ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 68
  • Abana Babiri Bazuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abana Babiri Bazuka
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Akīra umwana wawe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yarihanganye gushika kw’iherezo
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 68

INKURU YA 68

Abana Babiri Bazuka

UPFUYE hanyuma ugasubira kubaho, nyoko wawe yomererwa gate? Yonezerwa cane! Birashoboka none ko uwapfuye asubira kubaho? Ivyo vyarigeze kuba?

Rāba uwo mugabo, uwo mugore n’uyo mwana. Uwo mugabo ni Eliya, umumenyesha kazoza. Uwo mugore ni umupfakazi yaba i Zarefati, ari kumwe n’umwana wiwe. Uwo mwana yararwaye araremba hanyuma arapfa. Eliya abwira uwo mugore ati: ‘Munzanire.’

Eliya amudugana mw igorofa aramuryamika, hanyuma arasenga ati: ‘Ewe Yehova, n’usubize ubuzima muri uyu mwana.’ Aca atangura guhēma! Eliya aramumanukana, abwira uwo mugore ati: ‘Raba umwana wawe arakomeye!’ Ni co gituma ubona anezerewe.

Uwundi mumenyesha kazoza ahambaye wa Yehova yītwa Elisa, yari umufasha wa Eliya. Na we nyene yarakoze ibitangaro afashijwe na Yehova. Umusi umwe yagiye i Shunemu, umugore umwe aramwakīra neza. Munyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu.

Umusi umwe mu gitondo uwo mwana amaze gukura, asanga se mu murima. Atangura kurira ngo ‘ndamenetse umutwe!’ Bamushikanye i muhira aca arapfa. Ese ukuntu nyina yababaye! Aja guhamagara Elisa.

Ashitse yinjirana ikiziga mu cumba, asaba Yehova kandi akiryamako. Ivyuya bimuzamwo, yasamura incuru indwi. Ese ukuntu nyina yanezerewe aho yinjiriye agasanga umwana wiwe arakomeye!

Abantu benshi cane bārapfuye, imiryango yabo n’abagenzi barababara. Twebwe ntidushobora kuzura abapfuye, ariko Yehova arabishobora. Munyuma tuzokwiga ingene azozura isinzi ry’abantu.

1 Abami 17:8-24; 2 Abami 4:8-37.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika