurwa birimwo ibinure vyinshi, umunyu mwinshi hamwe n’isukari.

  • Niwirinde itabi, inzoga zirenze urugero n’ibiyayuramutwe.

“Kugira twirinde kurwara, turagerageza kuguma dufungura imfungurwa zirimwo ivya ngombwa. Ahandiho uburyo buke dufise twobumarira mu kwivuza. Duhitamwo gukoresha amahera mu kugura ibifungurwa birimwo ivya nkenerwa.”​—Carlos.

NUGIRE SIPORO WONGERE URUHUKE BIHAGIJE

Umugabo ariko aragira siporo mw’ibarabara ry’ivu.

Nugire siporo

Bibiliya ivuga iti: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Turakeneye kugira uburimbane hagati y’akazi no kuruhuka bihagije.

  • Nugume winonora imitsi. Urashobora gutangura mu kuza urafata akanya ko gutambuka. Kwinonora imitsi birashobora gutuma ugira amagara meza naho woba ushaje, umugaye canke urwaye indwara idakira.

  • Umukobwa yihengetse.

    Nuruhuke bihagije

    Nuruhuke neza. Kumara igihe gito udasinzira bihagije birashobora kwongereza amaganya, bigatuma utaba ucitunira ku bintu neza. Uko haca igihe birashobora gutuma ugira ingorane zikomeye z’amagara.

  • Niwishingire umwanya ubereye wo kuryama kandi uwumireko. Nugerageze kudahindagura amasaha yo kuryama no kuvyuka buri musi.

  • Niwirinde kuraba televiziyo canke gukoresha akuma ko mu buhinga bwa none uryamye.

  • Niwirinde gufungura ibifungurwa vyinshi, kafeyine n’inzoga ugire uje kuryama.

“Nasanze itiro rigira ico rikoze ku mice yose y’ubuzima bwanje. Iyo ntasinzira bihagije rimwe na rimwe ndameneka umutwe nkumva ko ntameze neza mu mubiri. Ariko iyo nsinzira bikwiye mvyuka umenga ndi amabuye. Mba mfise inguvu nyinshi kandi sinza ndarwaragurika.”​—Justin.

Agafoto ko mw’ividewo “Ivyo wokora hadutse indwara ziterwa n’imigera.” Umugore yugururiye umuryango umugera w’indwara.

MENYA N’IBINDI. Nurabe ividewo Ivyo wokora hadutse indwara ziterwa n’imigera. Nusome kandi ikiganiro kivuga ngo “Ivyo wokora ngo ugire amagara meza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika