ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/1 rup. 18-23
  • Niwubakwe n’Urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwubakwe n’Urukundo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urukundo Ni Iki?
  • Urukundo​—Kamere Ntahara
  • Ugukora Tubitumwe n’Imvo Nziza Biradufasha Kwihangana
  • Ni Bande Abakirisu Bakwiye Gukunda?
  • Dushobora Gute Kugaragaza Urukundo Rwacu?
  • Barasunikirwa Gukunda Yezu
  • Nukunde Imana igukunda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
  • Urukundo Rwawe Rwagutse ku Rugero Rungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Urukundo​—Kamere y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/1 rup. 18-23

Niwubakwe n’Urukundo

“Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.”​—MATAYO 22:37.

1. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe bitsimbatazwa n’Umukirisu? (b) Ni iyihe kamere ya gikirisu ihambaye kuruta izindi, kandi kuki?

UMUKIRISU atsimbataza ibintu vyinshi kugira ngo abe umusuku kirumara. Igitabu c’Imigani kirashira ahabona agaciro k’ubumenyi, ugutahura n’ubukerebutsi. (Imigani 2:1-10) Intumwa Paulo yaravuze ivy’uko ukwizera gushikamye n’icizigiro gikomeye bikenewe. (Abaroma 1:16, 17; Ab’i Kolosayi 1:5; Abaheburayo 10:39) Ukwihangana n’ukwigumya na vyo nyene ni ngirakamaro cane. (Ivyakozwe 24:25; Abaheburayo 10:36) Ariko rero, hariho ikintu kimwe kiramutse gihaze gituma ivyo bindi vyose ataco biba bikimaze kandi kigashobora no kubitesha agaciro. Ico kintu ni urukundo.​—1 Ab’i Korinto 13:1-3, 13.

2. Ni gute Yezu yerekanye ko urukundo ruhambaye, kandi ni ibibazo ibihe ivyo bivyura?

2 Yezu yarerekanye akamaro k’urukundo igihe yavuga ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Kubera ko urukundo ari ikintu kiranga Umukirisu w’ukuri, dukeneye kwibaza ibibazo nk’ibi ngo: Urukundo ni iki? Ni kuki ari ntahara ku buryo Yezu yavuze yuko rwo, hejuru y’ibindi vyose, ruranga abigishwa biwe? Dushobora gutsimbataza gute urukundo? Ni bande dukwiye kugaragariza urukundo rwacu? Nimuze turimbure ivyo bibazo.

Urukundo Ni Iki?

3. Urukundo rushobora kudondorwa gute, kandi ni kuki rushiramwo umuzirikanyi n’umutima?

3 Indondoro imwe y’urukundo ni ‘inyiyumvo y’ukwifatanya n’umuntu kuranga igishika canke urukundo rugera ibwina, ubunywanyi buranga igishika canke ugushima uwundi.’ Ni kamere isunikira abantu gukora ku bw’ineza y’abandi, rimwe na rimwe bikagirwa mu kwitanga kunini. Urukundo, nk’uko rudondorwa muri Bibiliya, rurajamwo umuzirikanyi n’umutima. Umuzirikanyi, ari bwo bwenge, urafise uruhara kubera yuko umuntu akunda abigira abizi, yemera icese yuko we n’abandi bantu akunda, bompi bafise aho bagoyagoya bakagira na kamere zikwegera. Ubwenge na bwo burajamwo kubera yuko hariho abantu Umukirisu akunda​—rimwe na rimwe kumbure bidahuje n’impegamiro asanganywe​—kubera, bivuye ku gusoma Bibiliya kwiwe, azi yuko Imana ishaka ko abigenza atyo. (Matayo 5:44; 1 Ab’i Korinto 16:14) N’aho ari ukwo, urukundo ahanini ruva mu mutima. Urukundo nyakuri, nk’uko ruhishurwa muri Bibiliya, ntirwigera rushingira gusa ku bwenge. Rurimwo ukutaryarya kugera ibwina n’umwumvikano wuzuye urangwa akanyengetera.​—1 Petero 1:22.

4. Ni mu buryo ki urukundo ari umugozi ufise ububasha?

4 Abantu bafise ubwikunzi mu mutima ni gake bashobora kugira ubucuti nyakuri burangwa urukundo, kubera yuko umuntu akunda aba yiteguriye gushira ivyungura uwundi imbere y’ibimwungura ubwiwe. (Ab’i Filipi 2:2-4) Amajambo ya Yezu ngo “gutanga kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga” ni ay’ukuri igihe canecane ukwo gutanga ari igikorwa kivuye ku rukundo. (Ivyakozwe 20:35) Urukundo ni umugozi ufise ububasha. (Ab’i Kolosayi 3:14) Kenshi rubamwo ubugenzi, mugabo imigozi y’urukundo usanga ikomeye kuruta iy’ubugenzi. Ubucuti bw’ukugomwana hagati y’umugabo n’umugore wiwe rimwe na rimwe budondorwa ko ari urukundo; ariko rero urukundo Bibiliya ituremesha gutsimbataza ruraramba kuruta ugukwegerwa n’ubwiza bw’umubiri. Igihe abubakanye bakundana vy’ukuri, baragumana naho ubucuti bushingiye ku mubiri buba butagishoboka bivuye ku bumuga butewe n’ubusaza cabure kubera umwe muri bo atakibasha.

Urukundo​—Kamere Ntahara

5. Ni kuki urukundo ari kamere ntahara ku Mukirisu?

5 Ni kuki urukundo ari kamere ntahara ku Mukirisu? Ubwa mbere, ni kubera ko Yezu yabwirije abayoboke biwe gukundana. Yavuze ati: “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane.” (Yohana 15:14, 17) Ubwa kabiri, ni kubera ko Yehova ari urukundo, kandi bwa bamusenga dukwiye kumwigana. (Abanyefeso 5:1; 1 Yohana 4:16) Bibiliya ivuga yuko kwironsa ubumenyi bwa Yehova na Yezu bisobanura ubuzima budahera. Dushobora gute kuvuga yuko tuzi Imana niba tutagerageza kumera nka yo? Intumwa Yohani yafashije abantu kuzirikana, mu kugira ati: “Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo.”​—1 Yohana 4:8.

6. Urukundo rushobora gute kurimbanya imice itandukanye y’ubuzima bwacu?

6 Urukundo rurahambaye ku bw’imvo igira gatatu: Ruradufasha kurimbanya imice itandukanye y’ubuzima bwacu kandi rugatuma ivyo dukora birushiriza kuva ku mvo nziza. Nk’akarorero, ni ngirakamaro kwironsa ubudahengeshanya ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana. Ku Mukirisu, ubumenyi nk’ubwo ni nk’imfungurwa. Buramufasha gukura agashika ku buhumure no gukora ibintu mu buryo bujanye n’ivyo Imana igomba. (Zaburi 119:105; Matayo 4:4; 2 Timoteyo 3:15, 16) Ariko rero, Paulo yagabishije ati: “[Ubumenyi] burakakīsha, arik’urukundo rurubaka.” (1 Ab’i Korinto 8:1) Oya ntiwumve, nta kibi kiri mu bumenyi nyakuri. Ingorane iri kuri twebwe​—dufise impengamiro z’icaha. (Itanguriro 8:21) Mu gihe akosho keza k’urukundo gatuma ibintu birimbana kabuze, ubumenyi bwoshobora gutuma umuntu yikakisha, akibaza yuko aruta abandi. Ivyo ntibizoshika niyaba ahanini akora ibintu abitumwe n’urukundo. “Urukundo . . . ntirwihayagiza, ntirwihimbaza.” (1 Ab’i Korinto 13:4) Umukirisu asunikwa n’urukundo ntacika umunyabwishime n’igihe nyene aronse ubumenyi bugera ibwina. Urukundo rutuma aguma yicisha bugufi kandi rukamubuza gushaka kwironderera izina.​—Zaburi 138:6; Yakobo 4:6.

7, 8. Urukundo rudufasha gute kwitunira ku bintu bihambaye kuruta?

7 Paulo yandikiye Abanyafilipi ati: “Ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose, murobanure [“ibintu bihambaye kuruta ibindi,” NW].” (Ab’i Filipi 1:9, 10) Urukundo rwa gikirisu ruzodufasha gukurikiza iyo ndemesho yo kurobanura ibintu bihambaye kuruta ibindi. Nk’akarorero, rimbura amajambo Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza.” (1 Timoteyo 3:1) Mu mwaka w’umurimo w’2000, kw’isi yose igitigiri c’amashengero yiyongereyeko cabaye 1.502, bituma amashengero yose hamwe aba 91.487. Ku bw’ivyo, harakenewe cane abandi bakurambere, gutyo abipfuza gushikira ako gateka bakaba bakwiye gukezwa.

8 Ariko rero, abipfuza gushikira uduteka tw’ubucungezi bazozigama uburimbane bwiza nibaba bagumije mu muzirikanyi intumbero y’agateka nk’ako. Kugira gusa ubukuru canke izina ryamamaye cane si co kintu gihambaye. Abakurambere bahimbara Yehova basunikwa n’urukundo bamukunda n’urwo bakunda abavukanyi babo. Ntibarondera kuba ba rurangiranwa canke kugira akosho. Intumwa Petero, amaze guhanura abakurambere b’amashengero kuzigama agatima keza, yarashimitse ku vy’uko “ukwicisha bugufi” gukenewe. Yahanuye abari mw’ishengero bose ati: “Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi.” (1 Petero 5:1-6) Uwipfuza wese gushingwa ibanga vyoba vyiza arimbuye akarorero k’abakurambere badaharurwa bo hirya no hino kw’isi bakora bagatama, bicisha bugufi maze gutyo bakaba ari umuhezagiro ku mashengero bakukira.​—Abaheburayo 13:7.

Ugukora Tubitumwe n’Imvo Nziza Biradufasha Kwihangana

9. Ni kuki Abakirisu bagumiza mu muzirikanyi imihezagiro Yehova yasezeranye?

9 Akamaro ko gukora ibintu umuntu abitumwe n’urukundo karaboneka mu bundi buryo. Abakurikirana ukuyobokera Imana babitumwe n’urukundo, Bibiliya ibasezeranira imihezagiro myinshi ubu n’imihezagiro y’akaroruhore itavugwa muri kazoza. (1 Timoteyo 4:8) Umukirisu yemera bimwe bikomeye ivy’iyo mihango akaba yarajijutse yuko Yehova “[a]ha impera aba[mu]rondera,” arafashwa guhagarara ashikamye mu kwizera. (Abaheburayo 11:6) Benshi muri twebwe turacambirwa iranguka ry’imihango y’Imana kandi tugasamiriza inyiyumvo intumwa Yohani yari afise, mu kugira ati: “Amen, urakaza, Mwami Yesu.” (Ivyahishuriwe 22:20) Egome, igihe turi abizerwa, kuzirikana ku mihezagiro tubikiwe biradukomeza kugira twihangane, nka kurya ukugumiza mu muzirikanyi “umunezero yashizwe imbere” vyafashije Yezu kwihangana.​—Abaheburayo 12:1, 2.

10, 11. Ukuba dusunikwa n’urukundo bidufasha gute kwihangana?

10 Tuvuge iki mu gihe icipfuzo cacu co kuba mw’isi nshasha ari co kintu conyene kidutuma dusukurira Yehova? Muri ico gihe, vyoshobora kworoha gucika abatihangana canke abadashira akanyota igihe ibintu bitanguye kugora canke ibiba ntibishike mu buryo canke ku gihe twizigira ko vyoshikirako. Twoshobora kuba mu kaga gakomeye ko gutwarwa akayombekere. (Abaheburayo 2:1; 3:12) Paulo yaravuze ivy’uwahoze agendana na we yitwa Dema, uwamutaye. Kubera iki? Kubera “[y]akunze iyi si ya none.” (2 Timoteyo 4:10) Abantu bose basukura babitumwe n’imvo z’ubwikunzi busa, bari mu kaga ko gukora nk’ivyo nyene. Boshobora gukwegwakwegwa n’uturyo twa buno nyene dutangwa muri iyi si, maze bagacika abatagomba kugira utwigoro muri iki gihe bafise icizigiro c’imihezagiro izoza.

11 Naho bikwiriye kandi ari ibisanzwe kugira icipfuzo co kuronka imihezagiro yo muri kazoza n’ukuruhurirwa twizigiye kwo gukira ibigeragezo, urukundo rurubaka muri twebwe ugutahura igikwiye kuja imbere ya vyose mu buzima bwacu. Ikintu gihambaye ni ukugomba kwa Yehova, si ukwacu. (Luka 22:41, 42) Egome, urukundo ruratwubaka. Rutuma tubumbwa no kurindira twihanganye Imana yacu, tumarwa akanyota n’imihezagiro iyo ari yo yose itanga kandi tudakeka yuko mu gihe ubwiwe yashinze tuzoronka ibintu vyose yasezeranye​—eka n’ibirushirije. (Zaburi 145:16; 2 Ab’i Korinto 12:8, 9) Mu kurindira, urukundo ruradufasha kubandanya gusukura ata bwikunzi kubera yuko “urukundo . . . [ruta]rondera ivyarwo.”​—1 Ab’i Korinto 13:4, 5.

Ni Bande Abakirisu Bakwiye Gukunda?

12. Nk’uko Yezu yabivuze, ni bande dukwiye gukunda?

12 Yezu yaratanze ingingo ngenderwako yerekeye umuntu dukwiye gukunda, igihe yasubiramwo amungane abiri avuye mu Vyagezwe vya Musa. Yavuze ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose” na “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”​—Matayo 22:37-39.

13. Dushobora gute kwiga gukunda Yehova, naho tudashobora kumubona?

13 Dufatiye kuri ayo majambo ya Yezu, biratomoye yuko ubwa mbere na mbere dukwiye gukunda Yehova. Ariko rero, ntituvukana ugukunda Yehova gukwiye bimwe vyuzuye. Ico ni ikintu dutegerezwa gutsimbataza. Igihe twumva ivyiwe ari bwo bwa mbere, twakwegerewe kuri we n’ivyo twumvise. Buhorobuhoro, twarize ukuntu yateguye isi ku bw’ubwoko-muntu. (Itanguriro 2:5-23) Twaramenye ukuntu yakoranye ibintu n’ubwoko-muntu, ntadute igihe icaha catangura gushwara umuryango w’abantu, mugabo agatera intambwe kugira ngo aducungure. (Itanguriro 3:1-5, 15) Yafatanye ubuntu ababaye abizerwa, maze amaherezo atanga Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu. (Yohana 3:16, 36) Ubwo bumenyi bwiyongereye bwatumye ugukengurukira Yehova kwacu gukura. (Yesaya 25:1) Umwami Dawidi yavuze yuko yakunda Yehova kubera ububungabunzi bwiwe burangwa urukundo. (Zaburi 116:1-9) Muri iki gihe, Yehova aratubungabunga, araturongora, aradukomeza akongera akaturemesha. Uko turushiriza kwiga ibimwerekeye ni ko urukundo rwacu rurushiriza gushika ibwina.​—Zaburi 31:23; Zefaniya 3:17; Abaroma 8:28.

Dushobora Gute Kugaragaza Urukundo Rwacu?

14. Ni mu buryo ki dushobora kugaragaza yuko urukundo dukunda Imana ari nyakuri?

14 Ego ni ko, abantu benshi hirya no hino kw’isi bavuga yuko bakunda Imana, mugabo ivyo bakora bikerekana ko bamukunda ku karimi gusa. Dushobora gute kumenya yuko vy’ukuri dukunda Yehova? Turashobora kumuyagira mw’isengesho maze tukamubwira uko twiyumva. Dushobora kandi gukora ibintu mu buryo bwerekana urukundo rwacu. Intumwa Yohani yavuze iti: “Uwitondera ijambo [ry’Imana] wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we.” (1 Yohana 2:5; 5:3) Mu bintu Ijambo ry’Imana ritubwira, harimwo kwifatanya n’abandi no kubaho ubuzima budahumanye, tubaho runtu. Turirinda uburyarya, tukavuga ukuri kandi tukaguma dufise ivyiyumviro bidahumanye. (2 Ab’i Korinto 7:1; Abanyefeso 4:15; 1 Timoteyo 1:5; Abaheburayo 10:23-25) Turagaragaza urukundo mu guha imfashanyo y’ivy’umubiri abari mu mukeno. (1 Yohana 3:17, 18) Ikindi, ntitureka kubwira abandi ivyerekeye Yehova. Ivyo birimwo no kugira uruhara mw’iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami rigirwa kw’isi yose. (Matayo 24:14; Abaroma 10:10) Kugamburuka Ijambo ry’Imana mu bintu nk’ivyo ni ikimenyamenya c’uko urukundo dukunda Yehova ari nyakuri.

15, 16. Ugukunda Yehova kwagize ico gukora gute ku buzima bw’abantu benshi mu mwaka uheze?

15 Ugukunda Yehova birafasha abantu gufata ingingo nziza. Mu mwaka uheze, urukundo nk’urwo rwarasunikiye abantu 288.907 kumwegurira ubuzima bwabo no kugereranya iyo ngingo biciye kw’ibatisimu ryo mu mazi. (Matayo 28:19, 20) Ukwiyegura kwabo kwari n’ico kuvuze. Kwaranze ihinduka mu buzima bwabo. Nk’akarorero, Gazmend yari umwe mu bakinyi b’umupira w’amaboko witwa basiketi ba rurangiranwa kurusha abandi muri Alubaniya. Mu myaka nk’ingahe, we n’umugore wiwe barize Bibiliya, kandi naho hari intambamyi amaherezo barakwije ibisabwa baba abamamaji b’Ubwami. Mu mwaka uheze, Gazmend yarabatijwe, aba umwe mu bantu 366 babatijwe muri Alubaniya mu mwaka w’umurimo w’2000. Hari ikinyamakuru casohoye ikiganiro kimwerekeye maze kivuga giti: “Ubuzima bwiwe buri n’intumbero, kandi kubera ivyo, we n’umuryango wiwe bariko barinovora imisi ihimbaye kuruta iyindi yose mu buzima bwabo. Kuri we, ntibigihambaye kubona ukuntu ivyo ashobora gukora mu buzima bingana, ahubwo igihambaye ni uko ivyo ashobora gutanga mu gufasha abandi bantu bingana.”

16 Muri ubwo buryo nyene, hari umuvukanyikazi aherutse kubatizwa akorera ishirahamwe ry’ibitoro ry’i Guam yahawe ikintu kigerageza. Amaze kuza arongezwa amabanga mu myaka itari mike, amaherezo yarahawe akaryo ko kuba umukenyezi wa mbere agenywe kuba icegera ca perezida w’iryo shirahamwe. Ariko rero, ico gihe yari yaramaze kwegurira ubuzima bwiwe Yehova. Ni co gituma amaze kuyaga ivy’ico kibazo n’umunega wiwe, uwo muvukanyikazi mushasha yanse ivyo ahawe, ahubwo atunganya ivy’uko yokora akazi k’igice c’umwanya kugira ngo ashobore gutera imbere agana ku kuba umusuku w’igihe cose, umutsimvyi. Urukundo akunda Yehova rwamusunikiye gushaka kumukorera ari umutsimvyi aho gukurikirana inyungu z’amahera zo muri iyi si. Kukaba nkako, urukundo nk’urwo kw’isi yose rwarasunikiye abantu 805.205 kugira uruhara mu mice itandukanye y’ubusuku bw’ubutsimvyi mu kiringo c’umwaka w’umurimo w’2000. Ese urukundo n’ukwizera abo batsimvyi baseruye!

Barasunikirwa Gukunda Yezu

17. Ni akahe karorero keza k’urukundo tubonera muri Yezu?

17 Yezu ni akarorero k’akaroruhore k’umuntu yakora ibintu asunitswe n’urukundo. Mu kubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu, yarakunda Se wiwe akongera agakunda ubwoko-muntu. Bwa kigereranyo c’ubukerebutsi, yavuze ati: “Nari kumwe na [Yehova], nd’umukozi w’umuhanga: Kand’imisi yose nara[mu]himbara, nama niginagura imbere y[iwe]; niginagura mw isi yi[we] yāgānutse; mpimbarwa n’abana b’abantu.” (Imigani 8:30, 31) Urukundo rwa Yezu rwamusunikiye guheba icumbi ryiwe ryo mw’ijuru maze akavuka ari akayoya ata co kishoboza. Yarafatanye ubuntu abicisha bugufi n’abifata ruto yongera aracumukurira mu minwe y’abansi ba Yehova. Amaherezo, yarapfiriye ubwoko-muntu bwose ku giti co kubabarizwako. (Yohana 3:35; 14:30, 31; 15:12, 13; Ab’i Filipi 2:5-11) Ese ukuntu ari akarorero keza k’ugukora ibintu bivuye ku mvo igororotse!

18. (a) Dutsimbataza gute ugukunda Yezu? (b) Ni mu buryo ki tugaragaza ko dukunda Yezu?

18 Igihe abafise imero y’umutima igororotse basoma inkuru z’ubuzima bwa Yezu mu Njili bakongera bakazirikana ku kuntu imihezagiro ingendo yiwe iranga ubwizerwe yabazaniye ingana, ivyo bituma urukundo rugera ibwina bamukunda rukura muri bo. Twebwe muri iki gihe tumeze nk’abo Petero yariko arabwira igihe yavuga ati: “[Yezu] muramukunda naho mutigeze kumubona.” (1 Petero 1:8) Urukundo rwacu rwerekanwa igihe tugaragaza ukwizera muri we kandi tukigana ubuzima bwiwe bwo kwitanga. (1 Ab’i Korinto 11:1; 1 Ab’i Tesalonike 1:6; 1 Petero 2:21-25) Ku wa 19 Ndamukiza 2000, abantu bashika ku 14.872.086 baribukijwe impamvu dufise zo gukunda Yezu igihe bitaba Icibutso kiba ku mwaka c’urupfu rwiwe. Ese ukuntu bari benshi! Kandi ese ukuntu bikomeza kumenya yuko abantu benshi cane bashimishwa no kuronka ubukiriro biciye ku nkuka ya Yezu! Vy’ukuri, turubakwa n’urukundo Yehova na Yezu badukunda be n’urwo tubakunda.

19. Ni ibibazo ibihe vyerekeye urukundo tuja guca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

19 Yezu yavuze yuko dukwiye gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose be n’inkomezi zacu zose. Mugabo, yavuze kandi ko dukwiye gukunda mugenzacu nk’uko twikunda. (Mariko 12:29-31) Ivyo bishiramwo na bande? Kandi ugukunda mugenzacu bidufasha gute kuzigama uburimbane bwiza n’ugukora ibintu bivuye ku mvo nziza? Ivyo bibazo turaja kubica irya n’ino mu kiganiro gikurikira.

Woba Uvyibuka?

• Ni kuki urukundo ari kamere ihambaye cane?

• Dushobora gute kwiga gukunda Yehova?

• Uburyo twigenza bugaragaza gute ko dukunda Yehova?

• Tugaragaza gute ko dukunda Yezu?

[Ifoto ku rup. 20]

Urukundo ruradufasha kurindira twihanganye ukuruhurirwa

[Ifoto ku rup. 22]

Inkuka ihambaye ya Yezu idusunikira kumukunda

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika