IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO
Nukoreshe neza amahera yawe
Twese ntibitworohera igihe ibintu biguma biduga ibiciro. Ariko ntibikwiye gutuma wumva ko kabaye. Hariho ivyo wokora kugira bigende neza.
IGITUMA BIHAMBAYE
Igihe udakoresheje neza amahera yawe, birashobora gutuma ugira ingorane nyinshi zijanye n’amahera. Naho utoba ufise amahera menshi, hariho ibintu vyinshi wokora kugira ukoreshe neza amahera yawe.
IVYO WOKORA
Ntugure ibintu birenza amahera ufise. Niwakora gutyo uzokwumva utekanye kandi uzoba witeguriye kugura ivyokenerwa giturumbuka.
Niwandike amahera winjiza, ugire n’urutonde rw’ivyo ukeneye kugura. Ivyo biratuma utagura ibintu birenza amahera ufise. Umaze kugira urwo rutonde, nurabe ko usohora amahera ku bintu ukeneye vy’ukuri. Nuce ukora uko ushoboye kwose kugira wumire kuri urwo rutonde, wongere ugire ivyo uhinduye igihe ibiciro bihindutse canke igihe utakironka amahera nk’ayo wahora uronka. Ariko rero nimba wubatse, nuganire n’uwo mwubakanye ku ngingo iyo ari yo yose ushaka gufata.
Gerageza iki kintu: Aho kugura ibintu ukoresheje ikarata, nurihe ayabona nimba bishoboka. Hari abasanze kubigenza gutyo bibafasha gukoresha neza amahera no kwirinda amadeni. Nuze urafata akanya ko gusuzuma amahera umaze gukoresha n’ayo usigaranye. Ivyo biratuma udahagarika umutima cane igihe umenye ayo ufise.
Kugura ibintu bitarenza amahera ufise, birashobora kutoroha. Ariko niwagira urutonde rumeze neza bizovamwo ivyiza vyinshi. Birashobora no gutuma udahagarika umutima kubera amahera.
Nukore ibishoboka vyose kugira ntutakaze akazi. Ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ntutakaze akazi? Raba ibintu bikeyi wokora: Niwirinde gucererwa. Nukunde akazi ukora. Niwibwirize kandi ukore cane. Nugaragaze icubahiro. Nukurikize amategeko kandi ugerageze kuza uraryohora ukuntu ukora.
Niwirinde gusesagura. Niwibaze uti: «Noba nama nsohora amahera menshi ku bintu bidakenewe canke mbere ku bintu vyongirira nabi?» Nk’akarorero, abantu benshi barakoresha nabi amahera babiriye akuya mu kuyagura ibiyayuramutwe, gukina akamari, kugura itabi canke kunywa inzoga nyinshi. Ivyo birashobora kubangamira amagara yabo, bigatuma batakaza n’akazi.
Nuziganye amahera ku bw’ivyoshika giturumbuka. Igihe bishoboka, nushire ku ruhande amahera makeya ku bw’ibintu vyokenerwa giturumbuka canke ku bw’ingorane zokwaduka. Ivyo vyoshobora gutuma udahagarika umutima bishitse ukarwara giturumbuka canke ugatakaza akazi, canke bishikiye uwo mu muryango wawe. Vyogufasha kandi habaye ikindi kintu mutari mwiteze.