Intangamarara
Woba uhagaritse umutima kubera ibintu vya nkenerwa biguma bizimba? Woba umara amasaha menshi uriko urakora kugira uronke ikikubeshaho? Woba ubura umwanya wo kuba kumwe n’incuti n’abagenzi? Nimba ari ukwo bimeze, ibiganiro vyo muri iki kinyamakuru Be maso! vyoshobora kugufasha. Birimwo impanuro nziza zogufasha guhimbarwa mu buzima no kugabanya amaganya. Ikiganiro ca nyuma kiratanga icizigiro nyakuri ca kazoza, ico cizigiro kikaba coshobora kukuremesha no muri iki gihe.