Ikigabane ca 19
Ico Ivyagezwe vya Musa Bivuze Kuri Wewe
1. (a) Ni igiki cerekana ko kuva mu 36 G.C., Abanyamahanga badakebwe bemerewe na Yehova kuba abakirisu? (b) Ariko ni ikibazo ikihe abakirisu ba mbere bari bafiseko iciyumviro gikaze?
IKIBAZO cahāririweko rwose mu gihe c’intumwa Paulo, cari ic’uko n’abakirisu batari abayahudi boba bategerezwa gukurikiza ibisabwa mu Vyagezwe vya Musa. Ni vyo koko, mu 36 G.C., impwemu yera yaraje ku banyamahanga badakebwe. Ariko abakirisu bamwe bamwe bākuranye imigenzo y’Abayahudi, bari barishizemwo iciyumviro c’uko abo bayoboke batari abayahudi bategerezwa gukebwa, bakigishwa no kwitondera Ivyagezwe vya Musa. Ubwo kuri bo vyari nkenerwa none ko bitondera ivyo Vyagezwe, canke kumbure bimwe bimwe muri vyo? Nko mu 49 G.C., ico kibazo caratūwe Inama Nkuru y’Abarongōzi i Yeruzalemu.—Ivyakozwe n’intumwa 10:44-48; 15:1, 2, 5.
2. Ni kuki ico kibazo kitwerekeye?
2 Ingingo yafashwe iratwerekeye rwose. Kubera iki? Si kubera gusa ko tudasiba guhūra n’abavuga yuko abakirisu bategerezwa gukurikiza ibintu bimwe bimwe bisabwa mu Vyagezwe, akarorero nk’uguhimbaza isabato, ariko kandi kubera ko Bibiliya ubwayo ivuga yuko ‘ivyagezwe ari ivyera, n’ibwirizwa ari iryera, ritunganye, kandi ko ari ryiza.’ (Abaroma 7:12) Naho vyitwa Ivyagezwe vya Musa kubera ko Musa ari we yari umuhuza mw Isezerano rishingiye ku Vyagezwe, ivyo Vyagezwe biri mu gitabu bikomoka ku Mana Yehova koko.—Kuvayo 24:3, 8.
Ivyagezwe Vyari ivy’Iki?
3. Ivyagezwe vyashikirijwe Abisirayeli kubera iki?
3 Ukuntu Ivyagezwe tubibona ubu, vyova ku buryo twoba dutahura icatumye Yehova aha Abisirayeli ivyo Vyagezwe biri mu gitabu. Ivyanditswe birabisigura, ngo “vyageretsweko (kuri rya sezerano ry’Imana na Aburahamu) [kugira ngo] ibicumuro [vyibonekeze] kugeza aho uruvyaro ruzozira, [rumwe rwari rwahawe umuhango] . . . Uko ni ko ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kirisitu, [kugira ngo dushobore kwitwa intungane bivuye ku kwizera].” (Ab’i Galatiya 3:19, 24) Ivyagezwe ivyo bibishitsa gute?
4. (a) Ni mu buryo ki ivyo Vyagezwe ‘vyatumye ibicumuro vyibonekeza’? (b) Kandi abantu b’intahemuka vyabashikanye kuri Kirisitu gute?
4 Vyarerekanye ko Abayahudi ari abanyavyaha, mu kubashingira icitegererezo kitagira amahinyu bokurikiza mu buryo babayeho bwose. Vyaragaragaye ko badashobora gushitsa ibisabwa vyose muri ivyo Vyagezwe, naho boba bafise umutima w’ukubishitsa kandi bakihāta ukungana iki. Ivyo Vyagezwe vyatangiye akarorero ku Bayahudi baba nk’abaserukiye abantu ben’agasembwa iyo bava bakagera na twebwe turimwo, bica biragaragaza ko abantu b’isi yose ari abanyavyaha bakwiye guhanwa n’Imana. (Abaroma 3:19, 20) Nuko rero vyarerekanye neza rwose ko hakenewe umukiza w’abantu bose, intahemuka bica birabarongōra bibashikana kuri Yezu Kirisitu ari we nyene nya Mukiza. Mu buryo ki? Vyarerekanye ko ari we wenyene yabikurikije neza nk’uko bitegerejwe, ni we muntu rero atāgira ivyaha wenyene. Ibitungwa vyatangwako inkuka nk’uko Ivyagezwe vyabitegeka, ntivyari bifise agaciro kanini, ariko Yezu we ko yari umuntu atagira agasembwa, yarashoboye gutanga ubuzima bwiwe buba inkuka ikuraho ivyaha koko, inkuka yugururira abizera bose inzira y’ukuronka ubuzima budashira.—Yohani 1:29; 3:16; 1 Petero 1:18, 19.
5. Koresha ivyo Vyanditswe vyerekanywe, wishure ibibazo biri muri ico gifungo.
5 Ugumye wibuka ivyo tuvuze, ibi bibazo bikurikira wovyishura ute?
Ivyagezwe vya Musa hari aho vyoba vyashizweho kubera abantu iyo bava bakagera? (Zaburi 147:19, 20; Kuvayo 31:12, 13)
Hoba hariho ikimenyetso na kimwe Yehova yahaye Abisirayeli c’uko umusi umwe Isezerano rishingiye ku Vyagezwe ryorangiye? (Yeremiya 31:31-33; Abaheburayo 8:13)
Ya mabwirizwa cumi asaba ko n’isabato ya buri mushamvu ihimbazwa, yoba abandanya gukora kandi ayandi mategeko yose yo mu Vyagezwe yarakuweho? (Ab’i Kolosayi 2:13, 14, 16; 2 Ab’i Korinto 3:7-11 [nk’uko muri Kuvayo 34:28-30 havyerekana]; Abaroma 7:6, 7)
Rya Sezerano rishingiye ku Vyagezwe Yehova yarizimanganije gute? (Ab’i Kolosayi 2:13-17; Matayo 5:17, 18; Abaroma 10:4)
6. Abasohora iciyumviro ngo Ivyagezwe vya Musa biracakora baba berekanye iki?
6 Twihweje ivyo tuvuze, abasohora iciyumviro ngo Ivyagezwe vya Musa biracakora baba berekanye iki? Mu vy’ukuri, ukwo kuba ari uguhakana ivy’ukwizera Yezu Kirisitu. Ni kuki ivyo ari uko biri? Kuko uwiyumvira gutyo aba ahakanye ko Yezu atashikije Ivyagezwe, ngo Imana ice ironka uburyo bw’ukubikuraho. Abiyita ko ari abakirisu ariko bagakurikira ivyiyumviro vy’abemeza ko Ivyagezwe canke igice cavyo bikwiye kwitonderwa, intumwa Paulo yarabandikiye ashimitse, ibi bikurikira: “Yemwe abagomba [kwitwa intungane bivuye ku Vyagezwe], erega [muritandukanije] na Kirisitu, muratemvye muretse ubuntu [bwiwe atugirira tutabibereye].”—Ab’i Galatiya 5:4; raba no mu Baroma 10:2-4.
7. (a) Abahārira ngo hariho imice y’Ivyagezwe ikibandanya gukora, ni igiki badategera neza? (b) Ibikorwa vy’umukirisu bifise akamaro gaki, kandi bifitaniye isano ki n’ukuntu duhabwa ingabire y’ubuzima budashira?
7 Abahārira ngo hariho imice y’Ivyagezwe ikibandanya gukora, ntibategera neza yuko ukubonwa nk’intungane mu nyonga z’Imana bitava ku bikorwa umuntu akora yishimikije Ivyagezwe, ariko biva ku kwizera igiciro c’inkuka ya Yezu. (Ab’i Galatiya 3:11, 12) Biyumvīra ko umuntu ategerezwa kwerekana ko ari intungane akavyerekanira kuri ivyo bikorwa—ivyo bikaba bidashoboka ku bantu b’abanyavyaha. Mu vy’ukuri, gukora ibikorwa biranga ugukurikiza amabwirizwa y’Imana na Kirisitu yerekeye abakirisu, birakenewe rwose. (Yakobo 2:15-17; Matayo 28:19, 20) Ivyo bikorwa bica biba uburyo budasa bw’ukugaragaza urukundo n’ukwizera dufise, iyo bibuze na ho bica vyerekana ko ukwizera dufise kwamaze gupfa. Ariko ntibishoboka ko tugira ibiciye agakiza, naho twokwita ku rutare gute. Ugukizwa icaha n’urupfu ntivyari gushoboka iyo hataba inkuka ya Yezu Kirisitu. Ubuzima budashira rero ni ingabirano duhabwa n’Imana biciye kuri Yezu Kirisitu; ni ikimenyamenya c’ubuntu bw’igitangaza Imana itugirira tutabibereye, si impembo duhērerwa ibikorwa twakoze.—Abanyefeso 2:8, 9; Abaroma 3:23, 24; 6:23.
8. Ni ingingo iyihe Inama Nkuru y’Abarongozi yafashe ku vyerekeye ikibazo c’uko abakirisu batari abayahudi bokurikiza Ivyagezwe vya Musa?
8 Igihe ikibazo cerekeye ivy’uko abakirisu batari abayahudi bokwitondera Ivyagezwe catūrwa Inama Nkuru y’Abarongōzi y’i Yeruzalemu mu kinjana ca mbere, ingingo bafashe yari ihuje n’ivyo. Baratahuye ko Yehova adasaba yuko abizeye atari abayahudi bobanza gukora ibikorwa bigaragaza ko bakurikiza Ivyagezwe vya Musa, imbere y’uko basukwako impwemu yera. Ingingo yafashwe n’iyo Nama Nkuru y’Abarongōzi yarimwo urutonde rw’ibibujijwe bimwe bimwe bisa n’ivyo mu Vyagezwe, ivyita ‘ivya nkenerwa,’ mugabo vyari bishimikiye ku vyanditswe muri Bibiliya vyabaye imbere y’ishingwa ry’Ivyagezwe. Ukwo rero ntikwari ugutegeka ko abakirisu batari abayahudi bosabwa gukurikiza Ivyagezwe vya Musa canke igice kimwe cavyo, ahubwo kwari ukwemeza ingingo zakurikizwa Musa atarabaho.—Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29; gereranya no mw Itanguriro 9:3, 4; 34:2-7; 35:2-5.
9. (a) Imana yoba n’ubu igisaba ko Abayahudi bakurikiza Ivyagezwe vya Musa? (b) Ni igiki kidasanzwe cashinzwe kubera bo bivuye ku buryo Yezu yapfuye?
9 Inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., n’Abayahudi ubwabo Imana ntiyagumye isaba ko bakurikiza Ivyagezwe vya Musa biri mu gitabu. Kandi abo bayahudi bizeye bararonse impamvu nyakuri y’ukunezerezwa n’ivyo. Kubera iki? Naho Abanyamahanga na bo nyene bari abanyavyaha kandi bapfa kubera ico, Abayahudi bonyene ni bo bari baravumwe n’Imana kubera ukurenga kuri rya Sezerano rishingiye ku Vyagezwe. Ariko kubera uburyo Kirisitu yapfuye—yamanitswe ku giti nk’uko umengo ni inkozi y’ikibi yavumwe—yagiye mu kibanza c’abayahudi bomwizeye, arababohora abakiza igihano bohawe kubera ukurenga ku Vyagezwe. (Ab’i Galatiya 3:10-13) Yatumye rero bagirirwa ikigongwe batokwigeze bagirirwa igihe boba baganzwa n’Ivyagezwe vya Musa.—Ivyakozwe n’intumwa 13:38, 39.
10. Ni mu buryo ki ugukuraho Ivyagezwe kuboneka ko ari kwo kuzana ubumwe mu vy’ugusenga Imana?
10 Kukaba nkako, Ivyagezwe vyari vyaratandukanije Abayahudi n’abatari bo. Hāriho ibisabwa ku Bayahudi bitaraba Abanyamahanga, kandi abanyamahanga badakebwe bari bimiriwe ngo ntibifatanye rwose n’Abayahudi mu vy’ugusenga Imana. (Gereranya no muri Kuvayo 12:48; Ivyakozwe n’intumwa 10:28.) Ariko aho Ivyagezwe bimariye gushitsa ico vyari vyashingiwe hanyuma bigakurwaho, vyaciye bishoboka ko Abayahudi n’Abanyamahanga badakebwe bahurikira hamwe biciye kuri Kirisitu, mu vy’ugusenga Imana y’ukuri imwe nsa.—Abanyefeso 2:11-18.
Ukumenya Ivyagezwe Biri n’Ico Bitwungura
11. Ukumenya Ivyagezwe bidufasha gute gutegera inyigisho za Kirisitu?
11 Naho muri iki gihe tutaganzwa n’Ivyagezwe, kubimenya biri n’ico vyokwungura umwe umwe wese muri twebwe koko. Mu buryo ki? Uramenya ko Yezu yavyawe n’umuyahudikazi, yaraganzwa rero n’Ivyagezwe. Hariho ibintu bimwe bimwe yarangūye umuntu atotegera neza atabikesheje uburyo atahura ivyasabwa muri ivyo Vyagezwe. (Ab’i Galatiya 4:4; raba muri Luka 22:7, 8.) Bitayeko, igikorwa-ngenerwa ciwe yakirangūriye mu bantu baganzwa n’ivyo Vyagezwe. Ni co gituma inyigisho ziwe kenshi na kenshi wasanga zishimikiye ku bintu bivugwa mu Vyagezwe.—Gereranya no muri Matayo 5:23, 24.
12. (a) Yezu yerekanye ko ubuzima bwiwe n’Ivyagezwe vya Musa bifitaniye isano irihe? (b) Intumwa Paulo yerekanye gute akamaro ko kumenya Ivyagezwe? (c) Ni ivyiza nyabaki vyozanwa n’ugutahura neza ico ibisabwa mu Vyagezwe bisobanura turavye ivy’umutima?
12 Yezu amaze kuzuka yaribukije abayoboke biwe ko ukubaho kwiwe nk’umuntu kwashikije ibimwerekeye vyanditswe mu Vyagezwe, mu majambo menyeshakazoza hamwe no muri Zaburi. (Luka 24:44) N’intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye imice imwe imwe y’iryo Sezerano rishingiye ku Vyagezwe, ko ari “igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru,” yavuze kandi ko “Ivyagezwe bifise igitūtu c’ivyiza bizoza.” (Abaheburayo 8:4, 5; 10:1) Ibintu vyinshi bitangaje vyarangūkiye mu gikorwa c’ubuherezi Yezu Kirisitu yakoze hamwe no mu gutangako inkuka ubuzima bwiwe bw’umuntu, tubisanga mu Vyagezwe vya Musa. Ukubitegera neza kurashobora gukomeza ico ivyo bintu vyatunganijwe bivuze kuri twebwe. Muri ivyo bishushanyo menyeshakazoza harimwo n’ibintu vyinshi vyari ikigereranyo c’ivyatunganijwe vyerekeye ugusenga Yehova nk’uko abigomba muri iki gihe, kugirirwa mu rusengero rwiwe rw’ivy’umutima. Uko turushiriza kubitahura, ni ko turushiriza gukunda rya Shengero ry’abasīzwe impwemu hamwe n’uruhara rirangūra rirongōwe na Yezu Kirisitu, mu vy’ukuntu dusenga Imana.
13. Ni kuki vyotugirira akunguko tuzirikanye ivyerekeye ingingo nziza rwose ziri mu Vyagezwe?
13 Ivyagezwe vya Musa ni igice c’Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana, bikaba vyose “bigira ikimazi [c’ukwigisha, c’ugukebura, c’ugutunganya ibintu].” (2 Timoteyo 3:16) Tugerageje kubona ingingo ntabanduka Ivyagezwe bishingiyeko kandi tukazizirikana, vyofasha gutsimbataza muri twebwe ukwipfuza cane gukora ibihimbara Imana. Dutahuye agatima Ivyagezwe vyashaka gutsimbataza hanyuma tukakagaragaza mu buzima bwacu, ese ukuntu ivyo vyotugirira akunguko!
14. (a) Yezu yagereranije gute akamaro k’ugutahura neza agatima ibisabwa mu Vyagezwe vyashaka gutsimbataza? (b) Erekeza ivyiyumviro ku zindi ngingo zimwe zimwe nziza rwose ziri mu Vyagezwe, nk’uko zerekanywe ku rupapuro rwa 152. (c) Ugutahura ivyo kwodufasha kurushiriza guhimbara Imana gute?
14 Ivyo Yezu yarabigereranije mu buryo bwumvikana, muri ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi. Igihe yariko arasigurira abantu baganzwa n’Ivyagezwe, yarerekanye yuko bakwiye kwikuramwo koko agatima k’ukugira akazikira, ururimi rwabo na rwo bakareka kurukoresha mu kuvuga amajambo akurako iteka abavukanyi babo, aho kwirinda kwica vyonyene. Ah’ukunezerwa n’uko badasambana namba, bakwiye nyabuna no kutitegereza umugore babitumwe n’ukumwipfuza. Nk’uko vyari bimeze kuri bo, na twebwe nyene dukwiye kugerageza gukoresha ingingo z’umubiri wacu zose mu buryo buhuje n’inzira za Yehova zitunganye. (Matayo 5:21, 22, 27-30; raba no mu Baroma 13:8-10.) Ivyo tubigenjeje gutyo, twoba twerekanye ko na twebwe nyene dutahura ico iri bwirizwa riruta ayandi ryo mu Vyagezwe risobanura: “[Utegerezwa gukunda Yehova] Imana [yawe n’umutima wawe wose] n’ubugingo [bwawe] bwose n’ubwenge [bwawe] bwose.” (Matayo 22:36, 37) Mu vy’ukuri ivyo bituma twiyegereza Imana Yehova koko. Naho tutaganzwa n’ivyo Vyagezwe vya Musa biri mu gitabu, nta gukeka na gato turaharonkera akunguko iyo dutahuye neza ingingo bishingiyeko hamwe n’ibigereranyo menyeshakazoza biri muri vyo.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki abashimika rwose ku vy’ukwitondera Ivyagezwe vya Musa baba banse Kirisitu koko?
● Ukumenya Ivyagezwe bidufasha gute gutegera uruhara rurangūrwa na Yezu mu vyerekeye umugambi wa Yehova?
● Naho tutaganzwa n’Ivyagezwe, n’ibintu nyabaki vy’ingirakamaro twotahura igihe tubitohoje?
[Uruzitiro ku rup. 152]
Ingingo z’Ishimikiro Zimwe Zimwe zo mu Vyagezwe vya Musa
Ivyo Umuntu Yogirira Imana
Senga Yehova wenyene Kuv. 20:3; 22:20
Ubaha izina ryiwe Kuv. 20:7; Lew. 24:16
Tinya kugambarara, nutinye we Gus. 5:29; 6:24
nyene ubwiwe
Numwegēre mu buryo bumushimisha gusa Lew. 1:1-5; Guh. 16: 1-50;
Numushikanire ibintu ufise vy’igiciro Kuv. 23:19; 34:26
koko, biva iwe
Abamusenga bategerezwa kuba batyoroye Kuv. 19:10, 11; 30:20
ku mubiri
Ibikorwa vyeranda ntibikwiye kwibagirwa Kuv. 20:8-10; 34:21;
kubera ugukurikirana ivy’umubiri Guh. 15:32-36
Imigenzo Yari Ibujijwe mu vy’Ugusenga Imana
Gusenga ibigirwamana Kuv. 20:4-6; Gus. 7:25
Gusukiranya amadini Kuv. 23:13; 34:12-15;
Guhamagara imizimu, ubupfumu, ivy’ukuba Kuv. 22:18; Lew. 20:27;
kamenyi, kuragura, ubumaji, kuroga Gus. 18:10-12
Ivy’Ukwabirana n’Ivy’Ukubana mu Rugo
Ukurenga ibigo vyari bibujijwe Kuv. 20:14; Lew. 20:10
Kwabirana n’ūdasenga Yehova Gus. 7:1-4
ntivyari birekuwe
Kugoka vyari bibujijwe Lew. 18:6-16; 20:11
Kwirinda ivy’ukumarwa inambu y’umubiri Lew. 18:23; 20:13
mu buryo bubi
Gusonera ubuzima bw’umwana ari mu nda Kuv. 21:22, 23
Tera iteka abakwibarutse Kuv. 20:12; 21:15, 17;
Igisha abana bawe inzira za Yehova Gus. 6:4-9; 11:18-21
Ivyo Umuntu Yategerezwa Kugirira Abandi
Sonera ubuzima bw’umuntu kuko Kuv. 20:13; Guh. 35:9-34
ari bweranda
Kunda umuntu nkawe; irinde akazikira Lew. 19:17, 18
Fata neza abageze mu zabukuru Lew. 19:32
Erekana ko witwararikana urukundo Lew. 25:35-37; Gus. 15:7-11;
abaguye mu ruzu, impfuvyi, abapfakazi 24:19-21
Gufata nabi abatumva n’impumyi Lew. 19:14; Gus. 27:18
ntivyari birekuwe
Ntugunge mu vy’ukugurisha ibintu Lew. 19:35, 36; 25:14
Ubaha uburenganzira bw’ugutunga ibintu Kuv. 20:15; 22:1, 6; 23:4;
Ntiwipfuze ibitari ivyawe Kuv. 20:17
Būra abakora ibibi bikomeye Lew. 5:1; Gus. 13:6-11
Nube imvugakuri; ntube isūra y’ibinyoma Kuv. 20:16; 23:1, 2
Ntugire nkunzi kubera icubahiro c’umuntu Kuv. 23:3, 6; Lew. 19:15