ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 32 rup. 146-rup. 149
  • ‘Ewe Yehova, ugurura amaso yiwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ewe Yehova, ugurura amaso yiwe’
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yehova akingira Elisha
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Akīra umwana wawe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 32 rup. 146-rup. 149

32 ELISHA

‘Ewe Yehova, ugurura amaso yiwe’

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

UMUHANUZI Elisha n’umusuku wiwe bari i Dotani, igisagara cari giherereye mu mubande ukikujwe n’imisozi. Ico gisagara cari ku gasozi, kikaba cari kizitijwe uruhome. Umusi umwe mu gatondo ka kare, uwo musuku yaravyutse aja hanze, aca abona ibintu biteye ubwoba! Yabonye amafarasi, imikogote n’abasoda benshi b’Abasiriya bari baje muri iryo joro. Bari bakikuje ico gisagara. Abo basoda bari baje gufata Elisha, umuhanuzi wa Yehova. Uwo musuku yaragize ubwoba aca yiruka kubwira shebuja wiwe Elisha ko habavye.

Ntiryari irya mbere Elisha ashikiwe n’ibintu biteye akaga. Imyaka myinshi imbere y’aho, Yehova yaratumye umuhanuzi Eliya kumenyereza Elisha kugira azomusubirire. Abo bagabo babiri barahuye n’ibibazo vyinshi kubera ububisha bw’umwami Ahabu, umwamikazi Yezebeli n’umuhungu wabo Ahaziya. Igihe kimwe bari mu nzira, haraje umukogote w’intambara waka umuriro uvuye mu kirere uca uratandukanya uwo muhanuzi ashaje n’uwo mugenzi wiwe akiri muto. Eliya yaciye aduganwa mu kirere ajanywe n’igihuhusi. Elisha ashobora kuba atasubiye kubona uwo mugenzi wiwe ashaje, ariko yarabandanije igikorwa Eliya yari yaramumenyereje gukora. Yagumye aja imbere «abana b’abahanuzi» mu rugamba rwo kurwanya ugusenga Bayali.—2 Abm. 2:15.

Yehova yarafashije Elisha gukora ibitangaro bitari bike. Kimwe muri ivyo bitangaro Elisha yakoze ni uko yakijije Namani umukuru w’ingabo za Beni-Hadadi umwami wa Siriya. Ariko uwo mwami ntiyashimiye Elisha, ahubwo yabandanije kurungika imigwi y’abasoda kugaba ibitero muri Isirayeli. Yehova yaza arabwira Elisha aho Beni-Hadadi agomba gutera, Elisha na we agaca akebura umwami wa Isirayeli ngo ntace aho hantu. Umwami wa Siriya n’ishavu n’akantu, yarabajije abasuku biwe uwoba muri bo amenyesha abansi babo ivyo bapanze mw’ibanga. Umwe muri abo basuku yaciye abwira Beni-Hadadi ko Elisha umuhanuzi wa Yehova ‘ari we abwira umwami wa Isirayeli n’ivyo avugira mu cumba aryamamwo.’ Igihe Beni-Hadadi yumva ko Elisha ari i Dotani, yaciye arungika abasoda biwe gufata uwo muhanuzi.

Elisha n’umusuku wiwe bari bakikujwe n’ingabo nyinshi cane kandi basa n’abatagira gitabara, ariko hariho ikintu uwo muhanuzi yari azi mugabo umusuku wiwe atari azi

Umusuku wa Elisha ni we yatanguye kubona abo basoda b’Abasiriya. Yaciye yiruka kubwira uwo muhanuzi ati: «Turagowe, databuja! Tugire iki?» Elisha aravye uwo musuku mu maso, yarabonye ko atekewe n’ubwoba aca aramuhumuriza ati: «Ntutinye.» Yaciye yongerako aya majambo y’intibagirwa ati: «Kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo.» Uwo musuku ashobora kuba yaratangajwe n’ayo majambo. Ashobora kuba yaribajije ukuntu abantu babiri boba benshi kuruta igitero ca gisirikare. Elisha yaciye asenga ati: «Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe kugira ngo abone.»

Yehova yaciye yishura iryo sengesho ubwo nyene. Yaratumye uwo musuku ashobora kubona ingabo z’abamarayika zibakikuje. Abo bamarayika bari benshi cane kuruta ingabo z’abantu zose. Bibiliya ivuga iti: «Akarere k’imisozi kose [kari] kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara vyaka umuriro, bikikuje Elisha.»

Elisha n’umusuku wiwe bahagaze ku munara w’inderetsi. Uwo musuku abona ingabo nyinshi cane ziri ku mafarasi n’imikogote y’intambara vyaka umuriro ziri ku musozi ziriko zimanuka zigana ahari ingabo z’Abasiriya.

Abo basoda b’Abasiriya ntibabonye izo ngabo z’abamarayika. Baregereye ico gisagara kugira bafate Elisha. Elisha na we yaciye asaba Yehova ngo abateze uruhumyi. Bishoboka ko Yehova atatumye abo basoda b’Abasiriya bahuma buhume, ahubwo yatumye badashobora gutahura ivyo babona. Kubera Yehova yari yabateje urwo ruhumyi, baremeye ko Elisha abayobora. Yaciye abatwara i Samariya, nko ku bilometero 16, bashitseyo aca arasaba Yehova ngo yugurure amaso yabo. Abuguruye amaso, baciye batahura aho bari, barabona ko bari neza na neza ku murwa mukuru wa Isirayeli! Umwami wa Isirayeli yagira abice, ariko Elisha yarabumviye impuhwe aca amubwira abagaburire hanyuma abarungike iwabo. Iyo nkuru irangira iti: «Utugwi tw’abambuzi tw’Abasiriya ntitwigeze dusubira kugaruka mu gihugu ca Isirayeli.»

Uwo muhanuzi yari azi ko izo ngabo z’abamarayika zihari. Yarababonye n’amaso y’ukwizera. Mu myaka myinshi yari amaze akorera Yehova, yari yariboneye ko Yehova n’abamarayika biwe batigera baja kure yacu kandi ko bama biteguriye gufasha abasavyi b’Imana b’intahemuka. Ivyo bintu Elisha yari yariboneye, nta gukeka ko vyatumye agira umutima rugabo. Na twebwe vyotuma tugira umutima rugabo.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • 2 Abami 6:​8-23

Ikibazo co kuganirako:

Elisha yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Igihe Yehova yagena Elisha ngo abe umuhanuzi, ni igiki cerekana ko yitavye ako kamo adatebaganye, ko yari umuntu adateba gufata ingingo be n’uko yakenguruka ako gateka? (1 Abm. 19:​19-21; it «Élisha» No. 1 ing. 1-wcgr) A

Elisha ariko aracana umuriro akoresheje ibiti vyari kw’isuka irimishwa n’inka. Eliya yicaye ku gitandara kiri iruhande yiwe, amwihweza.

Ifoto A

Ifoto A

  1. 2. Ni kubera iki Elisha yasavye «imigabane ibiri y’impwemu» ya Eliya? (2 Abm. 2:9; w03 1/11 31)

  2. 3. Twemezwa n’iki ko uruhumyi Yehova yateje Abasiriya rutari uruhumyi nya ruhumyi ahubwo ko rwari uruhumyi rwo mu bwenge? (it «Cécité» ing. 6-wcgr)

  3. 4. Ni ibintu bitandukanye ibihe Elisha yakoze? (it «Élisha» ing. 27-28-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ni ryari twoshobora kuremeshwa no kwibuka ko abamarayika bama hafi yacu? B

    Mushiki wacu ari mu bitaro ariko ariyamiriza guterwa amaraso. Abaganga baramukikuje bakaba bariko baramuhata ngo yemere guterwa amaraso.

    Ifoto B

  • Abakurambere, eka na twebwe twese twokwigana gute ukuntu Elisha yaremesheje umusuku wiwe?

  • Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Elisha?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Elisha niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Ni akarorero akahe Elisha yasigiye abavukanyi bashingwa amabanga mashasha?

Ubaha abazi utuntu n’utundi (4:48)

Raba ibindi vyigwa dukura ku vyabaye mu buzima bwa Elisha.

«Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?» (w13 15/8 28-30)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika