ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 53
  • Bipfuza Umutegetsi Arengeye Abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bipfuza Umutegetsi Arengeye Abantu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umutware afise ububasha ku bidukikije
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu arashobora kudukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu agendera ku mazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imeri Isābira mw Izinga
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 53

Ikigabane ca 53

Bipfuza Umutegetsi Arengeye Abantu

YEZU agaburiye ba bantu ibihumbi ku gitangaro, abantu barajorerwa. Baravuga bati: “N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’akwiye kuza mw isi.” Ntibatahura gusa yuko Yezu ategerezwa kuba ari wa muhanuzi aruta Musa, ahubwo kandi batahura yuko yobaye we mutware bashaka kuruta abandi bose. Nuko baja inama yo kumufata ngo bamugire umwami.

Ariko rero, Yezu arazi imigambi abantu bariko barafata. Nuko, avaho ningoga kugira ngo yirinde guhava bamukwega ku nguvu. Asezera ya masinzi y’abantu hanyuma abwiriza abigishwa biwe kwurira ubwato ngo basubire i Kaperinawumu. Maze aridohora aja ku musozi gusenga. Iryo joro Yezu yari wenyene.

Imbere gatoyi y’uko buca, Yezu areraguza ari ahantu habona hataramutse, abona imipfunda iriko isuriranya ku kiyaga kubera umuyaga ukaze. Ku muco w’ukwezi kuri mu kuba igisyo, kubera ko Pasika yegereje, Yezu abona bwa bwato abigishwa biwe na bo bariko binanata basoza ngo bave muri iyo mipfunda. Abo bagabo bariko babusoza n’inkomezi zabo zose.

Yezu ivyo abibonye, aramanuka uwo musozi hanyuma atangura kugenda agana bwa bwato aciye muri nya mipfunda. Bwa bwato Yezu abuhamvya bumaze kugenda ibirometero nka bitanu canke bitandatu. Ariko rero, aribandaniriza nk’aho yoba ari uwirenganira. Ba bigishwa bamubonye bakoma induru bati: “N’igihūme.”

Yezu arabahumuriza yishura ati: “Ni jewe, ni mureke gutinya.”

Ariko Petero avuga ati: “Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’uri ku mazi.”

Yezu na we arishura ati: “Ingo.”

Ku bw’ico, Petero ava mu bwato, agendera ku mazi agana Yezu. Ariko Petero aravye igihuhusi kihari, aratinya, atangura kwibira, aratabaza ati: ‘Ntabara Mukama we!’

Buno nyene Yezu aramvura ukuboko kwiwe aramufata, avuga ati: “Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?”

Petero na Yezu bamaze gusubira mu bwato, nya muyaga uraturura, hanyuma abigishwa biwe barajorerwa. Ariko ubwo vyari bikwiye ko bajorerwa? Niba bari batahuye ‘insobanuro ya ya mitsima’ mu kunyurwa n’igitangaro gihambaye Yezu yari yakoze amasaha makeyi imbere yaho, hamwe yagaburira abantu ibihumbi akoresheje gusa udutsima dutanu n’udufi tubiri, ntivyari rero gusa n’ibibajoreza kubona ashoboye kugendera ku mazi kandi agahwamika umuyaga. Ariko rero ubu abo bigishwa barunamira Yezu, bavuga bati: “N’ukuri ur’Umwana w’Imana.”

Mu kanya gatoyi, bashikira Genesareti, ikiyaya giteye igomwe kandi cimbuka, kiri hafi ya Kaperinawumu. Ngaho bahahagarika ubwato. Ariko bagiye ku nkengera, abantu baramenya Yezu hanyuma bagenda mu gihugu co mu micungararo, barondera abantu barwaye. Igihe abo bazanywe ku nderuzo zabo hanyuma bagakora ku buyonga bw’umutamana wiwe, barakira neza.

Muri ico gihe, isinzi ryiboneye ukuntu Yezu yagaburiye abantu ibihumbi ku gitangaro, ribona yuko yahavuye. Nuko rero aho ubwato butobuto bw’i Tiberiya bushikiye, barabwurira hanyuma barasoza gushika i Kaperinawumu kurondera Yezu. Bamutoye, bamubaza bati: “Mwigisha, waje ino ryari?” Yezu arabahambarira, nk’uko tuja kubibona. Yohana 6:14-25; Matayo 14:22-36; Mariko 6:45-56.

▪ Yezu amaze kugaburira abantu ibihumbi ku gitangaro, bashaka kumugira iki?

▪ Yezu abona iki ari ku musozi yagiyeko yiyonjoroye, hanyuma na ho agira iki?

▪ Ni kubera iki ba bigishwa badakwiye kujorezwa cane n’ivyo bintu?

▪ Ni ibiki bishika bashikiriye inkengera y’ikiyaga?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika