Ururirimbo rwa 46
Ivyanditswe—Vyarahumetswe kandi birimwo akunguko
1. ’Jambo ry’Imana ryaka,
Mw’isi riramurika.
Ku mbohe n’urumuri;
Twidegemvye vy’ukuri.
2. N’ivyanditswe n’Imana
Ic’iramenyekana.
Duc’ubweng’abizera
Duce duhabw’impêra.
3. N’Ijambo ryahumetswe,
Muze rero twigishwe.
Ibintu tugorore,
Indero turindire.
4. Riri n’ico ryungura,
Ririgisha ryamira;
Kugira ng’uw’Imana
Abone gutungana.