ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/8 rup. 27
  • ‘Akīra umwana wawe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Akīra umwana wawe’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Yehova akingira Elisha
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Ewe Yehova, ugurura amaso yiwe’
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/8 rup. 27

Niwiyegereze Imana

‘Akīra umwana wawe’

2 ABAMI 4:8-37

KUBURA ikibondo ni kimwe mu bintu bitera umubabaro ukomeye kuruta uwo ari wo wose umuntu yogira yabuze canke yatakaje ikindi kintu. Yehova Imana arafise ububasha bwo gutorera umuti ukubura mwene ukwo. Ikibitwemeza ni uko mu bihe vya Bibiliya yashoboje abantu bamwebamwe kuzura abapfuye. Igihe kimwe ivyo vyarabaye umuhanuzi Elisa arazura akana k’agahungu, iyo nkuru tukaba tuyisanga mu 2 Abami 4:8-37.

Iyo nkuru ibera mu gisagara ca Shunemu. Umugore umwe atavyara be n’umugabo wiwe baragaragariza umutima mwiza Elisa, bakama bamuronkeje ibifungurwa be n’aho akika umusaya. Umusi umwe, uwo muhanuzi akenguruka arabwira uwo mugore ati: “Umwaka ugeze ah’uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu.” Umusi uwo mugore yiyumvira ko utopfa warashitse urateba ugashika, maze iryo Elisa yavuze rigataha, nya mugore agakikira akana k’agahungu kavutse. Ariko ikibabaje ni uko umunezero agira umara umwanya urume rumara. Haciye imyaka mikeyi, ako kana k’agahungu karameneka umutwe bimwe bibi kari mu murima maze bakagatahana i muhira, ari na ho gaheza kagapfira “ku bibero” vya nyina. (Umurongo wa 16, 19, 20) Uwo muvyeyi yabuze araterura ako kavyimba maze akakarambika ku buriri wa muhanuzi yari akunze kuryamako.

Wa mugore, avyemerewe n’umugabo wiwe, bidatevye arafata urugendo rw’ibilometero nka 30 akaja ku Musozi Karumeli kuraba Elisa. Ahuye na Elisa, ntaca atangura kuboroga canke kurira canke ngo aserure mu bundi buryo intuntu ikomeye afise. Vyoba bitumwe n’uko yumvise ko Eliya, uwo Elisa yasubiriye, yari yaratumye umuhungu w’umupfakazi umwe asubira kuba muzima? (1 Abami 17:17-23) Uwo Munyashunemukazi yoba yizera ko Elisa yoshobora kugirira agahungu kiwe nk’ukwo nyene? Uko biri kwose, aranka gutaha Elisa atemeye ko bajana.

Bagarutse i Shunemu, Elisa ni we wenyene yinjira muri ca cumba asanzwe azi neza maze akabona wa muvyimba urambaraye “kuri bga buriri bgiwe.” (Umurongo wa 32) Uwo muhanuzi ariyegereza Yehova agatura isengesho ritegerezwa kuba ririmwo ugutakamba cane. Elisa aca yubama kuri ako kana, maze “umubiri w’uwo mwana u[ga]tangura gushuha.” Agatima k’uwo mwana kari kamaze guca ng’ako karasubiye gutera! Elisa aratumako nyina w’ako kana maze akavuga amajambo abwirizwa kuba atuma agahinda uwo muvyeyi yari afise gahinduka umunezero utagira uko ungana. Amubwira ati: “A[k]īra umwana wawe.”​—Umurongo wa 34, 36.

Iyo nkuru y’izuka ry’umwana w’umuhungu w’uwo Munyashunemukazi iraduha icizigiro ikongera ikaduhumuriza. Yehova aratahura umubabaro abavyeyi babuze ikibondo bagira. N’ikindi kandi, aripfuza cane gutorera umuti mwene ukwo kubura. (Yobu 14:14, 15) Kuba Elisa n’abandi bo mu bihe vya Bibiliya barazuye abapfuye, birerekana ico Yehova azokora mw’isi nshasha yiwe igiye kuza, akazobigira ku rugero ruruta kure n’iyo urwo abo bandi bashikanyeko.a

Umuhango w’izuka uvugwa muri Bibiliya ntuca ukuraho umubabaro umuntu agira yabuze uwiwe. Umukirisu umwe w’umwizigirwa yabuze umwana wiwe w’ikinege, yavuze ati: “Umubabaro mfise uzohera buhere ari uko nsubiye gukikira umuhungu wanje.” Iyumvire ntuze kuzosubira kubonana n’abacu bapfuye! Kuba uzi gusa yuko uzosubira kubagumbira birashobora gutuma birushiriza kukworohera kwihanganira umubabaro ufise. Woba none uvyuriwe umutima wo kurushiriza kwiga vyinshi ku vyerekeye iyo Mana iduha ico cizigiro gihambaye cane?

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya ayandi makuru ku bijanye n’umuhango w’izuka Bibiliya itanga, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika