ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 22 rup. 169-175
  • Shishikara Kuvuga Ijambo ry’Imana n’Umutima Rugabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shishikara Kuvuga Ijambo ry’Imana n’Umutima Rugabo
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntitwishimire Inkomezi Zacu
  • Inkuru Ivuga ivy’Abashingiye Intahe Ubwami n’Umutima Rugabo
  • Bandanya Kuvuga Ijambo ry’Imana Ushize Amanga
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Muzombera ivyabona”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • “Gushika mu mihingo ya kure cane y’isi”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 22 rup. 169-175

Ikigabane ca 22

Shishikara Kuvuga Ijambo ry’Imana n’Umutima Rugabo

1. (a) Ni inkuru nziza nyabaki abayoboke ba Yezu batangaje kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., ariko abategetsi hamwe n’abakurambere bo mu Bayahudi babibonye gute? (b) Ivyo vyotuma twibaza ibibazo ibihe?

IBINTU bihambaye rwose bitari bwigere biba mu myaka irenga 4 000 kuva abantu baremwe, vyari vyabaye. Umwana w’Imana ubwayo, Yezu Kirisitu, yari yasīzwe kugira ngo aze abe Umwami w’isi yose. Naho uyo Yezu yari yanyonzwe bivuye ku kosho k’abanyedini bamwanka, Yehova yari yazuye uyo Mwana wiwe amukura mu bapfuye. Ivy’agakiza kazana ubuzima budashira vyari vyashobotse, biciye kuri we. Ariko igihe abayoboke ba Yezu b’intahemuka batangaza iyo nkuru nziza mu bantu, haravyutse uruhamo rukaze. Ubwa mbere, babiri mu ntumwa baratawe mw ibohero, mu nyuma bose barakurikira. Barakubiswe ibimoko, bategekwa no guheba kwigisha bishimikije izina rya Yezu. (Ivyakozwe n’intumwa 4:1-3, 17; 5:17, 18, 40) Ivyo bovyifashemwo gute? Wewe wari kuvyifatamwo gute? Wari gushishikara gushingira intahe ubwami n’umutima rugabo?

2. (a) Ni inkuru iyihe mbere y’agatangaza gusumba itegerezwa kwamamazwa muri iki gihe turimwo? (b) Ni nde ashinzwe ibanga ry’ukuyamamaza?

2 Mu mwaka wa 1914 G.C., harabaye ikintu c’agatangaza gusumba gifitiye isi yose akamaro. Ubwami bw’Imana bwashikirijwe Yezu Kirisitu bwarashinzwe vy’ukuri mw ijuru. Mu nyuma, Shetani n’abamarayika bayo barararirijwe batabwa kw isi. (Ivyahishuriwe Yohani 12:1-5, 7-12) Imisi y’iherezo ry’ivy’iyi si mbi yari itanguye. Imbere y’uko urunganwe rwabonye ivyo bintu vyo mu 1914 ruhera, Imana izosangangura ivy’iyi si ya Shetani vyose uko bingana. (Matayo 24:34) Abazorokoka bazoca bitega kuronka ubuzima budashira. Isi iyo iva ikagera izohinduka iparadizo, umugambi Imana yari ifise ubwa mbere na mbere ube urangutse. Ni waba waramaze kwakīra iyo nkuru nziza, ushinzwe ibanga ry’ukuyishīra n’abandi. (Matayo 24:14) Ariko ushobora kwitega ko bayitaba gute?

3. (a) Ubutumwa bw’ivy’Ubwami abantu babwakīra gute? (b) Ni ikibazo ikihe duca dutegerezwa kwishura?

3 Naho hariho abashobora kukwakirana igishika kubera ko uri umwamamaji w’ivy’Ubwami, abenshi ni abatabitamwo n’umuyege. (Matayo 24:37-39) Hariho n’abogutwenga canke bakakurwanya vyeruye. Yezu yaratubūriye avuga ko abokurwanya bashobora kuva mu ncuti zawe. (Luka 21:16-19) Abakurwanya ushobora kubasanga no ku kazi canke kw ishure. Mu mihingo itari mike yo kw isi, Reta yarabujije Ivyabona vya Yehova kwidegemvya, kubera akarenganyo. Nk’igihe woshikirwa na kimwe muri ivyo canke vyose hamwe, ubwo woshishikara kuvuga Ijambo ry’Imana n’umutima rugabo?

4. Ugufata ingingo yo gukorera Imana ni vyo vyemeza ko tuzobishishikara turi intahemuka?

4 Nta gukeka urashaka kuba umusavyi w’Imana adatinya urukamvye. Hari abatanguye kwumva ata na kimwe cobasubiza inyuma, ariko mu nyuma barikura mu rutonde rw’abamamaji b’ivy’Ubwami. Ariko hari abandi, dushizemwo n’abasa n’uko kamere yabo ari abanyesoni, babandanya ata guhorereza kuba abasavyi b’Imana bakorana umwete. Woshobora ute kwerekana ko ‘ushikamye mu kwizera’?—1 Ab’i Korinto 16:13.

Ntitwishimire Inkomezi Zacu

5. (a) Kugira ngo tube abasavyi b’Imana b’intahemuka, ni ikintu nyabaki ngenderwako dusabwa gushitsa? (b) Ni kuki amakoraniro ari ingirakamaro koko?

5 Birumvikana ko hariho ibintu vyinshi dutegerezwa gushitsa kugira ngo tube abasavyi b’Imana b’intahemuka. Ariko ic’ishimikiro muri ivyo, ni ukwishimira Yehova n’ivyo yategekanije. Ivy’ukwo kumwishimira tubigaragaza dute? Ubwa mbere, mu kuja ku makoraniro agirirwa mw Ishengero. Ivyanditswe biradusaba rwose kuyītaho. (Abaheburayo 10:23-25) Abaguma ari Ivyabona vya Yehova b’intahemuka kandi bagendera abantu batabakīra bagatako bagashikirwa n’uruhamo, babishobozwa n’uko bihāta ngo ntibasībe gukoranira hamwe n’abo basangiye ivy’ugusenga Imana. Ayo makoraniro aratwungura ubwenge mu vy’ukumenya Ivyanditswe, ariko ikidukwegēra si agahimbare kazanwa n’ukumenya ibintu bishasha gusa. (Gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 17:21.) Inyigisho z’ukuri zimwe zimaze kumenyekana neza turarushirizaho kuzikunda, kandi turakarisha ubwenge mu vyerekeye uburyo bwo kuzikoresha. Akarorero Yezu yatweretse karatunyura koko, mu bwenge no mu muzirikanyi. (Abanyefeso 4:20-24) Turiyegereza rwose abavukanyi b’abakirisu tugahurikira hamwe mu vy’ugusenga Imana, kandi twebwe ubwacu turakomezwa tugaca tubandanya gukora ivyo Imana igomba. Impwemu ya Yehova iratanga ubuyobozi biciye kw Ishengero, kandi Yezu araza hagati muri twebwe iyo dukoraniye hamwe mw izina ryiwe, biciye kuri iyo mpwemu.—Ivyahishuriwe Yohani 3:6; Matayo 18:20.

6. Mu ntara Ivyabona vya Yehova badafise umwidegemvyo, ivyerekeye amakoraniro bavyifatamwo gute?

6 Ubwo uhora ushika ku makoraniro yose udasiba, kandi ubwawe ugakurikiza ivyayazwe wumvise? Rimwe rimwe igihe tudafise umwidegemvyo, bihora biba ngombwa kwirema utugwi, ayo makoraniro akagirirwa mu mazu y’abantu. Ikibanza agirirwamwo n’umwanya wayo birashobora guhindagurika ugasanga ntivyama vyoroshe, kuko hariho n’ayagirwa ijoro rigiye. Ariko abavukanyi b’intahemuka bahora bigora koko n’umutima ukunze bagashika kuri ayo makoraniro yose, naho bitaba biboroheye canke bishobora no kubata mu kaga.

7. (a) Ni mu buryo ubuhe kandi twerekana ko twishimiye Yehova? (b) Ivyo vyoshobora gute kudufasha kuguma tuvugana umutima rugabo?

7 Ivy’ukwishimira Yehova bigaragazwa kandi n’ukumwitura mu masengesho—ntabe amajambo asohoka gusa kubera akamenyero, ariko abe avuye ku mutima utahura ko dukeneye rwose gufashwa n’Imana. Ivyo woba ubishitsa? Yezu yarasenze kenshi igihe yari mu gikorwa-ngenerwa ciwe kw isi. (Luka 3:21; 6:12, 13; 9:18, 28; 11:1; 22:39-44) Kandi mw ijoro buca amanikwa ku giti, yarasavye abayoboke biwe ashimitse, ati: “Nimube maso musenge, ntimuje mu mosha mabi.” (Mariko 14:38) Igihe twama tugendera abantu batitayeho ivyerekeye ubutumwa bw’ivy’Ubwami, vyoshobora gutuma twoshwa ngo dutenzure mu gikorwa-ngenerwa cacu. Igihe abantu badutwenga canke mbere igihe hari uruhamo rukaze, turashobora kwoshwa ngo twinumire kugira ngo ivyo tuvyirinde. Ariko dusavye impwemu y’Imana bivuye ku mutima kugira idufashe tugume tuvugana umutima rugabo, twoba twirinze ivy’ugutsindwa n’iyo nyosha mbi.—Luka 11:13; Abanyefeso 6:18-20.

Inkuru Ivuga ivy’Abashingiye Intahe Ubwami n’Umutima Rugabo

8. (a) Ni kuki inkuru iri mu Vyakozwe n’intumwa dukwiye kuyizirikana rwose? (b) Ishura ivyo bibazo biri ku mpera y’ico gifungo, werekane rwose uburyo ivyo vyavuzwe bishobora kugira ico bitwungura.

8 Inkuru iri mu gitabu c’Ivyakozwe n’intumwa, twese dukwiye kuyizirikana rwose. Iratumenyesha yuko intumwa n’abandi bayoboke ba mbere, naho biyumvamwo akanyengetera nk’ako na twebwe twiyumvamwo, baratsinze intambamyi barerekana ko bafise umutima rugabo, kandi ko ari Ivyabona vya Yehova b’intahemuka. Reka twihweze agace k’iyo nkuru dukoresheje ibi bibazo bikurikira n’ivyo Vyanditswe vyerekanywe. Uko tuvyihweza, iyumvīre ukuntu ivyo uriko urasoma wobironkerako akunguko.

Izo ntumwa zoba zari zarize amashure kaminuza? Boba bari abantu mu bisanzwe badatinya icobashikira ico ari co cose? (Ivyakozwe n’intumwa 4:13; Yohani 18:17, 25-27; 20:19)

Ni igiki catumye Petero ashobora kuvugana umutima rugabo imbere ya sentare y’Abayahudi, ata mishamvu myinshi irahera iyo sentare iciriye urw’ugupfa Umwana w’Imana bwite? (Ivyakozwe n’intumwa 4:8; Matayo 10:19, 20)

Mu ndwi zakurikiwe n’ugushengezwa kw’izo ntumwa muri sentare y’Abayahudi, ni igikorwa ikihe zākora? (Ivyakozwe n’intumwa 1:14; 2:1, 42)

Aho abakuru bategekeye ngo inkuru nziza ntisubire kwamamazwa mw izina rya Yezu, Petero na Yohani babishuye iki? (Ivyakozwe n’intumwa 4:19, 20)

Bamaze kurekurwa, bārarondeye kandi gufashwa na nde? Boba baramutakambiye ngo ahagarike ivy’uguhamwa, canke basavye iki? (Ivyakozwe n’intumwa 4:24-31)

Ni mu buryo ki Yehova yabagarukiye aho ababarwanya bageragereje guhagarika igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza? (Ivyakozwe n’intumwa 5:17-20, 33-40)

Izo ntumwa zerekanye gute ko zitahura impamvu yatumye zirekurwa? (Ivyakozwe n’intumwa 5:21, 41, 42)

N’igihe nyene abayoboke batari bake bari basabagiye kubera uruhamo rukaze, ni igiki babandanije kugira? (Ivyakozwe n’intumwa 8:3, 4; 11:19-21)

9. (a) Ni ivyiza nyabaki bishwangamura umutima vyabonetse bivuye ku gikorwa-ngenerwa c’abo bayoboke ba mbere? (b) Vyagenze gute kugira ngo mu nyuma ico gikorwa dusange kitwerekeye?

9 Igikorwa bakoze cerekeye inkuru nziza nticabaye ic’ubusa. Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., habatijwe abayoboke 3 000. “Barushiriza kwongerwako abizeye [Umukama], ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore.” (Ivyakozwe n’intumwa 2:41; 4:4; 5:14) Mu nyuma inkuru yarumvikanye ko na Sauli w’i Taruso, umwe yarusha bose mu kubahama, yabaye umukirisu, kandi ko na we nyene ashingira intahe ukuri n’umutima rugabo. Yahavuye yitwa intumwa Paulo. (Ab’i Galatiya 1:22-24) Ico gikorwa catanguye mu kinjana ca mbere ntikirarangira. Carasagamvye muri iyi “misi y’iherezo,” gishikīra imihingo yose yo kw isi. Turi n’iteka ry’ugufashanya n’abandi kukirangūra, kandi igihe ivyo tubishitsa, turashobora kwigira ku karorero k’ivyabona b’abagumyabanga bakoreye Imana twebwe tutaratangura.

10. (a) Paulo yashingira intahe Ubwami mu buryo nyabaki? (b) Uhora ukwiza mu bandi bantu ubutumwa bw’ivy’Ubwami mu buryo nyabaki?

10 Aho Paulo yumviye ukuri kwerekeye Yezu, ntiyahingitanije. “Aherako avuga . . . ivya Yezu, yuko ari Umwana w’Imana.” (Ivyakozwe n’intumwa 9:20) Yarashimishijwe n’ubuntu Imana yamugiriye atabibereye, aratahura ko bose bakeneye iyo nkuru nziza yari ahejeje kwumva. Kubera ko yari umuyahudi, yakurikije uko bābigenza ico gihe aja mu masinagogi gushingira intahe ukwo kuri, kuko ari ho hantu abayahudi bose bākoranira. Kandi yaramamaje inkuru nziza ava mu nzu aja mu yindi, yarayaze n’abantu kw isoko, arasohora ivyiyumviro bishwirura. Kandi yari agabirije kwungururiza mu kandi karere kumenyekanisha inkuru nziza.—Ivyakozwe n’intumwa 17:17; 20:20; Abaroma 15:23, 24.

11. (a) Mu buryo Paulo yashingira intahe Ubwami, yerekanye gute ko yari afise umutima rugabo kandi atahura neza uko ibintu vyifashe? (b) Iyo kamere twoyigaragaza dute igihe tubushingira intahe imbere y’incuti zacu, imbere y’abo dukorana akazi canke abo twigana kw ishure?

11 Paulo yari n’umutima rugabo kandi yaratahura neza uko ibintu vyifashe, nk’uko na twebwe dukwiye kumera. Mu kuyaga n’Abayahudi yashimikira kuri bimwe Imana yaraganira basekuruza babo. Ashitse mu Bagiriki, yavuga ashimikiye ku bintu basanzwe bagira. Yarigeze no kuyagira abantu ivyamushikiye igihe yamenya ukuri, biba ari vyo afatirako mu gushingira intahe ukwo kuri. Ni nk’uko yavyivugiye, ati: “Ivyo vyose mbikora kubw’[inkuru nziza], kugira ngo mfatanye n’abandi muri [yo].”—1 Ab’i Korinto 9:20-23; Ivyakozwe n’intumwa 22:3-21.

12. (a) Naho Paulo yari n’umutima rugabo, ni igiki yagize kugira ngo ntiyamire kurwana n’abansi? (b) Ni ryari twoshobora gukurikira ako karorero tukerekana ubukerebutsi, kandi twogakurikira gute? (c) Inkomezi zo gushishikara kuvuga n’umutima rugabo ziva he?

12 Igihe ivy’ukurwanya inkuru nziza vyaba bikaze ku buryo Paulo abona ko umengo vyoba vyiza agiye kuyamamaza ahandi canke akaba arimukiye mu kandi karere, yarabigira, ah’ukwamira kurwana n’abanka ukuri. (Ivyakozwe n’intumwa 14:5-7; 18:5-7; Abaroma 12:18) Ariko ntiyigeze aterwa isoni n’inkuru nziza. (Abaroma 1:16) Naho Paulo atashima ko abamurwanya bamukurako urupfasoni canke mbere ngo bamufate nabi, ‘yaragize umutima rugabo abihawe n’Imana yacu,’ aguma yamamaza inkuru nziza. Naho yashikiwe n’amagume yavuze ati: “Ariko [Umukama] ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ngo [biciye kuri jewe, ukwamamaza inkuru nziza gushobore kurangūrwa bimwe bishitse].” (1 Ab’i Tesalonike 2:2; 2 Timoteyo 4:17) Umukama Yezu, kizigenza w’Ishengero ry’abakirisu, aguma atanga inkomezi za nkenerwa kugira ngo igikorwa yavuze ko cokozwe muri iki gihe, kirangūke.—Mariko 13:10.

13. Ni igiki kiranga umukirisu afise umutima rugabo, kandi ni igiki gituma agira uwo mutima?

13 Hariho impamvu nyinshi zotuma dushishikara kuvuga Ijambo ry’Imana n’umutima rugabo, nk’uko Yezu Kirisitu hamwe n’abandi basavyi b’Imana bo mu kinjana ca mbere babigenjeje. Ivyo si ukuvuga ko twoca tuba abantu bagamye kandi bakara. Kudasonera abandi canke kugerageza kwinjiza ubutumwa ku nguvu mu batabushaka, nta co bimaze. Ariko ntiduca duheba ngo ni uko abantu batabitamwo n’umuyege, canke ngo tunume kubera ugutinya uruhamo. Tugira nka Yezu tukerekana ko Ubwami bw’Imana ari bwo ntwaro yonyene itunganye kw isi yose. Tuvuga tudakekereza kubera ko duserukira Yehova Segaba w’ijuru n’isi, kandi ubutumwa dutangaza si ubwacu ni ubwiwe.—Ab’i Filipi 1:27, 28; 1 Ab’i Tesalonike 2:13.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ni kuki gusangira ubutumwa bw’ivy’Ubwami n’ūbonetse wese ari ivy’ingirakamaro? Ariko dukwiye kwitega ko bobwakīra gute?

● Twokwerekana dute ko tudashaka kwishimira inkomezi zacu bwite mu gukorera Yehova?

● Igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kitwigisha ibiki vy’ingirakamaro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika