Ikigabane ca Cumi n’Icenda
Bandanya Kuvuga Ijambo ry’Imana Ushize Amanga
1. (a) Ni inkuru nziza iyihe abigishwa ba Yezu bamenyekanishije, mugabo Abayuda bamwebamwe baciye bagira iki? (b) Ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza?
HARACIYE imyaka nk’2.000 Yezu Kirisitu Umwana w’Imana asizwe amavuta ngo azobe Umwami kw’isi yose muri kazoza. Yezu yishwe bivuye ku bansi b’abanyamadini, mugabo Yehova yaramuzuye mu bapfuye. Biciye kuri Yezu, ubuzima budahera ico gihe bwari bugiye gushoboka. Mugabo rero aho abigishwa ba Yezu bamenyekanishirije icese inkuru nziza, haciye haduka uruhamo. Bamwe muri bo baratawe mu mvuto, baratonagurwa hanyuma bategekwa kudasubira kuvuga ivyerekeye Yezu. (Ivyakozwe 4:1-3, 17; 5:17, 18, 40) None bagize iki? Wewe wari kugira iki? Woba wari kubandanya gushinga intahe ushize amanga?
2. (a) Ni inkuru nziza igitangaza iyihe ikeneye kumenyekanishwa muri iki gihe turimwo? (b) Ni nde ajejwe ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza?
2 Mu 1914, Umwami w’Ubwami bw’Imana ari we Yezu Kirisitu, yarimitswe mw’ijuru kugira ngo atware ‘hagati y’abansi biwe.’ (Zaburi 110:2) Ubukurikira, Shetani n’amadayimoni yiwe baratawe hasi kw’isi. (Ivyahishuriwe 12:1-5, 7-12) Imisi y’iherezo y’urunkwekwe rw’ubu yaratanguye. Ico kiringo nicarangira, Imana izosangangura uru runkwekwe rw’ibintu rwose ruganzwa na Shetani. (Daniyeli 2:44; Matayo 24:21) Abazorusimba bazoba biteze kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba yacitse iparadizo. Nimba umaze kwakira iyo nkuru nziza, uzoshima kuyibwira abandi. (Matayo 24:14) Mugabo none ushobora kwitega ko bazovyakira gute?
3. (a) Abantu bakira gute ubutumwa bw’Ubwami? (b) Ni ikibazo ikihe dutegerezwa guhangana?
3 Igihe umenyekanisha inkuru nziza y’Ubwami, abantu bakeyi barashobora kuyakira, mugabo abenshi ntibayerekwe. (Matayo 24:37-39) Bamwe bazogutwenga canke bakurwanye. Yezu yarabuye yuko ukurwanywa kwoshobora kuza kuvuye ku ncuti zawe bwite. (Luka 21:16-19) Woshobora kandi kurwanywa ku kazi canke kw’ishure. Mu mihingo imwimwe y’isi, Ivyabona vya Yehova usanga mbere barabujijwe n’intwaro. Igihe uhanganye n’ibintu mwene ivyo, woba uzobandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga kandi ‘ushikamye mu kwizera’?—1 Ab’i Korinto 16:13.
Ntitwizigire Inkomezi Zacu Bwite
4. (a) Kugira ngo tugaragaze ko turi abasavyi b’Imana b’abizerwa, ni ikintu ikihe c’ishimikiro gisabwa? (b) Ni kuki amakoraniro ya gikirisu ahambaye cane?
4 Ikintu c’ishimikiro kugira ngo umuntu abe umusavyi wa Yehova w’umwizerwa ni ukwiheka ku vyo yatunganije. Kimwe muri ivyo ni amakoraniro y’ishengero. Ivyanditswe biduhimiriza kutayirengagiza. (Abaheburayo 10:23-25) Ababandanije kuba Ivyabona vya Yehova b’abizerwa barihatiye kudahorereza gukoranira hamwe n’abo basangiye ugusenga. Kuri ayo makoraniro ubumenyi dufise bw’Ivyanditswe burongerekana. Vyongeye, turarushiriza gutahura ibintu vy’ukuri bizwi cane, kandi tugakarishwa mu vyo kumenya uburyo twobikoresha. Turarushiriza kwiyegereza abavukanyi bacu b’Abakirisu mu vyo gusenga mu bumwe, kandi tugakomezwa kugira ngo dukore ivyo Imana igomba. Impwemu ya Yehova iratanga ubuyobozi biciye mw’ishengero, kandi biciye kuri iyo mpwemu, Yezu ari hagati yacu.—Matayo 18:20; Ivyahishuriwe 3:6.
5. Igihe Ivyabona vya Yehova baba babujijwe, ni ibiki bigirwa ku vyerekeye amakoraniro?
5 Woba witaba amakoraniro yose udahorereza, kandi woba wirabishako ivyo uhumvira? Rimwe na rimwe, igihe Ivyabona vya Yehova baba babujijwe, ni ngombwa yuko bagira amakoraniro mu migwi mitomito mu mazu yabo. Ibibanza n’ibihe agirirwako bishobora guhinduka, kandi bishobora kuba bitakworohera, ugasanga amakoraniro amwamwe agirwa mw’ijoro rya cane. Mugabo naho ibintu biba bitoroshe kandi hakaba hari ingeramizi, abavukanyi n’abavukanyikazi b’abizerwa baragira akigoro ko kuba ari ho bari kw’ikoraniro ryose.
6. Twerekana gute yuko twiheka kuri Yehova, kandi ivyo bishobora kudufasha gute kuguma tuvuga dushize amanga?
6 Ukwiheka kuri Yehova kuratsimbatara igihe tumwitura tudahorereza mw’isengesho rivuye ku mutima, tukamenya yuko dukeneye gufashwa n’Imana. Wewe ivyo woba ubigira? Yezu yarasenga kenshi igihe yarangura ubusuku bwiwe kw’isi. (Luka 3:21; 6:12, 13; 22:39-44) No mw’ijoro rya buca amanikwa, yahimirije abigishwa biwe ati: “Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi.” (Mariko 14:38) Mu gihe duhuye n’abatanezwe ubutumwa bw’Ubwami, twoshobora kwumva umengo twotezura mu busuku bwacu. Mu gihe abantu badutwenga canke bakaduhama, twoshobora kwumva umengo twoguma twinumiye kugira twirinde ingorane. Mugabo mu gihe dusenganye umwete dusaba impwemu y’Imana ngo idufashe kuguma tuvuga dushize amanga, tuzoshobora kurindwa uguhava tugondozwa n’izo nyosha mbi.—Luka 11:13; Abanyefeso 6:18-20.
Ivyabaye mu vy’Ukuvugana Ubushizi bw’Amanga
7. (a) Ni kuki inkuru zo mu Vyakozwe zidufitiye akamaro twese? (b) Ishura ibibazo bitanzwe mu mpera z’iyi ngingo, bikaba bishimika ku kuntu ayo makuru ashobora kugira ico atwunguye.
7 Inkuru zo mu gitabu c’Ivyakozwe ziradufitiye akamaro twese. Ziratubwira ukuntu intumwa be n’abandi bigishwa bo mu ntango, abo bakaba bari abantu bafise inyiyumvo nk’izacu, batsinze intambamyi kandi bakagaragaza ko ari ivyabona vya Yehova b’abizerwa bavuga bashize amanga. Reka twihweze igihimba c’izo nkuru twifashishije ibibazo bikurikira be n’ivyanditswe vyatanzwe. Uko tubigira, nurimbure ukuntu ushobora ubwawe kwungukira ku vyo usoma.
Intumwa boba bari abagabo bize amashure cane? Boba bari abantu bari basanzwe ari intatinyurukamvye, naho hoshitse ibiki? (Yohana 18:17, 25-27; 20:19; Ivyakozwe 4:13)
Ni ibiki vyafashije Petero kuvuga ashize amanga imbere ya ya sentare y’Abayuda yacira urwo gupfa Umwana w’ikinege w’Imana? (Matayo 10:19, 20; Ivyakozwe 4:8)
Intumwa bari bahoze bakora iki mu mayinga y’imbere y’uko barengutswa imbere y’Ikombe? (Ivyakozwe 1:14; 2:1, 42)
Igihe abatware bategeka intumwa kureka kwamamaza bakoresheje izina rya Yezu, Petero na Yohani bishuye iki? (Ivyakozwe 4:19, 20)
Bamaze kurekurwa, intumwa zituye nde ngo azifashe? Boba basenze basaba ngo uruhamo ruhagarare, canke? (Ivyakozwe 4:24-31)
Yehova yakoresheje iki mu gutanga imfashanyo igihe ababarwanya bagerageza guhagarika igikorwa co kwamamaza? (Ivyakozwe 5:17-20)
Intumwa zerekanye gute yuko zatahura icatumye zishengezwa? (Ivyakozwe 5:21, 41, 42)
N’igihe nyene benshi muri abo bigishwa bashwiragira kubera uruhamo, ni igiki babandanije kugira? (Ivyakozwe 8:3, 4; 11:19-21)
8. Ni ingaruka ziteye akanyamuneza izihe zavuye mu busuku bw’abigishwa bo mu ntango, kandi vyagenze gute ngo tubugiremwo uruhara?
8 Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza nticabaye impfagusa. Abigishwa nk’3.000 barabatijwe kuri Pentekote yo mu 33 G.C. “Bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore.” (Ivyakozwe 2:41; 4:4; 5:14) Mu nyuma, mbere n’umuntu umwe yari akaze mu guhama abantu b’Imana ari we Sauli w’i Taruso, yahavuye acika Umukirisu hanyuma atangura gushingira intahe ukuri ashize amanga. Yahavuye yitwa intumwa Paulo. (Ab’i Galatiya 1:22-24) Igikorwa catanguye mu kinjana ca mbere n’ubu kirabandanya. Cararushirije gukomera muri iyi misi y’iherezo, kirashika no mu mihingo yose yo kw’isi. Turafise agateka ko kukigiramwo uruhara, kandi uko tugikora turashobora kwigira ku karorero katanzwe n’ivyabona b’intahemuka bakoreye Imana imbere yacu.
9. (a) Ni uturyo utuhe Paulo yakoresheje mu gushinga intahe? (b) Ni mu buryo ubuhe wewe ukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami ku bandi?
9 Igihe Paulo yamenya ukuri kwerekeye Yezu Kirisitu, yagize iki? “Aca ahērakw avuga . . . ivya Yesu, yukw ar’Umwana w’Imana.” (Ivyakozwe 9:20) Yaratahura ubuntu Imana yamugiriye atari abukwiriye, vyongeye yarategera yuko inkuru nziza yari yaronse umuntu wese yari ayikeneye. Paulo yari Umuyuda, kandi yisunze umugenzo wari uhari ico gihe yaragenda ku masinagogi gushinga intahe. Yaramamaza kandi inkuru nziza inzu ku nzu, agafasha abantu kuzirikana mu kaguriro. Yaremera kandi n’umutima ukunze kwimukira mu bindi vyibare kwamamarizayo inkuru nziza.—Ivyakozwe 17:17; 20:20; Abaroma 15:23, 24.
10. (a) Paulo yerekanye gute yuko naho yari ashize amanga yari kandi umuntu akoresha ugutahura mu buryo yashinga intahe? (b) Tweho twoshobora gute kugaragaza kamere nk’iza Paulo igihe dushinga intahe ku ncuti, ku bo dukorana canke ku bo twigana kw’ishure?
10 Paulo yari ashize amanga, mugabo kandi yari umuntu akoresha ugutahura, ari na kwo natwe dukwiye kumera. Abayuda yabavyurira ugushimishwa afatiye ku mihango Imana yahaye basekuruza babo. Ku Bagiriki yavuga yishimikije ibintu bari basanzwe bazi. Rimwe na rimwe yarafatira ku vyamubayeko ubwiwe mu kwiga ukuri, aba ari vyo akoresha mu gushinga intahe. Yavuze ati: “Ivyo vyose mbikora kubg’ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.”—1 Ab’i Korinto 9:20-23; Ivyakozwe 22:3-21.
11. (a) Paulo yagize iki kugira ngo yirinde kuguma ahazuka n’abamurwanya? (b) Ni ryari twoshobora kwigana akarorero ka Paulo tubigiranye ubukerebutsi? (c) Ububasha bwo kuguma tuvuga dushize amanga buva hehe?
11 Igihe ukurwanywa kwaba gutumye bisa n’uko vyobera Paulo vyiza kumara igihe yamamaza inkuru nziza mu kandi karere, yarabikora aho guhatirako ngo agume ahazuka n’abamurwanya. (Ivyakozwe 14:5-7; 18:5-7; Abaroma 12:18) Mugabo ntiyigeze aterwa isoni n’inkuru nziza. (Abaroma 1:16) Naho Paulo atahimbarwa n’ingene abamurwanya bamutuka mbere bakanamugirira nabi ku mubiri, “[yara]shira amanga mu Mana yacu” mu kuguma yamamaza inkuru nziza. Yavuze ati: “Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ubutumwa buvugwe nanje butagabanije.” (1 Ab’i Tesalonike 2:2; 2 Timoteyo 4:17) Umutwe w’ishengero ry’Abakirisu, ari we Yezu, arabandanya gutanga ububasha dukeneye kugira dukore igikorwa yari yarabuye ko cokozwe muri iki gihe turimwo.—Mariko 13:10.
12. Ni igiki gitanga ikimenyamenya c’uko tuvugana ubushizi bw’amanga bwa gikirisu, kandi ivyo tubigira twishimikije iki?
12 Turafise impamvu nziza zose zo kubandanya kuvuga ijambo ry’Imana dushize amanga, nk’uko nyene na Yezu be n’abasavyi b’Imana b’abizerwa babigira mu kinjana ca mbere. Ivyo ntibisigura yuko tutubahiriza abandi canke ngo tugerageze guhatira ubutumwa kuri barya batabushaka. Mugabo ntiturambirwa ngo ni ukubera ko abantu batabinezwe; eka mbere n’ukurwanywa ntigutuma tunuma. Nka kumwe kwa Yezu, twerekana yuko Ubwami bw’Imana ari yo ntwaro ibikwiriye izoganza isi yose. Turavuga ata makenga kubera ko duserukira Yehova umwe Segaba w’Ijuru n’Isi, be no kubera ko ubutumwa tumenyekanisha butava kuri twebwe, ahubwo buva kuri we. Vyongeye urukundo dukunda Yehova rukwiye kuba ari yo mvo ikomeye kuruta ituma tumushemeza.—Ab’i Filipi 1:27, 28; 1 Ab’i Tesalonike 2:13.
Ikiganiro c’Isubiramwo
• Ni kuki bihambaye kubwira ubutumwa bw’Ubwami umuntu wese duhambije, mugabo dukwiye kwitega ko bavyakira gute?
• Dushobora gute kwerekana yuko tutiheka ku nkomezi zacu bwite mu gukorera Yehova?
• Ni ivyigwa vy’agaciro ibihe dukura mu gitabu c’Ivyakozwe?
[Amafoto ku rup. 173]
Nk’uko vyari kera, abasavyi ba Yehova muri iki gihe baravuga Ijambo ry’Imana bashize amanga