Nuronkere ugutekanirwa mu basavyi b’Imana
“Nzogushimira mw ishengero rinini.”—ZAB. 35:18.
1-3. (a) Ni ibiki bishobora gutuma abakirisu bamwebamwe baja mu kaga mu buryo bw’impwemu? (b) Abasavyi b’Imana bashobora kuronkera hehe uburinzi?
IGIHE uwitwa Joe be n’umukenyezi wiwe bari mu karuhuko, bariko baroga bibiye mu kiyaga bambaye ibintu bibafasha guhema, bakaba bari ahantu hari utunyabuzima turundaniye hamwe dukunda kuba mu mazi yo mu karere gashushe, twari twuzuyemwo amafi y’amabara menshi kandi atandukanye mu bunini. Baroze baja munsi kandi gatoya kugira ngo batamarire utwo tunyabuzima twari hasi mu mazi. Igihe bashika ahantu hari ibenga batari bavyiteze, umukenyezi wa Joe yavuze ati: “Niyumvira ko turiko tuja kure cane.” Joe yasubijeyo ati: “Ntugire ubwoba. Ndazi ico ndiko ndakora.” Joe aribuka ingene inyuma y’aho gatoya yibajije ati: ‘Mbega ya mafi yose yagiye he?’ Yaratekewe n’ubwoba igihe yabona igituma ayo mafi yari yagiye. Hari ikimizi cariko kiraza kimugana kivuye muri rya benga. Yari ahantu cashobora kumurotsa bitagoranye. Igihe nya kimizi cari nko ku metero imwe, carahindukiye gica kirigira.
2 Umukirisu yoshobora gusamazwa cane n’ibintu bikwegakwega vyo mw’isi ya Shetani, nk’ukwisamaza, akazi, amatungo, ku buryo atabona yuko ariko ararushiriza kwibira mu mazi ateye akaga, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Joe, uno akaba ari umukurambere mukirisu, avuga ati: “Ivyanshikiye vyatumye nzirikana ku bijanye n’abo twifatanya. Niwogere ahantu hatagira inkomanzi kandi haryoshe, ni ukuvuga mw’ishengero!” Ntiwogere ahokwitwa mw’ibenga, aho ushobora gusanga uri agati kirebanga mu vy’impwemu, ugasanga uri no mu kaga. Bishitse ugasanga uri ahantu nk’aho, uraca ubwo nyene usubira ahokwitwa mu mazi atagira inkomanzi. Ahandiho, woshobora guhakwa kurotswa mu buryo bw’impwemu.
3 Muri kino gihe, isi ni ikibanza giteye akaga ku bakirisu. (2 Tim. 3:1-5) Shetani arazi ko imisi yiwe iharuye, kandi arondera kurotsa abataguma bagavye. (1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:12, 17) Ariko rero, turafise uburinzi. Yehova yararonkeje abasavyi biwe ubuhungiro butagira inkomanzi bwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu.
4, 5. Abantu benshi babona gute ibijanye na kazoza kabo, kandi kubera iki?
4 Abantu bo mw’isi batanga ugutekanirwa kuri n’aho kugarukira, haba mu buryo bw’umubiri canke mu vy’inyiyumvo. Abantu benshi babona ko ugutekanirwa kwabo kwo mu buryo bw’umubiri kubangamiwe n’ubwicanyi, ubukazi, ubuzima buguma buzimba, eka mbere n’ingorane zijanye n’ibidukikije. Abantu bose barashikirwa n’ingorane z’ubusaza be no kurwara. Kandi abandi bafise ubuzi, amazu, amahera ahagije, be n’amagara ameze neza ku rugero runaka usanga bibaza igihe ivyo bizomara.
5 Bisubiye, abantu benshi ntibashoboye kwumva ko batekaniwe mu mutima. Ikibabaje ni uko abantu benshi cane bari bizeye kuronkera amahoro n’ugushira akanyota mu mubano w’ababiranye be no mu kugira umuryango basanze ivyo bari biteze bitarangutse. Mu bijanye n’ivy’impwemu, abantu benshi bama baja gusenga mu madini ntibafashijwe ngo bareke kuzazanirwa be no kubura ico bafata n’ico bareka, ivyo bikaba vyatumye bibaza nimba ubuyobozi bahawe bufise akamaro. Babona ko ivyo ari ko biri bafatiye canecane ku ngeso ziteye amakenga z’indongozi zabo zo mu vy’idini be n’inyigisho zidashingiye ku Vyanditswe izo ndongozi zigisha. Ni co gituma abantu benshi babona ko ata kundi bobigenza atari ukwizigira ivya siyansi canke ukugira neza kw’abantu nka bo, be n’ugutahura kwabo. Ntibitangaje rero kubona abantu badukikuje babona ko badatekaniwe na gato canke bagahitamwo gusa kutiyumvira cane ibijanye na kazoza kabo.
6, 7. (a) Ni igiki gituma abakorera Imana n’abatayikorera babona ibintu mu buryo butandukanye? (b) Ni igiki tugira turimbure?
6 Ese ukuntu abari mw’ishengero rya gikirisu babona ibintu mu buryo butandukanye n’abataririmwo! Naho twebwe abasavyi ba Yehova dutegerezwa gushikirwa na nyinshi muri izo ngorane zishikira abandi, ukuntu tuvyifatamwo kuratandukanye cane n’ukuntu bavyifatamwo. (Soma Yesaya 65:13, 14; Malaki 3:18.) Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya idusigurira mu buryo bumara akanyota ibijanye n’ukuntu ivy’abantu vyifashe, kandi turaronswa ibikenewe vyose kugira ngo twihanganire intambamyi n’ingorane bidushikira mu buzima. Ivyo bituma tutarengerwa n’amaganya ajanye na kazoza. Kuba turi abasavyi ba Yehova biradukingira ivyiyumviro bidafashe kandi bidashingiye ku Vyanditswe, ingeso z’ubuhumbu, be n’ingaruka z’ibintu nk’ivyo. Gutyo abagize ishengero rya gikirisu barironkera ugutekanirwa abandi badafise.—Yes. 48:17, 18; Flp. 4:6, 7.
7 Hariho uburorero bumwebumwe bushobora kudufasha kuzirikana ku gutekanirwa abakorera Yehova bironkera, ivyo bikaba atari ko biri ku batamukorera. Ubwo burorero burashobora kutuvyurira umutima wo gusuzuma ivyiyumviro vyacu n’ingeso zacu no kurimbura nimba twoshobora kurushiriza gushira mu ngiro impanuro Imana itanga, zino zikaba zigenewe kudukingira.—Yes. 30:21.
“Ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka”
8. Abasavyi ba Yehova bamye nantaryo babwirizwa gukora iki?
8 Kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu, abo wasanga bahitamwo gukorera no kugamburukira Yehova baragerageza kwirinda kwifatanya cane n’abatabigira. Nkako, Yehova yarerekanye yuko hobaye inyankane hagati y’abasavyi biwe n’abayoboke ba Shetani. (Ita. 3:15) Kubera ko abasavyi b’Imana bamye bashigikira bashikamye ingingo ngenderwako zahumetswe n’Imana, wasanga bakora ibintu mu buryo butandukanye n’abari babakikuje. (Yoh. 17:15, 16; 1 Yoh. 2:15-17) Kugira impagararo nk’iyo ntivyamye vyoroshe. Kukaba nkako, bamwebamwe mu basavyi ba Yehova vyarashika bakibaza nimba vyoba biranga ubukerebutsi kubaho umuntu yitanga.
9. Dondora ingorane yashikiye umwanditsi wa Zaburi ya 73.
9 Umwe mu basavyi ba Yehova yatanguye kwibaza nimba yari yarafashe ingingo ziranga ubukerebutsi, ni umwanditsi wa Zaburi ya 73, bikaba bishoboka ko yari umwe mu bakomoka kuri Asafu. Uwo mwanditsi wa Zaburi yarabajije igituma abanyakibi ari bo usanga akenshi basa n’abaroraniwe, n’abahimbawe, be n’abasagamvye, mu gihe bamwebamwe mu bihatira gukorera Imana bashikirwa n’ibigeragezo be n’ingorane.—Soma Zaburi 73:1-13.
10. Ni kubera iki ibibazo wa mwanditsi wa Zaburi yavyuye bihambaye kuri wewe?
10 Vyoba bimaze gushika ukibaza ibibazo nk’ivyo umwanditsi wa Zaburi yanditse? Nimba bimaze gushika, ntibikenewe ko wiyagiriza birenze urugero canke wiyumvira ko ukwizera kwawe kuriko kuragabanuka. Mu bisanzwe, abasavyi ba Yehova batari bake, harimwo na bamwebamwe mu bo Yehova yakoresheje mu kwandika Bibiliya, baragize ivyiyumviro nk’ivyo. (Yobu 21:7-13; Zab. 37:1; Yer. 12:1; Hab. 1:1-4, 13) Nkako, abo bose bipfuza gukorera Yehova bategerezwa kuzirikana ata gufyina ku nyishu y’iki kibazo kandi bakayemera: Gukorera Imana no kuyigamburukira coba ari co kintu ciza kuruta ibindi vyose umuntu yokora? Ivyo birafitaniye isano na ca kibazo Shetani yavyuye mw’itongo rya Edeni. Ni co kintu nyamukuru kijanye na ca kibazo cerekeye ibiriho vyose c’uko Imana yoba ari yo ikwiye kuba Segaba. (Ita. 3:4, 5) Vyoba vyiza rero twese turimbuye ca kibazo umwanditsi wa Zaburi yavyuye. Twoba dukwiye kugirira ishari abanyakibi bihaya basa n’abamerewe neza? Twoba dukwiye ‘gutirimuka’ tukareka gukorera Yehova maze tukabigana? Birumvikana ko ivyo ari vyo neza na neza Shetani yipfuza ko dukora.
11, 12. (a) Wa mwanditsi wa Zaburi yashoboye gute gutsinda ugukekeranya yari afise, kandi ivyo bitwigisha iki? (b) Ni igiki cagufashije gushika ku ciyumviro gisa na kimwe uwo mwanditsi wa Zaburi yashitseko?
11 Ni igiki cafashije uwo mwanditsi wa Zaburi gutsinda ugukekeranya yari afise? Naho yiyemereye ko kari gato agatirimuka akava mu bugororotsi, ukuntu yabona ibintu kwarahindutse igihe yinjira “ahēra h’Imana,” ni ukuvuga igihe yifatanya n’abantu bakomeye mu vy’impwemu mw’itaberenakulo ry’Imana ari rwo rusengero rwayo, maze akazirikana ku mugambi w’Imana. Uwo mwanditsi wa Zaburi yaciye abona mu buryo butomoye yuko atipfuza gushikirwa n’ivyari biraririye gushikira inkozi z’ikibi. Yarabonye ko ingendo yabo be n’amahitamwo bagira mu buzima vyabashira “ahanyerera.” Uwo mwanditsi wa Zaburi yabonye ko abantu bose bata Yehova mu kwisuka mu buhumbu, batazobura gukurwaho batekewe n’“ubgoba bg’uburyo bginshi,” mu gihe abakorera Yehova bobo azobashigikira. (Soma Zaburi 73:16-19, 27, 28.) Nta gukeka ko umaze kubona ko ayo majambo ari ay’ukuri. Abantu benshi boshobora kubona ko kubaho binezereza batitaho amategeko y’Imana ari ikintu gisa n’igikwegera, mugabo umuntu ntabura gushikirwa n’inkurikizi mbi z’ingendo mwene iyo.—Gal. 6:7-9.
12 Ni ikindi kintu ikihe twigira ku vyashikiye uwo mwanditsi wa Zaburi? Yararonkeye ugutekanirwa n’ubukerebutsi mu basavyi b’Imana. Yaratanguye kuzirikana mu buryo butomoye kandi bwumvikana igihe yaja mu kibanza Yehova yasengerwamwo. No muri kino gihe nyene, ku makoraniro y’ishengero turashobora kuharonkera abaduhanura b’inkerebutsi be n’ibifungurwa vyiza cane vyo mu vy’impwemu. Birabereye rero kuba Yehova asaba abasavyi biwe kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Muri ayo makoraniro bazokwumva baremeshejwe kandi bazovyurirwa umutima wo gukorana ubukerebutsi.—Yes. 32:1, 2; Heb. 10:24, 25.
Nuhitemwo abagenzi bawe ubigiranye ubukerebutsi
13-15. (a) Ni ibiki vyashikiye Dina, kandi vyigisha iki? (b) Kubera iki kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu ari uburinzi?
13 Umukobwa wa Yakobo ari we Dina ni akarorero k’umuntu yashikiwe n’ingorane zikomeye bivuye ku kwifatanya n’abagenzi bo mw’isi. Inkuru yo mw’Itanguriro ivuga ivyiwe itubwira yuko yari afise akamenyero ko kwifatanya n’abigeme b’Abanyakananikazi baba mu karere umuryango wiwe wabamwo. Abanyakanani ntibari bafise ingingo mfatirwako z’ivy’ukwigenza runtu ziri hejuru nk’izo abasenga Yehova bari bafise. Ahubwo riho, ivyo abacukuzi bubuye vyerekana yuko ingeso z’Abanyakanani zatumye igihugu cabo cuzuramwo ivyo gusenga ibigirwamana, ubuhumbu, ugusenga kwarimwo ivy’uguhuza ibitsina kwononekaye, be n’ubukazi. (Kuv. 23:23; Lew. 18:2-25; Gus. 18:9-12) Niwibuke ivyavuye ku kuba Dina yarifatanije n’abo bantu.
14 Umusore wo muri ako karere yitwa Shekemu, uno akaba avugwa ko “[yubahwa] gusumba abo mu nzu ya se bose,” yarabonye Dina “aramufata, aramusindira, aryamana na we.” (Ita. 34:1, 2, 19) Mbega ikintu kibabaje! Woba wibaza ko Dina yoba yarigeze yiyumvira ko ikintu nk’ico cari gushobora kumushikira? Ashobora kuba gusa yariko ararondera kugiranira ubugenzi n’abakiri bato bo muri ako karere, abo yabona ko ata kabi bariko. Ariko rero, Dina yari yihenze rwose.
15 None iyo nkuru itwigisha iki? Itwigisha yuko tudashobora na gato kwifatanya n’abatemera tukiyumvira ko ata ngaruka mbi zizodushikira. Ivyanditswe bivuga yuko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Kor. 15:33) Ariko rero, kwifatanya n’abantu musangiye ukwemera, mwisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru zimwe, kandi muhuriye ku rukundo mukunda Yehova ni uburinzi. Kwifatanya n’abantu beza nk’abo bizokuremesha gukorana ubukerebutsi.—Imig. 13:20.
“Mwarogejwe”
16. Intumwa Paulo yavuze iki ku bijanye na bamwebamwe mu bari bagize ishengero ry’i Korinto?
16 Ishengero rya gikirisu ryarafashije abantu benshi kwiyambura ingeso zihumanya. Igihe intumwa Paulo yandikira ikete ryiwe rya mbere ishengero ry’i Korinto, yaragize ico avuze ku bijanye n’amahinduka abakirisu baho bari baragize kugira ngo babeho bahuza n’ingingo mfatirwako z’Imana. Hari abari bahoze ari abasambanyi, abasenga ibigirwamana, abarenga ibigo, abahuza ibitsina n’abo babisangiye, abasuma, imborerwa, n’ibindi n’ibindi. Paulo yababwiye ati: “Mugabo mwarogejwe.”—Soma 1 Abakorinto 6:9-11.
17. Ubuzima bw’abantu benshi bwahinduwe gute no kubaho bisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya?
17 Abantu batagira ukwizera usanga badafise ingingo ngenderwako zitomoye zibayobora. Barishingira ingendo yabo bwite canke na ho bagashobora gusa gutwarwa n’ingeso z’ubuhumbu z’abantu babakikuje, nk’uko vyagendeye bamwebamwe muri abo Bakorinto ba kera imbere y’uko baba abemera. (Ef. 4:14) Ariko rero, ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana be n’imigambi yayo burafise ububasha bwo kuryohora ubuzima bw’abantu bose bashira mu ngiro Ivyanditswe. (Kol. 3:5-10; Heb. 4:12) Benshi mu bagize ishengero rya gikirisu muri iki gihe barashobora kukubwira yuko imbere y’uko biga ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova bakongera bakazikurikiza, bari babayeho batagira ukwigumya mu vy’inyifato runtu. Naho vyari ukwo, ntibari bashize akanyota kandi ntibari bahimbawe. Baronse amahoro igihe gusa batangura kwifatanya n’abasavyi b’Imana no kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.
18. Ni ibiki vyashikiye uwukiri muto umwe, kandi vyerekana iki?
18 Igihushanye n’ivyo, abantu bamwebamwe bigeze guhitamwo kuva muri kimwe twokwita amazi atagira inkomanzi ari ryo shengero rya gikirisu, ubu baricuza cane kubera iyo ngingo bari barafashe. Umuvukanyikazi umwe twise Tanya, asigura yuko “yakuze yifatanya n’abantu bazi ukuri,” mugabo igihe yari afise imyaka 16, yarahevye ishengero kugira ngo “akurikirane ibintu bikwegakwega vyo mw’isi.” Mu nkurikizi zamushikiye harimwo ugutwara inda atabishaka hamwe n’ukuyikorora. Ubu avuga ati: “Imyaka itatu namaze inyuma y’ishengero yaransizemwo inkovu zibabaza zo mu mutima zitazokwigera zizimangana. Ikintu kibandanya kumbuza amahoro ni uko nishe umwana wanje atari bwavuke. . . . Nshaka kubwira abakiri bato bose boba bipfuza guhonja isi naho koba akanya gatoya gusa, nti: ‘Ntimugeze!’ Mu ntango yoshobora kumera nk’iyisosa, ariko mu nyuma usigara ufise umururazi ukomeye. Isi nta kintu na kimwe ifise co gutanga atari amagorwa. Ndabizi kuko narabihonjeje. Nimugume mw’ishirahamwe rya Yehova! Ni bwo buryo bwo kubaho bwonyene butuma umuntu agira agahimbare.”
19, 20. Ni uburinzi ubuhe ishengero rya gikirisu ritanga, kandi ributanga gute?
19 Iyumvire gato ivyogushikira hamwe woheba uburinzi butangwa n’ishengero rya gikirisu. Abantu benshi, iyo bibutse ukuntu bari babayeho mu buryo ata co bumaze imbere y’uko bakira ukuri, usanga batipfuza no gusubira kuvyiyumvira. (Yoh. 6:68, 69) Urashobora kubandanya kuronka ugutekanirwa kandi ugakingirwa amakuba be n’amagorwa vyiraye mw’isi ya Shetani mu kuguma wifatanije cane n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bawe bakirisu. Kwifatanya na bo no kwitaba amakoraniro y’ishengero udahorereza bizoguma bikwibutsa ko ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova zirimwo ubukerebutsi kandi bizokuremesha kubaho uzisunga. Urafise imvo yumvikana yo ‘gushimira Yehova mw’ishengero rinini,’ nk’uko nyene umwanditsi wa Zaburi yabigize.—Zab. 35:18.
20 Birumvikana yuko bivuye ku mvo zitandukanye abakirisu bose bishika bakabona ko umengo birabagora kugumana ugutungana kwabo kwa gikirisu. Boshobora kuba bakeneye gusa uwubereka inzira ibereye. None wewe, tutibagiye n’abandi bagize ishengero, wokora iki kugira ngo ufashe abo musangiye ukwemera mu bihe mwene ivyo? Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu ushobora ‘kuguma uhoza wongera wubaka’ abavukanyi bawe.—1 Tes. 5:11.
Wokwishura gute?
• Ni igiki twigira ku vyashikiye wa mwanditsi wa Zaburi ya 73?
• Ivyashikiye Dina bitwigisha iki?
• Ni kubera iki ushobora kuronkera ugutekanirwa mw’ishengero rya gikirisu?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 7]
Niwogere ahatagira inkomanzi; nugume mw’ishengero!