ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fl ikig. 13 rup. 171-180
  • Imyaka ya Nyuma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imyaka ya Nyuma
  • Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBWIZA BW’UKUBA UMUGUMYABANGA
  • ABANA IYO BAMAZE GUKURA—KUGIRIRANIRA NA BO UBUCUTI BUMEZE UKUNDI
  • NUNEZEREZWE N’UGUFASHA ABANDI
  • NIWOROHE MU VY’UGUHINDUKA IGIHE IBINTU BIHINDUTSE
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Inyuma y’Umusi w’Ubugeni
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
fl ikig. 13 rup. 171-180

Ikigabane ca 13

Imyaka ya Nyuma

1, 2. (a) Ni ingorane izihe zishobora kwaduka iyo abana bamaze gukura bagasohoka? (b) Abantu bamwe bamwe bagerageza bate gutunganya ivy’ubusaza?

I GIHE mu buzima ata bikorwa vyinshi vy’umubiri canke vy’ubwenge dukora, duca turambirwa. Kubaho bica bisa n’uko ata kamaro, ugasanga nta mutekano dufise. Rimwe rimwe ivyo birashikira abubakanye iyo abana babo bāmaze gukura bagasohoka. Baba bamaze imyaka itari mike bafise vyinshi bakora vyerekeye amabanga y’ubuvyeyi. Mu nyuma ivyo bikorwa vyose hamwe n’ibanga ry’ivy’ugukuza abana, ugasanga biraheze.

2 Turetse n’ivyo, imyaka irahera umubiri ugatangura guhinduka. Uragira iminkanyari imvi zigatangura kumera, hari n’aho umuntu atoboka ubuhanza, ububabare bw’umubiri wose atari bwigere yumva bukiserura. Ni uko tuba turiko turasaza. Hari abavyanka bagatarataza uko bashoboye kugira berekane yuko bakiri bato nka kera. Baca ubwo nyene batangura kurondera abagenzi benshi—bakisuka mu vy’ukwinezereza canke bakijukira rwose ivy’inkino. Ego ni ko ukwo kwisuka muri ivyo gutuma baronka ico bakora, ariko none boshobora kuguma bafise akanyamuneza? Ubwo ivyo vyotuma umuntu abona vy’ukuri ko akenewe ku buryo yosanga ubuzima bwiwe buri n’ico bumaze koko?

3. Naho ivy’ukwinezereza bishobora guhimbara, ni igiki umuntu yokwirinda?

3 Birumvikana ko ivy’ukwinezereza bishobora guhimbara. Kandi mu myaka ya nyuma y’ukubaho kwawe, ushobora gusanga ufise umwanya w’ugukora ivyo utoshoboye gukora igihe abana banyu bari bakiri bato. Mugabo wishinze gusa kurondera ivyokunezereza, urashobora kugira ingorane zikomeye.—2 Timoteyo 3:4, 5; Luka 8:4-8, 14.

UBWIZA BW’UKUBA UMUGUMYABANGA

4, 5. Vyogenda gute iyo umuntu akuze ariko akiyumvīra ko ari ngombwa ngo yerekane ko akibasha?

4 Abantu benshi iyo ubuzima bwabo bushitse muri ico gihe, umengo biyumvīra ko ari ngombwa ngo berekane ko bakibasha. Bashobora gutangurira ku vy’ukurondera uwo bakwegana iyo bari mu vy’ukwinezereza, canke ahandi. Cane cane abantu b’abagabo “bashaka” abagore bakiri bato, kandi muri iki gihe citwa ngo ni igihe c’“uburyo bushasha bw’ukwigenza runtu,” hari n’abagore batari bake barondera ko umutima uguma hamwe bigatuma “bashaka” abandi bagabo atari ababo. Hari n’abatangura kwishiramwo iciyumviro c’ukwabirana ‘ukundi gusha’ n’uwundi muntu, kandi kumbure bamaze imyaka itari mike bashinze urugo. Barashobora kugerageza kwemeza yuko ico ciyumviro kibereye mu kwerekana amakosa y’uwo bubakanye—ariko mu bisanzwe ayabo bwite, ukwo kumuryaruka hamwe n’ukwo kurenga ku ngingo zitunganye, bakerekana ko vyoroshe.

5 Hari aho baba bazi ko Yezu yavuze ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi [porneia: ukutigenza runtu bikomeye mu vy’ubushakanyi], akābīra uwundi, aba asambanye.” Naho ngaha Yezu yariko arerekana ko atari vyiza gupfa kwahukana n’uwo mwubakanye ku “mpamvu iyo ari yo yose,” barashima kurondera impamvu iyo ari yo yose kugira bahukane mu buryo bwemewe n’amategeko ya Reta. (Matayo 19:3-9) Mu nyuma baca baja mu vy’ukwabirana n’uwundi muntu, kenshi na kenshi ugasanga ni umwe bākwegana ivy’ukurondera kwahukana bitaratangura. Naho baba bazi ico Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye ukwigenza gutyo, barashobora kwiyumvīra yuko ivyo Imana “ibitegera” kuko ari inyakigongwe.

6. Ukurenga ku ndagano y’ivy’ukwabirana Imana Yehova ibibona gute?

6 Kugira twirinde kwoshwa n’ivyo vyiyumviro vy’ubusambanyi, vyoba vyiza twihweje ibi Yehova yabariye ba bantu biwe b’Abisirayeli abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Malaki: “Kandi [ico] mukora, mutotesha [uruhimbi rwa Yehova, NW] amosozi, mwiriza, [muniha, NW] bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngo ayākīre ayemeye. Yamara muravuga, muti ni kuki? Ni kuki [Yehova, NW] yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse . . . Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance. Kuko nanka ivyo kwahukana, ni ko [Yehova, NW] Imana y’Abisirayeli agize.” (Malaki 2:13-16) Vyemere, kuryaruka uwo mwubakanye, kurenga ku ndagano y’ivy’ukwabirana—ivyo Imana iravyanka; birica ubucuti umuntu afitaniye n’uyo Rurema.

7. Ni kuki ukurenga ku ndagano y’ivy’ukwabirana amaherezo bitazana agahimbare?

7 Ubwo none ni bwo buryo bw’ugutunganya ubuzima bukarushiriza kumera neza? Habe n’intete. Uwundi mubano uwo ari wo wose w’abantu ben’abo, ushingiye kw ishimikiro rinyiganyiga. Ica mbere, baba berekanye yuko no mu vy’ubwo bucuti buhambaye rwose ata wobizigira. Ego ni ko barashobora gusanga uwo muntu wundi bubakanye afise ingeso nziza uwa mbere atari afise. Ariko ivyo baba babihawe n’ukwironderera ibibahimbara ubwabo, ntibiteho inabi bagiriye uwundi n’ukuntu bamuteye intuntu. Mu vy’ukuri iyo si ingeso nziza yotuma umubano w’abubatse ubamwo agahimbare.

8. Mu vy’ukwabirana ni igiki gifise agaciro kurusha ubwiza bw’umubiri?

8 Ubwiza bw’ukudahemukira uwo mwubakanye buraruta kure n’iyo ubwiza bw’umubiri. Ubwiza bw’umubiri iyo bumaze imyaka nta kabuza burahera, ariko ubwiza bw’ukwihebera uwundi ntumuhemukire bwongerekana uko umwaka utashe. Kurondera yuko umugenzi yohimbarwa, ivyiwe ukabishira imbere ivyawe bikaja inyuma, bishobora gutuma wama unezerewe, kuko mu vy’ukuri “gutanga [bizana agahimbare, NW] kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35) Niba abantu babiri bamaranye imyaka itari mike babiranye, niba baseruriranira akari ku mutima kandi bakizigiranira, niba basangiye igikorwa bakagira n’imigambi imeze kumwe kandi bakizigira bimwe, bagasangira akabisi n’agahiye—ivyo bakaba babitumwa n’urukundo—nta gukēka barashize hamwe rwose mu buzima, barafatanye akaramata. Muri vyinshi bameze kumwe—mu vyiyumviro, mu vy’akanyengetera biyumvamwo no mu vy’umutima. Rwa rukundo rw’igihababu rwoba rwatuma bamera nk’abatabona amakosa umwe wese afise imbere y’uko babirana, rusubirirwa n’ukwiheberanira bivuye ku mutima, bimwe bituma umwe wese abona ko agasembwa mugenziwe afise kamuha uburyo bw’ukumufasha, akamuronsa ivyo akeneye. Barizigiranira vy’ukuri, bakumva umutima uri hamwe, bazi ko bazoguma babana naho hokwaduka ingorane zimeze gute. Kuri bo ukudahemukiranira umengo ni ivyo bavukanye. Ni nk’uko muri Mika 6:8 habivuga, ngo “ko yakweretse iciza ico ari co, ga yewe muntu, mbega hari ikindi [Yehova, NW] akugombako atari ugukora ibiroranye, no gukunda [urukundo rudahemuka, NW] no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”

ABANA IYO BAMAZE GUKURA—KUGIRIRANIRA NA BO UBUCUTI BUMEZE UKUNDI

9-11. (a) Ubwo Imana yarashinze yuko ubucuti abavyeyi bafitaniye n’abana buguma ari bwa bundi mu buzima bwabo bwose? (b) Ivyo bihindura gute uburyo abavyeyi boha impanuro abana babo bakuze? (c) Abavyeyi bakwiye kwubahiriza ubutegetsi bwa nde igihe abana babo bari n’uwo bubakanye?

9 Naho umunega n’umukenyezi wiwe bategerezwa kubana ubuzima bwabo bwose, si ko Umuremyi yategekanije ivyerekeye abavyeyi n’abana. Birumvikana ko igihe abana banyu bari bagikura, bārabakenera imisi yose. Ntibābakenera gusa kugira mubaronse ivyobatunga, ariko n’ukuyoborwa vyari nkenerwa. Habaye igihe basa n’abadashaka kwumva, hari ibintu bimwe bimwe kumbure mwababwira mubihanikiriza kubw’ineza yabo. Mugabo igihe bamaze kuja mu nzu zabo, ivy’ubucuti mufitaniye na bo bica bihinduka gatoyi. (Itanguriro 2:24) Ivyo si ukuvuga yuko igishika mubafitiye kitaguma ari ca kindi, ahubwo ivyerekeye ibanga mushinzwe ni vyo bihinduka. Ivyo mubagirira rero mukwiye kubigira mu bundi buryo.

10 Rimwe rimwe barashobora gukenera impanuro. Kandi iyo bumvirije impanuro nziza y’abābonye utuntu n’utundi mu buzima kubasumvya, usanga biranga ubukerebutsi. (Imigani 12:15; 23:22) Ariko igihe muhanura abahungu canke abakobwa banyu bamaze kwimenya, mwosanga biranga ubukerebutsi mubigize mu buryo babona yuko muzi neza ko ari bo bakwiye kwifatira ingingo.

11 Ivyo ni nkenerwa rwose igihe bafise uwo bubakanye. Mu bihugu bimwe bimwe, mu migenzo yabo kuva na kera na rindi umugeni ategekwa na inabukwe. Hari ahandi ab’iwabo w’umugabo canke w’umugore ari bo bategeka muri urwo rugo. Ariko none mu vy’ukuri ivyo vyoshobora kuzana agahimbare? Uwatanguje ivy’ingo ni we azi ibibereye ivyo ari vyo, na we avuga ibi bikurikira: “[Umugabo, NW] azosiga se na nyina [abane] n’umugore wiwe akaramata.” (Itanguriro 2:24) Si ab’iwabo w’umugabo canke w’umugore bashinzwe ivy’ugufata ingingo muri ico gihe, ahubwo ni umunega. “Umugabo [ni] we mutwe w’umugore wiwe nk’uko [Kirisitu] na we ari umutwe w’ishengero,” ivyo ni Ijambo ry’Imana ribivuga. (Abanyefeso 5:23) Ivyo mugirira abana banyu bamaze gukura n’ivyo mu nyuma mwogirira abuzukuru, vyoshobora kurushiriza kuba vyiza cane mwubahirije ivyo vyatunganijwe.

NUNEZEREZWE N’UGUFASHA ABANDI

12. (a) Abavyeyi bashobora bate kurushirizaho gukundana ubwabo igihe abana bamaze kugira inzu zabo? (b) Ni igiki kandi boshobora gukora kugira babone rwose ko bari n’ico babereyeho?

12 Twese turakeneye kwiyumvamwo ko turi n’ico tumaze mu buzima, ko turi n’ico tubereyeho. Ivyo kuvyiyumvamwo ni nkenerwa rwose kugira wewe ubwawe umererwe neza. Turetse abo wibarutse, hariho abandi bantu batari bake woshobora gufasha bakaronka ivyo bakeneye mu buzima. Bite ku vyerekeye umugenzi mwubakanye? Igihe abana banyu bari bagikura, ni bo mwitwararika rwose. Ubu ho akaryo karabonetse k’uko hogira ivyo mwebwe ubwanyu murushirizaho kugiriranira. Ivyo vyotuma ubucuti mufitaniye bukomera gusumba. Ivyo vyiza none mwobikorera i muhira gusa kubera iki? Murashobora ‘kwagura umutima’ mugafasha ababanyi barwaye canke mukaja kurāba abageze mu zabukuru bībāna bonyene, canke mugatanga ibintu vy’umubiri mu buryo bubashobokeye, mukabiha abaguye mu ruzu bitavuye kuri bo. (2 Ab’i Korinto 6:11, 12) Bibiliya iratwiganira ivy’umukenyezi yitwa Doruka yakunzwe cane kubera ko yari ‘n’ibikorwa vyiza vyinshi yakorera abapfakazi, kubera kandi ko yagaba ibintu vyinshi abitewe n’ikigongwe.’ (Ivyakozwe n’intumwa 9:36, 39) Abagirira ubuntu abari mu marushwa ibayāga neza. (Imigani 14:21) Mu vyo Bibiliya ivuga bihambaye bituma ugusenga kw’umuntu guhimbara Imana, harimwo n’“ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo.” (Yakobo 1:27) Bitayeko, Bibiliya iraturemesha twese iti: “Ntimwibagire kwa kugira iciza na kwa gusangira ibintu n’abandi, kuko Imana iryoherwa neza n’inkuka mwen’izo.”—Abaheburayo 13:16, NW.

13. Kugira ngo ugufasha abandi ntibibe impfagusa ukwiye kubigira ubitumwe n’iki?

13 Ivyo bishaka kuvuga yuko ukwijukira rwose ivy’ugufasha abantu ari vyo bizana ubuhirwe? Mu vy’ukuri niba utabitumwe n’uko usenga Imana, n’uko ushaka kuyigana mu kwerekana urukundo, amaherezo bishobora kukubabaza. (1 Ab’i Korinto 13:3; Abanyefeso 5:1, 2) Kubera iki? Kuko ushobora kuvunika umutima igihe ivy’ubwo buntu werekana abantu batavyitaho, canke igihe barondera kukwungukirako mu buryo bubi kubera ko uri inda nziza.

14, 15. Ni igiki cotuma umuntu agira umunezero nyakuri mu buzima?

14 Ariko rero igihe vy’ukuri umuntu akorera Imana mu buzima bwiwe, ikimunezereza rwose ni uko aba azi yuko ivyo vyiza ariko aragira bishimisha Umuremyi. Vyongeye, ukutagira itunga ry’ivy’umubiri ntibimubuza kugirira abandi ivyiza. Aba afise “inkuru nziza y’Imana ihiriwe” ari yo Yehova, hamwe n’iteka ry’ukuyimenyesha abandi. (1 Timoteyo 1:11, NW) Kubera Bibiliya, aba azi ukuntu yotorera umuti ingorane zo mu buzima bwo muri iki gihe, n’ukuntu icizigiro Imana iduha cerekeye kazoza ari igitangaza. Ese ingene ukuyāga n’abandi ivy’iyo nkuru nziza, ivyiyumviro vyabo ukavyerekeza ku Mana Yehova we sōko ryayo bitera agahimbare! Ni nk’uko wa mwanditsi yahumekerwa n’Imana yandika ibi bikurikira muri Zaburi y’147:1: “[Nimushemeze Yah yemwe bantu, NW] kuko ari vyiza kuririmbira Imana yacu; biraryoshe, kandi [ugushemeza, NW] kurakwiye.”

15 Igihe dutahura ivyo Imana igomba ku vyerekeye ubuzima n’igihe tuyitera iteka, ni ho usanga vy’ukuri turi n’ico tubereyeho. (Ivyahishuriwe Yohani 4:11) Wogira umunezero nyakuri ufadikanije n’abandi ivy’ukuyāgira abantu ukuri kwo muri Bibiliya wivuye inyuma nk’uko bigushobokeye. Naho abo wibarutse boba bakuze, urashobora gufasha ‘abana bo mu vy’umutima’ bagakura. Kandi igihe ubabona bakura bakaba abakirisu bamaze gukomera, wokwiyumvamwo akanyengetera nk’ako intumwa Paulo yiyumvisemwo igihe yandikira bamwe bamwe mu bo yari yarafashije, ngo “ivyizigiro vyacu ni iki, canke umunezero, canke [urugori rutera umwigino, NW] mbega si mwebwe? . . . [Ni] mwebwe cubahiro cacu n’umunezero wacu.”—1 Ab’i Tesalonike 2:19, 20.

NIWOROHE MU VY’UGUHINDUKA IGIHE IBINTU BIHINDUTSE

16, 17. (a) Igihe habaye ingorane umuntu yokwirinda iki? (b) Naho umuntu yopfakara, ni igiki comufasha ntarwanye ingorane ari wenyene?

16 Birumvikana yuko iyo hashize igihe abantu nka bose usanga batagishobora gukora nk’uko bāhora bakora. Bakwiye kworoha mu vyerekeye uguhinduka, bakarāba n’umutima ukunze ukundi bovyifatamwo. Igihe ivyerekeye amagara ari vyo bigoranye, bisaba kwitonderwa bigashirwa mu buryo. Mugabo woba werekanye ubukerebutsi ugize ivyiyumviro biri ku rugero ntiwishinge ivyo vyerekeye amagara bigatuma ivy’akaryo uguma uronka buri musi udashobora kubibona. Ingorane ntizihera, kandi niba hari ico umuntu yokora kugira zigabanuke, agikoze yoba agize ibiranga ubukerebutsi. Ukwiganyira nta co bimaze, n’ukwiyumvīra ngo ese iyo mba ntari merewe uku, nta co bihindura ku vy’izo ngorane. Nuko rero ah’ukwipfuza ivyahise, ukwiye nyabuna kutagisha akaryo uronka muri iki gihe.

17 Wobigenza gutyo nyene no mu gihe ugeze mu myaka ya nyuma y’ukubaho ugasanga usubiye kwibana wenyene. Niba umubano wanyu warimwo agahimbare, nta nkeka ivy’uwo mubano woshima kuja uravyibuka. Mugabo ubuzima burabandanya, kandi ico kiba ari igihe hakenewe ko urāba ukundi wovyifatamwo. Hariho ingorane urinda kurwanya zimeze ukundi, kandi ni waba ubayeho mu buryo bugaragaza ko wizeye Imana, ntuzirwanya uri wenyene.—Zaburi 37:25; Imigani 3:5, 6.

18-20. Ni ibiki vyotuma umuntu abona ko ari n’ico abereyeho naho yoba ageze mu myaka ya nyuma?

18 Naho hari ibintu bitazana agahimbare mu buzima, hariho vyinshi bishobora kuduhimbara—abagenzi beza, akaryo tuguma turonka k’ugufasha abandi, gufungura imfungurwa ziryoshe, ikirengazuba c’agahore, n’ukuryogōra kw’inyoni. Ikindi na co, naho muri ico gihe ivyacu vyoba bitifashe neza, turemera tudakēka ko Imana izokuraho ububisha, amaganya, umubabaro, indwara, eka n’urupfu nyene, mu bantu iyo bava bakagera.—Ivyahishuriwe Yohani 21:4.

19 Birumvikana yuko uwishizemwo rwose ivy’amaronko mu buzima yobona ko ata co ashobora gukora na buhoro buhoro mu myaka yiwe ya nyuma. Umwanditsi w’igitabu, kimwe bita Umusiguzi, arigāna ukuntu amaherezo bigenda ku wagize ubuzima ben’ubwo, ati “vyose ni ubusa.” (Umusiguzi 12:8) Ariko ba bantu b’ukwizera bo, akarorero nka Aburahamu na Isaka na Yakobo, Bibiliya ivuga ko bapfuye ‘bageze mu zabukuru, bisaziye neza.’ (Itanguriro 25:8; 35:29) Ni igiki catumye bo bibagendera ukundi? Bari bizeye Imana. Ntibakēka na buhoro buhoro yuko igihe Imana yashinze kigeze abapfuye bosubiye kubaho, kandi bari biteze igihe Imana ubwayo yoshingiye abantu iyo bava bakagera intwaro itunganye.—Abaheburayo 11:10, 19.

20 Na wewe nyene ni waba utareka ngo ingorane zo muri iki gihe ziguhume amaso ntubone ivyiza vyinshi bigukikije na kazoza k’igitangaza Imana yateguriye abasavyi bayo, wobona ko uri n’ico ubereyeho, kandi wogira akanyamuneza buri musi gushika no mu myaka ya nyuma.

[Ifoto ku rup. 176]

Uko ababana ari babiri baguma bahuza ivyiyumviro, ni ko barushiriza kuba umwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika