ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 112
  • Imeri Isābira mw Izinga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imeri Isābira mw Izinga
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu arashobora kudukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu agendera ku mazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ku Kiyaga c’i Galilaya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bipfuza Umutegetsi Arengeye Abantu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 112

INKURU YA 112

Imeri Isābira mw Izinga

RABA iyo meri yaguye mw isanganya iramenagurika! Urazi abo bariko barasimbira mu mazi abo ari bo? Bamwe bamaze gushika i rusi. Uyo yoba ari Paulo? Reka turabe ivyamushikiye.

Ibuka ko yamaze imyaka ibiri apfungiwe i Kayisariya. We hamwe n’abandi bapfungwa, burizwa imeri bajanwa i Roma. Barengānye izinga ryitwa Kirete, igihuhusi kibasangaho. Kirahuhuta gushika aho abadereva bananirwa kuyiyobora. Izuba ku murango n’inyenyeri mw ijoro ntivyaboneka. Hashize imisi, abari mu meri barihebūra ko batagikira.

Paulo arahaguruka, ati ‘nta n’umwe muri mwebwe aza gutakaza ubuzima, imeri gusa ni yo iza kwononekara. Muri iri joro, umumarayika w’Imana yambwiye ati: “Ntutinye Paulo! Uzohagarara imbere y’umwami Kayisari, kandi Imana izokiza abo muri kumwe mu bwato bose.” ’

Mu gicugu hashize imisi 14 kuva aho ico gihuhusi gitanguriye, abakozi bo mu meri baramenya ko ibenga ritakiri rinini! Kugira ngo ntibahave bitura ku bitandara mu mwiza, bata inanga mu mazi. Bukeye basanga bari hafi y’i rusi, baca bagerageza gutwarayo imeri.

Bahegereye, imeri yicara ku musenyi ica irafatwa, ibisebuzi (imipfunda) bitangura kuyimenagura. Umukuru w’abasoda ati: ‘Abazi kwoga bose ni mubanze musimbire mu mazi mujabuke. Abasigaye ni mubakurikire, mufatīriye ku mbaho zavuye ku meri.’ Babigira gutyo nyene, bose uko bari 276 bashika amahoro i rusi, nk’uko umumarayika yari yabibaraganiye.

Iryo zinga ryītwa Melita. Abantu baho bari beza cane, barabakīra. Ijuru rimaze gutamuruka, Paulo yinjizwa mu yindi meri ajanwa i Roma.

Ivyakozwe n’intumwa 27:1-44; 28:1-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika