ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 52 rup. 126-rup. 127 ing. 1
  • Yehova akingira Elisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova akingira Elisha
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Akīra umwana wawe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ni Nde Azorokoka ‘Umusi wa Yehova’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 52 rup. 126-rup. 127 ing. 1
Elisha n’umukozi wiwe bakikujwe n’abasoda b’Abasiriya

ICIGWA CA 52

Yehova akingira Elisha

Beni-Hadadi umwami wa Siriya yama aza gutera Isirayeli. Ariko igihe cose aje gutera, umuhanuzi Elisha yaca abibwira umwami wa Isirayeli, na we agaca ahunga. Beni-Hadadi yaciye agira umugambi wo gufata Elisha. Yaramenye ko Elisha yari mu gisagara ca Dotani, aca arungika abasoda biwe kumufata.

Abasoda b’Abasiriya bashitse i Dotani mw’ijoro. Bukeye, umukozi wa Elisha yarasohotse aca asanga ico gisagara gikikujwe n’abasoda benshi. Yaragize ubwoba bwinshi, aca asemerera ati: ‘Tugire gute ga databuja?’ Elisha yamubwiye ati: ‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo.’ Yehova yaciye atuma uwo mukozi wa Elisha abona ko imisozi yari ikikuje ico gisagara yari yuzuyeko amafarasi n’imikogote y’umuriro.

Elisha n’umukozi wiwe bariko baritegereza ingabo z’abamarayika zibakikuje

Igihe abasoda b’Abasiriya bagira bafate Elisha, Elisha yaciye asenga ati: ‘Yehova, nubahume amaso.’ Ubwo nyene abo basoda baciye bibagira aho bari, naho bagumye babona. Elisha yababwiye ati: ‘Mwaje mu gisagara kitari co. Nimunkurikire nje kubereka umuntu muriko murarondera.’ Barakurikiye Elisha gushika i Samariya, aho umwami wa Isirayeli yaba.

Ubwenge bwagiye kugaruka bashitse i Samariya. Umwami wa Isirayeli yaciye abaza Elisha ati: ‘Ndabice?’ Elisha yoba yaciye abona ko aronse akaryo ko kwihora abo bantu bari bashatse kumugirira nabi? Oya. Elisha yamubwiye ati: ‘Ntubice. Bagaburire uce ubareka bagende.’ Umwami yaciye abagirira umusi mukuru aca arabareka barigira.

Abasoda b’Abasiriya bariko bararya bari i Samariya

«Ng’iki ico twizigiye tudakeka ku bijanye n’Imana: iyo tuyisavye ikintu cose gihuye n’ukugomba kwayo iratwumva.»​—1 Yohani 5:14

Ibibazo: Yehova yakingiye gute Elisha n’umukozi wiwe? Woba wibaza ko nawe Yehova ashobora kugukingira?

2 Abami 6:8-24

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika