Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe . . . n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.”—MRK. 12:30.
1. Ni umugambi uwuhe Imana yari ifitiye abantu mu ntango?
INDWARA be n’urupfu ntivyari mu mugambi Yehova Imana yari afitiye abantu mu ntango. Adamu na Eva bashizwe mw’itongo ryo muri Edeni, ari yo Paradizo y’agahimbare, ‘ngo baririme barizigame,’ atari mu kiringo c’imyaka 70 canke 80 gusa, ariko ibihe vyose. (Ita. 2:8, 15; Zab. 90:10) Iyo uwo mugabo n’umugore ba mbere baguma ari intahemuka kuri Yehova bakongera bakayobokera ubusegaba bwiwe babigiranye urukundo, ntibokwigeze barwara, bagira intege nke canke ngo bapfe.
2, 3. (a) Ubusaza budondorwa gute mu gitabu c’Umusiguzi? (b) Urupfu twarazwe na Adamu rukomoka kuri nde, kandi ingaruka zarwo zizokurwaho gute?
2 Mu Musiguzi ikigabane ca 12 harerekana mu buryo butomoye “imisi mibi” ijana n’ubusaza, iyishikira abantu badatunganye. (Soma Umusiguzi 12:1-7.) Imvi zigereranywa n’ugushurika kw’“igiti citwa shakedi.” Amaguru agereranywa n’“abanyenkomezi” bahetama bakongera bakajugumira. Abagore baja kurondera umuco kw’idirisha bagasanga umwijima ni wo uharangwa, ni ikigereranyo kibereye c’ukuba umuntu atakibona neza. Kubera yuko amenyo amwamwe aba yahongotse, “abasya ba[r]asigaho kuko babaye bake.”
3 Amaguru ajugumira, amaso atakibona neza, be n’ibinyigishi bitagirako amenyo, nta gukeka ko ivyo atari vyo Imana yipfuriza abantu mu ntango. Vyongeye, urupfu twarazwe na Adamu ni kimwe mu “bikorwa vya wa Mubesheranyi,” Mesiya Umwana w’Imana azokuraho biciye ku Bwami arongoye. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ni co gituma Umwana w’Imana yerekanywe: kugira ngo asambure ibikorwa vya wa Mubesheranyi.”—1 Yoh. 3:8.
Kwitwararika amagara mu buryo butegereka ni ikintu gisanzwe
4. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bitwararika mu buryo butegereka ibijanye n’amagara yabo, ariko ni igiki batahura neza?
4 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bamwebamwe barashikirwa n’ingorane z’amagara be n’ubusaza bisanzwe bishikira abantu bose b’abanyagasembwa. Kwitwararika amagara yacu mu buryo butegereka mu bihe nk’ivyo, ni ibisanzwe kandi mbere ni ivy’ingirakamaro. None ntitwipfuza gukorera Yehova ‘n’inkomezi zacu zose’? (Mrk. 12:30) Ariko rero, igihe turondera kugumana amagara meza mu buryo butegereka, dukwiye kwitega ibintu vyumvikana kandi tukemera yuko ata vyinshi dushobora gukora kugira ngo ntitunyaruke gusaza canke ngo twirinde indwara zose.
5. Ni icigwa ikihe dushobora gukura mu kuntu abasavyi b’Imana b’intahemuka bihanganiye indwara?
5 Abasavyi ba Yehova benshi b’intahemuka vyarabaye ngombwa ko banyinyana n’ingorane z’amagara. Epafurodito yari umwe muri abo. (Flp. 2:25-27) Timoteyo, wa mugenzi w’intahemuka w’intumwa Paulo yama yagize ingorane z’umushishito, kikaba ari co gituma Paulo yamuremesheje kunywa “akavinyu gakeyi.” (1 Tim. 5:23) Paulo ubwiwe yari afise “ihwa mu mubiri,” kumbure ikaba yari ingorane y’amaso canke iyindi ndwara itari ifise umuti muri ico gihe. (2 Kor. 12:7; Gal. 4:15; 6:11) Ku bijanye n’iryo “hwa mu mubiri,” Paulo yarasenze akatari gake atakambira Yehova. (Soma 2 Abakorinto 12:8-10.) Imana ntiyakoze igitangaro ngo ikure Paulo iryo “hwa mu mubiri.” Ahubwo riho, Imana yaramukomeje kugira ngo aryihanganire. Ububasha bwa Yehova rero bwagaragariye mu ntege nke za Paulo. Ivyo hoba hari icigwa bitwigisha?
Niwirinde kwitwararika amagara mu buryo burenze urugero
6, 7. Ni kubera iki dukwiye kwirinda kwitwararika amagara yacu mu buryo burenze urugero?
6 Nk’uko ubizi, Ivyabona vya Yehova baremera kuvurwa kandi barakoresha uburyo butandukanye bwo kuvurwa. Ikinyamakuru cacu Réveillez-vous! akenshi kiba kirimwo ibiganiro bivuga ibijanye n’amagara. Kandi, naho tudahimiriza abantu gukoresha uburyo bunaka bwo kwivuza, turakenguruka ukuntu abahinga mu vyo kwitwararika amagara y’abantu badufasha bakongera bagasenyera ku mugozi natwe. Ego ni ko, turazi yuko ubu ata woshobora kugira amagara atagira agahaze. Ku bw’ivyo rero, turatahura yuko biranga ubukerebutsi twirinze ngo amagara yacu ntabe ikintu cama kiduhagaritse umutima canke twama ari co twitwararika. Ukuntu tubona ibintu gukwiye kuba gutandukanye n’ukuntu abantu ‘batagira icizigiro’ babibona, bo biyumvira yuko ubuzima ari ubu gusa kandi bashobora gukoresha uburyo ubwo ari bwo bwose ngo bagerageze kuvura indwara zabo. (Ef. 2:2, 12) Twiyemeje kutareka ngo gushimwa na Yehova biduce mu myanya y’intoke turondera gukiza ubuzima bwacu bwo muri iki gihe, kuko twajijutse yuko nitwaguma turi intahemuka ku Mana, “[tuzocakira] ubuzima nyakuri,” ni ukuvuga ubuzima budahera mw’isi nshasha yasezeranye.—1 Tim. 6:12, 19; 2 Pet. 3:13.
7 Hariho iyindi mvo ituma twirinda kwitwararika amagara yacu mu buryo burenze urugero. Kwitwararika amagara yacu mu buryo budasanzwe, vyoshobora gutuma tuba abantu bikunda. Paulo yaragabishije ku bijanye n’ako kaga, igihe yahimiriza Abafilipi yuko “umwe wese ku ruhande rwiwe at[o]gumiza ijisho ku vyiwe bwite gusa, ariko kandi ku ruhande rwiwe, [ko yogumiza] ijisho no ku vy’abandi.” (Flp. 2:4) Birabereye ko twitwararika ibitwerekeye mu buryo butegereka, ariko kwitwararika mu buryo bugera kure abavukanyi bacu be n’abo dushira “iyi nkuru nziza y’ubwami” bizoturinda guhagarikwa umutima cane n’ukumererwa neza kwacu mu vy’amagara.—Mat. 24:14.
8. Ukwitwararika amagara yacu mu buryo butabereye vyodushikana ku gukora iki?
8 Hariho akaga k’uko umukirisu yohava areka ukwitwararika amagara bigatuma ukwitwararika ivy’Ubwami bija mu kibanza ca kabiri. Kurazwa ishinga cane n’amagara vyoshobora kandi gutuma tugerageza guhatira abandi ku vyiyumviro vyacu bwite ku bijanye n’uburyo bunaka bwo kwivuza canke ku bintu binaka vyongereza ingaburo mu mubiri, dusanzwe tubona ko ari ngirakamaro. Ku bijanye n’ivyo, raba ingingo ngenderwako dusanga mu majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Mwiyemeze neza ibintu bihambaye kuruta ivyo ari vyo, ngo mubone kuba abatagira akanenge mudatsitaza abandi gushika ku musi wa Kristu.”—Flp. 1:10.
Ni igiki gihambaye kuruta?
9. Kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi tudakwiye kwirengagiza ni ikihe, kandi kubera iki?
9 Nimba tuzi neza ibihambaye kuruta ibindi, tuzogira uruhara bimwe biboneka mu gikorwa co gukiza abantu mu buryo bw’impwemu. Ico gikorwa kirangurwa mu kwamamaza no mu kwigisha Ijambo ry’Imana. Ico gikorwa gihimbaye, kiratugirira akamaro kikakagirira n’abo twigisha. (Imig. 17:22; 1 Tim. 4:15, 16) Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi be na Réveillez-vous! usanga rimwe na rimwe birimwo ibiganiro bivuga ibijanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu barwaye indwara zikomeye. Izo nkuru rimwe na rimwe zirasigura ingene babigenza kugira bihanganire ingorane bafise canke mbere ukuntu baziyibagiza kugira barondere uko bofasha abandi kumenya Yehova be n’imihango yiwe y’akaroruhore.a
10. Ni kubera iki uburyo duhitamwo kwivuza buri n’ico buvuze?
10 Umukirisu wese, igihe afise ingorane z’amagara ategerezwa “[kwikorera] umutwaro wiwe bwite” w’ibanga ajejwe, mu guhitamwo uburyo bwo kwivuza. (Gal. 6:5) Yamara rero, dukwiye kwibuka ko uburyo bwo kwivuza duhitamwo buri n’ico buvuze kuri Yehova. Nka kurya nyene kwubaha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bituma “[t]wirinda . . . amaraso,” ni ko n’icubahiro kigera kure dufitiye Ijambo ry’Imana gikwiye gutuma twirinda uburyo bwo kwivuza bwoshobora gutuma tumererwa nabi mu buryo bw’impwemu canke bwohava bwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. (Ibik. 15:20) Uburyo bumwebumwe bwo kwisuzumisha be n’ubwo kwivuza usanga busa cane n’uburimwo imigenzo y’ivy’ubupfumu. Yehova yararetse gutonesha Abisirayeli b’abahuni baja mu vy’ugukoresha “ububasha bw’ivy’amageza,” (NW) canke imigenzo y’ivy’ubupfumu. Yavuze ati: “Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane—eka sinshobora kwihanganira [“ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza hamwe n’ikoraniro ry’agakura,” NW].” (Yes. 1:13) Mu vy’ukuri, igihe tuba turwaye ntikiba ari co gihe co gukora ibintu vyotuma Imana itumva amasengesho yacu canke vyoshira mu kaga ubucuti dufitaniye na yo.—Int. 3:44.
“Ukurorana kw’umuzirikanyi” kurahambaye
11, 12. Ni mu buryo ki “ukurorana kw’umuzirikanyi” kudufasha igihe duhitamwo uburyo bwo kwivuza?
11 Igihe turwaye, ntitwokwitega ko Yehova adukiza ku gitangaro, mugabo turashobora gusenga tumusaba ngo aduhe ubukerebutsi bwodufasha guhitamwo uburyo bwo kwivuza. Muri ico gihe, dukwiye kurondera kuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe be n’ugutahura ibintu neza. Mu gihe ari indwara ikomeye, hari aho vyoba biranga ubukerebutsi kuja ku bahinga batandukanye, mu buryo buhuye n’iciyumviro dusanga mu Migani 15:22, ahagira hati: “Ahatagira inama imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera.” Intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwemera “kubaho [ba]fise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana hagati muri iyi si.”—Tito 2:12.
12 Benshi muri iki gihe usanga ivyabo vyifashe nk’ivy’umugore umwe yari arwaye wo mu gihe ca Yezu. Muri Mariko 5:25, 26, dusoma duti: “Hari umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso, akaba yari yararuhijwe cane n’abaganga benshi, yarakoresheje n’utwiwe twose ntihagira ico bimumarira, ahubwo riho bikarushiriza kwunyuka.” Yezu yarakijije uwo mugore yongera amufatana ikibabarwe. (Mrk. 5:27-34) Abakirisu bamwebamwe, kubera ukuburanirwa barohejwe bahitamwo uburyo bwo kwisuzumisha canke bwo kwivuza buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zijanye n’ugusenga gutyoroye.
13, 14. (a) Shetani ashobora gute gukoresha uburyo duhitamwo bwo kwivuza kugira asenyure ukutadohoka kwacu? (b) Ni kubera iki dukwiye kwamirira kure ikintu ico ari cose coba gifitaniye isano n’ubupfumu?
13 Shetani azokoresha uburyo ubwo ari bwo bwose kugira adukure ku gusenga kw’ukuri. Nka kurya nyene akoresha ubuhumbu be n’uguhahamira amaronko kugira atume bamwebamwe bagwa, aragerageza no gusenyura ukutadohoka kw’abandi biciye ku buryo bwo kwivuza buteye amakenga busa n’uburimwo ivy’ubupfumu. Dusenga dusaba Yehova ko yodukiza “wa mubi” be n’“ubugarariji bw’uburyo bwose.” Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwirekerana imbere ya Shetani mu gukora ikintu na kimwe gifitaniye isano n’ubupfumu.—Mat. 6:13; Tito 2:14.
14 Yehova yarihanikirije Abisirayeli ngo ntibakore ivy’ubupfumu na maji. (Gus. 18:10-12) Igihe Paulo adondagura “ibikorwa vy’umubiri,” arashiramwo no “gukora ivy’ubupfumu.” (Gal. 5:19, 20) Vyongeye, “abagira ivy’ubupfumu” nta kibanza bazoba bafise mw’isi nshasha ya Yehova. (Ivyah. 21:8) Biratomoye rero ko ikintu cose kimota ubupfumu ari igisesema kuri Yehova.
“Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane”
15, 16. Ni kubera iki dukeneye ubukerebutsi igihe duhitamwo uburyo bwo kubungabunga amagara, kandi ni impanuro iranga ubukerebutsi iyihe inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yatanze?
15 Dufatiye ku vyo duhejeje kurimbura, hamwe twoba dufise amakenga ku buryo bumwebumwe bwo kwisuzumisha canke bwo kwivuza, vyoba biranga ubukerebutsi turetse kubukoresha. Yamara rero, kuba gusa umuntu adashoboye gusigura ubuhinga bunaka bwo kuvura, ntibica bisigura ko burimwo ubwoko bunaka bw’ubupfumu. Kugira tugume twisunga Ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara, bisaba ko tuba dufise ubukerebutsi buva ku Mana tukaba n’abantu bazi kuraba ikibereye. Mu Migani ikigabane ca 3, turahasanga iyi mpanuro igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe. . . . Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga; ni ho bizobera umutima wawe ubugingo.”—Imig. 3:5, 6, 21, 22.
16 Rero, igihe tugerageza kuguma dufise amagara meza uko bishoboka kwose, dutegerezwa kwiyubara ngo Imana ntihave ireka kudutonesha uko tugerageza kwihanganira indwara canke ubusaza. Haba mu bijanye no kubungabunga amagara canke mu bindi, dukwiye kureka ‘ukugira ibitegereka kwacu kukamenyekana ku bantu bose’ mu kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Flp. 4:5) Mw’ikete rihambaye cane inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yanditse, yahimirije abakirisu kwirinda ugusenga ibigirwamana, n’amaraso n’ubusambanyi. Iryo kete ryarimwo amajambo akura amazinda agira ati: “Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu, muzotunganirwa.” (Ibik. 15:28, 29) Mu buryo ki?
Kwitwararika amagara mu buryo butegereka twizigiye kuzoronka ayatunganye
17. Ni inyungu izihe zo mu buryo bw’umubiri twaronse kubera ukwumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
17 Vyoba vyiza umwumwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba ntahura neza urugero ngezeko mu gutunganirwa bivuye ku kuba nshira mu ngiro ata guca ku ruhande ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’amaraso be n’ubusambanyi?’ Zirikana kandi ku vyiza twaronse bivuye ku twigoro twagize two “[kwiyuhagira] ubuhumane bwose bw’umubiri n’umutima.” (2 Kor. 7:1) Biciye ku kwumira ku ngingo mfatirwako zo muri Bibiliya zijanye n’isuku, turirinda indwara nyinshi. Turamererwa neza kubera ko twirinda kwihumanya mu vy’impwemu no ku mubiri mu kutanywa itabi be n’ibiyayuramutwe. Iyumvire kandi ivyiza bitari bike turonka mu bijanye n’amagara, bivuye ku kurya no ku kunywa mu buryo buri ku rugero. (Soma Imigani 23:20; Tito 2:2, 3.) Naho kuruhuka bihagije no kwinonora imitsi biri mu bituma tugira amagara meza, turamererwa neza ku mubiri no mu vy’impwemu canecane kubera ko twemera ubuyobozi duhabwa n’Ivyanditswe.
18. Ni ikintu nyamukuru ikihe dukwiye kwitwararika, kandi ni iranguka ry’ubuhanuzi ubuhe bujanye n’ivy’amagara dushobora kwitegana umushasharo?
18 Ikiruta vyose, dukwiye kwitwararika amagara yacu yo mu vy’impwemu tukongera tugakomeza ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Dawe wa twese wo mw’ijuru, we Sôko ry’“ubuzima [bwacu] bw’ubu n’ubuzoza” tuzoronka mw’isi nshasha yadusezeraniye. (1 Tim. 4:8; Zab. 36:9) Muri iyo si nshasha y’Imana, abantu bazokizwa bimwe bishitse mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri biciye ku guharirwa ivyaha hishimikijwe inkuka y’incungu ya Yezu. Umwagazi w’intama w’Imana ari we Yezu Kristu, azoturongora ku “masôko y’amazi y’ubuzima,” kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yacu. (Ivyah. 7:14-17; 22:1, 2) Ubu buhanuzi buteye akamwemwe bugira buti: “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye,” buzoheza buranguke.—Yes. 33:24.
19. Mu gihe twitwararika amagara yacu mu buryo butegereka, ni igiki dushobora kwemera tudakeka?
19 Twarajijutse yuko ukurokorwa kwacu kwegereje kandi turindiranye igishika umusi Yehova azohagarika ivy’ukurwara n’ugupfa bishikira umuntu wese. Mu gihe tukibirindiriye, turazi tudakeka ko Dawe wa twese munyarukundo azodufasha kwihanganira umutwaro uterwa n’imibabaro be n’indwara, kubera yuko ‘atubabara.’ (1 Pet. 5:7) Nimuze rero twitwararike amagara, yamara twame tubigira mu buryo buhuye n’ubuyobozi butomoye buri mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe!
[Akajambo k’epfo]
a Urutonde rw’ibiganiro bene ivyo ushobora kurusanga ku ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17 mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2003.
Mu buryo bw’isubiramwo
• Ni nde atuma turwara, kandi ni nde azodukuriraho ingaruka z’icaha?
• Naho ari ibisanzwe kwitwararika amagara yacu, ni igiki dukwiye kwirinda?
• Ni kubera iki uburyo bwo kwivuza duhitamwo buri n’ico buvuze kuri Yehova?
• Ku bijanye n’amagara yacu, dushobora gute kwungukira ku gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
[Ifoto ku rup. 23]
Abantu ntibari baremwe kugira ngo barware canke ngo basaze
[Ifoto ku rup. 25]
Naho abasavyi ba Yehova bashikirwa n’ingorane z’amagara, bararonkera umunezero mu busuku