ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 16 rup. 144-150
  • “Mukovye mu Gukundana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mukovye mu Gukundana”
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyo Ingorane Zivyutse
  • Rondera Uburyo bwo ‘Kwaguka’
  • “Mugiriranire Urukundo Rufashe”
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
  • ‘Ikiruta vyose, mugiriranire urukundo rwa cane’
    Mwame Mugavye!
  • Tugume turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 16 rup. 144-150

Ikigabane ca Cumi na Gatandatu

“Mukovye mu Gukundana”

1. Ni ibiki usanga kenshi bitangaza abashasha baje ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova?

IGIHE abantu baje irya mbere ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, kenshi usanga batangazwa n’urukundo ruhagaragarizwa. Barubonera mu kuntu bakirwa, be no mu gucudika kwuzuye igishika kuhari. Abashitsi baza ku mahwaniro yacu na bo nyene barabona urwo rukundo. Hari umumenyeshamakuru umwe yanditse ku vyerekeye ihwaniro rimwe ati: ‘Nta n’umwe usanga yoshwa n’ibiyayura umutwe canke inzoga ziboreza. Nta ruyogoyogo canke induru uhasanga. Nta musunikano. Nta kugundana. Nta n’umwe usanga arahira canke atukana. Nta bitebu bibi canke imvugo ziteye isoni zihari. Nta mwotsi w’itabi uhabazwa. Nta busuma. Nta n’umwe atagaguza ibigopo hasi. Cari ikintu koko kidasanzwe.’ Ivyo vyose ni ikimenyamenya c’urukundo, bene rumwe “[ruda]kora ibiteye isoni, [ruta]rondera ivyarwo.”—1 Ab’i Korinto 13:4-8.

2. (a) Uko haca igihe, ni ibiki bikwiye kuza biribonekeza ku kuntu tugaragaza urukundo? (b) Mu kwigana Kirisitu, ni urukundo bwoko ki dukeneye gutsimbataza?

2 Urukundo rwa kivukanyi ni ikimenyetso kiranga Abakirisu b’ukuri. (Yohana 13:35) Uko dukura mu vy’impwemu, ni ko twiga kurushiriza kugaragaza urukundo bimwe bishitse. Intumwa Paulo yarasenze ngo urukundo rw’abavukanyi biwe b’Abakirisu “rugwire rwongerekane.” (Ab’i Filipi 1:9) Intumwa Yohani yerekanye yuko urukundo rwacu rukwiye kuba urwo kwitanga. Yanditse ati: “Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’[Umwana w’Imana] yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data.” (1 Yohana 3:16; Yohana 15:12, 13) Ubwo vy’ukuri twotanga ubuzima bwacu ku bw’abavukanyi bacu? Naho kenshi bitama bisaba ko dukora ivyo, twigora ku rugero rungana iki mu kubafasha ubu, no mu gihe bisa n’ibitatworoheye?

3. (a) Ni mu buryo ubuhe dushobora kurushiriza guserura urukundo rwacu bimwe bishitse? (b) Ni kuki bihambaye ko dukovya mu gukundana ubu?

3 Turetse ivyo dukora bigaragaza agatima ko kwitanga, turakeneye kwumvira abavukanyi bacu igishika nyakuri. Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: “Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose.” (Abaroma 12:10) Twese duhora twumva tumerewe gutyo ku bantu bamwebamwe. Mugabo, twoba twoshobora kwiga kwumvira n’abandi urukundo nk’urwo? Uko iherezo ry’uru runkwekwe rushaje ryegereza, birahambaye ko turushiriza kwiyegereza Abakirisu bagenzi bacu. Bibiliya ivuga iti: “Umuhero wa vyose uri hafi: . . . Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.”—1 Petero 4:7, 8.

Iyo Ingorane Zivyutse

4. (a) Ni kuki ingorane zishobora kuvyuka hagati y’abo mw’ishengero? (b) Naho twoba tutama dufise impengamiro yo gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga, ni iciza ikihe gishobora kuvamwo igihe tubigize?

4 Birumvikana, mu gihe tukiri abanyagasembwa, hazobaho ibihe tugira ibintu bibabaza abandi. Abavukanyi bacu na bo nyene vyoshika bakaducumurako mu buryo butari bumwe. (1 Yohana 1:8) Mu gihe bikugendeye gutyo, ukwiye gukora iki? Ivyanditswe biratanga ubuyobozi bukenewe. Mugabo ico bivuga coshobora kuba kidahuza n’ico twebwe abantu b’abanyagasembwa duhengamira gukora. (Abaroma 7:21-23) Ariko rero, tugize umwete wo gukurikiza impanuro iri muri Bibiliya bizotanga ikimenyamenya c’uko twipfuza koko guhimbara Yehova. Tubigize gutyo bizokwongereza urukundo dukunda abandi.

5. Mu gihe hari umuntu atubabaje, ni kuki tudakwiye kwihora?

5 Iyo abantu hari ababagiriye nabi, rimwe na rimwe usanga barondera uburyo bwo kubihora. Mugabo ivyo nta kindi bikora atari ugusongera isibe. Nimba bikenewe ko nya muntu yishurwa ivyo yakoze, ivyo dukwiye kubirekera Imana. (Imigani 24:29; Abaroma 12:17-21) Hari abandi bagerageza kuzibukira nya bantu babagiriye nabi. Mugabo ivyo ntidukwiye kubigirira abo dusangiye ugusenga, kuko kugira ngo ugusenga kwacu kwemerwe, ku ruhande rumwe birava ku vy’uko dukunda abavukanyi bacu. (1 Yohana 4:20) Ni co gituma Paulo yanditse ati: “Mwihanganiran[e], muhariran[e], iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.” (Ab’i Kolosayi 3:13) Ivyo wobikora none?

6. (a) Dukwiye kurekurira umuvukanyi wacu kangahe? (b) Ni ibiki dukwiye gutegera bizodufasha gushira mu buryo icaha badukoreye?

6 Bite hoho mu gihe hagize umuntu aguma aducumurako mugabo adakora ivyaha bikomakomeye vyotuma ashobora gutabwa hanze y’ishengero? Kuri mwene ivyo vyaha bidakomakomeye cane, intumwa Petero yatanze iciyumviro c’uko umuntu yomurekurira ‘kugeza indwi.’ Mugabo Yezu yavuze ati: “Sinkubgira yuk’ugeza indwi, arik’ugeze indwi-indwi gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi.” Yarashize ahabona ukuntu umwenda dufise ari munini amahanga ku Mana, tugereranije n’ico umuntu uwo ari we wese yoshobora kuba adufitiye. (Matayo 18:21-35) Turacumura ku Mana imisi yose mu buryo bwinshi, rimwe na rimwe hakaba mu gukora ikintu kiranga ubwikunzi, mu vyo tuvuga canke twiyumvira, canke mu vyo tunanirwa gukora, mbere ntitunabone ko turiko turacumura. (Abaroma 3:23) Yamara, Imana irabandanya kutubera inyakigongwe. (Zaburi 103:10-14; 130:3, 4) Idusaba ko natwe twogiriranira gutyo nyene. (Matayo 6:14, 15; Abanyefeso 4:1-3) Ico gihe tuzoba turiko turakurikiza mwene rwa rukundo “[ruta]bika akabi mu nda.”—1 Abakorenti 13:4, 5, UB; 1 Petero 3:8, 9.

7. Dukwiye gukora iki igihe umuvukanyi ari n’ikintu dupfa?

7 Hashobora kubaho ibihe twosanga umuvukanyi wacu ari n’ikintu dupfa, naho hoba hatari ikintu twebwe twiyumvira ko yatugiriye nabi. Turashobora guhitamwo ‘kubipfukisha urukundo,’ nk’uko muri 1 Petero 4:8 hatubwira. Canke turashobora kwibwiriza kuganira na we, tukagerageza kugarukana amahoro.—Matayo 5:23, 24.

8. Mu gihe uwo dusangiye ukwizera akoze ikintu kidushavuza, ni igiki gishobora gukorwa kuri ivyo?

8 Vyoshoboka yuko uwo dusangiye ukwemera yoba ariko akora ikintu kidashavuza wewe gusa, mugabo gishavuza n’abandi bantu. None kuganira na we ntivyoba vyiza? Kumbure. Mu gihe wewe ubwawe umusiguriye nya ngorane mu bugwaneza, hari aho ivyo vyovamwo ikintu ciza. Mugabo urabanza wibaze uti: ‘Yoba vy’ukuri ariko agira ikintu kinyuranye n’ivyanditswe? Canke nya ngorane yoba ahanini iterwa n’uko imico yanje n’ukuntu narezwe bitandukanye n’ivyiwe?’ Uraraba neza ntufatire ku vyo ubwawe wishingira. (Yakobo 4:11, 12) Yehova arakira abantu b’uburyo bwose ata kugira nkunzi, kandi arabihanganira uko bagenda barakura mu vy’impwemu.

9. (a) Ni bande baraba imanza zerekeye ibibi bikomakomeye mw’ishengero? (b) Ni ryari uwacumuweko ajejwe ibanga ryo gutangura kugira ico akoze, kandi abigira afise intumbero iyihe?

9 Mu gihe hagize umuntu mw’ishengero akora ikibi gikomeye, nk’ubushegabo, bikwiye kurabwa buno nyene. Na bande? Birabwa n’abakurambere. (Yakobo 5:14, 15) Ariko rero, nimba ari icaha gikorewe umuntu, kumbure mu vy’urudandaza canke mu gukoresha ururimi nabi, ico gihe uwacumuweko ni we akwiye gutangura kwigora akegera nyene kumugirira nabi, mu mwiherero. (Matayo 18:15) Nimba ivyo bidatunganije nya ngorane, harakwiye guterwa izindi ntambwe, nk’uko vyerekanwa muri Matayo 18:16, 17. Urukundo dukunda umuvukanyi wacu yahuvye be n’icipfuzo co ‘kumugarura,’ bizodufasha gukora ivyo mu buryo burondera gushikira umutima wiwe.—Imigani 16:23.

10. Igihe havyutse ingorane, ni igiki kizodufasha kubona iyo ngorane mu buryo bubereye?

10 Igihe havyutse ingorane, yaba ari iyihambaye canke ntoyi, turafashwa mu gihe twigoreye gutahura ingene Yehova ayibona. Yehova ntashima icaha mu buryo na bumwe, kandi mu gihe ubwiwe yashinze, abamogorera icaha ntibigaye barakurwa mw’ishirahamwe ryiwe. Ariko rero, ntitukigere twibagira yuko twese ducumura mu buryo butobuto, tukaba kandi dukeneye ko atwihanganira akatugirira ikigongwe. Gutyo Yehova aratanga icitegererezo twokwigana igihe abandi baducumuyeko. Igihe turi abanyakigongwe, tuba turiko turagaragaza urukundo rwiwe.—Abanyefeso 5:1, 2.

Rondera Uburyo bwo ‘Kwaguka’

11. Ni kuki Paulo yaremesheje Abanyakorinto ‘kwaguka’?

11 Paulo yaramaze amezi atari make aremesha ishengero ry’i Korinto mu Bugiriki. Yarakoze aratama mu gufasha abavukanyi baho, kandi yarabakunda. Mugabo bamwe muri bo ntibamwumvira igishika. Bari abantu batora amahinyu cane. Yabahimirije ‘kwaguka’ mu vy’uguserura igishika. (2 Ab’i Korinto 6:11-13; 12:15) Twese vyoba vyiza turimbuye urugero tugezako mu guserurira abandi urukundo, tukanarondera uburyo butari bumwe bwo kwaguka.—1 Yohana 3:14.

12. Dushobora gute kwongerereza urukundo dufitiye abagize ishengero bose?

12 Mw’ishengero hoba hariho abo dusanga bitatworohera kwiyegereza? Mu gihe dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo twirengagize utuntu tudahuzako na bo tujanye na kamere nk’uko natwe twoshima ko batugirira, ivyo birashobora gufasha kuzana igishika mu migenderanire yacu na bo. Inyiyumvo tubafitiye zirashobora kandi kurushiriza kumera neza mu gihe turondeye kamere zabo nziza zikaba ari zo dushimikirako. Ivyo nta nkeka bizotuma urukundo tubafitiye rukura.—Luka 6:32, 33, 36.

13. Dushobora gute kwaguka mu kwereka urukundo abo mw’ishengero?

13 Ntitwobura kwiyemerera icese yuko hariho ivyotunanira kugirira abandi. Hari aho bitodushobokera kuramutsa umuntu wese kw’ikoraniro ryose tugize. Hari aho bitodushobokera gushiramwo umuntu wese igihe dutumira abagenzi ngo dusangire uduharage. Mugabo none, twoshobora kwaguka mu kumarana utunuta dukeyi n’umuntu wo mw’ishengero kugira tumenyane? Twoshobora rimwe na rimwe gutumira umuntu tutazi ivyiwe neza kugira ngo dukorane mu busuku bwo mu ndimiro?

14. Igihe turi kumwe n’Abakirisu tutari bwigere duhura, dushobora gute kwerekana ko dukovya mu gukundana?

14 Amahwaniro y’Abakirisu araduha uturyo twiza two kwaguka mu rukundo rwacu. Hashobora kuba hari abantu ibihumbi. Ntidushobora kubonana na bo bose, mugabo turashobora kwigenza mu buryo bwerekana ko dushira imbere ineza yabo aho kwiyorohereza twebwe. Mu myanya y’akaruhuko, turashobora kwerekana ko twitwararitse abantu mu kwibwiriza kuja kuganiriza bamwebamwe mu badukikije. Erega hazogera igihe aho ababa kw’isi bose bazoba ari abavukana, bunze ubumwe mu gusenga ya Mana y’ukuri ikaba na Se wa bose. Mbega ukuntu uzoba umunezero kumenyana! Gukovya mu gukundana biratuma dushaka gukora ivyo. None ntitwotangura ubu?

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Igihe ingorane zivyutse hagati y’Abakirisu, zikwiye gutunganywa gute, kandi kuki?

• Uko dukura mu buryo bw’impwemu, ni mu buryo ubuhe urukundo rwacu rukwiye na rwo nyene gukura?

• Bishoboka gute ko twerekana ko dukovya mu gukundana kuri barya badasanzwe ari abagenzi somambike bacu?

[Ifoto ku rup. 148]

Urukundo rwa gikirisu rurerekanwa mu buryo bwinshi, nko ku makoraniro y’ishengero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika