ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 37
  • Ihema yo Gusengeramwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ihema yo Gusengeramwo
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ihema ryeranda ryo gusengeramwo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Kuvayo: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Yehova aradutumira ngo tube abashitsi biwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 37

INKURU YA 37

Ihema yo Gusengeramwo

URAZI iyi nzu ico ikora? Ni ihema nziza yo gusengeramwo Yehova. Bayita kandi itaberenakulo. Bahejeje kuyubaka inyuma y’umwaka umwe bavuye mu Misiri. Urazi uwababwiye kuyubaka uwo ari we?

Ni Yehova. Igihe Musa yari ku musozi Sinayi, ni ho yamubwira ingene izokwubakwa. Yamubwiye ngo yubake. Yamubwiye ngo yubake iyishobora gusamburwa bitagoranye. Aho ni ho boshoboye kwimukana ibice vyayo, bagasubira kandi kubifatanya. Ni co gituma Abisirayeli bayijana aho baroye hose mu bugaragwa.

Uravye muri karya kumba ko hepfo, urahabona isandugu. Iyo ni isandugu y’isezerano. Ku mpande zayo zibiri, hari abamarayika ari bo bakerubi, umwe umwe ku ruhande rumwe. Imana yasubiye kandi kwandika Amabwirizwa 10 ku bisate 2 vy’amabuye, kubera ko Musa yamenye ivya mbere. Ayo mabuye yabikwa mw’isandugu y’isezerano, hamwe n’agakarabo karimwo mana. Uribuka mana ico ari co?

Aroni mwenewabo na Musa ni we Yehova yatoye ngo abe umuherezi mukuru. Yarigisha abantu gusenga Yehova. Abahungu biwe na bo nyene bari abaherezi.

Ubu na ho raba ico cumba kinini. Kiruta kabiri ako gatoyi. Urabona irya sandugu iriko ifumba umwotsi? Ni uruhimbi, aho abaherezi baturira utuntu tumota neza bita ububani. Hariho n’ikigumya amatara indwi. Ica gatatu kihari ni imeza bashirako imikate 12.

Hanze ku kibuga na ho, hari ibesani nini yuzuye amazi abaherezi bahora biyoga. Hari n’uruhimbi runini, baturirirako ibitungwa vyo guhereza Yehova. Iyo hema yari hagati, amahema y’Abisirayeli yari ayikikije.

Kuvayo 25:8-40; 26:1-37; 27:1-8; 28:1; 30:1-10, 17-21; 34:1, 2; Abaheburayo 9:1-5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika