ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 20
  • Dina Agwa mu Kāga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dina Agwa mu Kāga
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Niwirinde abagenzi bonona!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Nimuhunge ubusambanyi”
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Yakobo Ari n’Abana Benshi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nuronkere ugutekanirwa mu basavyi b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 20

INKURU YA 20

Dina Agwa mu Kāga

URABONA abo Dina agiye kuraba abo ari bo? Agiye kuraba abigeme b’i Kanani. None se wiwe Yakobo araza kubishima? Kugira ngo wishure ico kibazo, ibuka uko Aburahamu na Isaka bābona abakobwa b’i Kanani.

Aburahamu yarashimye ko umwana wiwe Isaka ababiramwo? Haba namba. Isaka na Rebeka bo barakunze ko Yakobo arongora umukobwa w’i Kanani? Oyaye. Urazi igituma?

Ni uko abantu b’i Kanani basenga ibishusho. Ntibari beza bo kwabiramwo, kwabirwa na bo canke gutoramwo abagenzi. Duca twumva rero ko Yakobo atoshimye ko umukobwa wiwe akundana n’abo bakobwa b’i Kanani.

Birumvikana rero, Dina yaguye mu kaga. Urabona uwo muhungu w’umunyakanani ariko amurāba? Yitwa Shekemu. Umusi umwe Dina yari yaje iwabo, Shekemu amufata ku nguvu bararyamana. Ivyo vyari bibi, kubera ko umugabo n’umugore babiranye gusa ari bo barekuriwe kuryamana. Ico kibi Shekemu yakoreye Dina cakweze ivyago vyinshi.

Basaza ba Dina bavyumvise barashavura cane. Babiri muri bo; Simeyoni na Lewi, barashavura gushika aho bafata inkota baja gutera giturumbuka imihana ya ba Shekemu. Abo babiri hamwe na benewabo bica Shekemu n’abandi bagabo bose. Yakobo arashavura kubera ko abahungu biwe bakoze ico kibi.

Izo ngorane zose zakwezwe n’iki? N’uko Dina yakundanye n’abantu batubaha amategeko y’Imana. Ntituze twigere turondera abagenzi nk’abo si ko?

Itanguriro 34:1-31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika