ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g22 no. 1 rup. 7-9
  • 2 | Nukingire akazi ukora

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 | Nukingire akazi ukora
  • Be maso!—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora ubu
  • Ingene wobeshwaho na bike
    Ibindi biganiro
  • Gukoresha neza amahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene mwohangana n’amadeni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Be maso!—2022
g22 no. 1 rup. 7-9
Umubaji ariko aratera umusumari mu rubaho.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

2 | Nukingire akazi ukora

IGITUMA BIHAMBAYE

Buri musi, abantu benshi ntibiborohera kuronka icorirenza. Ikibabaje, ingorane ziri mw’isi zirashobora gutuma birushiriza kubabera urugamba kuronka ikibabeshaho. Uti kubera iki?

  • Mu turere twugarijwe n’ingorane, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biraduga, aho twovuga nk’ibifungurwa n’uburaro.

  • Ivyago birashobora gutuma abantu batakaza akazi canke agashahara kabo kakagabanuka.

  • Ibiza n’isibe birashobora kwonona canke kubomora inyubakwa abantu bakoreramwo ubuzi, amazu canke ibindi bibanza, bigatuma benshi basigara bifumbereje.

Ico ukwiye kumenya

  • Nimba uzi gukoresha neza amahera, uzoshobora kuvyifatamwo neza mu gihe c’ubukene.

  • Amahera nta woyizigira. Agashahara uronka, utwo waziganije canke ibindi bintu birashobora guta agaciro.

  • Hari ibintu amahera adashobora kugura, nk’agahimbare n’ubumwe mu muryango.

Ico wokora ubu

Bibiliya ivuga iti: “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—1 Timoteyo 6:8.

Kubumbwa n’ivyo dufise birimwo kugabanya ivyo twipfuza maze tukamarwa ipfa n’uko turonka ivya nkenerwa buri musi. Ivyo birahambaye canecane igihe dufise uburyo buke.

Kugira ubumbwe n’ivyo ufise, vyoshobora gusaba ko uhindura uburyo wari ubayeho. Nimba ukoresha amahera arenze ayo winjiza, nta kindi bizovamwo atari ukwunyura ingorane.

UKO WOVYIFATAMWO​—Impanuro nziza

Mu bihe vy’ingorane, nukingire akazi ukora mu gukurikiza izi mpanuro

NUGABANYE AYO USOHORA

  • Umutamakazi ariko arashwabura ikaroti mu murima w’imboga.

    Nugabanye ayo usohora

    Ntugure ikintu ico ari co cose kiretse ugikeneye vy’ukuri. Niwibaze uti: ‘Ubwo sinobaho ntagira umuduga? Noba notera akarima k’imboga?’

  • Imbere yo kugura ikintu, niwibaze uti: ‘Noba ndagikeneye vy’ukuri? Noba mfise amahera yo kukigura?’

  • Nimba hari imfashanyo itangwa na Leta canke n’abagiraneza, nuyisabe.

“Twaricaye uko tugize umuryango turasuzuma uko tubayeho. Twaragabanije amahera dukoresha mu vy’ukwisamaza. Twarahevye n’ibifungurwa bizimvye.”​—Gift.

NUHARURE AYASOHOKA N’AYINJIRA

Umugore ariko arateranya amahera yanditse kw’iresi.

Nuharure ayasohoka n’ayinjira

Bibiliya ivuga iti: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imigani 21:5) Guharura ayasohoka n’ayinjira vyogufasha kumenya ko ayo usohora ataruta ayo winjiza.

  • Ubwa mbere, niwandike ayo witeze kuronka mu kwezi.

  • Ubukurikira, nugire urutonde rw’ayo musohora buri kwezi mu bintu vya nkenerwa maze murabe ko hari ivyo mwohindura.

  • Nuce ugereranya ayo winjiza n’ayo usohora maze nimba bikenewe urabe ibintu wogabanya canke woheba kugira ntusohore ayarenga ayo winjiza.

“Buri kwezi turagira urutonde rw’ayo twinjiza n’ayo dusohora. Turaziganya amahera y’ivyoshika tutari tuvyiteze be n’ibintu vya nkenerwa tuzokenera muri kazoza. Ivyo bituma tutahagarika umutima cane kubera tuba twategekanije imbere y’igihe ingene tuzokoresha amahera tuzoronka.”​—Carlos.

NIWIRINDE AMADENI / NUZIGANYE

  • Umugore ariko arafasha agakobwa kiwe gushira amahera mu gacupa.

    Niwirinde amadeni / Nuziganye

    Nutegekanye ukuntu wogabanya amadeni. Nimba bishoboka, niwirinde amadeni. Ahubwo riho, nugire utwo uziganije kugira ushobore kuronka ivyo ukenera.

  • Nuze uraziganya uduhera dukeyi buri kwezi ku bw’ivyoshika uvyiteze canke utari uvyiteze.

NUKORE CANE / UGUMANE AKAZI

Bibiliya ivuga iti: “Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho.”​—Imigani 14:23.

  • Umubaji ariko aratera umusumari mu rubaho.

    Nukore cane / Ugumane akazi

    Nugume ubona akazi ukora mu buryo bwiza. Naho ako kazi koba atari ko wari wipfuza, karagutunze.

  • Niwihatire kuba umunyamwete n’umwizigirwa. Ivyo birashobora kugufasha kugumana akazi canke n’imiburiburi bikazotuma vyoroha ko uronka akandi.

“Ndakora akazi kose ndonse naho ntoba ndagakunda canke bakaba batampemba ayo nipfuza. Nama nkorana ubwizigirwa kandi nkakora neza igikorwa njejwe. Nkora nk’uwikorera.”​—Dmitriy.

Nimba uriko urarondera akazi . . .

  • Nugire ico ukoze. Nubaze amashirahamwe yoba atanga ubuzi ushobora gukora naho atoba ariko ararondera abakozi. Nubwire incuti n’abagenzi ko uriko urarondera akazi.

  • Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Birashoboka ko utoronka akazi gakwije neza na neza ivyo wipfuza vyose.

Abavyeyi bariko baraharura ayasohoka n’ayinjira, abana babo bakaba bariko bakinira mu kigo.

MENYA N’IBINDI. Nusome ikiganiro kivuga ngo “Ingene wobeshwaho na bike.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika