ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g25 no. 1 rup. 6-9
  • Nukoreshe neza amahera yawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza amahera yawe
  • Be maso!—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • Ingene wobeshwaho na bike
    Ibindi biganiro
  • 2 | Nukingire akazi ukora
    Be maso!—2022
  • Nokoresha neza gute amahera yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ni gute nokoresha neza amahera yanje?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Be maso!—2025
g25 no. 1 rup. 6-9
Udufoto: 1. Abavyeyi bicaye ku meza bariko barasuzuma ingene bakoresha amahera, agakobwa kabo kari hafi yabo. 2. Hari telefone irimwo karikiratrise iteretse ku mafagitire.

IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO

Nukoreshe neza amahera yawe

Twese ntibitworohera igihe ibintu biguma biduga ibiciro. Ariko ntibikwiye gutuma wumva ko kabaye. Hariho ivyo wokora kugira bigende neza.

IGITUMA BIHAMBAYE

Igihe udakoresheje neza amahera yawe, birashobora gutuma ugira ingorane nyinshi zijanye n’amahera. Naho utoba ufise amahera menshi, hariho ibintu vyinshi wokora kugira ukoreshe neza amahera yawe.

IVYO WOKORA

Ntugure ibintu birenza amahera ufise. Niwakora gutyo uzokwumva utekanye kandi uzoba witeguriye kugura ivyokenerwa giturumbuka.

Niwandike amahera winjiza, ugire n’urutonde rw’ivyo ukeneye kugura. Ivyo biratuma utagura ibintu birenza amahera ufise. Umaze kugira urwo rutonde, nurabe ko usohora amahera ku bintu ukeneye vy’ukuri. Nuce ukora uko ushoboye kwose kugira wumire kuri urwo rutonde, wongere ugire ivyo uhinduye igihe ibiciro bihindutse canke igihe utakironka amahera nk’ayo wahora uronka. Ariko rero nimba wubatse, nuganire n’uwo mwubakanye ku ngingo iyo ari yo yose ushaka gufata.

Gerageza iki kintu: Aho kugura ibintu ukoresheje ikarata, nurihe ayabona nimba bishoboka. Hari abasanze kubigenza gutyo bibafasha gukoresha neza amahera no kwirinda amadeni. Nuze urafata akanya ko gusuzuma amahera umaze gukoresha n’ayo usigaranye. Ivyo biratuma udahagarika umutima cane igihe umenye ayo ufise.

Kugura ibintu bitarenza amahera ufise, birashobora kutoroha. Ariko niwagira urutonde rumeze neza bizovamwo ivyiza vyinshi. Birashobora no gutuma udahagarika umutima kubera amahera.

‘Harura ico bizogutwara.’—Luka 14:28.


Nukore ibishoboka vyose kugira ntutakaze akazi. Ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ntutakaze akazi? Raba ibintu bikeyi wokora: Niwirinde gucererwa. Nukunde akazi ukora. Niwibwirize kandi ukore cane. Nugaragaze icubahiro. Nukurikize amategeko kandi ugerageze kuza uraryohora ukuntu ukora.


Niwirinde gusesagura. Niwibaze uti: «Noba nama nsohora amahera menshi ku bintu bidakenewe canke mbere ku bintu vyongirira nabi?» Nk’akarorero, abantu benshi barakoresha nabi amahera babiriye akuya mu kuyagura ibiyayuramutwe, gukina akamari, kugura itabi canke kunywa inzoga nyinshi. Ivyo birashobora kubangamira amagara yabo, bigatuma batakaza n’akazi.

«Hahiriwe umuntu yironkera ubukerebutsi . . . Biruta kuronka ifeza.»—Imigani 3:​13, 14.


Nuziganye amahera ku bw’ivyoshika giturumbuka. Igihe bishoboka, nushire ku ruhande amahera makeya ku bw’ibintu vyokenerwa giturumbuka canke ku bw’ingorane zokwaduka. Ivyo vyoshobora gutuma udahagarika umutima bishitse ukarwara giturumbuka canke ugatakaza akazi, canke bishikiye uwo mu muryango wawe. Vyogufasha kandi habaye ikindi kintu mutari mwiteze.

«Ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka [bidushikira twese].»—Umusiguzi 9:11.

Impanuro zogufasha kuziganya amahera

Icupa ryuzuye ibingorongoro.

Niwitegurire imfungurwa kenshi gashoboka.

Gufungura muri resitora kenshi canke kwama ugura ibifungurwa n’ibinyobwa biteguye, birashobora kugutwara uburyo bwinshi. Ku bw’ivyo, naho kwitegurira ibifungurwa bisaba umwanya n’akigoro, birashobora gutuma uziganya amahera menshi. Biratuma kandi ufungura ibifungurwa bimeze neza.

Nukoreshe ubwenge igihe usuma.

  • Nugire urutonde rw’ivyo ukeneye kugura kandi urwumireko. Niwirinde kugura ivyo utari wateguye.

  • Nimba ufise amahera, nugurire rimwe ibintu vyinshi nimba ari ho vyozimbuka. Ariko uraraba neza ko ufise aho ubika ivyoshobora kwononekara.

  • Nurabe ko wogura ibintu bizimbutse nimba ubona ko bimeze neza.

  • Nugure ibintu ku buhinga bwa none kuko ushobora kuronka ibizimbutse, ukirinda kugura ivyo utateguye kandi bikagufasha kubona neza amahera uriko urasohora. Nimba mu gihugu iwanyu bishoboka ko mugura ibintu ku buhinga bwa none, ubona wobigerageza?

  • Igihe ugiye kugura ikintu, nukirabe ku badandaza batandukanye kugira ugure aho kizimbutse. Vyongeye, mu turere tumwetumwe biraba vyiza umuntu arondeye aho umuyagankuba, amazi hamwe n’ibindi bintu vya nkenerwa bizimbutse.

Nuzirikane imbere yo kugura ibintu bigezweho.

Amahinguriro akora amaterefone n’ibindi bintu yama ahingura bishasha kugira yironkere amahera menshi. Rero imbere yo kugura ikintu, nubanze wibaze uti: «Iki kintu giheruka gusohoka hoba hari ico comfasha vy’ukuri? Noba vy’ukuri nkeneye guhindura ico mfise? Nimba ndabikeneye, ni ngombwa ngure ikigezweho?»

Nukoreshe igikoresho cononekaye kandi uze uragura ivyakoze.

Nubungabunge ibikoresho vyawe kugira birambe. Hagize ikigira ingorane, nuce ugikoresha. Woshobora kandi kuza uragura ibintu vyakoze aho kugura bishasha.

Nuze uririmira udufungurwa tumwetumwe.

Woba worondera ahantu wotera utuntu? Uretse ko vyotuma ugabanya amahera ukoresha, woshobora no kuronka ivyo ushora, ivyo utanga canke ivyo ukaba n’abandi.

«Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa.»—Imigani 21:5.

Ikarata.

«Tuguma dusuzuma ibiciro vy’ibintu dukenera buri musi kandi tukirinda gukoresha ikarata kenshi mu kugura ibintu.»—Miles wo mu Bwongereza.

Agakaye, ikaramu n’imfunguruzo z’umuduga.

«Imbere y’uko tuja gusuma, twe n’umuryango wanje twama tubanza kugira urutonde rw’ivyo dukeneye.»—Jeremy wo muri Amerika.

Urutonde rwa buri musi na karikiratrise.

«Tuguma tugira ivyo duhinduye ku vyo dukeneye kugura bivanye n’uko ivy’ubutunzi vyifashe kandi tugashira amahera ku ruhande ku bw’ivyoshika giturumbuka.»—Yael wo muri Israyeli.

Urupfunguruzo na turnevisi.

«Twarigishije abana bacu gukoresha ibintu vyononekaye aho kugura bishasha. Muri ivyo harimwo imodoka yacu hamwe n’ibikoresho vyo mu nzu. Twe n’umugore wanje turanagerageza kwirinda kugura ibintu bigezweho.»—Jeffrey wo muri Amerika.

«Nsohora amahera make kubera nirimira imboga kandi nkorora inkoko. Mbere n’abandi mpora ndabaha kuri izo mboga.»—Hono wo muri Birmaniya.

Umugabo ariko arimbura imboga z’ubwoko butandukanye mu karima kiwe.
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika