Ikigabane ca 17
“Mugiriranire Urukundo Rufashe”
1, 2. (a) Ni igiki gikunda gutangaza abakiri bashasha baje ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova? (b) Ni igiki kandi kigaragaza iyo ngeso nziza babonera ku materaniro tugira?
IYO abantu baje ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova agirirwa mw Ishengero ari bwo bwa mbere, bahora batangazwa rwose n’urukundo ruhari. Barubonera ku mwumvikano wa kivukanyi uva ku mutima, hamwe no ku buryo bakiriwe neza bo nyene ubwabo.
2 No ku materaniro tugira, abashitsi bahora babona ko abahari bose bigenza neza cane. Hariho umumenyeshamakuru yanditse ivyerekeye iteraniro rimwe ati: ‘Nta n’umwe yari yaborewe ibiyayura umutwe canke inzoga. Nta watera urwamo canke ngo avugirize abandi induru. Nta wasunikana. Nta waca ku bandi. Nta warahira nabi kandi nta watukana. Nta watēburana mu majambo mabi canke ngo avuge ayateye isoni. Nta mwotsi w’itabi wariho. Nta busuma bwariho. Nta wata ibigopo mu bwatsi bwo ku kibuga. Vyari igitangaza koko.’ Ivyo vyose biranga urukundo, rumwe ‘rudakora ibiteye isoni, rumwe rutarondera ivyarwo.’—1 Ab’i Korinto 13:4-8.
3. (a) Mu nyuma ni igiki gikwiye kwibonekeza mu vy’ukugaragaza urukundo dufise? (b) Ni urukundo nyabaki dukwiye gutsimbataza mu kwigana Kirisitu?
3 Urukundo ni kamere iranga zina mukirisu nyakuri. (Yohani 13:35) Uko dukura mu vy’umutima ni ko dutegerezwa kurushirizaho kurugaragaza bimwe bishitse. Intumwa Paulo yarasavye Imana ngo urukundo rw’abavukanyi ‘rugwire kandi rugume rwongerekana.’ (Ab’i Filipi 1:9; 1 Ab’i Tesalonike 3:12) Na Petero yarasavye abakirisu bagenziwe ko boreka ngo urukundo bafise rushikīre “umuryango wose wa benedata.” (1 Petero 2:17, NW) Urukundo dufise rukwiye gutuma tugira n’ibindi turetse gukoranira hamwe n’abandi gusa kandi tutigora ngo tumenyane na bo. Rutegerezwa kutagarukira ku karimi keza k’ukuramukanya kenshi vyonyene. Intumwa Yohani yarerekanye ko rukwiye kurangwa n’ukwihebera abandi. Yanditse ibi bikurikira: “Iki ni co kitumenyesha urukundo, ni uko (Umwana w’Imana) yatanze ubugingo bwiwe ku bwacu, natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu ku bwa benedata.” (1 Yohani 3:16; Yohani 15:12, 13) Ivyo ntiturabigira. Ariko ubwo mu vy’ukuri twoshobora guheba ubuzima bwacu ku bwa benedata? Ni ku rugero uruhe none twoba twigora koko ubu kugira ngo tubafashe, naho ngira ngo vyoba bitubangamiye?
4. (a) Ni mu bundi buryo ubuhe twosanga bishoboka ko twerekana bimwe bishitse urukundo rwinshi gusumba? (b) Ni kuki gukundana rumwe rufashe bikenewe koko?
4 Turetse ibikorwa biranga agatima k’ukwihebera abandi, harakenewe kandi ko tugirira benedata igishika nyakuri. Ijambo ry’Imana riradusaba rishimitse riti: “Ku vyo gukunda benedata, [mugiriranire igishika].” (Abaroma 12:10) Twese ivyo turavyiyumvamwo ku vyerekeye abantu bamwe bamwe. Vyoba bishoboka ko mu bo twumva dufitiye ico gishika twoshiramwo n’abandi? Kubera ko umuhero w’ivy’iyi si ishaje uguma wegereza, birakenewe rwose ko turushirizaho kwiyegereza abavukanyi bacu b’abakirisu. Kuri ivyo Bibiliya iratugabisha iti: “Umuhero wa vyose uri hafi. . . . Ikiruta vyose [mugiriranire urukundo rufashe], kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.”—1 Petero 4:7, 8.
5. Ni kuki kwoba ari ukwihenda twiteze ko ata matati yoshobora kuvyuka mu bari mw Ishengero?
5 Birumvikana ko igihe tukiri abanyagasembwa, bitazobura gushika ko tugira ibintu bimerera nabi abandi. Na bo nyene bazotugirira ikibi mu buryo bwinshi budasa. (1 Yohani 1:8) Wogira iki nk’igihe ibintu nk’ivyo bigushikiye?
Ico Wogira Igihe Havyutse Amatati
6. (a) Ni kuki impanuro ya Bibiliya idashobora kwama nantaryo ihuje n’agatima dufise? (b) Mugabo amaherezo vyogenda gute igihe tuyikurikije?
6 Ivyanditswe biratuyobora nk’uko bikenewe. Ariko hari aho izo mpanuro biduha udasanga zihuje n’ivyo twebwe abantu b’abanyagasembwa twama tugabirije gukora. (Abaroma 7:21-23) Naho ari uko, tugerageje rwose kuzikurikiza, vyoba ari ikimenyamenya c’uko twipfuza cane guhimbara Yehova, kandi vyotuma urwo dukunda abandi rurushiriza.
7. (a) Nk’igihe hari uwutubabaje, ni kuki tudakwiye kugera ingere ku yindi? (b) Ni kuki atari vyiza na gato kudashaka kubonana n’uwatugiriye nabi?
7 Rimwe rimwe igihe abantu bababajwe, bararondera uburyo bw’ukwihora uwabagiriye nabi. Ariko ivyo bituma ibintu bidabuka. Nk’igihe ivy’uguhōrwa bikenewe, dukwiye kubirekera Imana. (Imigani 24:29; Abaroma 12:17-21) Hariho n’abagerageza mu buzima bwabo gukurako umutima uwabagiriye nabi, mu kwirinda kubonana na we. Ariko ivyo ntidukwiye kubigira abo dusangiye ivy’ugusenga Imana. Ivy’ukwemererwa kuyisenga, biva no ku gukunda abavukanyi. (1 Yohani 4:20) Twoshobora kuvuga tutabeshe yuko dukunda uwo tudashobora kuvugisha, canke mbere uwo tubona tukumva aratubangamiye? Dukwiye kurwanya amatati tukayatunganya. Gute?
8, 9. (a) Igihe dufise impamvu yotuma twidodombera umuvukanyi, ni igiki kibereye twogira? (b) Bite none nk’igihe aguma atugirira inabi? (c) Ni kuki dutegerezwa kubitunganya muri ubwo buryo, kandi n’igiki codufasha kubishitsa?
8 Kuri ivyo, intumwa Paulo yanditse ngo “[nimugume mwihanganirana muharirana n’umutima ukunze], iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uko [na Yehova] yabahariye [n’umutima ukunze], namwe abe ari ko muharirana.” (Ab’i Kolosayi 3:13) Ivyo woshobora kubishitsa? Bite nk’igihe umuntu aguma agukorera ikibi mu buryo bwinshi budasa?
9 Intumwa Petero yari afise ikibazo nk’ico nyene, hanyuma atanga iciyumviro avuga ko kumbure akwiye kugerageza guharira mwenese ibihetangabo indwi. Yezu yishuye ati: “Sinkubwira yuko ugeza indwi, ariko ugeze [ibihetangabo mirongwirindwi n’indwi].” Ariko ivyo ni kubera iki? Yezu yarabisiguye akoresheje ikigereranirizo gishimika ku vy’ukuntu umwenda dufitiye Imana ari munini uwugereranije n’uwo umuntu uwo ari we wese yoba adufitiye. (Matayo 18:21-35) Imisi yose turacumura ku Mana mu buryo bwinshi—rimwe rimwe mu gukora ibiranga ukwibabara, kenshi na kenshi mu vyo tuvuga no mu vyo twiyumvira, hamwe no mu kunanirwa gukora ivyo dutegerejwe. Kubera ubujuju hari aho tudatahura n’uko ivyo twagize ari bibi, canke kubera ukwihuta kwo mu buzima, hari aho ivyo tutabirimbura neza bihagije. Imana yoshobora gusaba ko ubuzima bwacu buba indishi kubera ivyaha twakoze. (Abaroma 6:23) Mugabo iguma itugirira imbabazi. (Zaburi 103:10-14) Ni co gituma igihe idusavye ko natwe tugiriranira gutyo nyene tutovuga na gato ko idusavye ibiturengeye. (Matayo 6:14, 15; Abanyefeso 4:1-3) Igihe tubigenjeje gutyo mu gishingo c’ukubika inzigo, tuba tugaragaje ko tumaze kugira rwa rukundo ‘ruticiraho.’—1 Ab’i Korinto 13:4, 5; 1 Petero 3:8, 9.
10. Dukwiye kugira iki igihe umuvukanyi aturaba nabi?
10 Birashika ko hoba igihe tubona ko umuvukanyi aturaba nabi, naho ata rwanko tumufitiye. Twogira iki none? Dutegerezwa gukebukana na we tudatevye, tukagerageza gusubiza hamwe. Bibiliya idusaba gutangura twebwe nyene. (Matayo 5:23, 24) Ivyo kubishitsa hari aho usanga bitoroshe. Bisaba urukundo rusukiranije n’ukwicisha bugufi. Izo kamere nziza muri wewe zoba zikaze bihagije ku buryo wokora ivyo Bibiliya iguhanuye? Uwo ni umugambi uhambaye ukwiye gushitsa.
11. Nk’igihe hari umuvukanyi agize ibidushavuza, kuri ivyo ni igiki gikwiye kugirwa?
11 Ku rundi ruhande, vyoshoboka ko hagira ūkugirira ibigushavuza—canke vyoshavuza n’abandi. Ntivyoba vyiza hagize ūmwikebukanya? Ngira ngo. Nk’igihe wewe ubwawe womumenyesha ivy’ayo matati n’ubugwaneza, hari aho amaherezo vyogenda neza. Mugabo ubwa mbere utegerezwa kwibaza uti: ‘Ico yagize mu vy’ukuri coba gihushanye n’Ivyanditswe? Canke, ayo matati yoba atewe cane cane n’uko tudahuje kamere kandi tutārezwe kumwe?’ Niba ari uko biri, uragabe ntushinge ingingo zawe, hanyuma ngo zibe ari zo wishimikiza mu kumuhinyura. (Yakobo 4:11, 12) Yehova ntarobanura abantu ku butoni, aremera abantu bafise kamere zo mu buryo bwose, kandi akabihanganira igihe bariko bakura mu vy’umutima.
12. (a) Nk’igihe hari uwakoze ikibi gikomeye mw Ishengero, ni bande bogitunganya? (b) Ni ryari none ivy’ugutera intambwe ya mbere biba biri ku gatwe k’uwagiriye uwundi inabi? Ni igiki aba agomba gushikako?
12 Ariko nk’igihe mw Ishengero hari uwakoze ikibi gikomeye, gikeneye guca cihwezwa ubwo nyene. Ni bande bocihweza? Mu bisanzwe ni abakurambere. Ariko nk’igihe ari ivy’amahera vyerekeye abavukanyi babiri, canke kumbure ari ivy’ukuvuga nabi vyatumye hagira ūbabara koko, uwakorewe ico kibi ni we akwiye ubwa mbere kugerageza gufasha uwamugiriye nabi, akamwishikirira ubwiwe. Ivyo kuri bamwe bisa n’ibitoroshe. Ariko ivyo ni vyo Yezu yaduhanuye muri Matayo 18:15-17. Urwo dukunda umuvandimwe hamwe n’ukwipfuza rwose ko yokwama ari mwenedata, vyofasha umuntu kubigira mu buryo bwotuma ashikīra umutima w’uyo yagize nabi niba bishoboka.—Imigani 16:23.
13. Igihe dutase n’umuvandimwe, ni igiki codufasha kubona ayo matati mu buryo bubereye?
13 Igihe hadutse amatati, ayakomeye canke ayoroshe, turafashwa iyo tugerageje gutegera uburyo Yehova ayabona. Si intambirakibi uko coba kiri kwose, ariko arabona ko kiri muri twebwe twese. Iyo igihe kigeze, abakora ivyaha ntibihane barakūrwa mw Ishirahamwe ryiwe. Bite none kuri twebwe abasigaye? Twese aratwihanganira akatugirira n’imbabazi. Arashiraho icitegererezo ngo na twebwe tumwigane. Igihe tumwiganye, tuba tubaye icirore cerekana urukundo rwiwe.—Abanyefeso 5:1, 2.
Rondera Uburyo bw’ ‘Ukwaguka’
14. (a) Ni kuki Paulo yaremesheje Ab’i Korinto ngo ‘baguke’? (b) Ibi Vyanditswe biri aha vyerekana gute ko vyoba vyiza twese ivyo tubizirikanye?
14 Intumwa Paulo yari yamaze amezi atari make ariko arashinga Ishengero ry’i Korinto mu Bugiriki. Yari yakoze aratama kugira ngo afashe benedata baho, kandi yarabakunda. Mugabo bamwe bamwe muri bo nta gishika bari bamufitiye. Bāramunegura rwose. Yabasavye ‘kwaguka’ mu vy’ukugira igishika. (2 Ab’i Korinto 6:11-13; 12:15) Vyoba vyiza twese twiyumviriye aho tugeza mu gukunda abandi, tukarondera uburyo bw’‘ukwaguka.’—1 Yohani 3:14; 1 Ab’i Korinto 13:3.
15. Ni igiki codufasha kurushirizaho gukunda uwo twebwe ubwacu tutiyumvamwo ko tumufitiye igishika?
15 Mw Ishengero hoba hariho abo tubona ko bitatworoheye kubegera? Twigoye koko kugira ngo dupfukapfuke ibibi bito bito bakora, nk’uko twipfuza ko natwe botugirira, ivyo vyofasha gukomeza ubucuti dufitaniye. (Imigani 17:9; 19:11) Twoshobora kurushiriza kubabona neza, igihe turondeye kubona kamere nziza bafise tugatako tukazirimbūra. Twoba tubona uburyo Yehova akoresha abo bavandimwe? Nta gukeka ivyo vyotuma urukundo tubafitiye rwongerekana.—Luka 6:32, 33, 36.
16. Mu bishoboka ‘twokwaguka’ gute mu vy’ukwerekana urwo dukunda abo mw Ishengero turimwo?
16 Birumvikana ko ivyiza dushobora kugirira abavukanyi atari vyinshi. Hari aho tutoshobora kuramutsa abaje kw ikoraniro bose. Hari aho bitoshoboka ko dutumira abavukanyi bose igihe dutumiye abakunzi ku bifungurwa. Twese turafise abakunzi badushika ku mutima tumarana igihe kinini kuruta ico tumarana n’abandi. Ariko vyoba bishoboka ko ‘twaguka’? Vyoba bishoboka ko buri mushamvu tumara iminuta na mikeyi gusa turiko tumenyana neza n’umuntu wo mw Ishengero turimwo atari umukunzi adushika ku mutima? Vyoba bishoboka ko rimwe rimwe dusaba umwe muri abo ngo tujane mu gikorwa-ngenerwa co mu ndimiro? Ni twaba dufitaniye koko urukundo rufashe, nta gukeka tworonka akaryo k’ukuvyerekana.
17. Igihe turi mu bavukanyi tutari bwigere tubonana, ni igiki cokwerekana ko na bo nyene tubakunda canke tutabakunda urufashe?
17 Amateraniro y’abakirisu araduha akaryo keza rwose k’‘ukwaguka’ mu vyerekeye urukundo dufise. Harashobora kuza abantu ibihumbi n’ibihumbi. Ntibishoboka ko bose tubonana. Mugabo turashobora kwigenza mu buryo bugaragaza ko twitwararitse cane ko bamererwa neza kurusha twebwe, naho twoba tutari bwabonane na bo n’umusi n’umwe. Kandi ubwacu turashobora kwerekana ukwitaho abandi mu myanya tutariko dushikirizwa Ibiganiro, mu gutangura twebwe nyene kubonana n’abadukikuje. Umusi umwe, ababa kw isi bose bazoba abavandimwe bahurikiye hamwe mu vy’ugusenga Imana Data wa twese. Ese umunezero uzozanwa no kumenyana na bo bose, hamwe na kamere zabo nyinshi kandi zitameze kumwe! Urukundo rufashe tubakunda ruzotuma turondera kubishitsa. Ni kuki none tutohēra ubu?
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Igihe havyutse amatati hagati y’abavandimwe, akwiye gutunganywa gute? Kubera iki?
● Ni mu buryo ki n’urukundo dufise rwokura uko dukura mu vy’umutima?
● Bishoboka bite gukunda rumwe rufashe n’abatari abakunzi badushika ku mutima?