‘Ikiruta vyose, mugiriranire urukundo rwa cane’
“Umuhero wa vyose uri hafi. . . . Ikiruta vyose, [“mugiriranire urukundo rwa cane”, “UB”]”.—1 PETERO 4:7, 8.
YEZU yari azi yuko amasaha makeyi yari asigaranye yo kuba ari kumwe n’intumwa ziwe yari ay’agaciro. Yari azi ivyari biraririye kubashikira. Bari bafise igikorwa kinini botegerejwe kurangura, mugabo bokwanswe kandi bagahamwa, nk’uko na we nyene vyari vyaramugendeye (Yohana 15:18-20). Akatari gake muri iryo joro rya nyuma bamaranye, yarabibukije yuko bakeneye ‘gukundana’.—Yohana 13:34, 35; 15:12, 13, 17.
2 Intumwa Petero, uwari ngaho muri iryo joro, yaratahuye akamaro k’ico kintu yabibukije. Haciye imyaka, igihe Petero yariko arandika imbere gato y’isangangurwa rya Yeruzalemu, yarashimitse ku kamaro k’urukundo. Yahanuye abakirisu ati: “Umuhero wa vyose uri hafi. . . . Ikiruta vyose, [“mugiriranire urukundo rwa cane”, UB]” (1 Petero 4:7, 8). Ayo majambo ya Petero arahambaye cane ku bantu babayeho “mu misi y’iherezo” y’uru runkwekwe rw’ibintu (2 Timoteyo 3:1). “Urukundo rwa cane” ni iki? Ni kubera iki bihambaye yuko tugirira abandi urwo rukundo? Kandi twokwerekana gute yuko dufise mwene urwo rukundo?
“Urukundo rwa cane” ni iki?
3 Benshi biyumvira yuko urukundo ari inyiyumvo itegerezwa kwizana. Mugabo Petero ntiyariko avuga urukundo urwo ari rwo rwose; yariko avuga ubwoko bw’urukundo ruhambaye kuruta urundi rwose. Ijambo “urukundo” riri muri 1 Petero 4:8 ryahinduwe rikuwe mw’ijambo ry’ikigiriki a·gaʹpe. Iryo jambo risigura urukundo ruzira ubwikunzi ruyoborwa canke rugengwa n’ingingo ngenderwako. Igitabu kimwe kivuga giti: “Urukundo agape rurashobora gutegekwa kubera ko urwo rukundo ahanini atari inyiyumvo mugabo ari umwiyemezo umuntu agira umushikana ku kugira ico akoze”. Kubera ko twarazwe impengamiro y’ubwikunzi, turakeneye kwibutswa kugaragarizanya urukundo, ivyo tukabigira mu buryo bugengwa n’ingingo ngenderwako ziva ku Mana.—Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12.
4 Ivyo ntibishaka kuvuga ko dutegerezwa gukundana kubera gusa tubona ko ari itegeko. Ijambo a·gaʹpe ntiribuzemwo igishika be n’inyiyumvo. Petero yavuze yuko dutegerezwa ‘kugiriranira urukundo rwa cane [ijambo ku rindi “rwagutse”]’a (Kingdom Interlinear). Naho ari ukwo, mwene urwo rukundo rusaba akigoro. Ku bijanye n’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “rwa cane”, incabwenge imwe ivuga iti: “Ritanga ishusho y’umunonotsi ariko akoresha utuguvu twose asigaranye mu mirya mu gihe agira akigoro kiwe ka nyuma kugira arangize ihiganwa ry’ukwiruka”.
5 Urukundo rwacu ntirutegerezwa rero kugarukira gusa ku gukora ibitworohera canke ngo rugarukire gusa ku bantu bakeyi twahisemwo. Urukundo rwa gikirisu rusaba ko ‘twagura’ umutima wacu, tukagura urukundo n’igihe nyene bishobora kuba bitoroshe kurugaragaza (2 Ab’i Korinto 6:11-13). Biratomoye yuko ubwo bwoko bw’urukundo ari ikintu dukeneye gutsimbataza no kuryohora, nka kurya nyene umunonotsi ategerezwa kwimenyereza no gukora kugira ngo aryohore ubuhinga bwiwe. Birahambaye yuko tugiriranira mwene urwo rukundo. Kubera iki? Kubera n’imiburiburi imvo zitatu.
Ni kubera iki dukwiye gukundana?
6 Ubwa mbere, “kuk’urukundo ruva ku Mana” (1 Yohana 4:7). Yehova, we Soko ry’iyo kamere y’igikundiro, ni we yabanje kudukunda. Intumwa Yohani avuga ati: “Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we” (1 Yohana 4:9). Umwana w’Imana “yarungits[w]e” mu gucika umuntu nkatwe, akarangura ubusuku bwiwe, akongera agapfira ku giti co kubabarizwako, ivyo vyose bikaba vyabaye kugira ngo ‘turonke ubuzima’. None dukwiye kwakira gute ubwo buryo buruta ubundi Imana yatugaragarijemwo urukundo? Yohani avuga ati: “Kw Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana” (1 Yohana 4:11). Urabona ko Yohani yandika ngo: “Kw Imana yadukunze irtyo”, si yagukunze ahubwo ni yadukunze. Iciyumviro kiri ngaho kiratomoye: Nimba Imana ikunda abo dusangiye gusenga, natwe rero tubwirizwa kubakunda.
7 Ubugira kabiri, birahambaye canecane yuko turushiriza gukundana muri iki gihe kugira ngo tubone uko dufasha abavukanyi bacu bari n’ivyo bakeneye kubera yuko “umuhero wa vyose uri hafi” (1 Petero 4:7). Tubayeho mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Ukuntu ivyo mw’isi vyifashe, ivyago vy’ivyaduka be n’ukurwanywa, biratuma dushikirwa n’amagume. Igihe turi mu bihe bigoye, tuba dukeneye kurushiriza kwiyegerezanya. Urukundo rwa cane ruzotuma dufatana mu nda bimwe bikomeye vyongere bituvyurire umutima wo “[ku]babaran[a]”.—1 Ab’i Korinto 12:25, 26.
8 Ubugira gatatu, turakeneye gukundana kubera ko tudashaka “[guha] wa Murwanizi icicaro” ngo aturonke akabero. (Abanyefeso 4:27). Shetani agabirije gukoresha udusembwa tw’abo dusangiye ukwizera, nk’akarorero ubugoyagoye bwabo, amakosa yabo, ukwihenda kwabo, kugira ngo adutsitaze. Amajambo ataranga ukwiyubara canke igikorwa kitaranga ubuntu vyoba bizotuma none duheba ishengero (Imigani 12:18)? Ntibizotuma turiheba nimba tugiranira urukundo rwa cane! Mwene urwo rukundo ruradufasha kuzigama amahoro no kwunga ubumwe mu gusukurira Imana “[du]huje inama”.—Zefaniya 3:9.
Ingene wokwerekana ko ukunda abandi
9 Kugaragaza urukundo bitegerezwa gutangurira i muhira. Yezu yavuze yuko abayoboke biwe b’ukuri bomenyekaniye ku rukundo bagiriranira (Yohana 13:34, 35). Urukundo ntirukwiye kugaragarira mw’ishengero gusa, ariko kandi rukwiye no kugaragarira mu muryango, ni ukuvuga hagati y’abubakanye no hagati y’abavyeyi n’abana. Ntibihagije kwiyumvamwo gusa yuko dufitiye urukundo abo mu muryango wacu; turakeneye no kurugaragaza mu buryo bwubaka.
10 Abubakanye bashobora gute kugaragarizanya urukundo? Umunega akunda umukenyezi wiwe ata buryarya, aramwereka yuko amufatana agaciro kanini mu vyo avuga no mu vyo akora, haba ku mugaragaro canke mu mwiherero. Arubahiriza agateka kiwe kandi ntiyirengangiza ivyiyumviro vyiwe, ukuntu abona ibintu be n’inyiyumvo ziwe (1 Petero 3:7). Ashira ineza y’umukenyezi wiwe imbere y’iyiwe bwite kandi agakora uko ashoboye kwose kugira ngo yitwararike ivyo akeneye mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera (Abanyefeso 5:25, 28). Umukenyezi akunda vy’ukuri umunega wiwe ‘aramwubaha cane’ n’igihe nyene kaza karacamwo umunega wiwe ntashitse ivyo yari amwitezeko (Abanyefeso 5:22, 33, NW). Arashigikira umunega wiwe kandi akamuyobokera, ntamusabe ibintu bidategereka, mugabo agasenyera ku mugozi umwe na we mu kuguma ashize umutima ku bintu vy’impwemu.—Itanguriro 2:18; Matayo 6:33.
