ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/7 rup. 18-20
  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wosigurira umwana ivyerekeye urupfu
  • Isôko ryo kwizigirwa wokuramwo ubuyobozi
  • Inyishu z’ibibazo vyawe
  • Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu
    Be maso!—2015
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Bavyeyi, nimufashe umwana wanyu gukomeza ukwizera kwiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/7 rup. 18-20

Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu

MU MANGAZINI imwe badandarizamwo ibitabu, ino ikaba yarimwo abaguzi benshi, hari inabibondo umwe yari yacitse intege yabwiye n’ijwi rirenga uwariko aradandaza, ati: “Ufise imangazini yuzuyemwo ibitabu mugabo nta na kimwe mbona cofasha umwana wanje!” Uwo inabibondo yariko ararondera ubuyobozi kugira ngo afashe agahungu kiwe kwihanganira urupfu rwari rwahitanye giturumbuka incuti ishika yo mu muryango wabo.

Kuba uwo inabibondo yari arajwe ishinga n’ico kintu vyarumvikana cane. Urazi ukuntu bivuna umutima w’umwana akiri muto iyo abuze uwiwe! Abana usanga bamererwa neza igihe bitwararikwa n’abo mu miryango yabo, yamara birashobora gushika umwana akabura uwiwe bahora bafitaniye ubucuti bwa hafi. Muvyeyi, ushobora gute none gufasha umwana wawe igihe woba ubona ko bishobora gushika vuba mukabura uwanyu canke mukaba muherutse kumubura?

Mu vy’ukuri, igihe mwabuze uwanyu, woshobora kuba uriko urarwana urugamba rwo kwihanganira inyiyumvo zawe bwite. Woshobora kwumva wishwe n’umubabaro canke ukaguma wiyumvira ivy’ukwo kubura gusa. Ariko rero, utegerezwa kutibagira yuko umwana wawe akeneye ko umushigikira. Igitabu kimwe catanzwe n’ikigo kimwe citwararika abantu bari ku mpfiro c’i Minnesota muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kivuga giti: “Ibintu bimwebimwe abantu bayaga urasanga biguye mu gutwi kw’abana, maze igihe barekeranywe n’ivyo vyiyumviro ntihagire na kimwe basigurirwa, akenshi bituma badatahura neza ivyo ari vyo canke bakavyiyumvira ukutari kwo.” Ico gitabu congerako giti: “Abana barakeneye kubwirwa ukuri.” Ni co gituma vyoba biranga ubukerebutsi usiguriye neza abana bawe ivyabaye, wisunze urugero bagezeko mu gutahura ibintu. Ico ni ikintu kitoroshe, kubera ko abana boshobora kuba batandukanye cane mu bijanye n’ubushobozi bafise bwo gutegera neza ibiba biriko biraba.​—1 Abakorinto 13:11.

Ingene wosigurira umwana ivyerekeye urupfu

Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko igihe abavyeyi babwira umwana wabo ivyerekeye urupfu, bakwiye kwiyubara ntibapfe gukoresha amajambo nk’aya ngo “arasinziriye,” “twarabuze,” canke ngo “yarigiriye.” Igihe bakoresheje mwene ayo majambo ariko ntibayasigurire umwana wabo neza canke ngo berekane igituma bayakoresheje, vyoshobora kumuvuruga ubwenge. Ego ni ko, Yezu yarakoresheje ijambo itiro ashaka kuvuga urupfu kandi ubiravye ukwo kugereranya ibintu kwari kubereye. Ariko, uribuka ko atariko abibwira abana. N’ikigeretseko yarasiguye ico kigereranyo. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse.” Naho abigishwa bari abantu bakuze, “biyumviriye ko [Yezu] yariko avuga ukuruhukira mw’itiro.” Ni co gituma Yezu yaciye atomora ati: “Lazaro yapfuye.” (Yohani 11:11-14) Niba abantu bakuze bakeneye gusobanurirwa ibintu neza nk’ukwo, ese ukuntu abana bacu babikeneye kuruta!

Umwanditsi yitwa Mary Ann be n’uwitwa Emswiler James P. Emswilerbe, bavuga bati: “Umuvyeyi yoshobora kugerageza gukoresha imvugo itababaza igihe asigurira umwana wiwe ivyerekeye urupfu. Ariko mu kubigenza gutyo, yoshobora kumuteramwo ivyiyumviro atari asanzwe afise kandi ivyo vyoshobora kumutera ubwoba canke bikamugirira nabi.” Nk’akarorero, gupfa kubwira umwana akiri mutoyi yuko uwacu yapfuye yisinziririye vyoshobora gutuma uwo mwana agira ubwoba bw’uko niyaja kuryama mw’ijoro, yoshobora kudasubira kwikangura. Igihe na ho uwo mwana akiri muto abwiwe ko uwacu yapfuye aba ‘yigiriye,’ yoshobora kwumva atagikundwa canke yahebwe.

Igihe abavyeyi benshi bagerageza gusigurira abana babo ibijanye n’urupfu, basanze abo bana boroherwa cane gutahura amajambo yoroshe kandi adomako kuruta uko boroherwa gutahura imvugo zerekeza ku bintu bisiga ubwenge canke imvugo zikikiriza. (1 Abakorinto 14:9) Abashakashatsi basaba yuko woremesha umwana wawe kukubaza ibibazo no kukubwira ibimuraje ishinga. Kwama uganira n’umwana wawe vyoshobora kugufasha kumutomorera ibintu yari yaratahuye ukutari kwo kandi bigashobora guhishura ubundi buryo bwo kumufasha.

Isôko ryo kwizigirwa wokuramwo ubuyobozi

Mu gihe c’ikigandaro, ni wewe umwana wawe azoronderako ubuyobozi, ugushigikirwa be n’inyishu z’ibibazo afise. Ni hehe none ushobora gukura amakuru yo kwizigirwa avuga ibijanye n’urupfu? Abantu benshi basanze Bibiliya ari ryo sôko ryo kwizigirwa ritanga uguhumurizwa be n’icizigiro. Iratanga amakuru nyayo ku bijanye n’inkomoko y’urupfu, ukuntu abapfuye bamerewe be n’icizigiro kihari ku bapfuye. Uku kuri ntaseswa kw’uko “abapfuye [a]ta co baba bakizi” kurakwiye gufasha umwana wawe kubona neza ko uwiwe yapfuye atariko arababara. (Umusiguzi 9:5) Vyongeye, muri Bibiliya, Imana iratanga icizigiro c’uko tuzosubira kubona abacu bapfuye mw’isi izoba yabaye Iparadizo.​—Yohani 5:28, 29.

Igihe wokwisunga Ivyanditswe Vyeranda, woshobora gufasha umwana wawe kumenya ko Bibiliya itanga ubuyobozi be n’impumurizo vyo kwizigirwa mu gihe ico ari co cose gitesha umutwe. Muri ico gihe nyene, umwana wawe azobona ko wewe umuvyeyi wiwe wisunga Ijambo ry’Imana kugira ngo uronke ubuyobozi bugufasha mu bintu bihambaye mu buzima.​—Imigani 22:6; 2 Timoteyo 3:15.

Inyishu z’ibibazo vyawe

Igihe ugerageza gufasha umwana wawe kwihanganira ukubura uwanyu, woshobora gushikirwa n’ibihe aho ubura ico ufata n’ico ureka. None woca ukora iki?a Reka turimbure ibibazo bimwebimwe bimenyerewe vyoshobora kuvyuka.

• Noba nkwiye kunyegeza umwana wanje intuntu mfise? Ni ibisanzwe kwipfuza gukingira umwana wawe. Ariko none, vyoba ari bibi umwana wawe abonye yuko ufise intuntu? Abavyeyi benshi basanze ari vyiza cane kuvugisha ukuri ku bijanye n’umubabaro bafise, maze bakereka umwana wabo yuko ari ibisanzwe kugira intuntu. Hari abarimburiye hamwe n’abana babo uburorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya bagaragaje intuntu bari bafise mu mutima. Nk’akarorero, Yezu yarakoroye amosozi igihe Lazaro umugenzi wiwe yakunda cane yapfa. Yezu ntiyahishije inyiyumvo yagize.​—Yohani 11:35.

• Umwana wanje yoba akwiye kwitaba ibirori bibera mu buruhukiro canke kw’itongo ry’abapfuye kibure na ho akaba yokwitaba ibirori bijanye n’amaziko? Niba umwana wawe aza kuvyitaba, vyoba biranga ubukerebutsi umusiguriye imbere y’igihe ibiza kugirwa, ushizemwo n’igituma ivyo birori biza kugirwa. Ariko ntiwumve, mu bihe bimwebimwe, abavyeyi boshobora kuraba ko hoba hari imvo zumvikana zotuma abana babo batitaba ibintu bimwebimwe canke vyose mu vyogirwa ku bijanye n’ayo maziko. Abana bitaba ibirori vy’amaziko bigirwa n’Ivyabona vya Yehova boshobora kwungukira ku nsiguro ishingiye kuri Bibiliya ishikirizwa muri ico gihe. Vyongeye, “ikibabarwe” be n’urukundo bigaragarira mu baba bitavye ayo maziko birashobora kugira ikintu kinini bikoze mbere no ku mwana kandi akumva ahumurijwe.​—Abaroma 12:10, 15; Yohani 13:34, 35.

• Noba nkwiye kubwira umwana wanje ibijanye n’uwacu yapfuye? Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko mu gihe wirinze gucisha mu kanwa ico kintu, umwana wawe yoshobora guca ashika ku ciyumviro kitari co c’uko hari ivyo uriko urahisha ku bijanye n’uwo muntu yapfuye canke ko uriko uribagiza ikintu cose uwo mwana yomwibukiyeko. Umwanditsi umwe yitwa Julia Rathkey avuga ati: “Birahambaye ko umuntu afasha abana biwe kubaho bibuka ibintu binaka be no kutagira ubwoba.” Kuyaga mudacisha ku ruhande ivyerekeye uwapfuye, ushizemwo n’ibintu vyiza biranga kamere be n’ubuzima bwiwe, vyoshobora gufasha mu kiringo c’umubabaro. Abavyeyi b’Ivyabona barahumuriza abana babo bakoresheje icizigiro Bibiliya itanga cerekeye ukuzukira mw’isi izoba yahindutse Iparadizo, aho ata ndwara n’urupfu bizoba bihari.​—Ivyahishuwe 21:4.

• Noshobora gute gufasha umwana wanje agituntujwe n’ukubura? Igihe umwana agituntujwe n’ukubura, umubiri wiwe woshobora kugaragaza ibimenyetso, kumbure akumva arwaye. Uwo mwana yoshobora kwumva ashavuye canke ahagaritse umutima abitumwe n’uko abona ata co yishoboje be n’uko yataye umutwe. Ntutangare niba umwana wawe atuntujwe n’ukwiyagiriza, akaguma akwumiyeko canke akicwa n’ubwoba igihe utashe utevye kibure urwaye. Ushobora gute none gutorera umuti iyo ngorane itesha umutwe umwana wawe afise? Umwana wawe ntakwiye kwigera yumva yuko utabona ko hari ikitagenda neza. Ku bw’ivyo, nube umuntu ategera neza ibintu kandi aguma asuzuma uko vyifashe. Nugerageze kudafatira mu rwara canke kutabona mu buryo butari bwo ukuntu uwo mwana wawe ababazwa n’urupfu. Niwame umusubiriza umutima mu nda kandi umuremeshe kubaza ibibazo no kuguserurira akari ku mutima. Urashobora gukomeza icizigiro umwana wawe afise be n’ico ufise “biciye . . . ku ruhoza ruva mu Vyanditswe.”​—Abaroma 15:4.

• Hakwiye guca igihe kingana gute kugira ngo nsubizeho urutonde rw’ibisanzwe bikorwa mu muryango be n’iyindi mirimo? Abahinga bavuga yuko mwoguma mukora vyinshi bishoboka mu vyo mwari musanzwe mukora. Bivugwa yuko kuguma ukurikiza urutonde rw’ivyo usanzwe ukora ari ngirakamaro kugira ngo wihanganire intuntu. Abavyeyi benshi bo mu Vyabona vya Yehova basanze kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’Imana, urwo na rwo rukaba rurimwo kwiga Bibiliya muri kumwe n’umuryango ubudahorereza no kwitaba amakoraniro ya gikirisu, bishobora gutuma umuryango usubirana kandi ugakomera.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4-9; Abaheburayo 10:24, 25.

Magingo Yehova Imana atarakuraho indwara n’urupfu, rimwe na rimwe abana bazohangana n’icago c’urupfu. (Yesaya 25:8) Ariko rero, mu gihe abana basubirijwe umutima mu nda kandi bagashigikirwa mu buryo bubereye, barashobora gufashwa kuvyifatamwo neza bishitse bakabura uwabo.

[Akajambo k’epfo]

a Amakuru ari muri iki kiganiro ntakwiye kubonwa ko ari amategeko wokurikiza. Urakwiye kumenya yuko uko ibintu vyifashe be n’imigenzo ikurikizwa usanga bitandukanye cane bivanye n’igihugu umuntu arimwo be n’imico kama yavukiyemwo.

[Iciyumviro ku rup. 19]

Nuremeshe umwana wawe kubaza ibibazo no kuvuga ibimuraje ishinga

[Ifoto ku rup. 20]

Nugume ukurikiza urutonde rw’ivyo usanzwe ukora, ushizemwo n’ukwiga Bibiliya muri kumwe n’umuryango

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika