Ikigabane c’9
Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
1-4. Ni igiki kigaragaza ko umwana akiri mutoyi ashoboye rwose kwiga ibintu?
UBWENGE bw’umwana bugereranywa n’urukaratasi ata kintu rwanditsweko. Mu vy’ukuri, hariho ibintu vyinshi vyīyanditse mu bwenge bwiwe akiri no mu nda ya nyina. Kandi hariho kamere akūra ku bavyeyi, ziyandika mu bwenge ubutakizimangana. Mugabo ubushobozi nyakuri bw’ukwiga ibintu butangura harya avutse. Ntiruba ari urukaratasi rumwe, ahubwo biba ari nk’ibitabu n’ibitabu birindiriye kwandikwamwo ibintu.
2 Ubwonko bw’umwana bupima ica kane c’ibiro buzopima amaze gukura. Mugabo nya bwonko bukura vuba na vuba ku buryo mu myaka ibiri gusa usanga bupima ibice bitatu kuri bine vy’uburemēre bwabwo iyo amaze gukura! Ubwenge bwongerekana ningoga. Ababitohoza bavuga ko mu myaka ine ya mbere ubwenge bw’umwana bwongerekana ku rugero rumwe n’ukuntu bwongerekana mu myaka cumi n’itatu ikurikira. Kukaba nkako, hari abavuga ko “ivyiyumviro umwana atahura imbere y’uko ashika ku musi yavukiyeko ugira gatanu, biharūrwa mu bintu bigoye rwose bizomushikira.”
3 Ben’ivyo vyiyumviro vy’ishimikiro, akarorero, iburyo, ibubamfu, haruguru, hepfo, cuzuye, kigaragara; hamwe n’ukugereranya ubunini bw’ibintu n’uburemere bwavyo, ivyo vyose twebwe tubona ko ari ibisanzwe. Umwana we arinda kwiga ivyo vyose, hamwe n’umuvuvu w’ibindi vyiyumviro. Mbere n’iciyumviro c’ugusohora amajambo kirinda kwinjizwa kigatsimbatazwa mu bwenge bw’umwana akiri mutoyi.
4 Hari ababona ko kuvuga ururimi “kwoba ari ukurangūra ikintu gisaba ubwenge kigumye rwose mu vyo umuntu ashobora gusabwa gushitsa vyose.” Niwaba warigeze kugerageza kwiga urundi rurimi, ivyo kumbure urabona ko ari ivy’ukuri. Mugabo weho vyopfuma kubera ko uzi ukuntu ururimi rumeze. Umwana we nta vyo azi, ariko ubwenge bwiwe burashobora gutegera ivyerekeye ururimi, agatangura kuruvuga. Si ivyo gusa, abana bakiri batoyi baba mu ngo canke ahantu havugwa indimi zibiri, barashobora mbere kuzivuga zose bitagoranye—bataratangura no kuja mw ishure! Bari n’ubwenge rero burindiriye kwongererezwa.
NI UGUTANGURA UBWO NYENE!
5. Kurera umwana bikwiye gutangura vuba, ryari?
5 Intumwa Paulo yarandikiye ikete mugenziwe Timoteyo, amwibutsa ko yamenye ivyanditswe vyeranda ‘kuva akiri muto cane.’ (2 Timoteyo 3:15) Umuvyeyi azi ko mu bisanzwe umwana ashaka rwose kumenya ibintu, aba ari inkerebutsi. Abana bakivuka baritegereza rwose ibintu, barabona kandi baratega yompi. Abavyeyi babimenya batabimenya, abana batoyi igikorwa cabo ni ukurondera kumenya ibintu, bakavyinjiza, ahabuze ikintu bakahuzuriza, bagaca bapfundika iciyumviro. Mu vy’ukuri abavyeyi batabaye maso, mu gihe gito umwana arashobora gutahura neza uburyo bwotuma bakora ivyo ashaka. Ni co gituma iyi mpanuro dusanga mw Ijambo ry’Imana ikwiye gukurikizwa harya umwana akivuka: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” (Imigani 22:6) Birumvikana ko ivyigwa vya mbere ari ivy’ugukundana, bikaba bijana n’ukubungabunganwa urukundo n’ikibabarwe. Mugabo ivyo ni ngombwa ngo bibe biri kumwe n’ugutozwa indero kugirwa n’ubwitonzi ata gukina kurimwo.
6. (a) Vyoba vyiza umwana bamuyagiye mu mvugo imeze gute? (b) Ibibazo vyinshi umwana ashobora kubaza umuntu akwiye kubibona gute?
6 Yāgira umwana “utavuga ivy’ubwana,” ariko uvuga ivy’umuntu akuze bitagoye gutahura, ivyo urondera ko amenya. Igihe umwana mutoyi ariko yiga kuvuga, arabazagiza ibibazo nk’ibi, ngo ‘ni kuki imvura igwa? Jewe navuye he? Inyenyeri ku murango zija he? Uriko urakora iki? Iki ni ic’iki? Kirya ni ic’iki?’ Biguma vyisuka, ntibihera! Vyumvirize, kubera yuko ku mwana ukubaza kurimwo mu buryo bwiza rwose bw’ukwiga ibintu. Kumuzibiranya ngo ntabaze ni ukumubuza kwunguka ubwenge.
7. Ibibazo vy’umwana akiri mutoyi vyoba vyiza uvyishuye gute, kubera iki?
7 Ariko rero ibuka nk’uko na ya ntumwa yibutse, ngo “nkiri umwana mutoya navuga rwana, niyumvira rwana, nibwira rwana.” (1 Ab’i Korinto 13:11) Niwishure neza ivyo bibazo uko ushoboye kwose, uvuge ivyumvikana kandi uce make. Umwana abajije, ngo ‘ni kuki imvura igwa?’ ntakeneye inyishu igoye gutegera, ibisigura ido n’ido. Inyishu nk’iyi, ngo ‘ibicu biremērwa n’amazi, hanyuma nya mazi agakoroka,’ wosanga ihagije. Umwana ntashobora kumara igihe kirekire yumviriza; ntateba guca atandukira ibindi bintu. Nka kurya umuha amaberebere gushika aho akura agahabwa ivyokurya, numumenyeshe ibintu bitagoye gutegera gushika aho azoshobora gutahura ivy’ubumenyi bisiguwe ido n’ido.—Gereranya no mu Baheburayo 5:13, 14.
8, 9. Mu kwigisha buhoro buhoro umwana gusoma mwobigenza gute?
8 Akwiye kumenya ibintu buhoro buhoro. Nk’uko twabivuze, Timoteyo yamenye Ivyanditswe kuva akiri mutoyi rwose. Biraboneka yuko mu vyo yashobora kwibuka vyo mu bwana harimwo n’ivy’ukwigishwa Bibiliya. Nta nkeka yayigishwa buhoro buhoro, nka kurya se canke nyina w’ibibondo muri iki gihe akwiye gutangura kwigisha umwana gusoma. Nimumusomere. Igihe akiri uruyoya, mushire ku bibero ukuboko kumusegure, hanyuma usome n’ijwi ryoroshe. Aca yumva ko ata comukomakoma kandi akumva aranezerewe, ukwo gusoma kukamuhimbara naho ata co atahura. Mu nyuma urashobora kumwigisha indome, kumbure ukazimwigisha bwa gikino. Mu nyuma nuzigire amajambo, amaherezo ayo majambo uyakuremwo amungane. Kandi uko bigushobokeye kwose, ukwo kwiga nukugire ikintu kimunezereza.
9 Akarorero, hariho ababiranye bāhora basoma n’ijwi ryumvikana bari kumwe n’umwana wabo w’imyaka itatu, bakaja barashira urutoke kw ijambo rimwe rimwe kugira ngo uyo mwana akurikire igihe bariko barasoma. Hariho amajambo amwe amwe bashikako bagahagarara, nya mwana agaheraheza mu kuvuga amajambo nk’iri ngo “Imana,” “Yezu,” “umuntu,” “igiti.” Buhoro buhoro amajambo ashobora gusoma yarongerekanye, amaze kugira imyaka ine yarashobora gusoma amajambo nka yose. Ugusoma kujana n’ukwandika, ubwa mbere urudome rumwe rumwe, hanyuma amajambo mazima. Umwana yanditse izina ryiwe biramutera akamwemwe!
10. Ni kuki gufasha umwana wese kwongereza ubushobozi asanzwe afise biranga ubukerebutsi?
10 Umwana wese ntameze nk’abandi, afise kamere yisangije, ashobora gufashwa nk’uko ububasha yakuye ku bavyeyi n’ingabire yahawe bingana, kugira akure. Umenyereje umwana kwongereza inguvu ziwe n’ubushobozi yakuye ku bavyeyi, ntazorinda kugirira abandi ishari kubera ivyo barangūye. Umwana wese akwiye gukundwa agashimwa nk’uko ari. Igihe uriko uramufasha kugira atsinde akageso afise canke yigumye, ntumugobere ngo agire kamere isa n’iyo wewe wishizemwo. Ahubwo numuyobore kugira arushirize kugaragaza ingeso nziza asanzwe afise.
11. Ni kuki kubwira umwana ko uwundi amuruta bitaranga ubukerebutsi?
11 Umuvyeyi arashobora gushigikira agatima k’uguhiganwa kurimwo ubwikunzi mu kwerekana ko umwana kanaka aruta canke arutwa na mugenziwe. Naho abana iyo bakiri batoyi bagira ibiranga ubwikunzi bavukana, ubwa mbere nta ciyumviro c’ukurutana, c’ukuba mukuru baba bafise, kandi ntibiyumvamwo ko ari agahambaye. Ni co gituma igihe kimwe Yezu yafatiye akarorero ku mwana kugira abogore abayoboke biwe berekanye agatima k’ugushaka ubukuru n’ak’ukwitwararika ivy’ukuba agahambaye. (Matayo 18:1-4) Niwirinde rero kubwira umwana ko arutwa n’uwundi. Yoca kumbure abona ko ari ukumwanka. Ubwa mbere yokwumva ababaye, hanyuma bibandanije, uwo mubabaro kumbure ukavamwo inzigo. Wa wundi na we avuzwe ko aruta mugenziwe, arashobora kwirata bigatuma adakunda abandi. Wewe ko uri umuvyeyi ntukwiye na gato gukunda canke gushima umwana ubanje kumugereranya n’uwundi. Ibintu bitameze kumwe birahimbara. Abaririmvyi usanga bafise ibicurarangisho vyinshi bitameze kumwe kugira ngo ukwo kutamera kumwe n’ubwinshi bw’amajwi vyongerekane, mugabo nta na kimwe iyo kivugijwe gitobera ibindi. Kamere zidasa zituma mu rugo harushiriza guhimbara no kuba heza, kandi umwumvikano ntushobora kwononekara igihe bose bakurikiza ingingo zitunganye z’Umuremyi.
FASHA UMWANA WAWE AKURE
12. Ni ibiki vyerekeye umuntu akuze vyerekana ko umwana akeneye ubuyobozi bubereye?
12 Ijambo ry’Imana rivuga ko ‘bitari mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.’ (Yeremiya 10:23) Abantu bo bavuga ko abishoboye. Ni co gituma banka ko Imana ibarongōra bakemera kurongōrwa n’umuntu, bakava mu ngorane bakinjira mu yindi, amaherezo bikagaragara ko Imana ari inyakuri ubirāvye neza. Imana Yehova ivuga ko hariho inzira umuntu yibwira ko ari nziza, ariko amaherezo yayo ishikana mu rupfu. (Imigani 14:12) Abantu bāmye batora inzira bibwira ko ari nziza, na yo igaca ibashikana ku ndwano, ku nzara, ku ndwara no ku rupfu. Niba inzira uwukuze azi utuntu n’utundi yibwira ko ari nziza ishikana mu rupfu, iyo umwana yibwira ko ari nziza vyoshoboka gute ko imushikana ahandi? Niba bitari mu muntu w’umugabo agenda kwitunganiriza intambuko ziwe, vyoshoboka gute ko umwana acaragiza yitunganiriza inzira acamwo mu buzima? Rurema arongōra abavyeyi n’abana akoresheje Ijambo ryiwe.
13, 14. Abavyeyi bokwigisha abana babo gute bakurikije impanuro dusanga muri Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7?
13 Abavyeyi Imana ibabwira iti: “Ayo [majambo ndiko ndababwiriza, NW] uyu musi, aze ahore ku mitima yanyu, muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Igihe cose akaryo keza kagiye karaboneka, bakwiye kuguma bigishwa. Abo mu rugo ni baba bafungurira hamwe mu gitondo, naho ku batari bake muri bo coba ari igihe co kwihuta kugira bitegurire kuja ku kazi canke kw ishure, akajambo k’ugukenguruka kubera izo mfungurwa kotuma bashira iciyumviro ku Muremyi, kandi karashobora kuba karimwo n’ibindi bintu vyerekeye ivy’umutima vyogirira akamaro urugo rwose. Hari aho umwanya wobakundira ko muvuga ivyerekeye ivyo mwimirije gukora uyo musi canke ivyo kw ishure, hagatangwa n’impanuro zibereye z’uburyo bwo gutsinda ingorane zoshobora gushika. Igihe co mw ijoro, “iyo muryamye,” kirashobora kuba igihe c’umunezero ku bana bato bato, abavyeyi ni baba babitwararitse bidasanzwe muri uyo mwanya. Inkuru biganirwa mw ijoro zirashobora guhimbara rwose abakiri batoyi, zigaca ziba uburyo bwiza bw’ukubigisha. Bibiliya yuzuyemwo inkuru nyinshi zikeneye gusa ko abavyeyi bazihingura kandi bagashwashwanuka kugira ngo umwana zimuryohere rwose. Ivyagushikiye mu buzima wewe ubwawe vyoshobora gushimisha umwana bimwe bidasanzwe, kandi birashobora gutuma ahakura icigwa. Naho umengo ntivyoroshe kuja uraronka inkuru nshasha umwiganira, usanga kenshi na kenshi umwana ashima ko izo nkuru woza urazimusubiriramwo. Mu gufata uwo mwanya wundi, hari aho wosanga ivy’ukuja muraseruriranira akari ku mutima n’abana biciye vyoroha rwose gusumba. Gusengera hamwe n’abana mu gihe c’ukuryama, na vyo nyene birashobora gutuma bamenyēra hakiri kare ivy’ukuyāgira wa Wundi ashobora kubarongōra agatako akabazigama.—Abanyefeso 3:20; Ab’i Filipi 4:6, 7.
14 Aho hose uri, ‘mu nzu,’ canke iyo uriko uragendagenda ‘mu nzira,’ akaryo k’ukwigisha umwana mu buryo bumushimisha kandi bw’ingirakamaro kaguma kaboneka. Ku bana, bumwe muri ubwo buryo bushobora kumera nk’urukino. Hariho abubakanye bīgānye ukuntu bakoresheje ubwo buryo kugira bafashe abana babo kwibuka ivyo bumvise kw ikoraniro ry’ukwiga Bibiliya, bati:
‘Umusi umwe ku mugoroba twarajanye n’akana k’agahungu k’imyaka itandatu katamenyereye ivy’ukwumviriza rwose ku makoraniro. Igihe twariko turaja ku Ngoro y’Ubwami, ndamubarira nti “tugire urukino. Mu gihe c’ukugaruka i muhira, turaja kwerekana ko dushobora kwibuka indirimbo zaririmbwe hamwe n’ibintu bikuru bikuru vyavuzwe kw ikoraniro.” Mu gihe c’ugutahuka i muhira, twaratangaye. Ako kana k’agahungu gatoyi ka bose gahora gakunda gusamara, ni ko twabwiye ngo gatangure kuvuga, kandi kaributse ibitari bike. Abana bacu na bo barongeyeko ibindi, amaherezo na twebwe abakuze turavuga. Ah’ukuba igikorwa vyabaye urukino.’
15. Umwana yofashwa gute kugira ngo ico yarangūye arushirize kukigira neza?
15 Uko umwana aguma akura ni ko amenya guserura iciyumviro, gushushanya ibintu, gukora udukorwa tumwe tumwe, no kuvuza ururirimbo akoresheje igicurarangisho. Ariyumvamwo agatima k’ukurangūra ibintu. Ukwo gukora ibikorwa kuba kandi ari kwo gukura kwiwe. Ni ivyo aba akoze we nyene ubwiwe. Ubirāvye ukavuga uti ‘ni vyiza,’ agatima gaca kera de. Rondera mu vyo akoze ico womushimira vy’ukuri, aca yumva aremeshejwe. Ubineguye bimwe bibi, hari aho yoca yijirwa akavunika umutima. Mubaze ikibazo cerekeye ico gikorwa yakoze niba bikenewe, mugabo ntikube ukukigaya. Akarorero, ah’ugushushanya igishushanyo ciwe ukundi gusha, woshobora kumwereka ku rundi rukaratasi ukuntu yokigira neza gusumba. Ivyo vyotuma agishushanya neza kuruta ni yaba abishaka. Umuremesheje mu vy’ukwihāta agira uba umuremesheje no mu vy’ugukura kwiwe; umuneguye bimwe bibi hari aho womuvuna umutima canke ugatuma ataba agishaka gusubira kugerageza. Ni vyo, iyi ngingo dusanga mu b’i Galatiya 6:4, irashobora kwerekezwa no ku bana: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho [azoronka igituma agira umwigino mu birāba we nyene gusa, kandi si mu kwigereranya n’uwundi muntu, NW].” Umwana arakwiye kuremeshwa, cane cane iyo agerageje ikintu ari bwo bwa mbere. Ni yaba akigize neza urāvye n’imyaka amaze, numushime! Ni yaba atakigize neza, mushime kubera ko yihāse, umuremeshe asubire agerageze. Ubirāvye neza ntiyamenye kugenda ariho agitangura kubigerageza.
IVY’INGINGO Z’UMUBIRI ZIRANGA UMUGABO N’UMUGORE NOBIMUMENYESHA GUTE?
16. Turāvye ivyo Bibiliya ivuga, ni inyishu zimeze gute umwana yohabwa ku bibazo vyerekeye ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore?
16 Wishura ibibazo umwana akubaza ugatuma aguserurira akari ku mutima. Nk’igihe ho yadukanye ivyerekeye ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore. Ubwo urishura uvugishije ukuri canke uramuhuvya, akarorero ukavuga ko uruyoya rumukurikira ruvuye ku bitaro? Ubwo urabimumenyesha nk’uko biri canke urareka abana bakuze kumuruta bakamuha inyishu zitagira epfo na ruguru, mbere bakanamubesha, kumbure bakazimuhera mu biyago vy’ubushegabo? Bibiliya irimwo ivyanditswe vyinshi bidakikiriza mu kuvuga ivy’ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore ari zo ngingo z’ivy’ukurondoka. (Itanguriro 17:11; 18:11; 30:16, 17; Abalewi 15:2) Igihe Imana yabwira abantu bayo ivyerekeye gukoranira aho Ijambo ryayo risomerwa, yavuze iti: “Mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana . . . kugira ngo bavyumve, bavyige.” (Gusubira mu vyagezwe 31:12) Abana batoyi rero bārumva ivyo vyanditswe bari ahantu hatari ibijajuro, ahantu hari abantu bisoneye, hatavugirwa “ubweruzi.”
17-19. Ivyerekeye ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore vyosigurwa buhoro buhoro gute?
17 Mu vy’ukuri, gusigura ivyerekeye ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore si ibintu bigoye nk’uko abavyeyi benshi bavyibaza. Abana batahura ukuntu imibiri yabo imeze bakiri batoyi rwose, mu kubona ibihimba vyayo bitameze kumwe. Mubarire amazina yavyo, uti: iminwe, ibirenge, izuru, umushishito, amatako, ingingo ndangamugabo, ingingo ndangamugore. Umwana ntibimutera isoni kiretse igihe uciye ubwo nyene uhinduka, ukuvuga ivy’izo ngingo z’umubiri zikoreshwa mu vy’ukurondoka ukabigira “umuziro.” Ico abavyeyi batinya ni uko bibaza ko iyo ibibazo bitanguye vyohava biba ngombwa ngo basigure ido n’ido. Mu vy’ukuri, uko umwana akura ni ko aja arabaza ivyo bibazo. Uko akura ni ko woja uramubwira ibihuje n’uko angana bitagoye gutegera, utarinze gusigura ido n’ido.
18 Akarorero, hari umusi yokubaza, ati ‘abana mu kuvuka bava he?’ Ushobora guca umwishura utibabaje, ukavuga ibisa n’ibi: ‘Bakurira mu nda z’abavyeyi babo.’ Mu bisanzwe ivyo ni vyo bimukwiriye ico gihe. Mu nyuma hari aho yokubaza, ati ‘umwana asohoka gute?’ ‘Hariho ahantu hategekanijwe asohokera.’ Mu bisanzwe iyo nyishu ico gihe iba ihagije.
19 Mu nyuma hari igihe yokubaza, ati ‘uruyoya rutangura gute?’ Ushobora kwishura uti: ‘Se na nyina wiwe baripfuza kuronka umwana. Urubuto rwa se n’akagi ngengabuzima ka nyina wiwe biteranira hamwe mu nda ya nyina, uruyoya rugaca rutangura gukura, nka kurya urubuto ruri mw ivu rukura rukaba ishurwe canke igiti.’ Iyo rero ni inkuru ibandanya, igihimba kimwe kimwe cose muri ico gihe ugasanga ku mwana kirahagije. Mu nyuma uyo mwana ashobora kubaza, ati ‘urubuto rwa se rushika mu nda ya nyina wiwe gute?’ Ushobora kuvuga utibabaje uti: ‘Urazi ukuntu umuhungu ameze. Arafise ya ngingo y’umubiri ndangamugabo. Umukobwa ku mubiri wiwe arafise ahantu hari inzira iyo ngingo ishobora kwinjiramwo. Urwo rubuto ruraheza rukinjira. Uko ni ko abantu bāremwe kugira ngo abana b’inzoya bashobore gutangura kandi bakurire mu nda za ba nyina babo, amaherezo basohoke ari impinja.’
20. Ni kuki ari vyiza ko abavyeyi baba ari bo basigurira abana babo ivy’ingingo z’umubiri ziranga umugabo n’umugore?
20 Ukwo kuyāga ivyo ukavugisha ukuri, nta nkeka bisumba inkuru z’ikinyoma canke ukubigira “umuziro,” bimwe bituma ivy’izo ngingo z’umubiri bimera nk’ibintu bishisha. (Gereranya no muri Tito 1:15.) Kandi ni vyiza gusumba ko umwana yumva ibivuzwe n’abavyeyi biwe, kuko bo mu kubimusigurira bashobora kwongerako n’impamvu abana b’inzoya bakwiye kuvyarwa n’ababiranye gusa, bo bakundana kandi bēmeye ibanga ry’ugukunda urwo ruyoya no kurubungabunga. Ivyo bituma ukuvuga ivy’izo ngingo z’umubiri biba vyiza ugasanga vyerekeye ivy’umutima, ah’ukubimenyera ahantu hatuma bisa n’uko ari ubushegabo.
GUTANGA INYIGISHO ZIHAMBAYE RWOSE MU BUZIMA
21. Ni kamere ki abana bafise ituma biba nkenerwa ko abavyeyi baha akarorero keza ivyo bibondo vyabo?
21 Yezu yarigeze kugereranya abantu bo mu gihe ciwe n’“abana bicaye mu tuguriro, bahamagara bagenzi babo, bati ‘twavugije imyironge ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwaboroga.’ ” (Matayo 11:16, 17) Abo bana mu gukina bāriko barigana abakuze n’ivyo bagira ku misi mikuru, hamwe no mu gufuba umuntu. Kubera ko umwana avukana kamere y’ukwigana ibintu, akarorero abavyeyi bamuha kari n’uruhara ruhambaye rwose mu vyerekeye kumurera.
22. Uburyo abavyeyi bigenza bishobora kugira iki ku bana babo?
22 Kuva uyo mwana wanyu avutse ni mwebwe mumwigisha—si mu vyo muvuga vyonyene, ariko no mu buryo mubivuga, ukuntu ijwi riba rimeze igihe uvugisha uyo mwana we nyene, uwo mwubakanye, canke abandi bantu. Aritegereza ivyo abavyeyi bagiriranira, ivyo bagirira abandi bo muri urwo rugo, hamwe n’ababagendeye. Akarorero mutanga muri ivyo karashobora gutangura kumwigisha ibintu vy’ingirakamaro rwose gusumba ukwiga gutambuka, guharūra canke gusoma ABC. Karashobora kuba ishimikiro ryo kuzomenya no gutahura ibintu, bikazotuma agira ubuhirwe nyakuri mu buzima. Ako karorero karashobora kuzotuma uyo mwana yemera ingingo zitunganye bamwigishije, ni yamara gukura bihagije ku buryo yoshobora kwigishwa mu gusigurirwa ibintu no mu kubisoma.
23, 24. Niba abavyeyi bashaka ko abana babo bakurikiza ingingo zinaka, bo nyene ubwabo boshima kugira iki?
23 “Mwigāne Imana nk’abana ikunda kandi mugendere mu rukundo,” uko ni ko intumwa yihanikirije abakirisu. Ataravuga ivyo, yabanje kwerekana ukwigana Imana ico bisobanura, ati: “Umururazi wose [w’inabi, NW] no kujingitwa n’uburake no kutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. [Ahubwo mugiriranire ubuntu, NW] mugiriranire imbabazi, muharirane [n’umutima ukunze, NW] nk’uko Imana na yo [yabahariye n’umutima ukunze biciye kuri Kirisitu, NW]. Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda . . . ” (Abanyefeso 4:31, 32; 5:1, 2) Ijwi uruyoya rwumva canke ibigirwa rubona ni vyaba birwigisha ibintu mu buhambazi, agasangwa ni ko bigenda iyo habaye ijwi rirenga kandi rikaze, ukwidodomba bibi, ubwibone canke uburakari, arinjirwamwo na kamere bizogorana rwose kuyimukuramwo. Iyo mugirira abantu bose ubuntu kandi mukabasonera, iyo mwigenza runtu koko mugakurikiza n’ingingo nziza, uyo mwana wanyu aca agira agatima k’ukubīgāna muri ivyo. Gira ivyo ugomba ko abana bawe bagira, mera nk’uko ugomba ko bamera.
24 Abavyeyi ntibakwiye gushinga ingingo ziri mu buryo bubiri, izo bokurikiza mu mvugo n’izo mu ngiro, izo abana bokurikiza n’izo bo nyene ubwabo bokurikiza. Vyomara iki kubwira umwana ngo ntubeshe niba wewe ubwawe ubesha? Ni waba ubahemukira mu masezerano mwagiraniye, wokwitega ko bashitsa ivyo bakwemereye? Abavyeyi ni baba badasoneranira, bashobora gute kwitega ko abana babo bamenya gusonera abandi? Niba umwana atarigera yumva se canke nyina avuga ibiranga ukwicisha bugufi, iyo ngingo y’ivy’ukwicisha bugufi yoshobora kuyikurikiza gute? Inabi ikomeye igihe umuvyeyi ashira iciyumviro mu mwana c’uko we atigera yihenda, ni uko mu nyuma uyo mwana yobona yuko ivyo uyo muvyeyi agira vyose bitunganye—no mu gihe nyene agize ibigaragaza agasembwa n’icaha yavukanye, bigaragaza n’ukwihenda. Kuvuga ariko ntubishitse ni ko kumera nka ba Bafarisayo b’indyadya, bamwe Yezu yavuga ibiberekeye ati: “Ivyo bababwira vyose mubikore, muvyitondere. Ariko ntimukurikire ibikorwa vyabo, kuko ivyo bavuga atari vyo bakora.” Nuko rero mwebwe abavyeyi ni mwaba mutagomba abafarisayo b’abana mu rugo, ntimube abafarisayo bakuze!—Matayo 23:3.
25. Abana bokwigishwa ivyerekeye urukundo gute?
25 Ubwa mbere abana biga ivy’urukundo mu kubona ibiruranga, kandi biga gukundana iyo bakunzwe. Urukundo ntirugurwa. Abavyeyi barashobora kugabira abana ibintu vy’umurengera. Mugabo urukundo imbere ya vyose ni ikintu kitaboneka kiri mu mutima kitari mw ikotomoni, kandi ingabire zonyene ntizishobora na buhoro buhoro gusubirira urukundo nyakuri. Kugerageza kugura urukundo bituma rutituka. Turetse ibintu ushobora kugaba, niwitange wewe nyene ubwawe, nutange umwanya ufise, inguvu, n’urukundo ufise. Uzosubizwa ibingana n’ivyo utanze. (Luka 6:38) Muri 1 Yohani 4:19 haravuga ibi bikwirikira vyerekeye urwo dukunda Imana: “Tugira urukundo, kuko ari yo yabanje kudukunda.”
26, 27. Abana bokwigishwa gute ivy’umunezero uzanwa no gutanga?
26 Abana bashobora kwiga gutanga mu guhabwa ibintu. Barashobora gufashwa bakiyumvamwo umunezero w’ugutanga, w’ugukorera abandi, n’uw’ugusangira n’abandi. Nubafashe batahure yuko ugutanga—bagaha wewe nyene, bagaha abandi bana, bagaha n’abakuze, bizana agahimbare kurusha guhabwa. Abakuze barakunda kwanka kwakīra ivyo bahawe n’abana, bibaza ngo ni ukubakunda ubaretse bakagumana ico bashaka gutanga. Hari umuntu umwe yavuze ati:
“Naja ndanka iyo umwana afise imbombo akazimpako. Niyumvīra ko ngize ubuntu mu kudatwara ikintu nzi ko akunda cane. Mugabo igihe naja ndanka nkamureka akazigumana zose, sinabona ko anezerewe nk’uko navyibaza. Naciye ntahura ko bwa bundi nanka umutima w’ugutanga yerekana, ko nanka ivyo angabiye, ko ndamwanka we nyene ubwiwe. Kuva ubwo naciye nja ndakira ivyo ampaye, kugira yiyumvemwo umunezero w’ugutanga.”
27 Mu rugo rumwe hari abavyeyi bashatse gufasha akana kabo k’agahungu kugira kamere nka bamwe Bibiliya ivuga muri 1 Timoteyo 6:18 (NW), ngo b’“inda nziza, bagabirije gusangira n’abandi.” Nuko igihe bari iyo bigira Bibiliya, bārafata amahera bagomba gutangako ishikanwa bakayaha nya kana kabo ngo kayaterere mw isandugu y’amashikanwa. Ivyo vyaragafashije karatahura yuko biri n’akamaro gushigikira ibirāba ivy’umutima no gufasha mu gutanga ivy’umubiri ivyo ari vyo vyose vyoba bikenewe muri ivyo.
28, 29. Abana bokwigishwa gute ko gusaba imbabazi iyo umuntu akosheje ari nkenerwa?
28 Nk’uko abana bashobora kwiga gukundana no gutanga iyo bavyigishijwe neza bagahabwa n’akarorero keza, ni ko bashobora no kwiga gusaba imbabazi igihe bikenewe. Hari umuvyeyi umwe yavuze ati: “Iyo nkosheje ku bana, ndavyemera. Nca make rwose nkababwira icatumye nkosa, kandi ko nagize nabi. Bica biborohera rwose kwemera imbere yanje amakosa bagize, kuko baba bazi ko ndi umunyagasembwa ivyabo nja kubitahura.” Akarorero kagaragaza ico ciyumviro, ni igihe kimwe umushitsi yagendeye urugo rumwe, serugo atangura kumwereka abo muri urwo rugo. Nya mushitsi arabitwiganira ati:
“Abāriho bose yarabanyeretse, hanyuma akana k’agahungu karinjira kariko gatwengatwenga. Uyo serugo aca avuga, ati ‘aka ni akana kacu k’agahererezi, ako ubona kakororeye ivyokurya kw ishati.’ Ugutwenga kw’uyo mwana kwaciye kurangira, bica biraboneka mu maso ko ababaye. Se abonye ko ashaka kurira kubera ukwo kumererwa nabi, aca amukwegera aho ari ubwo nyene, avuga ngo ‘sinari nkwiye kuvuga ivyo; birambabaje.’ Nya mwana yamaze akanya abogoza hanyuma arasohoka, ariko aca aragaruka adatevye, mbere ariko atwenga rwose gusumba—yambaye ishati imesuye neza.”
29 Nta nkeka ben’ukwo kwicisha bugufi kurakomeza igishika. Birumvikana ko mu nyuma umuvyeyi ashobora gusigurira umwana ukuntu yogira ivyiyumviro biri ku rugero ku vyerekeye ingorane zo mu buzima, izikomeye n’izoroshe. Arashobora gufasha abana bakamenya kutavyimbisha utuntu duto duto, bakamenya no kwitwenga, bakamenya kutiyumvīra na buhoro buhoro ko abandi batagira agasembwa, nk’uko na bo nyene batoshima ko babiyumvīra gutyo.
SHINGA INGINGO NZIZA NZIZA
30-32. Ni kuki ari nkenerwa rwose ko abavyeyi batangura gufasha abana babo kumenya ingingo nziza nziza mu buzima kuva bakiri batoyi rwose?
30 Muri iki gihe abavyeyi ntibatahura neza ingingo nziza mu buzima izo ari zo. Ivyo bituma abana benshi batigera bashingirwa ingingo. Mbere hari n’abavyeyi bakēka ko boba badafise uburenganzira bw’ukurongōra agatima kari mu bana babo. Abavyeyi ivyo batabigize, bigirwa n’abandi bana, n’ababanyi, n’isenema canke n’iteleviziyo. Wa mukokwe utandukanya abakuze n’abakiri bato, ubugarariji bw’abana, ukunywa ibiyayura umutwe, bwa buryo ngo bushasha bw’ukwigenza runtu, hamwe na rya hinduka mu vy’ukumarana inambu y’umubiri—ivyo vyose bituma abavyeyi bahagarika imitima. Mugabo ikizwi co ni uko kamere y’umwana iba yaramaze gushinga imizi igihe izo ngorane ziba zitaratangura kumushikira mu buzima.
31 Hari ababitohoje bavyandika mu kinyamakuru kimwe c’ivy’ubumenyi, ngo “igihimba kinini ca kamere y’umuntu cirema ataratangura kuja kw ishure. Nta nkeka birazwi hose ko abana bataratangura kuja kw ishure bashobora kwinjizwamwo ivyiyumviro bagahinduka bitagoranye namba. . . . Mugabo twasanze ivyabashikiye mu bwana, akarorero nk’ivyo bāgiriwe canke bābonye, bikunda kuba ishimikiro ry’uburyo bazokwigenza mu gihe kirekire, canke rimwe rimwe mu buzima bwabo bwose.”
32 Uburyo bw’ukwigenza bubi burashobora guhindurwa, mugabo hari uwundi yabitohoje, aca arasigura ukuntu bigenda iyo igihe ciza baretse kikarengana, ati: “Umwana ashobora guhindurwa mu myaka indwi ya mbere, mugabo uko urindīra ni ko ivy’uguhindura ukuntu ameze usanga bigumye—kandi ivy’ugushobora kumuhindura biguma bigabanuka uko umwaka utashe.”
33. Ni ivyiyumviro ibihe bihambaye rwose gusumba abana bakwiye kwigishwa?
33 Abana bato bato bategerezwa kwiga bakamenya ivyiyumviro ngenderwako vyinshi, mugabo ibihambaye gusumba ni ivyiyumviro vyerekeye ukuri n’ikinyoma, igitunganye n’ikosa. Intumwa Paulo yarandikiye abakirisu bo muri Efeso abasaba ashikamye ngo barondere ubumenyi nyakuri, ati “dushire ubwana [ntitumere nk’abazungazungishwa, NW] n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’[uruhendo rw’abantu, n’urwenge rw’ukudendekeranya uruhuvya, NW]. Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kirisitu.” (Abanyefeso 4:13-15) Niba abavyeyi binonzora mu vy’ugufasha abakiri bato gutsimbataza muri bo ugukunda ukuri n’ukuba inzirabugunge, hamwe n’ugukunda ibitunganye n’ivyiza, abo bana ntakizobabuza kugira amakosa no gukora ikibi. Imyaka nka yose abana bamara imbere y’uko ivy’ukuja kw ishure bitangura, abavyeyi bahora bayigisha batabizi. Ntimuyireke ngo irengane; muri imwe mikeyi ya mbere umara uri kumwe n’abo wibarutse, imwe y’ingirakamaro rwose, imwe abana baba bagishobora guhindurwa, boneraho akaryo k’ukubashingira ingingo nziza nziza. Hari aho wosanga ukize umubabaro wo mu myaka izokurikira.—Imigani 29:15, 17.
34. Ni kuki ingingo zidahindagurika ari nkenerwa, kandi ingingo ben’izo tuzisanga he?
34 ‘Uko iyi si imeze kuriko kurahinduka,’ ivyo vyanditswe n’intumwa yahumekewe n’Imana, kandi ivyo nta nkeka ni uko biri no ku vy’ingingo zishingwa zerekeye ivy’umubiri, ivy’akanyengetera ko mu mutima n’ivy’ukwigenza runtu. (1 Ab’i Korinto 7:31) Ivy’iyi si nka vyose ni mahindagu. Kubera ko abavyeyi ari abantu, bakwiye kumenya yuko na bo nyene bashobora kuba ba mahindagu. Abo bavyeyi ni baba bipfuza ko abana babo bamererwa neza rwose, bakaba kandi bitwararitse koko ivy’uko bogira ubuhirwe muri kazoza, bokwerekeza abo bana babo ku ngingo zashinzwe zidahindagurika. Ivyo bobigira mu kubinjizamwo iciyumviro kuva bakiri bato rwose, c’uko naho hovyuka ikibazo kimeze gute, naho ingorane ikeneye gushirwa mu buryo yoba imeze gute, rya Jambo ry’Imana Bibiliya ni ryo boronderako inyishu z’imvaho kandi zobafasha rwose. Naho rimwe rimwe haba ibihe bituma babona ko umengo ibintu birabazazaniye mu buzima, iryo Jambo riguma ari ‘itara rimurikira ibirenge vyabo, n’umuco umurika mu nzira bacamwo.’—Zaburi 119:105.
35. Ukurera abana wibarutse birahambaye bigeze he?
35 Vyemere, ico ni co gihe uba ufise akaryo keza k’ugutangura kwinjiza mu bana bawe ingingo zashinzwe, zoshobora kubashigikira mu buzima bwabo bwose. Nta mwuga wosanga usumba uw’ukurera abana wibarutse, nta gikorwa wosanga gihambaye kuruta ico. Wotangura harya bakivuka, bakiri batoyi rwose!
[Ifoto ku rup. 117]
Ivy’ukwiga nubigire ikintu gihimbaye