11 Bavyeyi, mushobora gute kugaragaza ko mukunda abana banyu? Umutima ukunze mufise wo gukora mwivuye inyuma kugira ngo mubaronse ivyo bakeneye mu vy’umubiri, ni ikimenyamenya c’uko mubakunda (1 Timoteyo 5:8). Mugabo abana barakeneye n’ibindi turetse ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro gusa. Kugira ngo bazokure bakunda ya Mana y’ukuri kandi bayisukurira, barakeneye indero yo mu vy’impwemu (Imigani 22:6). Ivyo bisobanura yuko, uko mugize umuryango, mukwiye gushiraho umwanya wo kwiga Bibiliya, kugira uruhara mu busuku no kwitaba amakoraniro ya gikirisu (Gusubira mu vyagezwe 6:4-7). Kurangura mwene ivyo bikorwa mudahorereza bisaba akigoro kaboneka, na canecane muri ibi bihe bigoye. Ubwitwararitsi bwanyu be n’utwigoro mugira kugira ngo mwiteho ivyo abana banyu bakeneye mu vy’impwemu ni uburyo bwo kugaragaza urukundo, kubera yuko iyo mubigize gutyo muba mwerekanye ko murajwe ishinga n’ineza yabo y’ibihe bidahera.—Yohana 17:3.
12 Birahambaye yuko abavyeyi berekana kandi urukundo mu kwitwararika ivyo abana babo bakeneye mu vy’akanyengetera. Abana barakunda kumererwa nabi; imitima yabo yoroshe irakeneye gukurwa amazinda yuko mubakunda. Nimubabwire yuko mubakunda, kandi mubagaragarize igishika cinshi, kubera ko mwene ivyo bintu bibakura amazinda yuko bakundwa kandi ko bafise agaciro. Nimubakeze n’igishika kandi ata buryarya, kubera yuko ivyo bibereka ko mubona utwigoro bagira mukongera mukaduha agaciro. Nimubatoze indero mu rukundo, kubera ko mwene ukwo kubakosora kubereka yuko mwitwararika ico bazovamwo (Abanyefeso 6:4). Mwene ubwo buryo bwiza bwose bwo kugaragaza urukundo burafasha kwubaka urugo rurangwa agahimbare kandi rushigikirana rwiteguriye neza kunanira imikazo yo muri iyi misi y’iherezo.
13 Urukundo rutuma twirengagiza utunenge tw’abandi. Uribuka yuko igihe Petero yariko arahimiriza abasoma ikete ryiwe “[k]ugiriranir[a] urukundo rwa cane” (UB), yavuze igituma ivyo bihambaye cane ati: “Kuk’urukundo rupfuka ivyaha vyinshi” (1 Petero 4:8). ‘Gupfuka’ ivyaha ntibisobanura guhisha ivyaha bikomakomeye. Mwene ivyo vyaha bikomakomeye bibwirwa mu buryo bukwiriye ababijejwe mw’ishengero bakaba ari bo bavyicarira (Abalewi 5:1; Imigani 29:24). Vyoba bitaranga urukundo na gato kandi biteye kubiri n’Ivyanditswe, kureka abanyavyaha katwa bakabandanya kubabaza canke kugirira nabi abantu ata kibagira.—1 Ab’i Korinto 5:9-13.
14 Mu bihe vyinshi, ukwihenda be n’amakosa vy’uwo dusangiye ukwizera biba ari utuntu dutoya ubiravye. Rimwe na rimwe, twese turatsitara mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora, tugahemukiranira canke mbere tukababazanya (Yakobo 3:2). Twoba dukwiye kwama tugabirije kwararaza utunenge tw’abandi? Mwene iyo ngendo nta kindi yozana atari ukwirema ibice mw’ishengero (Abanyefeso 4:1-3). Nimba tuyoborwa n’urukundo, ‘ntituzorementaniriza’ uwo dusangiye ugusenga (Zaburi 50:20). Nka kurya nyene irangi ripfuka utunenge tw’uruhome, ni na ko urukundo rupfuka utunenge tw’abandi.—Imigani 17:9.
15 Urukundo ruzotuma dufasha abari n’ivyo bakeneye koko. Uko ivyo mu misi y’iherezo bibandanya kuyangara, bizoshika aho abo dusangiye ukwemera bakenera imfashanyo y’ivy’umubiri (1 Yohana 3:17, 18). Nk’akarorero, uwo mw’ishengero dukukira yoba afise ingorane ikomeye mu vy’amahera canke yakuwe mu kazi? Muri ico gihe turashobora kumbure kumusahiriza mu vy’umubiri, nimba uko ivyacu vyifashe bibidukundiye (Imigani 3:27, 28; Yakobo 2:14-17). Inzu y’umupfakazi ageze mu zabukuru yoba ikeneye gusanurwa? Twoshobora rero kwibwiriza mu buryo bubereye kugira ngo duterere agacumu k’ubumwe mu bikorwa bimwebimwe.—Yakobo 1:27.
16 Ukugaragariza urukundo abandi kwacu, ntikugarukira ku boba baba mu karere tubamwo. Rimwe na rimwe, turumva amaraporo avuga ivy’abasavyi b’Imana bo mu bindi bihugu bagiriwe nabi n’ibihuhusi bikomeye, vya nyamugigima canke imidurumbanyo y’abanyagihugu. Boshobora kuba bakeneye rwose ibifungurwa, ivyambarwa hamwe n’ibindi bintu. Kuba ari ab’ubundi bwoko canke irindi bara ry’urukoba si vyo turaba. ‘Turakunda umuryango wose w’abavukanyi’ (1 Petero 2:17, NW). Rero, nk’uko vyari biri ku mashengero yo mu kinjana ca mbere, turagira umushasharo wo gushigikira ibikorwa vyo gutabara biba vyaringanijwe kugira ngo hatangwe imfashanyo (Ivyakozwe 11:27-30; Abaroma 15:26). Iyo twerekanye urukundo muri ubwo buryo bwose, turakomeza umugozi utuma twunga ubumwe muri iyi misi y’iherezo.—Ab’i Kolosayi 3:14.
17 Urukundo rutuma tubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Rimbura akarorero ka Yezu. Ni igiki catuma yamamaza inkuru nziza akongera akigisha? ‘Yabitumwa n’akagongwe’ yagirira ishengero kubera yuko bari bagowe mu vy’impwemu (Mariko 6:34). Barirengagizwa kandi bakazimizwa n’abungere b’idini y’ikinyoma, abari bakwiye kubigisha ukuri kwo mu vy’impwemu kandi bagatuma bagira icizigiro. Ku bw’ivyo rero, Yezu avyuriwe umutima n’urukundo be n’imbabazi bishika ibwina kandi bivuye ku mutima, yarahumuriza abantu akoresheje “ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana”.—Luka 4:16-21, 43.
18 No muri iki gihe, abantu benshi barirengagijwe bongera barazimizwa mu vy’impwemu kandi nta cizigiro bafise. Nimba nka kumwe kwa Yezu twitwararika ivyo abataramenya Imana y’ukuri bakeneye mu vy’impwemu, urukundo be n’imbabazi bizotuvyurira rero umutima wo kubabwira inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana (Matayo 6:9, 10; 24:14). Turavye igihe gitoya gisigaye, kwamamaza ubwo butumwa burokora ubuzima nta kindi gihe vyigeze vyihutirwa rwose nk’iki gihe turimwo.—1 Timoteyo 4:16.
“Umuhero wa vyose uri hafi”
19 Niwibuke yuko imbere y’uko Petero yandika impanuro yiwe yo kugiriranira urukundo yabanje kwandika ati: “Umuhero wa vyose uri hafi” (1 Petero 4:7). Vuba, iyi si mbi izosubirirwa n’isi nshasha igororotse y’Imana (2 Petero 3:13). Ubu si igihe rero co gushira agati mu ryinyo. Yezu yatugabishije ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego”.—Luka 21:34, 35.
20 Uko bishoboka kwose rero, nimuze ‘twame tugavye’, tumenye aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe (Matayo 24:42). Nimuze tube maso ku nyosha mbi za Shetani izo ari zo zose zohava zidusamaza. Ntitwigere na rimwe tureka ngo iyi si itarangwa n’igishika kandi itagira urukundo itubuze kugaragariza abandi urukundo. Ikiruta vyose, nimuze turushirize kwiyegereza Imana y’ukuri Yehova, imwe Ubwami bwayo burongowe na Mesiya bugiye gushitsa umugambi wayo w’akaroruhore werekeye isi.—Ivyahishuriwe 21:4, 5.
[Akajambo k’epfo]
a Muri 1 Petero 4:8, izindi mpinduro za Bibiliya zivuga yuko dutegerezwa gukundana “ata buryarya”, “bimwe bishika ibwina” canke “n’ubwira”.
IBIBAZO VY’INYIGISHO
• Ni impanuro iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe agira agende, kandi ni igiki cerekana ko Petero yatahuye akamaro k’iyo mpanuro? (Ing. 1-2)
• “Urukundo rwa cane” ni iki? (Ing. 3-5)
• Ni kubera iki dukwiye gukundana? (Ing. 6-8)
• Ushobora gute kwerekana ko ukunda abandi? (Ing. 9-18)
• Ni kubera iki ubu atari igihe co gushira agati mu ryinyo, kandi ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora? (Ing. 19-20)
[Ifoto ku rup. 29]
Urugo rushigikirana ruba rwiteguriye neza kunanira imikazo y’iyi misi y’iherezo
[Ifoto ku rup. 30]
Urukundo ruratuvyurira umutima wo gufasha abari n’ivyo bakeneye koko
[Ifoto ku rup. 31]
Kubwira abandi inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana ni igikorwa kiranga urukundo