Ni nde yakuremye?
1 Imana yaremye ijuru n’isi.—Itanguriro 1:1
2 Imana iri n’izina ni Yehova.—Yesaya 26:4
Yehova aba mw’ijuru. Ni impwemu. Ntushobora kumubona.—Yesaya 66:1; Yohani 1:18; 4:24
3 Yehova yaremye abamarayika benshi mw’ijuru. Nabo nyene ni impwemu. Bose bari beza. Kera, rimwerimwe barishushanije n’abantu, kugira ngo bashobore kubabona.—Abaheburayo 1:7
4 Yehova yaremye ibikōko kera cane ataranarema n’umuntu.—Itanguriro 1:25
5 Yehova yaremye kandi umugabo yitwa Adamu n’umugore wiwe Eva.—Itanguriro 1:27
Imana yabagerereye mw’itongo ry’akaroruhore canke iparadizo. Yaremeye Adamu umugore umwe gusa. Umugabo yategerezwa kugumana umugore umwe rudende.—Itanguriro 2:8, 21, 22, 24
6 Umuntu ni uwufise ubugingo.—Itanguriro 2:7
7 Ibikōko n’ibifise ubugingo.—Itanguriro 1:24